Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba ‘uzigama ubukerebutsi ngirakamaro’?

Woba ‘uzigama ubukerebutsi ngirakamaro’?

HARABAYE agahungu kamwe kaba mu kigwati ca kure, kakaba kari agakene. Abo muri ico kigwati biyumvira ko kari agakehabwenge, bakaguma bagatwenga. Igihe haba haje abashitsi, hari abantu bo muri ico kigwati bakunda kugakinisha imbere y’izo ngenzi. Barakereka ibiceri bibiri, ic’ifeza kinini be n’ic’inzahabu gitoyi mugabo carusha agaciro ico c’ifeza incuro zibiri. Baca bakabwira bati: “Hitamwo ico ushaka.” Kaca gatora ic’ifeza, kagaca kiruka.

Umusi umwe, hari umushitsi yabajije nya gahungu ati: “Mbega ntuzi ko ico giceri c’inzahabu gisumvya agaciro ico c’ifeza incuro zibiri?” Nya gahungu kaciye kitwengera maze kavuga gati: “Ndabizi.” Nya mushitsi na we ati: “None ni kubera iki wahisemwo ic’ifeza?” Iyo utora ic’inzahabu wari kuba uronse amahera angana n’ibiceri bibiri vy’ifeza!” Nya gahungu na ko gati: “Hamwe notwara ic’inzahabu, abantu boca bahagarika kuza barankinisha aka gakino. Urazi ibiceri vy’ifeza maze gutwara uko bingana?” Inkuru yerekeye ako gahungu irerekana kamere yogirira akamaro abantu bakuze, na yo akaba ari ubukerebutsi ngirakamaro.

Bibiliya ivuga iti: “Zigama ubukerebutsi ngirakamaro n’ubushobozi bwo kwiyumvira. Aho ni ho uzogenda mu mutekano mu nzira yawe, mbere n’ikirenge cawe ntikizotsitara ku kintu na kimwe.” (Imig. 3:21, 23) Ku bw’ivyo, tumenye “ubukerebutsi ngirakamaro” ico ari co be n’ingene twobukoresha, birashobora gutuma dutekanirwa. Biraturinda gutsitara mu vy’impwemu, bigatuma “ikirenge” cacu kidatirigana.

NI IKI?

Ubukerebutsi ngirakamaro buratandukanye n’ubumenyi be n’ugutahura. Umuntu afise ubumenyi aba azi ibintu kanaka. Uwufise ugutahura na we, arabona isano riri hagati y’ikintu n’ikindi. Umuntu afise ubukerebutsi wewe ashira hamwe ubumenyi be n’ugutahura, maze akabikoresha mu buryo ngirakamaro.

Nk’akarorero, umuntu yoshobora gusoma no gutahura igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? mu mwanya bisa n’uko ari mutoyi. Igihe yiga Bibiliya, yoshobora kwishura neza ibibazo. Yoshobora gutangura kwitaba amakoraniro y’ishengero, agashikiriza n’ivyiyumviro bishimishije. Naho ivyo vyokwerekana ko ariko aratera imbere mu vy’impwemu, vyoca none bisobanura ko afise ubukerebutsi? Si ngombwa. Ashobora gusa kuba ari umuntu atahura ibintu ningoga. Ariko rero, igihe ashize mu ngiro ivyo yiga, agakoresha neza ubumenyi be n’ugutahura, aca agira ubukerebutsi. Igihe afashe ingingo zivamwo ivyiza, bikaboneka ko yazifashe abanje kuzirikana, bica bigaragara ko yakoresheje ubukerebutsi ngirakamaro.

Muri Matayo 7:24-27 turahasanga ikigereranyo Yezu yatanze cerekeye abagabo babiri bubatse inzu. Umwe muri bo adondorwa ko yari uw’“ubwenge.” Amaze kuzirikana ivyoshobora gushika, yaciye yubaka inzu yiwe ku gitandara. Yari umuntu abona kure. Ntiyiyumviriye yuko kwubaka ku musenyi vyozimbutse kandi bikanyaruka. Akoresheje ubukerebutsi, yariyumviriye inkurikizi zoshitse muri kazoza. Igihe rero hatera igihuhusi, iyo nzu nta co yabaye. Ikibazo rero ni iki: Tworonka gute ubukerebutsi ngirakamaro kandi tukabuzigama?

