Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Baravavanuye n’idini ry’ikinyoma

Baravavanuye n’idini ry’ikinyoma

“Nimuve iwe, bantu banje.”​—IVYAH. 18:4.

INDIRIMBO: 101, 93

1. Ni igiki catumye abasavyi b’Imana bizigira ko bobohowe bakava muri Babiloni Akomeye, kandi ni ibibazo ibihe tugiye kwihweza?

MU KIGANIRO c’imbere y’iki, twarabonye ukuntu abakirisu b’intahemuka babaye imbohe za Babiloni. Ariko rero, igishimishije ni uko bitogumye gutyo ibihe vyose. Iyo hatagira n’umwe yigobotora muri iyo nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma, itegeko ry’Imana rivuga ngo “nimuve iwe, bantu banje” ryobaye ari impfagusa. (Soma Ivyahishuwe 18:4.) Turashashaye rero kumenya igihe abasavyi b’Imana bigobotoye burundu mu vyara vya Babiloni! Ariko rero, reka tubanze twishure ibibazo bikurikira: Imbere ya 1914, Abatohoji ba Bibiliya babona gute Babiloni Akomeye? Mu gihe c’Intambara ya mbere y’isi yose, abavukanyi bacu bari bafise umwete ungana gute mu gikorwa co kwamamaza? Kubona vyarabaye ngombwa ko bakosorwa ico gihe, vyoba bisobanura ko bari bakiri imbohe za Babiloni?

“UGUTEMBA KWA BABILONI”

2. Ni ingingo iyihe Abatohoji ba Bibiliya bo mu ntango bafashe ku bijanye n’idini ry’ikinyoma, bisunze uko batahura ibintu?

2 Mu myaka mirongo y’imbere y’Intambara ya mbere y’isi yose, Charles Taze Russell na bagenziwe baratahuye ko amadini y’abiyita abakirisu atariko yigisha ukuri kwo muri Bibiliya. Ivyo vyatumye bafata ingingo yo kutifatanya n’idini ry’ikinyoma mu kintu na kimwe, bisunze uko batahura ibintu. Muri Munyonyo 1879, Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni waratomoye impagararo yabo ishingiye ku Vyanditswe, uti: “Idini ryose rivuga ko ari umugeni w’isugi wa Kristu, ariko mu vy’ukuri rikaba ryunze ubumwe n’isi (ca gikoko) kandi rishigikiwe na yo, mu mvugo ya Bibiliya ritegerezwa kwitwa idini rikora ubumaraya,” ni ukuvuga Babiloni Akomeye.​—Soma Ivyahishuwe 17:1, 2.

3. Ni ikintu gikomeye ikihe Abatohoji ba Bibiliya bakoze kugira berekane ko batakiri mw’idini ry’ikinyoma? (Raba ishusho itangura.)

3 Abagabo n’abagore batinya Imana, bari bazi ico bategerezwa gukora. Ntibari kwitega ko Imana ibahezagira, iyo babandanya gushigikira amadini y’ikinyoma. Abatohoji ba Bibiliya benshi baciye bandika amakete yo gusezera amadini bahoramwo. Mu bihe bimwebimwe, ayo makete yarasomwa ku mugaragaro mu gihe c’imisa. Mu gihe na ho vyaba bitemewe ko asomwa ku mugaragaro, hari abaca barungikira ikopi y’iryo kete umwe wese mu bagize iryo dini. Emwe, bashaka kuvavanura n’idini ry’ikinyoma muri vyose! Mu myaka y’imbere y’aho, uwari guhirahira akagira ikintu nk’ico vyari kumukwegera akarambaraye. Mugabo mu myaka ya 1870, idini ntiryari rigishigikiwe cane na Leta mu bihugu vyinshi. Muri ivyo bihugu, wasanga abanyagihugu bavuga ibijanye n’idini batitinya, mbere bakanegura ku mugaragaro amadini yari amaze gushinga imizi.

