Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Dukenguruke ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana

Dukenguruke ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana

“Twese twaronse . . . ubuntu ata wari abukwiriye ku buntu ata wari abukwiriye.”​—YOH. 1:16.

INDIRIMBO: 95, 13

1, 2. (a) Vuga muri make ikigereranyo Yezu yatanze cerekeye umurimyi w’imizabibu. (b) Ico kigereranyo giserura gute umutima w’ugutanga cane be n’ukugaragaza ubuntu ata wari abukwiriye?

UMURIMYI umwe w’imizabibu yarazindutse kare, aja mu gisagara kurondera abakozi bomukorera mu murima wiwe. Abo yaronse baremeranije impembo, baca baja gukora. Ariko rero, kubera ko uwo murimyi yari akeneye abandi bakozi, uwo musi wose yagumye asubira mu gisagara kubarondera. Bose bagiye baremeranya impembo ikwiye, mbere n’abo yahaye akazi ku mugoroba. Bugorovye, yaregeranije abo bakozi kugira abahembe, maze bose abaha impembo ingana, baba abakoze amasaha menshi canke abakoze imwe gusa. Abatanguye gukora mu gitondo babibonye, baciye bidodomba. Nyene umurima yaciye abwira umwe wese muri bo ati: ‘Ntitwumvikanye ico ndaguhemba? None sinemerewe gukoresha ivyanje uko nshaka? Ugize ijisho ribi kubera ko ndi umuntu mwiza?’​—Mat. 20:1-15.

2 Uwo mugani wa Yezu uratwibutsa kimwe mu bintu biranga Yehova gikunze kuvugwa muri Bibiliya, na co kikaba ari “ubuntu ata wari abukwiriye” agaragaza. (Soma 2 Abakorinto 6:1.) Abakoze isaha imwe gusa vyasa n’uko batari babereye kuronka impembo ingana n’iy’abandi, ariko nyene uwo murima yarabagaragarije ubuntu budasanzwe. Ku bijanye n’ijambo ryahinduwe ngo “ubuntu ata wari abukwiriye,” iryo Bibiliya zimwezimwe zihindura ngo “inema,” incabwenge imwe yanditse iti: “Iryo jambo ahanini ryerekeza ku kintu umuntu ahabwa nk’ingabire ya gusa kandi atabereye, ico ahabwa atagikoreye.”

INGABIRE IDASANZWE YEHOVA YATANZE

3, 4. Ni kubera iki Yehova yagaragarije abantu bose ubuntu ata wari abukwiriye, kandi yabigize gute?

3 Ivyanditswe biravuga ibijanye n’“ingabirano ya gusa . . . y’ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana.” (Ef. 3:7) Ni kubera iki none Yehova atanga iyo “ngabirano ya gusa,” kandi ayitanga gute? Iyaba ivyo Yehova adusaba vyose tubishitsa ijana kw’ijana, ubuntu atugirira twobaye tubukwiriye. Ariko rero nta vyo dushitsa. Ni co gituma wa mwami w’inkerebutsi Salomo yanditse ati: “[Nta] muntu w’umugororotsi ariho mw’isi aguma akora ivyiza ntacumure.” (Umus. 7:20) Intumwa Paulo na we nyene yavuze ati: “Bose ba[ra]cumuye bakaba badashikira ubuninahazwa bw’Imana.” Yavuze kandi ati: “Impembo igicumuro gitanga [ni] urupfu.” (Rom. 3:23; 6:23a) Ng’ico rero ico dukwiriye!

4 Ariko kubera ko Imana ikunda abantu cane, yararungitse “Umwana wayo w’ikinege” kugira ngo adupfire. Ico kintu yakoze ni co kigaragaza ubuntu ata wari abukwiriye kuruta ibindi vyose. (Yoh. 3:16) Ku bijanye na Yezu rero, Paulo yanditse ko “yambitswe urugori rw’ubuninahazwa n’iteka ku bwo kuba yarashikiwe n’urupfu, kugira ngo biciye ku buntu ata wari abukwiriye bw’Imana, ahonjereze urupfu umuntu wese.” (Heb. 2:9) Ego cane, “ingabirano Imana itanga ni ubuzima budahera biciye kuri Kristu Yezu Umukama wacu.”​—Rom. 6:23b.

5, 6. Bigenda gute iyo twemeye kuganzwa (a) n’igicumuro? (b) n’ubuntu ata wari abukwiriye?

