Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Agasoza

Ivyigwa twigira ku nyoni zo mu kirere

Ivyigwa twigira ku nyoni zo mu kirere

“Ndakwinginze ubaze . . . ibiremwa vy’amababa vyo mu kirere, bizokubwira. Ni nde muri abo bose atazi neza yuko ukuboko kwa Yehova ari kwo kwakoze ivyo?”​—Yobu 12:7, 9.

HARAHEZE imyaka irenga 3.000 Yobu avuze ayo majambo. Ivyo yavuze birerekana ko yari azi yuko inyoni zo mu kirere zifise ibintu vyinshi zotumenyesha ku bijanye n’igikorwa c’Imana. Ariko kandi, Bibiliya irakunda gukoresha uburorero be n’imvugo ngereranyo ifatiye ku nyifato y’inyoni. Hariho ahantu henshi muri Bibiliya havuga ivyerekeye inyoni, hatwigisha ivyigwa bihambaye ku bijanye n’ubuzima be n’ubucuti dufitaniye n’Imana. Reka turabe uburorero bukeyi.

AHO INTAMBA ZARIKA

Intamba

Abantu b’i Yeruzalemu bari bazi cane intamba, kuko zikunda kwarika mu bisenge vy’inzu. Hariho n’izari zararitse muri rwa rusengero rwubakwa na Salomo. Intamba zarika muri urwo rusengero buri mwaka, biboneka ko zaba zironse ahantu hatekanye zashobora kubungabungira utwana twazo.

Uwateguye Zaburi ya 84 ni umwe muri bene Kora. Buri mezi atandatu, yaramara indwi yose akora ku rusengero, maze akahabona ivyari vy’izo ntamba. Yaripfuza cane kumera nk’intamba, yoyo yiyamira mu nzu ya Yehova. Yavuze ati: “Ese ukuntu itaberenakulo yawe ihambaye ari agahore, ewe Yehova nyen’ingabo! Ndashashaye ibigo vya Yehova kandi ngwabijwe n’ukuvyipfuza . . . Mbere n’inyoni ubwayo yararonse inzu, n’intamba irironkera icari, aho yashize utwana twayo [hafi y’] igicaniro cawe gihambaye, ewe Yehova nyen’ingabo, Mwami wanje n’Imana yanje!” (Zaburi 84:1-3) Twoba natwe dufise icipfuzo nk’ico co kwama twifatanya n’ishengero ry’abasavyi b’Imana, turi kumwe n’abana bacu?​—Zaburi 26:8, 12.

AGASOZA KARAZI IGIHE CAKO

Umuhanuzi Yeremiya yanditse ati: “Agasoza mu kirere​—karazi ibihe vyako vyashinzwe.” Nta gukeka yuko yari azi neza ingene mu Gihugu c’isezerano, izo nyoni zaguma zimuka zikongera zikagaruka. Mu gatasi, bivugwa ko mwene izo nyoni z’ibara ryera zirenga 300.000 ziva muri Afrika zikimukira i Buraya, ziciye mu mwonga wa Yorodani. Ici rigeze, zica ziyumvamwo ko hageze yuko zisubira mu bihugu zaje zivamwo, kugira ngo zije kurondoka. Cokimwe n’izindi nyoni zimukanga, agasoza ‘karubahiriza neza igihe cako co gushika.’​—Yeremiya 8:7.

Igitabu kimwe (Collins Atlas of Bird Migration) kivuga ko igitangaje ku nyoni ari uko ata wurinda kuzibwira ko hageze yuko zimuka. Yehova Imana yarahaye inyoni zimukanga ubukerebutsi ndemanwa bwo kumenya ibiringo vyo kwimuka, ariko abantu yabahaye ubwenge bwo gutahura ibihe be n’ibiringo. (Luka 12:54-56) Abantu rero ntibameze nk’agasoza, kuko ikintu nyamukuru gituma bamenya insobanuro y’ibiba muri iki gihe, ari ubumenyi bwerekeye Imana. Abisirayeli bo mu gihe ca Yeremiya barirengagiza ibimenyetso vy’ibihe. Imana yarashize ahabona ingorane bari bafise mu kuvuga ko ‘bari barataye ijambo rya Yehova, bakaba rero ata bukerebutsi bari bafise.’​—Yeremiya 8:9.

Muri iki gihe, turafise ibimenyamenya vyinshi vyerekana ko turi mu gihe Bibiliya yita “imisi ya nyuma.” (2 Timoteyo 3:1-5) Woba none uzomera nk’agasoza, ugatahura ‘ikiringo’ turimwo?

