Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nugaragaze ko wizera ivyo Yehova yasezeranye

Nugaragaze ko wizera ivyo Yehova yasezeranye

“Ukwizera ni . . . iyerekanwa riboneka ry’ibintu biriho koko naho bitabonwa.”​—HEB. 11:1.

INDIRIMBO: 54, 125

1. Dukwiye kubona gute ukwizera kwacu?

UKWIZERA ni ikintu c’agaciro, kuko kudafiswe na bose. (2 Tes. 3:2) Ariko rero Yehova arakuronsa umwe wese mu basavyi biwe ku rugero kanaka. (Rom. 12:3; Gal. 5:22) Abagufise bose barakwiye gukenguruka cane.

2, 3. (a) Ni imihezagiro iyihe umuntu afise ukwizera ashobora kwironkera? (b) Ni ibibazo ibihe tugiye kurimbura?

2 Nk’uko Yezu Kristu yabivuze, Yehova akwegera abantu kuri we abicishije ku Mwana wiwe. (Yoh. 6:44, 65) Igihe rero umuntu yizeye Yezu, arababarirwa ibicumuro vyiwe. Ivyo bica bituma ashobora kugiranira na Yehova ubucuti buramba. (Rom. 6:23) None twakoze iki kugira ngo duterwe ako gateka kadasanzwe? Kubera ko turi abacumuzi, nta kindi twari tubereye atari urupfu. (Zab. 103:10) Ariko rero Yehova yarabonye ko dushobora kugira ico tuvuyemwo. Bivuye ku buntu bwiwe tutari tubereye, yaratumye tumenya inkuru nziza. Twaciye dutangura kwizera Yezu, bituma twizigira kuzobaho ibihe bidahera.​—Soma 1 Yohani 4:9, 10.

3 Ariko none, ukwizera ni iki vy’ukuri? Kwoba ari ukumenya gusa imihezagiro Imana itubikiye? N’igihambaye kuruta, ni mu buryo butandukanye ubuhe twogaragaza ukwizera kwacu?

‘NIWIZERE MU MUTIMA WAWE’

4. Ni kubera iki ukwizera atari ukumenya gusa ikintu kanaka?

4 Ukwizera kurimwo n’ibindi uretse ukumenya umugambi w’Imana. Ni inguvu ikomeye ituma umuntu yipfuza kubaho ahuza n’ivyo Imana igomba. Iyo umuntu yizera intunganyo Imana yashizeho kugira ngo ikize abantu, biratuma abwira abandi iyo nkuru nziza. Intumwa Paulo yavuze ati: “Niwatura icese iryo ‘jambo mu kanwa kawe bwite,’ yuko Yezu ari Umukama, kandi ukizera mu mutima wawe yuko Imana yamuzuye mu bapfuye, uzokizwa. Kuko umutima ari wo umuntu yizeresha kugira ngo aronke ubugororotsi, mugabo akanwa kakaba ari ko yaturisha icese kugira ngo aronke ubukiriro.”​—Rom. 10:9, 10; 2 Kor. 4:13.

5. Kubera iki ukwizera guhambaye cane, kandi ni gute twoguma tugukomeza? Tanga akarorero.

5 Nimba dushaka kubaho ibihe bidahera mw’isi nshasha y’Imana, biragaragara ko tubwirizwa kuba dufise ukwizera kandi tukaguma tugukomeza. Ukwizera kwacu twokugereranya n’igiterwa. Igiterwa nya giterwa kiratandukanye n’igiterwa c’igihingurano, kuko coco kiguma gihindagurika. Iyo kibuze amazi kirakabirana, ariko iyo kiguma kivomerwa kiramera neza. Mbere n’igiterwa kimeze neza, kitagumye kironka amazi akwiye kiruhira kwuma. Ukwo nyene ni ko bimeze ku bijanye n’ukwizera kwacu. Tutakubungabunze kwoshobora kuyama, uburuhiro kukadegera. (Luka 22:32; Heb. 3:12) Mugabo tukwitwararitse, kurashobora kuguma ari kuzima, kukabandanya ‘gukura’ maze tukagira “amagara meza mu kwizera.”​—2 Tes. 1:3; Tito 2:2.

