Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nubungabunge ukwizera kwawe igihe ukorera mu mahanga

Nubungabunge ukwizera kwawe igihe ukorera mu mahanga

“Nabitse muri ntibate ijambo ryawe mu mutima wanje.”​—ZAB. 119:11.

INDIRIMBO: 142, 92

1-3. (a) Uko ivyacu vyoba vyifashe kwose, ni igiki dukwiye kwama twitaho cane? (b) Ni intambamyi izihe abariko biga ururimi rushasha bahura na zo, kandi ivyo bituma havyuka ibibazo ibihe? (Raba ishusho itangura.)

MURI kino gihe, Ivyabona vya Yehova benshi cane bariko baragira uruhara rukomeye mw’iranguka ry’ubuhanuzi bujanye no kubwira inkuru nziza “ihanga ryose n’umuryango wose n’ururimi rwose n’igisata cose.” (Ivyah. 14:6) Woba nawe uriko uriga urundi rurimi? Woba kumbure uri umumisiyonari canke ukaba wagiye gukorera mu gihugu gikeneye abamamaji kuruta? Canke na ho, woba witaba amakoraniro mw’ishengero ryo ng’aho iwanyu rikoresha ururimi runyamahanga?

2 Twese abasavyi b’Imana turakeneye kwitaho cane ukwizera kwacu n’ukw’imiryango yacu. (Mat. 5:3) Ariko rimwe na rimwe, twoshobora gufatirwa cane ku buryo tutiyigisha bimwe bishitse. Mugabo abakorera mu mahanga bobo, barahura n’izindi ntambamyi.

3 Uretse ko babwirizwa kwiga ururimi rushasha, barakenera no kwama bigaburira ibifungurwa bigumye vyo mu vy’impwemu. (1 Kor. 2:10) None ivyo bobishikako gute kandi badatahura neza ururimi rukoreshwa mw’ishengero? Vyongeye, ni kubera iki abavyeyi bakwiye kwiyemeza neza ko abana babo bariko barungukira kw’Ijambo ry’Imana?

IKINTU COSHOBORA KUBANGAMIRA UKWIZERA KWACU

4. Ni igiki coshobora gutuma ukwizera kwacu kubangamirwa? Tanga akarorero.

4 Igihe tudashobora gutahura Ijambo ry’Imana mu rurimi runyamahanga, ukwizera kwacu kurashobora kubangamirwa. Mu kinjana ca gatanu imbere ya Kristu, Nehemiya yarahagaritse umutima igihe yamenya ko bamwe mu bana b’Abayuda bari baragarutse bavuye i Babiloni batashobora kuvuga igiheburayo. (Soma Nehemiya 13:23, 24.) Abo bana bariko baratakaza akaranga kabo ko kuba abasavyi b’Imana, kuko batashobora gutahura neza insobanuro y’Ijambo ry’Imana.​—Neh. 8:2, 8.

5, 6. Ni igiki abavyeyi bamwebamwe bari mu mashengero akoresha ururimi runyamahanga babonye, kandi vyavuye ku ki?

5 Hari abavyeyi bari mu mashengero akoresha ururimi runyamahanga babonye ko abana babo batagikunda cane ukuri. Kubera ko abo bana badatahura neza ibivugwa mu makoraniro, inyigisho zitangwa ku Ngoro y’Ubwami ntizibakora ku mutima nk’uko bikwiye. Uwitwa Pedro [1]akaba yimukiye muri Ostraliya avuye muri Amerika y’Epfo, avuga yuko kugira ngo umuntu akunde ibintu vy’impwemu kandi abishire mu ngiro, abwirizwa kubanza kubitahura.​—Luka 24:32.

