Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nurondere Ubwami, aho kurondera ibintu

Nurondere Ubwami, aho kurondera ibintu

“Mubandanye kurondera ubwami [bw’Imana], ivyo bintu na vyo muzovyongerwa.”​—LUKA 12:31.

INDIRIMBO: 40, 98

1. Ivyo dukeneye bitandukaniye he n’ivyo twipfuza?

BURYA ivyo umuntu akeneye kugira ngo abeho si vyinshi, ariko ivyo yipfuza ntibigira igitigiri. Abantu benshi, bisa n’uko batazi gutandukanya ivyo bakeneye n’ivyo bipfuza. None bitandukaniye he? Ivyo umuntu akeneye ni ibintu ntahara, ku buryo bibuze ubuzima budashoboka. Ivyo na vyo ni ibifungurwa, ivyambarwa be n’uburaro. Ivyo umuntu yipfuza ni ibintu aba ashaka kuronka, ariko atari nkenerwa mu buzima bwa misi yose.

2. Bimwebimwe mu vyo abantu bipfuza ni ibihe?

2 Ivyo abantu bipfuza birashobora gutandukana cane, bivanye n’aho baba. Mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere, ushobora gusanga benshi bipfuza amahera yo kugura telefone, ipikipiki canke itongo. Mu bihugu bitunze na ho, abantu boshobora kwipfuza impuzu zizimvye cane, umuzinga w’inzu canke umuduga ugurwa ibitagenda. Haba mu batunzi canke mu bakene, umuntu arashobora kugwa mu mutego wo guhahamira amaronko, akaguma yipfuza ibintu umurengera, yaba abikeneye canke atabikeneye, yaba afise uburyo bwo kubigura canke atabufise.

NIWIRINDE GUHAHAMIRA AMARONKO

3. Umuntu ahahamira amaronko ameze gute?

3 Umuntu ahahamira amaronko ameze gute? Usanga yitaho cane ibintu vy’umubiri kuruta ivy’Imana. Ivyo bibonekera mu vyipfuzo afise no mu vyo ashira imbere mu buzima. Ako gatima gatuma agumana inyota yo kuronka ibintu vyinshi. Umuntu mwene uwo si ngombwa ngo abe afise amahera menshi canke ngo agure ibintu bizimvyezimvye. Mbere n’abakene barashobora guhahamira amaronko, maze ntibiteho kubanza kurondera Ubwami.​—Heb. 13:5.

4. Shetani akoresha gute “icipfuzo c’amaso”?

4 Shetani arakoresha ivy’urudandaza rwo muri iyi si yiwe kugira ngo atwemeze ko tubwirizwa kuronka ibintu vy’umubiri birengeye ivyo dukeneye, kugira ngo turyohererwe ubuzima. Ni karuhariwe mu gukwegēra “icipfuzo c’amaso.” (1 Yoh. 2:15-17; Ita. 3:6; Imig. 27:20) Isi iratanga ibintu vy’ubwoko bwinshi, kuva kuri vyiza cane gushika ku bitagira akamaro, bimwebimwe mbere bikaba bikwegēra cane. Vyoba birashika ukagura ikintu kubera gusa wakibonye mw’iduka canke bariko baragihayanisha, mugabo atari uko wari ugikeneye? Mu nyuma, woba wahavuye ubona ko ubuzima bwari kubandanya utagifise? Mwene ivyo bintu bidakenewe usanga ari ivyo kudutera ingorane gusa no kuremereza ubuzima bwacu. Birashobora kudusamaza, bigatuma tubura umwanya wo kwama twiyigisha Bibiliya, gutegura amakoraniro no kuyitaba be no kwama tuja mu ndimiro. Niwibuke ko intumwa Yohani yatugabishije ati: “Isi iriko irahita, n’icipfuzo cayo ni ukwo.”

