Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Bibiliya yoba ikibandanya guhindura ubuzima bwawe?

Bibiliya yoba ikibandanya guhindura ubuzima bwawe?

“Muhindurwe mu guhindura umuzirikanyi wanyu ukaba musha.”​—ROM. 12:2.

INDIRIMBO: 61, 52

1-3. (a) N’inyuma yo kubatizwa, ni ibintu ibihe vyoshobora kutugora guhindura? (b) Igihe kuryohora ibintu bitatworoheye nk’uko twavyiyumvira, ni ibibazo ibihe twokwibaza? (Raba amashusho atangura.)

IGIHE uwitwa Kevin  [1]yamenya ukuri, yaciye yipfuza cane kugiranira ubucuti somambike na Yehova. Ariko rero yari yaramaze imyaka myinshi akina akamari, anywa itabi, aborerwa, afata n’ibiyayuramutwe. Kugira ashimwe n’Imana, yategerezwa guheba izo ngeso ziteye kubiri n’Ivyanditswe. Ivyo Kevin yarabikoze mu kwiheka kuri Yehova no kw’Ijambo ryiwe rifise ububasha bwo guhindura umuntu.​—Heb. 4:12.

2 Kevin amaze kubatizwa, yoba yaciye ahagarika kugira ivyo ahinduye mu buzima? Habe namba, kuko yari agifise vyinshi vyo kuryohora. (Ef. 4:31, 32) Nk’akarorero, gucungera ishavu vyari bikimugora. Kevin yiyemerera ati: “Mu vy’ukuri, gucungera ishavu vyarangoye kuruta guheba ingeso nahoranye!” Kevin yarasenze cane yongera ariga Bibiliya abigiranye umwete, maze arahindura ibikenewe.

3 Cokimwe na Kevin, benshi muri twebwe, imbere yo kubatizwa twabwirijwe guhindura ibitari bike kugira tubeho duhuza n’ibintu vy’ishimikiro Bibiliya idusaba. Tumaze kubatizwa, twaratahuye ko dukeneye kubandanya kugira ivyo duhinduye, canecane ibidashoka vyibonekeza, kugira turushirize kwigana Imana na Kristu. (Ef. 5:1, 2; 1 Pet. 2:21) Nk’akarorero, twoshobora kuba twarabonye ko dufise agatima ko kunegura abandi, gutinya abantu, kuvuga urusaku canke ubundi bugoyagoye kanaka. Vyoba none vyaratugoye kugira ivyo turyohoye kuruta uko twavyiyumvira? Nimba ari ko vyagenze, woshobora kwibaza duti: ‘Ko namaze kugira amahinduka akomeye, ni kubera iki biguma bingora guhindura utuntu dutoduto? Nokora iki kugira ngo Bibiliya ibandanye guhindura ubuzima bwanje?’

URASHOBORA GUHIMBARA YEHOVA

4. Ni kubera iki tudashobora guhimbara Yehova mu vyo dukora vyose?

4 Kubera ko twamenye Yehova kandi tukamukunda, twipfuza gukora ibimuhimbara n’umutima wacu wose. Ariko naho ico cipfuzo coba gikomeye gute, kuba tudatunganye bituma tudashobora kumuhimbara igihe cose. Ivyacu bimeze nk’ivy’intumwa Paulo, uwanditse ati: “Ubushobozi bwo gushaka buri kumwe nanje, mugabo ubushobozi bwo gukora iciza ntabwo.”​Rom. 7:18; Yak. 3:2.

5. Ni amahinduka ayahe twagize imbere yo kubatizwa, ariko ni ibiki vyoshobora kudushikira n’inyuma y’aho?

5 Ni ivy’ukuri ko twahevye ingeso mbi zotuma tutemererwa kuguma mw’ishengero rya gikirisu. (1 Kor. 6:9, 10) Ariko rero, turacari abanyagasembwa. (Kol. 3:9, 10) Ni co gituma tudakwiye kwitega yuko inyuma y’ibatisimu tutazosubira gukora amakosa, guhura n’intambamyi canke kugira ivyipfuzo bibi, mbere n’inyuma y’imyaka myinshi turi mu kuri. Utugeso tumwetumwe twoshobora kumara imyaka n’iyindi tutarahera.