6 Ivyo dusomye mu rurimi runyamahanga vyoshobora kutadukora ku mutima cane nk’igihe tubisomye mu rurimi kavukire. Vyongeye, kuba tudashobora kuyaga neza n’abandi mu rundi rurimi, birashobora kuturusha mu bwenge maze bikatunyoha mu vy’impwemu. Kugumana icipfuzo co gukorera Yehova uri mw’ishengero rikoresha ururimi runyamahanga ni vyiza. Ariko rero, birahambaye yuko tuguma tubungabunga ukwizera kwacu.​—Mat. 4:4.

BARABUNGABUNZE UKWIZERA KWABO

7. Abanyababiloni bagerageje gute kwinjiza muri Daniyeli imico yabo n’idini ryabo?

7 Igihe Daniyeli na bagenziwe bari mu bunyagano, Abanyababiloni baragerageje kubinjizamwo imico yabo mu kubigisha ‘ururimi rw’Abakaludaya.’ Vyongeye, umukozi wo ku kirimba yari ajejwe kubamenyereza yarabahaye amazina y’Abanyababiloni. (Dan. 1:3-7) Daniyeli yahawe izina rifitaniye isano n’imana nyamukuru yasengwa i Babiloni ari yo Bel. Biboneka ko Umwami Nebukadinezari yashaka kwinjiza muri Daniyeli iciyumviro c’uko Imana yiwe Yehova yari yaraneshejwe n’imana y’i Babiloni.​—Dan. 4:8.

8. Ni igiki cafashije Daniyeli kubungabunga ukwizera kwiwe naho yari mu mahanga?

8 Naho Daniyeli yasabwe gufungura ku binovereye vy’umwami, ‘yariyemeje mu mutima wiwe kutiyanduza.’ (Dan. 1:8) Kubera ko yaguma yiga ibitabu vyeranda vyo mu rurimi rwiwe kavukire, naho yari mu mahanga yagumye abungabunga ukwizera kwiwe. (Dan. 9:2) Ivyo vyatumye baguma bamuhamagara mw’izina ryiwe ry’igiheburayo, n’inyuma y’imyaka 70 ari i Babiloni.​—Dan. 5:13.

9. Nk’uko Zaburi ya 119 ivyerekana, Ijambo ry’Imana ryafashije gute uwayanditse?

9 Inkomezi zatuma umwanditsi wa Zaburi ya 119 aguma ashikamye yazikuye mw’Ijambo ry’Imana. Yari ahanganye n’agasuzuguro k’abantu bamwebamwe bo ku kirimba. (Zab. 119:23, 61) Naho ari ukwo, yararetse amajambo y’Imana aranyengetera i bwina mu mutima wiwe.​—Soma Zaburi 119:11, 46.

NUGUME UBUNGABUNGA UKWIZERA KWAWE

10, 11. (a) Igihe twiga Ijambo ry’Imana, dukwiye kuba dufise intumbero iyihe? (b) Intumbero yacu twoyishikako gute? Tanga akarorero.

10 Naho twoba dufatirwa cane n’ibikorwa vya gitewokarasi be n’iyindi mirimo, twese turakeneye gutegekanya umwanya w’ugusenga kwo mu muryango be n’uwo kwiyigisha. (Ef. 5:15, 16) Ariko rero intumbero yacu ntikwiye kuba iyo guhetura impapuro kanaka canke gutegura gusa inyishu tuzotanga mu makoraniro. Twipfuza ko Ijambo ry’Imana rishikira umutima wacu, maze rigakomeza ukwizera kwacu.

11 Kugira ngo ivyo tubishikeko, igihe twiyigisha turakwiye kwiyumvira ivyo abandi bakeneye, ariko kandi tukazirikana ivyo ubwacu dukeneye mu vy’impwemu. (Flp. 1:9, 10) Igihe twitegurira indimiro, amakoraniro canke insiguro, akenshi usanga tutiyerekezako ivyo dutegura. Tubitangire akarorero: Naho uwukinjika abanza guhonja imbere yo gusereva, ntashobora kubeshwaho gusa n’utwo aza arahonja. Kugira ngo agire amagara meza, ategerezwa gutegura imfungurwa yihereza zirimwo ivya nkenerwa. Na twebwe nyene, turakwiye kwihata tukigaburira imfungurwa zo mu vy’impwemu zituronsa ivyo ubwacu dukeneye.