NOBURONKA GUTE?

Ubwa mbere, raba ico muri Mika 6:9 havuga. Hagira hati: “Umuntu w’ubukerebutsi ngirakamaro azotinya izina [ry’Imana].” Gutinya izina rya Yehova birimwo iciyumviro co kumwubaha. Bisobanura gusonera bimwe bigera kure ico izina ryiwe risigura, ushizemwo ingingo ngenderwako ziwe. Kugira ngo wubahe umuntu, urakeneye kubanza kumenya ingene yiyumvira. Mu nyuma, uramwizigira kandi ukagira ivyo umwigiyeko, maze ukaroranirwa nka we. Nitwazirikana ku ngaruka z’igihe kirekire ivyo dukora bizogira ku bucuti dufitaniye na Yehova tukongera tugafata ingingo twisunze Ijambo ryiwe, tuzoba twerekanye ko dufise ubukerebutsi ngirakamaro.

Ubwa kabiri, mu Migani 18:1 havuga hati: “Uwigungira ukwiwe arondera icipfuzo ciwe c’ubwikunzi; arwanya ubukerebutsi ngirakamaro bwose.” Tutabaye maso, twoshobora kwikura kuri Yehova no ku basavyi biwe. Kugira ntitwigungire ukwacu, turakwiye kumarana umwanya n’abantu batinya izina ry’Imana kandi bubaha ingingo ngenderwako ziwe. Turakwiye kuja ku Ngoro y’Ubwami igihe cose bishoboka, tukama twifatanya n’ishengero. Igihe turi mu makoraniro na ho, turakwiye kwugurura umutima wacu n’umuzirikanyi wacu kugira ngo inyigisho zihatangirwa zidukore ku mutima.

Ikigeretseko, igihe dusenze Yehova tumubwira ibiri mu mutima wacu, turarushiriza kumwiyegereza. (Imig. 3:5, 6) Iyo twuguruye umutima wacu n’umuzirikanyi wacu igihe dusoma Bibiliya n’ibitabu turonswa n’ishirahamwe rya Yehova, turabona ingaruka z’igihe kirekire zoshobora kuva mu vyo twokora maze tugaca duhitamwo ikibereye. Turakwiye kandi kwakirana umutima ukunze impanuro duhabwa n’abavukanyi bahumuye. (Imig. 19:20) Nitwabigenza gutyo, aho ‘kurwanya ubukerebutsi ngirakamaro bwose,’ tuzoba turiko turatsimbataza iyo kamere ihambaye.

BWOFASHA GUTE UMURYANGO WANJE?

Ubukerebutsi ngirakamaro burashobora kuzigama imiryango. Nk’akarorero, Bibiliya isaba abagore kugirira abagabo babo “icubahiro kigera kure.” (Ef. 5:33) None umugabo yokwihesha gute icubahiro kigera kure? Hamwe yosaba ko yubahwa ku nguvu, vyovamwo ivyiza vy’igihe gito. Umugore yoshobora kumwubaha bari kumwe, kugira gusa yirinde imitongano. Ariko none hamwe boba batari kumwe, yoba azomwubaha? Biragoye kwemeza! Uwo mugabo akwiye kurimbura ivyotuma umugore aguma amwubaha igihe cose. Hamwe yogaragaza icamwa c’impwemu, akagira urukundo n’ubuntu, vyotuma umugore wiwe amwubaha bimwe bigera kure. Ariko ntiwumve, umugore mukirisu arakwiye kwubaha umugabo wiwe, yaba yihesha icubahiro canke atacihesha.​—Gal. 5:22, 23.