6, 7. (a) Ni igiki gituma dushobora kugiranira ubucuti na Yehova naho tudatunganye? (b) Kubera iki tudakwiye kwitinya gusaba imbabazi Yehova?

6 Kuba turi abanyagasembwa ntibikwiye kutubuza kugiranira ubucuti bwiza na Yehova canke kubandanya kumukorera. Rimbura iki kintu: Igihe Yehova yadukwegēra, yari azi ko vyoshitse tugahuba. (Yoh. 6:44) Kubera yuko Yehova Imana azi kamere zacu be n’ibiri mu mutima wacu, nta gukeka ko yari azi utugeso twotubereye urugamba guheba. Vyongeye, yari azi ko vyoshitse tugacumura. Ariko ivyo ntivyamubujije kutugira abagenzi biwe.

7 Urukundo ni rwo rwatumye Yehova aduha ingabire y’agaciro, ni ukuvuga inkuka y’incungu y’Umwana wiwe akunda cane. (Yoh. 3:16) Bishitse tugahuba maze tukarondera kubabarirwa na Yehova twisunze iyo ntunganyo y’agaciro ntangere, turahera amazinda ko ubucuti dufitaniye na we buguma bukomeye. (Rom. 7:24, 25; 1 Yoh. 2:1, 2) None twoba dukwiye kwitinya kwungukira kuri iyo ntunganyo ngo ni uko turi abacumuzi? Eka data! Tubigize, twoba tubaye nk’umuntu yanka gukaraba ibiganza n’amazi kandi bicafuye. Nakare, incungu yatanzwe ku bw’abacumuzi bigaya. Incungu rero irashobora gutuma tugiranira ubucuti bwiza na Yehova naho tudatunganye.​—Soma 1 Timoteyo 1:15.

8. Kubera iki tudakwiye kurekerana ubugoyagoye bwacu?

8 Naho ari ukwo, ntiduca turekerana ubugoyagoye bwacu. Kugira ngo tugiranire ubucuti na Yehova bisaba ko turushiriza kwigana Imana na Kristu, kandi tukamera nk’uko bipfuza. (Zab. 15:1-5) Bisaba kandi ko twihatira gucungera utugeso twacu, bishobotse tukavavanura na two. Twaba tumaze igihe gito tubatijwe canke tumaze imyaka myinshi mu kuri, dutegerezwa ‘kubandanya kwemera kubogorwa.’​—2 Kor. 13:11.

9. Tubwirwa n’iki ko twoshobora kuguma twambara wa muntu mushasha?

9 “Kwemera kubogorwa” no kwambara “wa muntu mushasha,” bisaba kwamizako. Paulo yibukije abo basangiye ukwemera ati: “Mukwiye kwambura wa muntu wa kera ahura n’ingeso zanyu za kera akononekara yisunze ivyipfuzo vyiwe bihendana; [mugahindurwa] bashasha mu nguvu zikoresha umuzirikanyi wanyu, mukambara wa muntu mushasha yaremwe hisunzwe ukugomba kw’Imana mu bugororotsi bw’ukuri no mu kudahemuka kw’ukuri.” (Ef. 4:22-24) Mu rurimi rw’intango, imvugo “guhindurwa bashasha” yerekana ko kwambara uwo muntu mushasha ari igikorwa kibandanya. Ivyo biraturemesha. Bitwereka ko naho twoba tumaze igihe kingana gute dukorera Yehova, twoshobora kubandanya gutsimbataza no kuryohora kamere zigize uwo muntu mushasha. Ego cane, Bibiliya irashobora kubandanya ihindura ubuzima bwacu.

KUBERA IKI BISABA AKIGORO GAKOMEYE?

10. Tubwirizwa gukora iki kugira ngo Bibiliya idufashe kuguma tugira ivyo duhinduye, kandi ni ibibazo ibihe twoshobora kwibaza?