12, 13. Kubera iki abenshi mu bari mw’ishengero rikoresha ururimi runyamahanga babona ko kwama biyigisha mu rurimi bonse ari ngirakamaro?

12 Abenshi mu bari mw’ishengero rikoresha ururimi runyamahanga basanze kwama biga Bibiliya mu ‘rurimi rwabo bwite’ ari ngirakamaro. (Ivyak. 2:8) Mbere n’abamisiyonari barazi ko ibintu bikebike batahura ku makoraniro bidahagije kugira ngo bagume bakomeye mu vy’impwemu.

13 Uwitwa Alain, akaba yamaze imyaka nk’umunani yiga ururimi rumwe rwo muri Aziya, avuga ko igihe aba ariko ategura amakoraniro, asanga yituniye gusa ku rurimi. Abandanya ati: “Kubera ko ahanini nshira ubwenge ku majambo niga muri urwo rurimi, hari ukuntu ivyiyumviro vyo mu vy’impwemu mba ndiko ndasoma bincika ntibinkore ku mutima. Ni co gituma nkunda gutegekanya umwanya wo kwiga Bibiliya be n’ibindi bitabu mu rurimi nonse.”

NURONDERE GUKORA ABANA BAWE KU MUTIMA

14. Ni igiki abavyeyi bakwiye kwiyemeza neza, kandi kubera iki?

14 Abavyeyi barakwiye kwiyemeza neza ko abana babo babandanya kwungukira kw’Ijambo ry’Imana. Inyuma y’imyaka itatu n’igice Serge n’umukenyezi wiwe Muriel bari mw’ishengero rikoresha ururimi runyamahanga, barabonye ko umuhungu wabo w’imyaka 17 atari aciyumvamwo ibikorwa vya gitewokarasi. Muriel avuga ati: “Kwamamaza mu rundi rurimi ntiyavyerekwa, naho nyene kera yakunda kwamamaza mu gifaransa, ari rwo rurimi rwiwe kavukire.” Serge na we avuga ati: “Igihe twabona ko biriko birabangamira iterambere ry’umwana wacu, twaciye dufata ingingo yo gusubira mw’ishengero twahozemwo.”

Niwiyemeze neza ko abana bawe bariko baratahura ukuri (Raba ingingo ya 14, 15)

15. (a) Ni ibiki vyotuma abavyeyi basubira mw’ishengero rikoresha ururimi abana babo bumva neza? (b) Ni impanuro iyihe abavyeyi bakura mu Gusubira mu vyagezwe 6:5-7?

15 Ni ibiki vyotuma abavyeyi basubira mw’ishengero rikoresha ururimi abana babo bumva neza? Ubwa mbere, boshobora kubona ko badafise umwanya n’ubushobozi bikwiye kugira ngo bigishe abana babo gukunda Yehova, babifadikanije no kubigisha ururimi rushasha. Ubwa kabiri, boshobora kubona ko abana babo bataciyumvamwo ivy’impwemu canke ico cibare gishasha. Igihe ibintu vyifashe gutyo, abavyeyi bohitamwo gusubira mw’ishengero rikoresha ururimi abana babo bumva neza, gushika bashikamye mu kuri.​—Soma Gusubira mu vyagezwe 6:5-7.

16, 17. Abavyeyi bamwebamwe bafashije gute abana babo mu vy’impwemu igihe bari mw’ishengero rikoresha ururimi runyamahanga?