INGENE BIBILIYA IDONDORA UKWIZERA

6. Mu Baheburayo 11:1 hadondora ukwizera mu buryo bubiri ubuhe?

6 Mu Baheburayo 11:1, haradondora ico ari co ukwizera. (Soma.) Ukwizera gushingiye ku bintu bibiri bitabonwa n’amaso yacu: (1) “Ibintu vyizigiwe.” Ivyo vyoshobora kuba birimwo ivyasezeranywe muri kazoza mugabo bitarashika. Nk’akarorero, turizera ko ububisha buzokurwaho be n’uko hazobaho isi nshasha. (2) “Ibintu biriho koko naho bitabonwa.” Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe muri uwo murongo ngo “iyerekanwa riboneka,” ryerekeza ku bimenyamenya bijijura ku bijanye n’ikintu kiriho koko ariko kitaboneka. Nk’akarorero, turazi ko Yehova Imana, Yezu Kristu, abamarayika be n’ivyo Ubwami bwo mw’ijuru burangura atari umugani. (Heb. 11:3) None twerekana gute ko icizigiro cacu ari kizima be n’uko twemera ibintu bitaboneka bivugwa mw’Ijambo ry’Imana? Tuvyerekana mu vyo tuvuga no mu vyo dukora. Ahandi ho, ukwizera kwacu kwoba kuri n’agahaze.

7. Akarorero ka Nowa kadufasha gute gutahura ico kugira ukwizera bisobanura? (Raba ishusho itangura.)

7 Ku bijanye n’ukwizera kwa Nowa, mu Baheburayo 11:7 hagira hati: “Amaze kuburirwa n’Imana ku bintu bitari bwabonwe, yarerekanye ugutinya Imana arubaka ubwato bwo gukiza urugo rwiwe.” Nowa yerekanye ko afise ukwizera mu kwubaka ubwato amahero. Nta gukeka ko ababanyi biwe wasanga bamubaza igituma ariko arubaka uruntu nk’urwo. Nowa yoba yaca yinumira canke akababwira ngo bareke kwita mu bitabaraba? Habe namba! Ukwizera kwiwe kwatumye ashinga intahe adatinya yongera araburira ab’ico gihe ko Imana yari igiye gushitsa urubanza rwayo. Birashoboka cane ko Nowa yaguma asubiriramwo abantu amajambo Yehova yari yaramubwiye ati: “Iherezo ry’ibiri n’umubiri vyose ryaje imbere yanje, kuko isi yuzuye ubukazi kubera vyo . . . Ehe ngira nzane umwuzure w’amazi kw’isi kugira uhonye munsi y’amajuru ikiri n’umubiri cose inguvu y’ubuzima ikoreramwo. Ikintu cose kiri mw’isi kizopfa.” Vyongeye, nta gukeka ko Nowa yabwira abantu ikintu kimwe rudende cotumye barokoka, akabasubiriramwo ivyo Imana yamutegetse iti: “Uze winjir[e] mu bwato.” Gutyo, Nowa yararushirije kugaragaza ukwizera mu kuba “umwamamaji w’ubugororotsi.”​—Ita. 6:13, 17, 18; 2 Pet. 2:5.

8. Yakobo yavuze iki ku bijanye n’ukwizera?

8 Ikete rya Yakobo rishobora kuba ryanditswe intumwa Paulo amaze igihe gito yanditse ayo majambo adondora ukwizera. Cokimwe na Paulo, Yakobo yasiguye ko ukwizera nyakuri atari ukwemera gusa, ariko ko hajamwo n’ibikorwa. Yakobo yanditse ati: “Nyereka ukwizera kwawe kutagira ibikorwa, nanje nkwereke ukwizera kwanje biciye ku bikorwa vyanje.” (Yak. 2:18) Yakobo abandanya yerekana itandukaniro hagati y’ukwemera be n’ukugaragaza ukwizera. Amadayimoni aremera ko Imana ibaho, ariko nta kwizera nyakuri afise. Ahubwo nyabuna, arwanya yivuye inyuma imigambi y’Imana. (Yak. 2:19, 20) Ku rundi ruhande, Yakobo aravuga ivyerekeye uwundi mugabo wa kera yarangwa n’ukwizera, mu kubaza ati: “Mbega Aburahamu data ntiyiswe umugororotsi biciye ku bikorwa, aho amariye gushikana Izahaki umuhungu wiwe ku gicaniro? Urabona ko ukwizera kwiwe kwakoranye n’ibikorwa vyiwe kandi biciye ku bikorwa vyiwe ukwizera kwiwe kukagirwa ukutagira akanenge.” Kugira ngo Yakobo ashimangire yuko ukwizera gutegerezwa kugaragarira mu bikorwa, aca yongerako ati: “Nk’uko umubiri utagira impwemu uba upfuye, ni ko n’ukwizera kutagira ibikorwa kuba gupfuye.”​—Yak. 2:21-23, 26.

