Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwungukire bimwe bishitse ku vyo Yehova aturonsa

Niwungukire bimwe bishitse ku vyo Yehova aturonsa

“Jewe Yehova ndi Imana yawe, Umwe akwigisha ibikwungura.”​—YES. 48:17.

INDIRIMBO: 117, 114

1, 2. (a) Ivyabona vya Yehova babona gute Bibiliya? (b) Ni igice co muri Bibiliya ikihe ukunda kuruta ibindi?

TWEBWE Ivyabona vya Yehova turakunda Bibiliya. Irimwo ubuyobozi bwo kwizigirwa kandi iradufasha kuronka uruhoza n’icizigiro. (Rom. 15:4) Ntitubona ko ari ivyiyumviro abantu bashize hamwe, ariko tubona ko ari “ijambo ry’Imana.”​—1 Tes. 2:13.

2 Nta gukeka ko twese dufise ibice vyo muri Bibiliya dukunda kuruta ibindi. Hari abakunda cane za Njili, izidondora kamere nziza igitangaza za Yehova zagaragariye mu Mwana wiwe. (Yoh. 14:9) Abandi na bo bakunda cane ibice vyo muri Bibiliya birimwo ubuhanuzi, kumbure igitabu c’Ivyahishuwe, ikitwereka “ibintu bitegerezwa kuba vuba.” (Ivyah. 1:1) Vyongeye, ni nde muri twebwe adahumurizwa n’ugusoma Amazaburi canke ngo ahimbarwe n’ivyigwa ngirakamaro dusanga mu gitabu c’Imigani? Vy’ukuri, Bibiliya ni igitabu ca bose.

3, 4. (a) Tubona gute ibitabu vyacu? (b) Ni amayagwa ayahe turonka agenewe imigwi kanaka y’abantu?

3 Kubera ko dukunda Bibiliya, turakunda n’ibitabu vyacu bishingiye kuri yo. Nk’akarorero, turahimbarwa n’imfungurwa zo mu vy’impwemu turonka biciye mu bitabu, mu dutabu, mu binyamakuru no mu bindi bisohorwa. Turazi ko izo ntunganyo ziva kuri Yehova zidufasha kuguma turi maso mu vy’impwemu, tugafungura neza kandi tukagira “amagara meza mu kwizera.”​—Tito 2:2.

4 Uretse ivyo bitabu bigenewe Ivyabona vya Yehova muri rusangi, turaronka n’amayagwa ashingiye kuri Bibiliya agenewe imigwi kanaka y’abantu. Hari ayagenewe gufasha canecane abakiri bato, n’ayandi agenewe gufasha abavyeyi babo. Menshi mu mayagwa yo mu bitabu canke ku rubuga rwacu rwa internet ategurirwa canecane abatari Ivyabona. Ivyo bifungurwa umukimba vyo mu vy’impwemu biratwibutsa ko Yehova ashitsa umuhango yatanze wo “[gu]tegurira ibisata vy’abantu vyose inzimano y’ivyibo birunze amavuta akwiye.”​—Yes. 25:6.

5. Ni igiki dushobora kwemera tudakeka ko Yehova ashima?

5 Abenshi muri twebwe, birashoboka rwose ko bipfuza kuronka umwanya wiyongereye wo gusoma Bibiliya be n’ibitabu bishingiye kuri yo. Turashobora kwemera tudakeka ko Yehova ashima utwigoro tugira two “[k]wicungurira umwanya ubereye” mu kwama dusoma Bibiliya kandi twiyigisha. (Ef. 5:15, 16) Mu vy’ukuri, twoshobora kutama twaronse umwanya wo kwihereza ku rugero rumwe ibifungurwa vyose duhabwa mu vy’impwemu. Ariko rero, turakwiye kuba maso ku mutego umwe udashoka wibonekeza. Uti ni uwuhe?

6. Ni igiki coshobora gutuma duhomba ibifungurwa bimwebimwe Yehova aturonsa?

6 Tutabaye maso, twoshobora kwiyumvira ko ibifungurwa bimwebimwe vyo mu vy’impwemu bitatwerekeye. Nk’akarorero, twokora iki nimba igice kanaka ca Bibiliya kivuga ibintu bisa n’ibitatwerekeye? Bite ho nimba tutari mu bo ahanini igitabu kanaka kigenewe? Twoba duhakwa gufata minenegwe ayo mayagwa, canke mbere tukayihoza burundu? Tubigenjeje gutyo, twoshobora gusanga twahomvye amayagwa yotugiriye akamaro kanini. None twokwirinda gute kugwa muri uwo mutego? Imbere ya vyose, umwe wese muri twebwe akwiye kwibuka ko Imana ari yo idushiriraho izo ntunganyo zo mu vy’impwemu. Ibicishije ku muhanuzi Yesaya, yavuze iti: “Jewe Yehova ndi Imana yawe, Umwe akwigisha ibikwungura.” (Yes. 48:17) Birashobora kutubera ngirakamaro turimbuye ibintu bitatu bidufasha kwungukira ku bice vyose vya Bibiliya no ku bwoko butandukanye bw’ibifungurwa vyo mu vy’impwemu dufise.