5. Ni ibiki bishobora gushikira abakora batiziganya kugira ngo barundanye ibintu vy’umubiri?

5 Shetani ashaka ko dushumbira Ubutunzi, aho gushumbira Yehova. (Mat. 6:24) Ico womenya coco, abakora batiziganya kugira ngo barundanye ibintu vy’umubiri basanga baruhiye ubusa, kuko bishingiye ku bwikunzi. N’ikibabaje kuruta, ubucuti bafitaniye n’Imana burahabonera, bagasigarana intuntu n’umubabaro. (1 Tim. 6:9, 10; Ivyah. 3:17) Bica bigenda nka kumwe Yezu yabivuga mu kigereranyo c’umubivyi. Yavuze ko igihe imbuto z’Ubwami zibibwe mu bameze nk’amahwa, maze ‘ukwipfuza ibindi bintu bikabinjiramwo bikanyoha iryo jambo,’ nya jambo rica ricika ikirumbirane.​—Mrk. 4:14, 18, 19.

6. Ivyashikiye Baruki bitwigisha iki?

6 Rimbura ivyashikiye Baruki, umunyamabanga w’umuhanuzi Yeremiya. Igihe Yeruzalemu yari yimirije gutikizwa, Baruki yaratanguye “[k]wironderera ibintu bihambaye,” kandi ari ivyomaze umwanya urume rumara. Ariko rero ikintu conyene yari akwiye kwitega cari ico Yehova yari yaramusezeraniye ati: “Nzoguha kunyaga amagara yawe.” (Yer. 45:1-5.) Mu vy’ukuri, nta matungo y’umuntu n’umwe Imana yozigurije muri ico gisagara cari kigiye gutikizwa. (Yer. 20:5) Ubu si igihe co kwirundaniriza ibintu vy’umubiri, kubera ko iherezo ry’ivy’iyi si mbi ryegereje. Ntidukwiye kwitega ko hari ikintu na kimwe mu vyo dutunze kizorokokana natwe amakuba akomeye, naho coba gifise agaciro kangana gute.​—Imig. 11:4; Mat. 24:21, 22; Luka 12:15.

7. Ni ibiki tugiye kurimbura, kandi kubera iki?

7 Yezu yaraduhaye impanuro nziza ijanye no kwironsa ivya nkenerwa mu buzima tutarinze guta intumbero, guhahamira amaronko canke kwiganyira bidakenewe. Iyo mpanuro yayitanze muri ya Nsiguro yo ku Musozi. (Mat. 6:19-21) Nimuze dusome twongere dusuzume agace kayo kari muri Matayo 6:25-34. Ivyo biraza kutujijura ko dukwiye ‘kuguma turondera Ubwami’ aho kurondera ibintu.​Luka 12:31.

YEHOVA ARATURONSA IVYO UMUBIRI WACU UKENERA

8, 9. (a) Kubera iki tudakwiye guhagarika umutima birenze ku bijanye n’ivyo dukenera? (b) Ni ibiki Yezu yari azi ku bijanye n’abantu be n’ivyo bakenera?

8 Soma Matayo 6:25. Igihe Yezu yabwira abamwumviriza ngo ‘bareke kuganyira ubuzima bwabo,’ ni nk’aho yari ababwiye ngo bareke guhagarika umutima. Bariko biganyira ku bintu bitari bikwiye kubatera amaganya. Yezu yaciye ababwira ngo bageze aho, kandi vyari bibereye. Kwiganyira birenze urugero, mbere n’aho vyoba bitumwa n’imvo zumvikana, birashobora gutuma umuntu yangaza umutima, ntabe aciyumvira ivy’impwemu kandi ari vyo bihambaye cane mu buzima. Yezu yaritwararika cane abigishwa biwe, ku buryo muri iyo nsiguro yabagabishije kuri ico kintu incuro zine zose.​—Mat. 6:27, 28, 31, 34.