5 None ni kubera iki abantu bose bacumura kandi bagapfa? Bibiliya isigura iti: “Bivuye kw’ikosa ry’umuntu umwe [Adamu] urupfu rwaraganje” uruvyaro rwa Adamu. (Rom. 5:12, 14, 17) Mugabo rero igishimishije, turashobora guhitamwo kwiganzura igicumuro. Igihe twizeye inkuka y’incungu ya Kristu, tuba twemeye kuganzwa n’ubuntu ata wari abukwiriye bwa Yehova. Uti gute? Bibiliya ivuga iti: “Ahantu igicumuro cagwiriye, ubuntu ata wari abukwiriye bwararushirije kugwira. Ku bw’intumbero iyihe? Kugira ngo, nk’uko igicumuro caganje hamwe n’urupfu, n’ubuntu ata wari abukwiriye buganze biciye ku bugororotsi ku bw’ubuzima budahera biciye kuri Yezu Kristu.”​—Rom. 5:20, 21.

6 Naho tukiri abacumuzi, ntidukwiye kwirekerana ngo igicumuro kibandanye kutuganza. Tubigenjeje gutyo, bishitse tugacumura, turashobora gusaba imbabazi Yehova. Paulo yagabishije abakirisu ati: “Igicumuro [ntigi]tegerezwa kubaganza, kuko mutagabwa n’itegeko mugabo mugabwa n’ubuntu ata wari abukwiriye.” (Rom. 6:14) Ku bw’ivyo rero, ubu tugabwa n’ubuntu ata wari abukwiriye. None ivyo bivamwo iki? Paulo yasiguye ati: “Ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana . . . [butwigisha] kwikunkumura ukutibanga Imana n’ivyipfuzo vy’isi no kubaho dufise ukurorana kw’umuzirikanyi n’ubugororotsi n’ukwihebera Imana muri iki gihe.”​—Tito 2:11, 12.

UBUNTU ATA WARI ABUKWIRIYE “BWEREKANWA MU BURYO BUTARI BUMWE”

7, 8. Kuba ubuntu ata wari abukwiriye bwa Yehova ‘bwerekanwa mu buryo butari bumwe’ bisobanura iki? (Raba amashusho atangura.)

7 Intumwa Petero yanditse ati: “Nk’uko umwe wese yaronse ingabirano, muyikoreshe mu gukoreranira nk’ababwiriza beza b’ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana bwerekanwa mu buryo butari bumwe.” (1 Pet. 4:10) Ivyo bisobanura iki? Bisobanura ko Yehova ashobora kudufasha guhangana n’ingorane y’ubwoko ubwo ari bwo bwose. (1 Pet. 1:6) Ku ngorane yose idushikira, Yehova yama atugaragariza ubuntu buhuye na yo.

8 Egome, ubuntu ata wari abukwiriye bwa Yehova abwerekana mu buryo butari bumwe. Intumwa Yohani yanditse ati: “Twese twaronse bivuye ku kunengesera kwiwe, egome, ubuntu ata wari abukwiriye ku buntu ata wari abukwiriye.” (Yoh. 1:16) Kuba Yehova atugaragariza ubuntu mu buryo butari bumwe, bituma twironkera ivyiza vyinshi. None bimwe muri ivyo ni ibihe?

9. Twungukira gute ku buntu ata wari abukwiriye bwa Yehova, kandi twerekana gute ko tubukenguruka?

9 Turababarirwa ibicumuro vyacu. Ubuntu ata wari abukwiriye bwa Yehova buratuma tubabarirwa ibicumuro igihe twigaye kandi tukabandanya turwanya agatima dufise ko gukora igicumuro. (Soma 1 Yohani 1:8, 9.) Imbabazi z’Imana zikwiye gutuma tuyikengurukira cane kandi tukayininahaza. Paulo yandikiye abakirisu bagenziwe barobanuwe ati: “[Yehova] yaraturokoye adukiza ububasha bw’umwiza atwimurira mu bwami bw’Umwana w’urukundo rwiwe, muri uyo tukaba turonka ukubohorwa biciye ku ncungu, ukubabarirwa ibicumuro vyacu.” (Kol. 1:13, 14) Tumaze kubabarirwa ibicumuro, duca twironkera iyindi mihezagiro myinshi idasanzwe.

10. Ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana budushoboza iki?