IVYOGUFASHA KWUNGUKIRA KU GUSOMA BIBILIYA

7. Kubera iki dukwiye gusoma Bibiliya twugurutse mu bwenge?

7 Nusome wugurutse mu bwenge. Bibiliya ivuga idomako iti: Icanditswe cose cahumetswe n’Imana kandi ni ngirakamaro.” (2 Tim. 3:16) Mu vy’ukuri ibice bimwebimwe vya Bibiliya, mu ntango vyari vyandikiwe umuntu kanaka canke umurwi w’abantu. Ni co gituma dukwiye gusoma Bibiliya twugurutse mu bwenge. Umuvukanyi umwe avuga ati: “Igihe nsoma Bibiliya, ndagerageza kwibuka ko hoshobora kuba hari ivyigwa vyinshi nshobora gukura mu gice kanaka.” Yongerako ati: “Kwibuka ico kintu bituma mbona kure.” Imbere yo gusoma Ijambo ry’Imana, biraba vyiza dusenze dusaba kwuguruka mu bwenge no kuronka ubukerebutsi butuma dutahura ivyigwa Yehova ashaka ko twiga.​—Ezr. 7:10; soma Yakobo 1:5.

Woba wungukira bimwe bishitse ku gusoma Bibiliya? (Raba ingingo ya 7)

8, 9. (a) Igihe dusoma Bibiliya, ni ibibazo ibihe twokwibaza? (b) Ivyo abakurambere basabwa bitwigisha iki ku vyerekeye Yehova?

8 Niwibaze ibibazo. Igihe usoma imirongo kanaka yo muri Bibiliya, nuhagarare gatoyi wibaze ibibazo nk’ibi: ‘Ibi binyigisha iki ku vyerekeye Yehova? Aya mukuru noyashira mu ngiro gute mu buzima bwanje? Noyakoresha gute mu gufasha abandi?’ Igihe tuzirikana ku bibazo nk’ivyo, nta nkeka ko turushiriza kwungukira ku busomyi bwacu bwa Bibiliya. Nk’akarorero, zirikana ku bintu abakurambere basabwa gushitsa bishingiye ku Vyanditswe. (Soma 1 Timoteyo 3:2-7.) Kubera ko benshi muri twebwe tutari abakurambere, twoshobora kubanza kwiyumvira ko iyo mirongo itatwerekeye cane. Ariko rero, turimbuye nkeyi mu nyishu nyinshi twotanga ku bibazo bikurikira, turaza kubona yuko ivyo bintu abakurambere basabwa gushitsa bishobora kudufasha twese mu buryo butari buke.

9 Ibi binyigisha iki ku vyerekeye Yehova? Imana yatanze urwo rutonde rw’ibisabwa kugira yerekane ko ishaka yuko abagenywe bakora bisunga ingingo ngenderwako ziri hejuru. Yiteze ko batanga akarorero keza, kandi iri n’ico ibabaza bivanye n’ingene bafata ishengero, “iryo yaguze amaraso y’Umwana wayo bwite.” (Ivyak. 20:28) Yehova yipfuza ko abo bungere batobato bagenywe baturagira mu buryo butuma dutekanirwa. (Yes. 32:1, 2) Ku bw’ivyo rero, ivyo Bibiliya isaba abakurambere biratwibutsa ukuntu Yehova atwitwararika cane.

10, 11. (a) Igihe dusoma ivyo abakurambere basabwa, dushobora gute gushira mu ngiro ayo makuru mu buzima bwacu? (b) Dushobora gute gukoresha ayo makuru mu gufasha abandi?

10 Aya mukuru noyashira mu ngiro gute mu buzima bwanje? Umugabo yagenywe arakwiye kuza arisuzuma yisunze ivyo Bibiliya imusaba gushitsa, akaraba imice yoryohora. Umuvukanyi “arondera gushikira ibanga ry’umucungezi” arakwiye kwitwararika cane ivyo bisabwa, kubera ko akwiye kwihatira kubishitsa uko ashoboye kwose. (1 Tim. 3:1) Nkako, umukirisu wese arashobora kugira ico yigiye ku bisabwa bivugwa muri iyo mirongo, kubera ko vyinshi muri vyo ari ibintu Yehova asaba abakirisu bose. Nk’akarorero, twese dukwiye kugira ibitegereka no kuba abaroranye mu muzirikanyi. (Flp. 4:5; 1 Pet. 4:7) Igihe abakurambere babereye “uburorero ubusho,” turagira ivyo tubigiyeko maze ‘tukigana ukwizera kwabo.’​—1 Pet. 5:3; Heb. 13:7.