INKONA IRABONA KURE CANE

Inkona

Inkona iravugwa incuro nyinshi muri Bibiliya, kandi inkona ziribonekeza ku bwinshi mu karere kahoze ari Igihugu c’isezerano. Bibiliya ivuga yuko inkona “irondera ivyo kurya” yibereye mu cari cayo hejuru ku rutare. Yongerako iti: “Amaso yayo aguma araba kure cane.” (Yobu 39:27-29) Inkona irabona kure rwose, ku buryo bivugwa ko ishobora kubona agakwavu kari ku kilometero.

Nk’uko nyene inkona ‘iraba kure cane,’ Yehova Imana arashobora kubona ibizoba muri kazoza ka kure. Ni co gituma yavuze ati: “Ndi Umwe kuva mu ntango ahishura iherezo, kuva kera agahishura ibintu bitarakorwa.” (Yesaya 46:10) Hamwe twokurikiza impanuro za Yehova, turashobora kwungukira ku bukerebutsi bwiwe ntangere no ku kubona kure kwiwe kudasanzwe.​—Yesaya 48:17, 18.

Vyongeye, abizigira Imana, Bibiliya ibagereranya n’inkona. Igira iti: “Abizigira Yehova bazosubira kugira ububasha. Bazodugisha amababa nk’inkona.” (Yesaya 40:31) Inkona ziduga mu kirere zisunze ubushuhe buduga buvuye kw’isi. Igihe inkona ishitse ahari mwene ubwo bushuhe, ica isanza amababa ikaguma izunguruka muri uwo muyaga ushushe, bigatuma iduga hejuru cane. Inkomezi z’inkona si zo zituma iduga kure cane mu kirere canke ngo yarâre ahantu harehare. Muri ubwo buryo nyene, abizigira Yehova ni we bahanga amaso, kuko ari we abaha “ububasha burengeye ubusanzwe.”​—2 Abakorinto 4:7, 8.

‘INGENE INKOKOKAZI IKORANYA IMISWI YAYO’

Inkokokazi n’imiswi

Gatoyi imbere y’uko Yezu apfa, yaritegereje umugwa mukuru w’Abayuda, aca avugana akababaro ati: “Yeruzalemu, Yeruzalemu, wewe wica abahanuzi ugatera amabuye abagutumweko. Ni kangahe nashatse gukoraniriza hamwe abana bawe, nka kurya inkokokazi ikoraniriza imiswi yayo munsi y’amababa yayo! Ariko ntimwabishatse.”​—Matayo 23:37.

Kimwe mu bintu bikomeye Imana yaremanye ibiremwa vy’amababa, ni icipfuzo co gukingira utwana twavyo. Ivyarika hasi, nk’akarorero inkokokazi, bitegerezwa kuguma bireretse aho akaga kozanana. Igihe inkokokazi ibonye igisiga kiriko kirazunguruka mu kirere, ica ikokoza maze imiswi igaca inyaruka kwinyegeza mu mababa yayo. Imiswi irashobora kandi guhungira mu mababa ya nyina kugira ngo yugame izuba rikaze canke imvura nyinshi. Yezu na we nyene yashaka ko abantu b’i Yeruzalemu baza kuri we kugira ngo abakingire mu vy’impwemu. Muri iki gihe, Yezu aradutera akamo ngo tuje kuri we kugira ngo aturuhurire yongere adukingire imitwaro be n’imyitwarariko vya buri musi.​—Matayo 11:28, 29.

Vy’ukuri, hariho ibintu vyinshi dushobora kwigira kuri ivyo biremwa biguruka. Igihe witegereza inyifato yavyo, nugerageze kwibuka imvugo ngereranyo zo muri Bibiliya zivuga ibijanye n’inyoni. Ese akarorero k’intamba kotuma uha agaciro inzu yo gusengeramwo Yehova. Ese wokwama witura Imana kugira ngo iguhe ububasha, nka kurya nyene iha inkona ububasha bwo kuguruka. Ese woja kuri Yezu kugira ngo akuronse ukuri kugukingira mu vy’impwemu, nka kurya inkokokazi ikingira imiswi yayo. Vyongeye, ese agasoza kokwibutsa yuko ukwiye kuguma urikanuye, kugira ngo utahure insobanuro y’ibiba kw’isi muri kino gihe.