Bibiliya iravuga kandi ko umugabo akwiye gukunda umugore wiwe. (Ef. 5:28, 33) Kugira ngo umugabo wiwe agume amukunda, umugore yoshobora kwiyumvira yuko vyoba vyiza amuhishije ibintu bidahimbaye, kandi afise uburenganzira bwo kubimenya. None ivyo vyoba vy’ukuri biranga ubukerebutsi ngirakamaro? Umugabo niyabimenya bizogenda gute? Yoba azorushiriza kumukunda? Nta wovyemeza. Ariko hamwe yorondera akanya kabereye akamusigurira ivyo bintu atekanye, hari aho umugabo wiwe yoshima ukwo kuntu avugisha ukuri. Ico gihe rero, azorushiriza kumukunda.

Ukuntu uriko uratoza indero abana bawe bizogira ico bikoze ku kuntu muzoyaga mu gihe kiri imbere

Abana barakwiye kugamburukira abavyeyi babo kandi bagatozwa indero mu buryo Yehova ashaka. (Ef. 6:1, 4) None ivyo vyoba bisigura yuko abavyeyi bakwiye gushingira abana babo amategeko umuyoro? Kubashingira amategeko canke kubamenyesha ibihano bazoronka, ntibihagije. Umuvyeyi afise ubukerebutsi ngirakamaro arafasha umwana wiwe gutahura igituma akwiye kugamburuka.

Nk’akarorero, dufate ko umwana avugishije nabi umwe mu bavyeyi biwe. Hamwe yoca amukarira canke akamuhana, vyoshobora gutuma amaramara canke agaca anuma. Ariko rero uwo mwana yoshobora kubika inzika mu mutima, bigatuma aca kure abavyeyi biwe.

Abavyeyi bafise ubukerebutsi ngirakamaro barazirikana ku buryo batoza indero abana babo be n’ico bizovamwo muri kazoza. Abavyeyi ntibakwiye kwihutira kugira ico bakoze bagishavuye. Kumbure boshobora kwihereranya uwo mwana, bakamufasha kuzirikana batekanye kandi babigiranye urukundo, bakamusigurira yuko Yehova yiteze ko atera iteka abavyeyi biwe kugira bizomugendere neza ibihe bidahera. Ivyo bizotuma atahura ko igihe yubashe abavyeyi biwe, aba ariko atera iteka Yehova. (Ef. 6:2, 3) Kubigenza gutyo, vyoshobora gukora umwana ku mutima. Araheza akabona ko abavyeyi biwe bamwitwararitse vy’ukuri, maze akarushiriza kububaha. Ivyo bizotuma umwana atitinya kwitura abavyeyi biwe, bishitse akagira ingorane zikomeye.

Hariho abavyeyi bareka gukosora umwana, ngo bohava bamubabaza. Ariko none niyakura bizogenda gute? Yoba azotinya Yehova, akemera ko gukurikiza ingingo ngenderwako z’Imana biranga ubukerebutsi? Yoba azobaho yisunga inyigisho za Yehova, canke ntazoziha agaciro?​—Imig. 13:1; 29:21.

Umuhinguzi mwiza w’utugenegene aba afise mu bwenge ico yipfuza guhingura. Ntapfa kukibazagura uko avyumva maze ngo yitege ko kizoba ciza. Abavyeyi bafise ubukerebutsi ngirakamaro baramara amasaha n’ayandi biga bakongera bagashira mu ngiro ingingo ngenderwako za Yehova, ivyo bigatuma batinya izina ryiwe. Igihe biyegereje Yehova n’ishirahamwe ryiwe, bararonka ubukerebutsi ngirakamaro maze bakabwikorako mu gukomeza imiryango yabo.

Buri musi, turafata ingingo zoshobora kutugirako ingaruka igihe kirekire. Aho kwihutira kurondera umuti canke gufata ingingo gihutihuti, vyoba vyiza tubanje kwiyumvira. Nubanze uzirikane ingaruka z’igihe kirekire. Nurondere kuyoborwa na Yehova, kandi wisunge ubukerebutsi bwiwe. Ubigenjeje gutyo, uzoba uzigamye ubukerebutsi ngirakamaro, na bwo bukuronse ubuzima.​—Imig. 3:21, 22.