11 Nokoresha gute ayo makuru mu gufasha abandi? Twoshobora gukoresha urwo rutonde rw’ibisabwa kugira dufashe abashimishijwe canke abatohoji ba Bibiliya kubona ingene abakurambere bo mu Vyabona vya Yehova batandukanye n’indongozi zo mu madini y’abiyita abakirisu. Vyongeye, igihe dusuzuma urwo rutonde rw’ibisabwa, twoshobora kwibuka ukuntu abakurambere bo mw’ishengero ryacu bagira akigoro gakomeye ku bwacu. Kuzirikana ingene bitanga, biratuma turushiriza “guha iteka abakora cane” muri twebwe. (1 Tes. 5:12) Ikindi na co, uko turushiriza gutera iteka ata buryarya abo bacungezi bakora batiziganya, ni ko turushiriza gutuma bagira akanyamuneza.​—Heb. 13:17.

12, 13. (a) Igihe dukoresha ibikoresho dufise, ni amakuru nk’ayahe twoshobora kurondera? (b) Tanga akarorero k’ukuntu amakuru yiyongereye ashobora gutuma tubona ivyigwa bidashoka vyibonekeza.

12 Nugire ubushakashatsi. Dukoresheje ibikoresho dufise, twoshobora kurondera amakuru nk’aya:

  • Ni nde yanditse iki gice ca Bibiliya?

  • Candikiwe hehe kandi ryari?

  • Ni ibintu bihambaye ibihe vyashitse igihe igitabu kanaka co muri Bibiliya candikwa?

Amakuru nk’ayo yoshobora kudufasha kubona ivyigwa bidashoka vyibonekeza.

13 Nk’akarorero, rimbura ibivugwa muri Ezekiyeli 14:13, 14, ahavuga hati: “Ku bijanye n’igihugu, nicancumurako mu gukora ivy’ubuhemu, nanje nzokiramvurirako ukuboko kwanje, mvune inkoni zaco zitungîrwako imikate imeze nk’ikigōmbo, kandi nzokirungikako ikigoyi, ndandure muri co icitwa umuntu yakuwe mw’ivu be n’igitungwa. ‘Kandi iyo aba bagabo batatu, Nowa, Daniyeli na Yobu baja kuba bari hagati muri co, abo ubwabo bokijije ubuzima bwabo kubera ubugororotsi bwabo,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.” Tugize ubushakashatsi, turatahura ko ico gice co muri Ezekiyeli canditswe nko mu mwaka wa 612 imbere ya Kristu. Ico gihe, Nowa na yobu bari bamaze ibinjana barapfuye, ariko Imana yari icibuka ukudahemuka kwabo. Mugabo rero Daniyeli yari akiriho. Nkako, ashobora kuba yari umuyabaga w’imyaka nka 20 igihe Yehova yavuga ko Daniyeli yari agororotse cokimwe na Nowa be na Yobu. None icigwa ni ikihe? Yehova arabona kandi agaha agaciro ugutungana kw’abasavyi biwe bose b’abizigirwa, ushizemwo n’abakiri bato.​—Zab. 148:12-14.

NIWUNGUKIRE KU BITABU BITANDUKANYE

14. Amayagwa agenewe abakiri bato abafasha gute, kandi ashobora gute gufasha n’abandi? (Raba ishusho itangura.)

14 Nk’uko duhejeje kubibona, kwiga ibice vyose bigize Ijambo ry’Imana ni ngirakamaro. Muri ubwo buryo nyene, turashobora kwungukira ku bifungurwa vyo mu vy’impwemu vyose turonswa. Rimbura uburorero bukeyi. Amayagwa agenewe urwaruka. Muri iyi myaka iheze, harasohowe ibintu vyinshi bigenewe urwaruka. [1]Bimwe muri vyo ni ivyo kurufasha guhangana n’ingorane zo kw’ishure canke zo mu buyabaga. None twese twoshobora gute kwungukira ku gusoma ayo mayagwa? Iyo tubigize, biratwibutsa ivyo abakiri bato bacu b’abizigirwa bariko baracamwo maze tukamenya ingene twobafasha be n’ingene twobaremesha.

15. Ni kubera iki abakirisu bakuze bakwiye kwitwararika gusoma amayagwa y’abakiri bato?

15 Nyinshi mu ngorane zivugwa mu mayagwa agenewe abakiri bato si bo gusa ziraba. Twese turakenera kuburanira ukwizera kwacu, gucungera ukuntu twiyumva, kwamirira kure akosho kabi k’urunganwe no kwirinda abagenzi babi canke ukwisamaza kutabereye. Ivyo hamwe n’ibindi vyinshi biravugwa mu mayagwa agenewe imiyabaga. None abakirisu bakuze boba bakwiye kubona ko vyobatesha agaciro basomye amakuru yerekeye abakiri bato? Habe namba! Naho ayo makuru usanga ashikirizwa mu buryo bushimisha urwaruka, ashingiye ku ngingo ngenderwako zo mu Vyanditswe zidata igihe, kandi twese turashobora kwungukira kuri izo mfungurwa zo mu vy’impwemu.