9 Ni kubera iki Yezu yatubujije kwiganyira ku bijanye n’ivyo tuzorya, tuzonywa canke tuzokwambara? None ivyo si ibintu nyamukuru dukenera mu buzima? Cane nyene! None tubuze ingene tuvyironsa, twobura kugira amaganya? Emwe, twoyagira nyene, kandi na Yezu yari abizi. Yari azi neza ivyo abantu bakenera ku musi ku musi. Vyongeye, yari azi ko abayoboke biwe batokworohewe, kuko mu binjana vyokurikiye hobayeho “imisi ya nyuma,” iyoranzwe n’“ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.” (2 Tim. 3:1) Muri ivyo twovuga nk’ubushomeri, ukuduga kw’ibiciro, amapfa be n’ubukene bigeramiye benshi. Ariko ntiwumve, Yezu yari azi kandi yuko ‘ubuzima buruta ibifungurwa, be n’uko umubiri uruta ivyambarwa.’

10. Igihe Yezu yigisha abayoboke biwe ingene bosenga, yavuze ko bakwiye gushira imbere iki?

10 Imbere y’aho, Yezu yabwiye abariko baramwumviriza ko bosenga Umuvyeyi wabo wo mw’ijuru bamusaba ivyo bakeneye, bati: “Uduhe uno musi ibifungurwa vyacu vy’uyu musi.” (Mat. 6:11) Ikindi gihe na ho, yababwiye ko bosenga bavuga bati: “Uduhe ibifungurwa vyacu vy’uno musi nk’uko ivyo dukenera ku musi biri.” (Luka 11:3) Ariko rero ivyo ntibisobanura ko dukwiye gutwarwa umutima n’ivyo dukenera ku mubiri. Muri iryo sengesho ry’akarorero, Yezu yavuze ko twobanza gusenga dusaba ko Ubwami bw’Imana buza. (Mat. 6:10; Luka 11:2) Kugira ngo Yezu afashe abantu kudata umutwe, yaciye yerekana ingene Yehova ari ntangere mu kuronsa ibiremwa vyiwe ivya nkenerwa.

11, 12. Ukuntu Yehova yitwararika inyoni zo mu kirere bitwigisha iki? (Raba ishusho itangura.)

11 Soma Matayo 6:26. Turakwiye ‘kwihweza neza inyoni zo mu kirere.’ Naho inyoni ari uturemwa dutoduto, zirarya ivyamwa, imbuto, udukoko canke imisiba bitari bike. Uravye uko inyoni ingana, usanga irya kurusha umuntu. Ariko inyoni ntizirima canke ngo ziteragire. Yehova arazironsa ivyo zikeneye vyose. (Zab. 147:9) Mugabo rero, ntizasama ngo ace azitamika! Naho ivyo zirya biboneka ku bwinshi, zitegerezwa kuja kubirondera.

12 Yezu yabona ko bitoshoboka yuko Se wiwe wo mw’ijuru aronsa inyoni ivyo zirya mugabo akareka kuronsa abantu ibintu nyamukuru bakenera. [1](1 Pet. 5:6, 7) Naho atadutamika ivyo turya, arashobora guhezagira akigoro tugira igihe turima ivyo dufungura canke igihe turondera udufaranga two kugura ivyo dukenera buri musi. Igihe hari ivyo dukeneye, yoshobora kuvyurira umutima abandi kugira badufashe. Naho Yezu atavuze ibijanye no kuronsa inyoni aho ziba, Yehova yaziremanye itima be n’ubuhanga, ararema n’ibintu zokwikorako kugira ngo ziyubakire ivyari. Na twebwe Yehova arashobora kudufasha kuronka aho imiryango yacu ikika umusaya.

13. Ni igiki cerekana ko turi n’agaciro kuruta inyoni zo mu kirere?

13 Ku bijanye n’inyoni zo mu kirere, Yezu yabajije abamwumviriza ati: “None mwebwe ntimuzirusha agaciro?” Nta gukeka ko Yezu yari afise mu muzirikanyi yuko yari yimirije gutanga ubuzima bwiwe ku bw’umuryango w’abantu. (Gereranya na Luka 12:6, 7.) Inkuka y’incungu ya Kristu nta bindi biremwa yatangiwe. Yezu ntiyapfiriye inyoni zo mu kirere, ahubwo yapfiriye twebwe kugira turonke ubuzima budahera.​—Mat. 20:28.