9, 10. Intumwa Yohani adufasha gute gutahura igituma bihambaye ko tugaragaza ukwizera?

9 Inyuma y’imyaka irenga 30, intumwa Yohani yaranditse Injili yiwe be n’amakete atatu. Yoba none yarahaye agaciro insobanuro igera kure abandi banditsi ba Bibiliya batanze ku bijanye n’ukwizera nyakuri? Yohani yarakoresheje kuruta abandi banditsi ba Bibiliya bose irivuga ry’ikigiriki rikunze guhindurwa ngo “kwizera” canke “kugaragaza ukwizera.”

10 Nk’akarorero, Yohani yasiguye ati: “Uwizera Umwana arafise ubuzima budahera; uwugambararira Umwana ntazobona ubuzima, ahubwo uburake bw’Imana buguma kuri we.” (Yoh. 3:36) Ukwizera kw’abakirisu kurimwo no kugamburuka amabwirizwa ya Yezu. Yohani yarasubiyemwo kenshi amajambo ya Yezu yerekana ko kugaragaza ukwizera ari igikorwa kibandanya.​—Yoh. 3:16; 6:29, 40; 11:25, 26; 14:1, 12.

11. Twokwerekana gute ko dukenguruka kubona twaramenye ukuri?

11 Ese ukuntu dukengurukira Yehova kubona yarakoresheje impwemu yiwe nyeranda mu kuduhishurira ukuri no mu kudufasha kwizera inkuru nziza! (Soma Luka 10:21.) Turakwiye kwama dushimira Yehova kubona yaradukwegereye biciye ku Mwana wiwe, “ya Mboneza akaba na We atuma ukwizera kwacu kuba ukutagira akanenge.” (Heb. 12:2) Kugira ngo twerekane ko dukenguruka ubwo buntu twagiriwe, turakwiye kubandanya dukomeza ukwizera kwacu mu gusenga no mu kwiga Ijambo ry’Imana.​—Ef. 6:18; 1 Pet. 2:2.

Nugaragaze ko ufise ukwizera mu kutagisha akaryo na kamwe ko kubwira abandi inkuru nziza (Raba ingingo ya 12)

12. Ni mu buryo ubuhe twogaragaza ko dufise ukwizera?

12 Turakwiye kubandanya tugaragaza ko twizera ivyo Yehova yasezeranye. Dukwiye kubigira ku buryo n’abandi bavyibonera. Nk’akarorero, turabandanya kwamamaza Ubwami bw’Imana no guhindura abantu abigishwa. Vyongeye, turabandanya “[gukorera] iciza bose, ariko canecane incuti zacu mu kwizera.” (Gal. 6:10) N’ikindi kandi, turihatira “[kwambura] wa muntu wa kera n’ingeso ziwe,” tukirinda n’ikintu cose cotuma tugoyagoya mu vy’impwemu.​—Kol. 3:5, 8-10.

UKWIZERA IMANA NI KIMWE MU BIGIZE UMUSHINGE WACU

13. “Ukwizera Imana” guhambaye ku rugero rungana iki? Bibiliya ikugereranya n’iki, kandi kubera iki?

13 Bibiliya ivuga iti: “Ata kwizera ntibishoboka kuyihimbara rwose, kuko uwegera Imana ategerezwa kwemera yuko iriho be n’uko ihemba abayironderana ubwira.” (Heb. 11:6) Bibiliya ivuga kandi yuko “ukwizera Imana” ari kimwe mu bintu nyamukuru umukirisu w’ukuri akwiye kuba afise, kandi ukwizera ikugereranya n’umushinge w’inyubakwa. (Heb. 6:1) Hambavu y’ukwizera, abakirisu bategerezwa gutsimbataza izindi kamere zihambaye kugira ‘bigumize mu rukundo rw’Imana.’​—Soma 2 Petero 1:5-7; Yuda 20, 21.

14, 15. Hagati y’ukwizera n’urukundo, ni ikihe gihambaye kuruta ikindi?