10 Nimba dushaka ko Ijambo ry’Imana ribandanya kuduhindura, tubwirizwa kwihata. Ni kubera iki none tworinda kugira akigoro? Nimba Yehova ahezagira ivyo dukora, none ivyo gutera imbere mu vy’impwemu ntivyari bikwiye guca vyizana? Ubwo Yehova ntiyari akwiye guca akuraho ivyipfuzo vyacu bibi, gutyo tukagaragaza kamere ashima tutarinze guhangayika?

11-13. Kubera iki Yehova yiteze ko tugira akigoro kugira ngo dutsinde ubugoyagoye bwacu?

11 Iyo twitegereje ivyo Yehova yaremye, duca tubona ko afise ububasha ntangere. Nk’akarorero, izuba yaremye rifise inkomezi zidasanzwe. Buri segunda, rirekura umuco n’ubushuhe biteye ubwoba, ariko ibiri kw’isi vyose bigakoresha agace gatoyi gusa k’izo nguvu. (Zab. 74:16; Yes. 40:26) Yehova arahimbarwa no guha abasavyi biwe ububasha ku rugero rubereye, igihe bikenewe. (Yes. 40:29) Emwe, Imana yoshobora mbere kuduha inkomezi zo gutsinda ubugoyagoye bwose tutiriwe turaruha canke ngo twige tubanje kwibonerako. Kubera iki none itabigira?

12 Yehova yaraduhaye ingabire ntangere yo gushobora kwihitiramwo. Igihe duhisemwo gukora ivyo agomba kandi tukihata kugira tubishikeko, tuba twerekanye ko tumukunda cane be n’uko twipfuza kumuhimbara. Tuba kandi twerekanye ko dushigikiye ubusegaba bwiwe. Shetani yarahaririye avuga ko Yehova adakwiye kugaba no kuganza. Akigoro rero tugira twivuye inyuma kugira dushigikire uwo Muvyeyi wacu wo mw’ijuru ameze neza kandi akenguruka, nta nkeka ko agashima cane. (Yobu 2:3-5; Imig. 27:11) Ariko rero, iyo Yehova atworohoreza ngo ntitugire akigoro namba ko gutsinda ingeso zacu mbi kugira ngo tumuhimbare, nta woronse ico yishimikiza ngo avuge ko ari intahemuka be n’uko ashigikira ubusegaba bwiwe.

13 Ku bw’ivyo, Yehova adusaba ‘kwihata twivuye inyuma’ kugira ngo dutsimbataze kamere zimuhimbara. (Soma 2 Petero 1:5-7; Kol. 3:12) Yiteze ko twigora kugira ngo ducungere ivyiyumviro vyacu n’ukuntu twiyumva. (Rom. 8:5; 12:9) Iyo tugize akigoro kaboneka muri ivyo, turahimbarwa cane igihe tubonye ko Bibiliya ikibandanya guhindura ubuzima bwacu.

NUREKE IJAMBO RY’IMANA RIBANDANYE KUGUHINDURA

14, 15. Twokora iki kugira ngo dutsimbataze kamere zihimbara Yehova? (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Bibiliya be n’isengesho vyarahinduye ubuzima bwabo.”)

14 Twokora iki kugira ngo turushirize gushimwa na Yehova? Hariho n’ibindi twogira uretse kwiyumvira gusa ivyo tworyohora. Turakwiye kubandanya twihata kandi tugakurikiza ubuyobozi Imana iduha. Mu Baroma 12:2 hagira hati: “Mureke gushushanywa n’ivy’iki gihe, ahubwo muhindurwe mu guhindura umuzirikanyi wanyu ukaba musha, kugira mwiyemeze neza ukugomba kw’Imana kwiza, kwemerwa kandi kutagira akanenge ukwo ari kwo.” Yehova abicishije kw’Ijambo ryiwe no ku mpwemu yiwe nyeranda, aradufasha kumenya ivyo agomba, kubikora, no guhindura ubuzima bwacu uko bishoboka kwose kugira ngo dushitse ivyo adusaba. Mu vyo twihatira gukora, harimwo ugusoma Bibiliya buri musi, kuzirikana ku Vyanditswe no gusenga dusaba impwemu nyeranda. (Luka 11:13; Gal. 5:22, 23) Igihe twemeye kuyoborwa n’impwemu nyeranda y’Imana kandi tukabona ibintu mu buryo buhuye n’Ijambo ryayo, turarushiriza kwigana Imana mu vyo twiyumvira, mu vyo tuvuga no mu vyo dukora. Ariko n’ico gihe nyene, turakwiye kuguma turi maso kugira ntidutsindwe n’ubugoyagoye kanaka dufise.​—Imig. 4:23.