14. Ni igiki umuntu yiganyira adashobora gukora?

14 Soma Matayo 6:27. Kubera iki none Yezu yaciye avuga ko umuntu yiganyira adashobora kwongera n’itambwe rimwe ku kiringo c’ubuzima bwiwe? Kubera ko guhagarika umutima birenze urugero ku bijanye n’ivyo dukenera buri musi, bidashobora gutuma turamba. Ahubwo riho, amaganya y’umurengera yoshobora kugabanya imisi yacu yo kubaho.

15, 16. (a) Ukuntu Yehova yitwararika amalisi yo mw’itongo bitwigisha iki? (Raba ishusho itangura.) (b) Ni ibibazo ibihe twoshobora kwibaza, kandi kubera iki?

15 Soma Matayo 6:28-30. Ni nde muri twebwe atipfuza gushaza, na canecane igihe turi mu bikorwa bijanye no gusenga, nk’igihe twitavye amakoraniro n’amahwaniro canke igihe turi mu ndimiro? None ivyo vyoba bikwiye gutuma ‘twiganyira ku bijanye n’ivyambarwa’? Yezu arabandanya adufasha kuzirikana afatiye ku vyo Yehova yakoze. Muri uwo muce, hari ibintu vyinshi dushobora kwigira ku “mashurwe y’amalisi yo mw’itongo.” Yezu ashobora kuba yariko yiyumvira amashurwe atandukanye meza, ameze nk’amalisi. Amashure ntafata urunyuzi n’urushinge ngo abarire impuzu yambara. Mugabo iyo ashuritse, ntiworaba ingene aba ashajije! Emwe, “na Salomo ari Salomo mu buninahazwa bwiwe bwose [ntiyari] ashajije nka rimwe muri ayo”!

16 Yezu aca atanga iki cigwa, ati: “Nimba rero Imana yambika gutyo ivyatsi vyo mw’itongo . . . , mbega ntizorushiriza kubambika, mwebwe ab’ukwizera guke?” Azobigira nyene! Ariko rero, hari ukuntu abigishwa ba Yezu bari bafise ukwizera guke. (Mat. 8:26; 14:31; 16:8; 17:20) Bari bakeneye kugira ukwizera gukomeye kandi bakizigira Yehova. Tweho bite? Ni ku rugero rungana iki twizigira yuko Yehova ashoboye kuturonsa ivyo dukenera?

17. Ni igiki coshobora kwonona ubucuti dufitaniye na Yehova?

17 Soma Matayo 6:31, 32. Ntidukwiye kumera nk’abantu b’“amahanga,” abatizera na gato yuko Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru yitwararika abashira imbere ivyungura Ubwami bwiwe. Tugerageje kurundanya “ivyo amahanga ahahamira” vyose, twoshobora kwonona ubucuti dufitaniye na Yehova. Turakwiye nyabuna kwizigira duherejeko yuko ata ciza na kimwe Yehova azotwima nitwashira imbere ibikwiye kuja imbere mu buzima bwacu, na vyo bikaba ari ivy’impwemu. Kubera ko ‘twihebeye Imana,’ turakwiye kubumbwa n’“ivyo kurya [be] n’ivyo kwambara” turonka.​—1 Tim. 6:6-8.

WOBA USHIRA IMBERE UBWAMI BW’IMANA?