10 Turagiranira amahoro n’Imana. Kubera ko turi abacumuzi, tuvuka turi abansi b’Imana. Ivyo Paulo yaravyiyemereye ati: “Igihe twari abansi, twasubijwe hamwe n’Imana biciye ku rupfu rw’Umwana wayo.” (Rom. 5:10) Ukwo gusubiza hamwe na Yehova gutuma tugiranira amahoro na we. Paulo yarerekanye ingene ako gateka gafitaniye isano n’ubuntu ata wari abukwiriye bwa Yehova. Yabwiye abakirisu bagenziwe barobanuwe ati: “Ubu ko tumaze kwitwa abagororotsi bivuye ku kwizera, tunezererwe amahoro hamwe n’Imana biciye ku Mukama wacu Yezu Kristu, biciye kuri we kandi tukaba twararonse uburyo bwo gushika mu buntu ata wari abukwiriye biciye ku kwizera, nya buntu bukaba ari bwo duhagazemwo ubu.” (Rom. 5:1, 2) Emwe, uwo ni umuhezagiro!

Uburyo Imana itugaragariza ubuntu ata wari abukwiriye: Agateka ko kwumva inkuru nziza (Raba ingingo ya 11)

11. Abarobanuwe bazana gute “izindi ntama” ku bugororotsi?

11 Turitwa abagororotsi imbere ya Yehova. Mu bisanzwe, nta n’umwe muri twebwe agororotse. Ariko umuhanuzi Daniyeli yavuze ko mu gihe c’iherezo, “abafise ugutahura kwimbitse,” ni ukuvuga amasigarira y’abarobanuwe, “[bozanye] benshi ku bugororotsi.” (Soma Daniyeli 12:3.) Biciye ku gikorwa barangura co kwamamaza no kwigisha, baratumye amamiliyoni y’“izindi ntama” bitwa abagororotsi imbere ya Yehova. (Yoh. 10:16) Ariko rero, ivyo vyashobotse kubera gusa ubuntu tutabereye bwa Yehova. Paulo yasiguye ati: “Ni nk’ingabirano ya gusa kubona bariko bitwa abagororotsi ku buntu ata wari abukwiriye [bw’Imana], mu kubohorwa biciye ku ncungu yarishwe na Kristu Yezu.”​—Rom. 3:23, 24.

Agateka ko kuyisenga (Raba ingingo ya 12)

12. Isengesho rifitaniye isano gute n’ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana?

12 Turiyegereza Imana mw’isengesho. Bivuye ku buntu ata wari abukwiriye bwa Yehova, turashobora kumwiyegereza mw’isengesho, tukegera intebe yiwe yo mw’ijuru. Nkako, Paulo yita iyo ntebe ya Yehova “intebe y’ubuntu ata wari abukwiriye,” agaca adusaba kuyegera “dufise umwidegemvyo wo kuvuga.” (Heb. 4:16a) Ako gateka Yehova yakaduteye abicishije ku Mwana wiwe, “biciye kuri we tukaba dufise uyu mwidegemvyo wo kuvuga kandi tugashobora kwegera Imana ata mazinda, tubihawe n’ukwizera dufise muri we.” (Ef. 3:12) Emwe, kubona dusenga Yehova twisanzuye, vy’ukuri ni agateka tutabereye yaduteye!

Ugutabarwa ku gihe nyaco (Raba ingingo ya 13)

13. Ni gute ubuntu ata wari abukwiriye butuma ‘dutabarwa ku gihe nyaco’?

13 Turatabarwa ku gihe nyaco. Paulo yaturemesheje kwiyegereza Yehova mw’isengesho tutitinya, “kugira duhabwe imbabazi twongere turonke ubuntu ata wari abukwiriye kugira dutabarwe ku gihe nyaco.” (Heb. 4:16b) Igihe cose twugarijwe n’ingorane mu buzima, turashobora gutabaza Yehova. Naho tutabibereye, aratwishura. Akenshi abicisha ku bakirisu bagenzi bacu, “ku buryo dushobora kugira umutima rugabo tukavuga duti: ‘Yehova ni umutabazi wanje; sinzotinya. Umuntu yongira iki?’”​—Heb. 13:6.

14. Ubuntu ata wari abukwiriye bwa Yehova bufasha gute imitima yacu?

14 Turaronka uruhoza. Umuhezagiro ntangere turonka biciye ku buntu ata wari abukwiriye bwa Yehova, ni uko duhozwa igihe dutuntuye mu mutima. (Zab. 51:17) Paulo yandikiye abakirisu b’i Tesalonika bariko barahamwa, ati: “Umukama wacu Yezu Kristu ubwiwe be n’Imana Data wa twese yadukunze ikaduha uruhoza rw’ibihe bidahera be n’icizigiro ciza biciye ku buntu ata wari abukwiriye, bahoze imitima yanyu bongere babashikamishe.” (2 Tes. 2:16, 17.) Ese ukuntu bihumuriza kumenya ko ubuntu bwa Yehova butuma adukunda kandi akatwitwararika!