Vyoshobora kuba ngirakamaro wanditse ahantu ivyanditswe be n’ibiganiro bivuga ibijanye n’ubugoyagoye bwawe (Raba ingingo ya 15)

15 Uretse ugusoma Bibiliya buri musi, turakwiye kwiga Ijambo ry’Imana dukoresheje ibitabu vyacu, mu ntumbero yo kwigana kamere nziza igitangaza za Yehova. Hari abasanze ari ngirakamaro kwandika ahantu ivyanditswe kanaka be n’ibiganiro vyo mu Munara w’Inderetsi na Be maso! bibafasha cane gutsimbataza kamere nziza canke gutsinda ubugoyagoye kanaka, bakaza barasubira kubisuzuma.

16. Kubera iki tudakwiye kwihebura mu gihe tutagize amahinduka ningoga?

16 Nimba ubona umengo nturiko uraryohora ningoga kamere zo mu vy’impwemu, urakwiye kwibuka ko bifata igihe be n’uko ari igikorwa co guhozako. Uko twihatira kureka Bibiliya ikabandanya kugira ivyo iryohoye mu buzima bwacu, dutegerezwa kwihangana. Mu ntango, twokenera kwihata kugira dukore ivyo Bibiliya ivuga. Ariko rero mu nyuma, uko ivyiyumviro vyacu bizogenda biregereza ivya Yehova Imana, gukora ibihimbara Imana bizorushiriza kutworohera no kutubera ibisanzwe.​—Zab. 37:31; Imig. 23:12; Gal. 5:16, 17.

NUGUMIZE MU BWENGE IBINTU BIHIMBAYE TWITEZE

17. Nimba turi intahemuka kuri Yehova, ni ikintu gihimbaye ikihe dushobora kwitega?

17 Abasavyi ba Yehova badahemuka, amaherezo bazoterwa agateka ko kumukorera ibihe bidahera, batunganye. Ico gihe, kwigana Imana ntibizoba bikibabera urugamba, mugabo bizokwama bibasosera. Mu kurindira, Imana yacu y’urukundo iremera ko tuyisenga biciye ku ncungu. Naho tukiri abantu badatunganye, turashobora kuyihimbara mu gihe tubandanije kwihatira kureka Ijambo ryayo rikaduhindura.

18, 19. Ni igiki gishobora kutujijura yuko Bibiliya ifise ububasha bwo kubandanya ihindura ubuzima bwacu?

18 Umwe Kevin twavuga mu ntango, yarihase cane kugira ngo acungere ishavu ryiwe. Yarazirikanye ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya maze arazishira mu ngiro. Vyongeye, yaremeye gufashwa no guhanurwa n’abakirisu bagenziwe. Haciye imyaka mikeya, Kevin yarahindutse bimwe biboneka. Yahavuye akwiza ibisabwa araba umukozi w’ishengero, ubu akaba amaze imyaka 20 ari umukurambere. Naho biri ukwo, abona ko akwiye kuguma ari maso kugira ntatirimuke ngo ahave asubira mu vya kera.

19 Ivyashikiye Kevin birerekana yuko Bibiliya ifasha abasavyi b’Imana kubandanya bagira ivyo baryohoye mu buzima bwabo. Ku bw’ivyo, nimuze tugume tureka Ijambo ry’Imana ribandanye kuduhindura no gutuma turushiriza kugiranira ubucuti somambike na Yehova. (Zab. 25:14) Nitwabona ingene Yehova ahezagira utwigoro twacu, tuzorushiriza kujijuka yuko Bibiliya ifise ububasha bwo kubandanya ihindura ubuzima bwacu.​—Zab. 34:8.

^ [1] (ingingo ya 1) Si ko asanzwe yitwa kubera ko bitashimwe ko amenyekana.