16. Ni ikindi kintu ikihe ibitabu vyacu bifasha abakiri bato gukora?

16 Uretse ko ibitabu vyacu bifasha abakiri bato guhangana n’ingorane, birabafasha no gutera imbere mu vy’impwemu maze bakiyegereza Yehova. (Soma Umusiguzi 12:1, 13.) No ng’aha nyene, abakirisu bakuze barashobora kuhungukira. Nk’akarorero, Be maso! yo muri Ndamukiza 2009 (mu gifaransa) yarimwo ikiganiro kivuga ngo “Urwaruka ruribaza . . . Noshobora gute kuryoherwa no gusoma Bibiliya?” Ico kiganiro carimwo ivyiyumviro bitari bike, kikabamwo n’uruzitiro umuntu ashobora gukata akarubika muri Bibiliya kugira aze ararwisunga. None abakuze boba na bo nyene barungukiye kuri ico kiganiro? Inabibondo umwe yavuze ati: “Gusoma Bibiliya vyamye bimbera urugamba. Narafashe nkama ivyiyumviro vyo muri ico kiganiro, kandi ndiko ndakoresha neza agapapuro ko kwifashisha katanzwe. Ubu si je mbona harageze ko nsoma Bibiliya. Ndabona ukuntu ibitabu vyo muri Bibiliya vyunganirana bikanywana nka kurya kw’umukeka ujishe mu buryo buteye igomwe. Gusoma Bibiliya ntivyari bwigere bindyohera ukuraho.”

17, 18. Dushobora gute kwungukira ku gusoma amayagwa agenewe abantu bose? Tanga akarorero.

17 Amayagwa agenewe abantu bose. Kuva mu 2008, turaronka integuro y’Umunara w’Inderetsi igenewe ahanini Ivyabona vya Yehova. Ariko none tuvuge iki ku binyamakuru vyacu bigenewe ahanini abantu bose? Twoba dushobora kwungukira ku kubisoma na vyo nyene? Rimbura aka karorero. Umusi umwe, imbere y’uko insiguro y’icese itangura, ugiye ubona umuntu watumiye yinjiye mu Ngoro y’Ubwami. Ata gukeka, birakunezera cane. Uko umushikirizansiguro atanga insiguro yiwe, birashoboka ko uguma wiyumvira wa mushitsi. Nkako, urumva ko iyo nsiguro iriko iramukora ku mutima. Inyuma y’iyo nsiguro, uciye ubona umengo ikubereye nshasha.

18 Turashobora gushikirwa n’ikintu gisa n’ico igihe dusoma amayagwa agenewe abantu bose. Nk’akarorero, integuro ya bose yUmunara w’Inderetsi irashikiriza ivyiyumviro bishingiye kuri Bibiliya, mu majambo umusomyi atari Icabona ca Yehova ashobora gutahura. Ukwo nyene ni ko bimeze no ku biganiro vyinshi vyo kuri jw.org, nk’akarorero ibiri mu gice kivuga ngo “Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya” be n’ikivuga ngo “Ibibazo bikunze kubazwa.” Igihe dusomye ayo makuru, turarushiriza gutahura ibintu vyerekeye ukuri twari dusanzwe tuzi. Vyongeye, turashobora kuhamenyera uburyo bushasha bwo gusigura ivyo twemera igihe turi mu ndimiro. Muri ubwo buryo nyene, ikinyamakuru Be maso! cama kirushiriza kutujijura ko Imana y’ukuri ibaho, kikanadufasha kwiga ukuntu twoburanira ivyo twemera.​—Soma 1 Petero 3:15.

19. Dushobora gute kwerekana ko dukengurukira Yehova kubera ibifungurwa aturonsa?

19 Si ivy’imbeshere, Yehova yama yaduhaye umukimba w’ibifungurwa kugira turonke ivyo ‘dukeneye mu vy’impwemu.’ (Mat. 5:3) Ese twobandanya kwungukira ku bifungurwa vyo mu vy’impwemu vyose dufise. Gutyo, tuzoba twerekanye ko dukengurukira Umwe atwigisha ibitwungura.​—Yes. 48:17.

^ [1] (ingingo ya 14) Muri ayo mayagwa harimwo ibitabu Ibibazo urwaruka rwibaza​—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1 n’ica 2, be n’urukurikirane rw’ibiganiro bivuga ngo “Urwaruka ruribaza,” ubu bikaba bisohorwa gusa kuri jw.org.