14 Abanditse Ivyanditswe vy’ikigiriki barerekanye ko ukwizera guhambaye, kubera ko iyo kamere bayigarutseko kenshi kuruta izindi zose. Vyoba none bisobanura ko ukwizera ari kwo guhambaye kuruta izindi kamere zose za gikirisu?

15 Paulo agereranije ukwizera n’urukundo, yanditse ati: “Naho noba mfise ukwizera kwose ku buryo nimura imisozi, mugabo nkaba ntagira urukundo, noba ndi ubusa.” (1 Kor. 13:2) Yezu yarerekanye ko gukunda Imana bihambaye kuruta ibindi vyose, igihe yishura ikibazo kigira giti: “Ibwirizwa risumba ayandi mw’Itegeko ni irihe?” (Mat. 22:35-40) Urukundo rurimwo n’izindi kamere nyamukuru, ushizemwo n’ukwizera. Bibiliya ivuga iti: “Urukundo rwemera vyose.” Rurizera ibintu vyose Imana ivuga muri Bibiliya.​—1 Kor. 13:4, 7.

16, 17. Ni gute Ivyanditswe bishimika ku kwizera n’urukundo? Muri izo kamere ni iyihe iruta iyindi, kandi kubera iki?

16 Kubera ko ukwizera n’urukundo bihambaye, abanditse Ivyanditswe vy’ikigiriki barashimitse kuri izo kamere zibiri incuro nyinshi, akenshi bakazivuga ziri kumwe mu ryungane rimwe. Paulo yahimirije abavukanyi biwe kwambara “ukwizera n’urukundo nk’igikingira igikiriza.” (1 Tes. 5:8) Petero yanditse ati: “Naho mutigeze [mubona Yezu], muramukunda. Naho mutamubona muri iki gihe, ntikibuza yuko mumwizera.” (1 Pet. 1:8) Yakobo yabajije abavukanyi biwe barobanuwe ati: “Mbega Imana ntiyatoye aboro mu vy’isi ngo babe abatunzi mu kwizera na ba samuragwa b’ubwami, ubwo yasezeraniye abayikunda?” (Yak. 2:5) Yohani na we yanditse ati: “Iri ni ryo bwirizwa [ry’Imana]: ni uko twizera izina ry’Umwana wayo Yezu Kristu kandi tugakundana.”​1 Yoh. 3:23.

17 Naho ukwizera guhambaye cane, ivyo Imana yadusezeraniye ku bijanye n’isi nshasha nivyamara kuranguka, ntituzoba tugikeneye kuvyizera. Ariko tuzokwama dukeneye kurushiriza gukunda Imana na bagenzi bacu. Ni co gituma Paulo yanditse ati: “Ariko ubu hagumaho ukwizera, icizigiro, urukundo, ivyo bitatu; mugabo ikiruta ivyo vyose ni urukundo.”​—1 Kor. 13:13.

IKIMENYAMENYA C’UKO UKWIZERA GUFISE UBUBASHA BUDASANZWE

18, 19. Muri iki gihe, ni ikimenyamenya ikihe cerekana ko ukwizera gufise ububasha budasanzwe, kandi ni nde yatumye ivyo bishoboka?

18 Muri iki gihe, abasavyi ba Yehova barerekanye ko bizera Ubwami bw’Imana bwashinzwe. Ivyo vyatumye haboneka iparadizo yo mu vy’impwemu ikwiye kw’isi yose, ubu ikaba irimwo abantu barenga imiliyoni umunani. Iyo paradizo irangwamwo icamwa c’impwemu nyeranda. (Gal. 5:22, 23) Ese ukuntu ico ari ikimenyamenya c’uko ukwizera n’urukundo bifise ububasha budasanzwe!

19 Nta n’umwe yovuga ko ari we yatumye ivyo bishoboka. Imana yacu ni yo yabikoze. Ico kintu c’agatangaza kiriko kiratuma ‘Yehova aba rurangiranwa, kandi ni ikimenyetso co gushika igihe kitagira urugero kitazorandurwa.’ (Yes. 55:13) Ego cane, kuba ‘dukizwa biciye ku kwizera’ ni “ingabirano y’Imana.” (Ef. 2:8) Iparadizo yacu yo mu vy’impwemu izobandanya kwaguka no gusagamba gushika isi yose yuzuye abantu batunganye, bagororotse kandi bahimbawe, abazoninahaza izina rya Yehova ibihe bidahera. Ese twobandanya kugaragaza ko twizera ivyo Yehova yadusezeraniye!