16 Ariko rero, hari abandi bavyeyi bashoboye kwigisha abana babo mu rurimi rwabo kavukire, bakabifatanya no kwitaba amakoraniro mw’ishengero canke umugwi bikoresha ururimi runyamahanga. Uwitwa Charles afise abakobwa batatu bari hagati y’imyaka 9 na 13, akaba ari mu mugwi ukoresha ururimi rw’ilingala. Avuga ati: “Twafashe ingingo yo gukoresha ururimi rwacu kavukire mu kwigisha abana bacu no mu gusenga kwo mu muryango. Ariko kandi, turacishamwo tukagira udukino mw’ilingala canke tukimenyereza ingene tworikoresha mw’ishengero no mu ndimiro, kugira ngo bige urwo rurimi baryohewe.”

Nugerageze kwiga ururimi runyamahanga kugira ngo ugire uruhara mu makoraniro (Raba ingingo ya 16, 17)

17 Uwitwa Kevin ni se w’abakobwa babiri. Umwe afise imyaka itanu uwundi umunani. Yararondeye ingene yofasha abo bana, kubera ko badatahura ibivugwa mu makoraniro agirwa mu rurimi runyamahanga. Avuga ati: “Jewe n’umukenyezi wanje twigisha abana bacu mu gifaransa, ari rwo rurimi rwabo kavukire. Vyongeye, twarishingiye umugambi wo kwitaba amakoraniro mu gifaransa rimwe mu kwezi, kandi turafata akaruhuko kugira twitabe amahwaniro agirwa mu rurimi rwacu kavukire.”

18. (a) Ni impanuro iyihe dusanga mu Baroma 15:1, 2 yogufasha kumenya icobera ciza abana bawe kuruta ibindi vyose? (b) Ni ivyiyumviro ibihe abandi bavyeyi batanze? (Raba akajambo ko ku mpera.)

18 Ariko ntiwumve, buri muryango ni wo uraba icobera ciza abana babo mu vy’impwemu kuruta ibindi vyose. [2](Gal. 6:5) Umwe Muriel twavuga, aremera ko we n’umugabo wiwe babwirijwe guheba ivyo bikundira kugira bafashe umuhungu wabo mu vy’impwemu. (Soma Abaroma 15:1, 2.) Serge atereje amaso inyuma, arabona ko bafashe ingingo nziza. Avuga ati: “Kuva aho dusubiriye mw’ishengero rikoresha igifaransa, umuhungu wacu yaciye atera imbere mu vy’impwemu hanyuma arabatizwa. Ubu ni umutsimvyi asanzwe. Mbere ariko arondera gusubira mu mugwi ukoresha ururimi runyamahanga!”

NUREKE IJAMBO RY’IMANA RIGUKORE KU MUTIMA

19, 20. Twokwerekana gute ko dukunda Ijambo ry’Imana?

19 Yehova abitumwe n’urukundo rwiwe, yaratumye Ijambo ryiwe Bibiliya riboneka mu ndimi nyinshi cane kugira ngo ‘abantu b’uburyo bwose bakizwe maze bashike ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri.’ (1 Tim. 2:4) Arazi ko abantu bashobora kwironsa ivyo bakeneye mu vy’impwemu igihe basomye ivyiyumviro vyiwe mu rurimi rwabo kavukire.

20 Ariko ntiwumve, uko ivyacu vyoba vyifashe kwose, turakwiye kuraba ko twigaburira imfungurwa zigumye. Nitwaguma twiga Ivyanditswe mu rurimi rwacu kavukire, tuzobungabunga ukwizera kwacu n’ukw’umuryango wacu twongere twerekane ko duha agaciro vy’ukuri amajambo y’Imana.​—Zab. 119:11.

^ [1] (ingingo ya 5) Si ko basanzwe bitwa.

^ [2] (ingingo ya 18) Ushaka impanuro zo muri Bibiliya zofasha umuryango wawe, raba ikiganiro kivuga ngo “Kurerera Abana mu Kindi Gihugu, Ingorane be n’Ivyiza Birimwo” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Gitugutu 2002.