Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Igikorwa ni kinini”

“Igikorwa ni kinini”

I YERUZALEMU hariko harabera inama ihambaye. Umwami Dawidi yakoranije abaganwa biwe, abakozi bo ku kirimba hamwe n’abagabo b’abanyenkomezi bose. Barahimbawe no kwumva itangazo ridasanzwe. Yehova yashinze Salomo umuhungu wa Dawidi kwubaka inyubakwa idasanzwe izokoreshwa ku bw’ugusenga Imana y’ukuri. Umwami Dawidi yahawe imigero y’iyo nyubakwa biciye ku guhumekerwa, na we ayishikiriza Salomo. Dawidi aca avuga ati: “Igikorwa ni kinini; kuko iyo ngoro atari iy’umuntu, ariko ni iya Yehova Imana.”​—1 Ngo. 28:1, 2, 6, 11, 12; 29:1.

Mu nyuma, Dawidi arabaza ati: “None ni nde yitanze abikunze kugira ngo uyu musi yuzuze ukuboko kwiwe ingabirano igenewe Yehova?” (1 Ngo. 29:5) Iyo uza kuba ari ho uri, wari guca ukora iki? Woba wari guca ugira agatima ko gushigikira ico gikorwa kinini? Abisirayeli baciye basidukana n’iyonka baratanga intererano. Nkako, “[baranezerejwe] no kubona bariko batanga amashikanwa yo ku bushake, kuko bashikanira Yehova n’umutima ukwiye amashikanwa atangwa ku bushake.”​—1 Ngo. 29:9.

Inyuma y’ibinjana n’ibindi, Yehova yarashizeho ikintu gihambaye kuruta kure n’iyo urwo rusengero. Yaratunganije urusengero ruhambaye rwo mu buryo bw’impwemu, ikaba ari intunganyo yotumye abantu bamwiyegereza mu kumusenga hishimikijwe inkuka ya Yezu. (Heb. 9:11, 12) None Yehova ariko afasha abantu gute gusubiza hamwe na we muri iki gihe? Abicisha ku gikorwa turangura co guhindura abantu abigishwa. (Mat. 28:19, 20) Ico gikorwa kiratuma buri mwaka hayoborwa inyigisho za Bibiliya amamiliyoni, abigishwa ibihumbi n’ibihumbi bakabatizwa, amashengero amajana n’amajana na yo akavuka.

Iryo yongerekana rica rituma dukenera gucapura ibitabu vyinshi bishingiye kuri Bibiliya, kwubaka no gusanura Ingoro z’Ubwami, tugakenera n’ibibanza biberamwo amateraniro n’amahwaniro. Ntiwemera none ko igikorwa turangura co gukwiragiza inkuru nziza ari kinini kandi kivamwo ivyiza vyinshi?​—Mat. 24:14.

Kubera ko abasavyi b’Imana bakunda Yehova na bagenzi babo kandi bakaba bazi ko igikorwa co kwamamaza Ubwami cihuta, ‘baritanga bakuzuza ukuboko kwabo ingabirano igenewe Yehova’ mu gutanga intererano bavyishakiye. Ese ukuntu duhimbarwa no ‘gutera iteka Yehova dukoresheje ibintu vyacu vy’agaciro’ be no kubona ukuntu ivyo dutanga bikoreshwa neza cane mu gikorwa kinini kuruta ibindi vyose vyigeze gukorwa!​—Imig. 3:9.