18. Ni ibiki Yehova azi ku bijanye n’umwe wese muri twebwe, kandi aca adukorera iki?

18 Soma Matayo 6:33. Abayoboke ba Kristu bakwiye kwama bashira imbere ivy’Ubwami. Tubigenjeje gutyo, bica bigenda nk’uko Yezu yabivuze, ati: “Ivyo bindi vyose na vyo muzovyongerwa.” Kubera iki yavuze gutyo? Ku murongo w’imbere y’uwo, Yezu yarasiguye igituma, ati: “So wo mw’ijuru [arazi] ko ivyo vyose mubikenera,” akaba yashaka kuvuga ivyo dukenera mu buzima. Yehova arashobora kubona imbere y’igihe ivyo umwe wese akenera mu bijanye n’ibifungurwa, ivyambarwa n’uburaro, n’imbere y’uko twebwe tubibona. (Flp. 4:19) Arazi igihe uzoba ukeneye iyindi mpuzu. Arazi ivyo dukenera gufungura be n’uburaro twokenera, bivanye n’ingene umuryango wacu ungana. Yehova aritwararika kuturonsa ivyo dukeneye koko.

19. Kubera iki tudakwiye guhagarika umutima ku bijanye n’ivyoshika muri kazoza?

19 Soma Matayo 6:34. Urabona ko Yezu asubiye kuvuga ngo “ntimukigere mwiganyira.” Ashaka ko twitwararika gusa ivyo dukenera ku musi ku musi, twizigiye duherejeko yuko Yehova adufasha. Hamwe umuntu yokwiganyira birenze ku bijanye n’ivyoshika muri kazoza, yoshobora guca atangura kwiyizigira aho kwiheka ku Mana, maze bigatuma ubucuti afitaniye na Yehova butosekara cane.​—Imig. 3:5, 6; Flp. 4:6, 7.

NUBANZE KURONDERA UBWAMI, IBINDI YEHOVA AZOBIKURONSA

Woba ushobora kworosha ubuzima kugira ngo urushirize kwitaho Ubwami? (Raba ingingo ya 20)

20. (a) Ni umugambi uwuhe wokwishingira mu bijanye no gukorera Yehova? (b) Wokora iki kugira ngo woroshe ubuzima?

20 Vyoba bibabaje dushize ku ruhande ivyungura Ubwami kugira ngo twiruke inyuma y’ivy’umubiri. Dukwiye nyabuna gukurikirana imigambi y’ivy’impwemu. Nk’akarorero, woba ushobora kuja gukorera mw’ishengero rikeneye abamamaji kuruta? Woba ushobora gukora ubutsimvyi? Nimba uri umutsimvyi, woba umaze kwiyumvira gusaba ko wokwitaba Ishure ry’abamamaji b’Ubwami? Woba wokwitanga ukaza uraja gufasha kuri Beteli imisi nk’ingahe mu ndwi canke ahari ibiro vy’ubuhinduzi biri ukwa vyonyene? Woba ushobora kwitanga ukamara igihe kanaka ufasha kwubaka Ingoro z’Ubwami? Niwiyumvire ivyo wokora kugira ngo woroshe ubuzima, gutyo urushirize kugira uruhara mu bikorwa vy’Ubwami. Nurimbure witonze uruzitiro ruvuga ngo “ Ingene wokworosha ubuzima,” maze uce utangura gutunganya ibikenewe kugira ngo ushike ku mugambi wawe.

21. Ni igiki kizotuma urushiriza kwiyegereza Yehova?

21 Birabereye kubona Yezu yatwigishije kurondera Ubwami aho kurondera ibintu. Tubigize, ntitwigera twiganyira ku bintu vy’umubiri dukenera. Iyo twizigiye Yehova, turarushiriza kumwiyegereza, aho kujana n’akaje kose canke kugura ikintu cose tubonye mw’isi, naho twoba dufise amahera yo kukigura. Nitworosha ubuzima muri iki gihe, bizotuma ‘ducakira ubuzima nyakuri’ buri imbere.​—1 Tim. 6:19.

^ [1] (ingingo ya 12) Kugira ngo utahure igituma vyoshika Yehova akareka umukirisu kanaka ntaronke ibifungurwa bikwiye, raba “Ibibazo vy’abasomyi” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Nyakanga 2014, rup. 22.