15. Ni icizigiro ikihe dukesha ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana?

15 Turagira icizigiro c’ubuzima budahera. Kubera ko turi abacumuzi, ku bwacu nta cizigiro twokwigeze tugira. (Soma Zaburi 49:7, 8.) Mugabo Yehova araduha icizigiro ciza igitangaza. Yezu yabwiye abayoboke biwe ati: “Uku [ni] kwo kugomba kwa Data: ni uko uwo wese abona Umwana akamwizera aronka ubuzima budahera.” (Yoh. 6:40) Vy’ukuri, icizigiro c’ubuzima budahera ni ingabire idasanzwe igaragaza ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana. Paulo yarakenguruka cane ico kintu. Yavuze ati: “Bwa buntu ata wari abukwiriye bw’Imana buzanira ubukiriro abantu b’uburyo bwose.”​—Tito 2:11.

NTIDUFATE UKUTARI KWO UBUNTU ATA WARI ABUKWIRIYE BW’IMANA

16. Ni gute abakirisu bamwebamwe bafashe ukutari kwo ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana?

16 Naho ubuntu ata wari abukwiriye bwa Yehova butuma twironkera imihezagiro myinshi, ntidukwiye guca twiyumvira ko atureka ngo twigenze uko twishakiye. Mu bakirisu bo mu ntango, hariho abagerageje “[gu]hindura ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana . . . icitwazo c’ubushirasoni.” (Yuda 4) Biboneka ko abo bakirisu b’ibihemu biyumvira ko bari gucumura, bagaca basaba imbabazi Yehova. N’ikirushirije kuba kibi, bararyosharyosha abavukanyi bagenzi babo ngo bifatanye na bo muri iyo ngendo igayitse. No muri iki gihe, umuntu wese akora ivyo, aba “[atutse] ya mpwemu y’ubuntu ata wari abukwiriye.”​—Heb. 10:29.

17. Ni impanuro ikomeye iyihe Petero yatanze?

17 Muri iki gihe, Shetani arahenda abakirisu bamwebamwe bakiyumvira ko bashobora gucumura ntibahanwe, bitwaje ko Imana ari inyembabazi. Ariko naho Yehova yiteguriye kubabarira abacumuzi bigaya, yiteze ko turwanya twivuye inyuma agatima ko gukora igicumuro. Yarahumekeye Petero ngo yandike ati: “Mwebwe rero bakundwa, ko ivyo musanzwe mubizi, mwiyubare ntimutwarwe hamwe na bo biciye ku buzimire bw’abantu batibanga amategeko mugata ugushikama kwanyu bwite. Oya, ahubwo mubandanye gukura mu buntu ata wari abukwiriye no mu bumenyi bwerekeye Umukama wacu akaba n’Umukiza Yezu Kristu.”​—2 Pet. 3:17, 18.

UBUNTU ATA WARI ABUKWIRIYE BUJANA N’IBANGA

18. Ubuntu ata wari abukwiriye bwa Yehova butuma tugira ibanga irihe?

18 Kubera ko dukenguruka ubuntu bwa Yehova, turakwiye gukoresha ububangukirwe bwacu mu kumutera iteka no mu gufasha abandi. Uti mu buryo ubuhe? Paulo yishura ati: “Ko rero dufise ingabirano zitandukanye nk’uko ubuntu ata wari abukwiriye twahawe buri, bwaba . . . ubusuku, twijukire ubwo busuku; canke uwigisha, yijukire ukwigisha kwiwe; canke uwuhimiriza, yijukire uguhimiriza kwiwe; . . . uwugira imbabazi, abigirane akamwemwe.” (Rom. 12:6-8) Ubuntu ata wari abukwiriye Yehova atugirira butuma tugira ibanga ryo kwamamaza tubigiranye umwete, kwigisha abandi Bibiliya, kuremesha abakirisu bagenzi bacu no kubabarira uwoducumurako wese.

19. Ni igiki tuzorimbura mu kiganiro gikurikira?

19 Kubera ko dukenguruka urukundo ntangere Imana yadukunze, turakwiye gukora uko dushoboye kwose kugira ngo “[dushingire] intahe inogangije inkuru nziza ya bwa buntu ata wari abukwiriye bw’Imana.” (Ivyak. 20:24) Ico kintu dusabwa ni co tuzorimbura mu kiganiro gikurikira.