4. Mu gihe c’Intambara ya mbere y’isi yose, Abatohoji ba Bibiliya babona gute Babiloni Akomeye?

4 Abatohoji ba Bibiliya barabonye ko bitari bihagije kumenyesha incuti, abagenzi be n’abo bahoze basenga hamwe, yuko batagishigikiye idini ry’ikinyoma. Isi yose yari ikeneye kumenya ico ari co Babiloni Akomeye, yuko ari idini rikora ubumaraya! Ni co gituma kuva muri Kigarama 1917 gushika mu ntango za 1918, abo Batohoji ba Bibiliya ibihumbi bikeyi batanze amakopi 10.000.000 y’agapapuro k’inkuru nziza (mu congereza) kavuga ngo “Ugutemba kwa Babiloni,” kakaba karashira ku kabarore amadini y’abiyita abakirisu. Uca wumva nawe ko abakuru b’amadini baciye bashangashirwa. Ariko rero ivyo ntivyaciye intege Abatohoji ba Bibiliya, kuko babandanije ico gikorwa gihambaye. Bari biyemeje kugamburukira “Imana nka yo mutware aho kugamburukira abantu.” (Ivyak. 5:29) Ivyo none vyerekana iki? Vyerekana ko abo bakirisu batari bakiri abaja namba ba Babiloni Akomeye. Ahubwo nyabuna, bariko baravavanura n’akosho kayo kandi bafasha n’abandi kubigenza gutyo.

UMWETE MU GIHE C’INTAMBARA YA MBERE Y’ISI YOSE

5. Ni igiki kitwemeza ko abavukanyi bari bafise umwete mwinshi mu gihe c’Intambara ya mbere y’isi yose?

5 Mu myaka iheze, twavuga ko Yehova ataravye ryiza abasavyi biwe, kubera ko ngo batagize umwete mu gikorwa co kwamamaza mu gihe c’Intambara ya mbere y’isi yose. Ivyo twabivuga twishimikije yuko ngo Yehova yaretse Babiloni Akomeye akabagira inyagano akanya gatoyi. Ariko rero mu nyuma, abasavyi b’Umukama bakoreye Imana hagati ya 1914 na 1918 uko bagize umugwi, barerekanye neza yuko bakoze uko bashoboye kwose kugira batume igikorwa co kwamamaza kibandanya. Hariho ibimenyamenya bikomeye vyemeza ico kintu. Kuba twararushirije gutahura kahise k’ishirahamwe rya Yehova, vyaratumye turushiriza gutahura iranguka ry’ibintu bimwebimwe bivugwa muri Bibiliya.

6, 7. (a) Ni intambamyi izihe Abatohoji ba Bibiliya bari bafise mu Ntambara ya mbere y’isi yose? (b) Tanga uburorero bwerekana ko Abatohoji ba Bibiliya bari bafise umwete.

6 Mu vy’ukuri, mu gihe c’Intambara ya mbere y’isi yose (1914-1918), Abatohoji ba Bibiliya bariko baramamaza n’umwete mwinshi. Ariko rero, bari bafise intambamyi nyinshi. Nimuze turimbure zibiri muri zo. Ubwa mbere ho, ikintu bakora ahanini ico gihe kwari uguha abantu ibitabu bishingiye kuri Bibiliya. Mu ntango za 1918, abategetsi barabujije ko igitabu Akayobera karangizwa (mu congereza) gishikirizwa. Ico gihe, igikorwa co kwamamaza caragoye abavukanyi benshi. Ntibari bwamenye kwamamaza bakoresheje Bibiliya gusa. Bari bamenyereye ko igitabu Akayobera karangizwa ari co “kivuga” mu kibanza cabo. Intambamyi igira kabiri ni uko hadutse ya nyonko yo muri Espanye mu 1918. Kuba ico kiza ruhonyanganda carakwiragiye hose, vyatumye abamamaji batoroherwa no gufata ingendo ngo baje kwamamaza. Ariko rero naho bari bafise izo ntambamyi be n’izindi, Abatohoji ba Bibiliya uko bagize umugwi, barakoze uko bashoboye kwose kugira ngo igikorwa kibandanye.

Abo Batohoji ba Bibiliya bari abanyamwete pe! (Raba ingingo ya 6, 7)

7 Mu 1914 honyene, abo Batohoji ba Bibiliya bari ku rushi bareretse abantu barenga 9.000.000 rwa “Rukurikirane rw’amafoto yerekeye ivyaremwe.” Iyo sinema yari igizwe n’amasanamu ari ku tuyo be n’amashusho agendagenda, yerekanwa ajanishwa n’amajwi. Yarigana kahise k’abantu kuva mu gihe c’irema gushika kuri ya Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi, kikaba cari ikintu c’akatabonetse ico gihe. Ibaze nawe! Abantu baravye iyo sinema mu 1914 honyene, bararuta abamamaji b’Ubwami bose bari kw’isi yose muri iki gihe! Amaraporo arerekana kandi ko mu 1916, abashika 809.393 bitavye amakoraniro muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, mu 1918 na ho bakaba barashitse ku 949.444. Emwe, abo Batohoji ba Bibiliya bari abanyamwete pe!

8. Abavukanyi baronka gute ibifungurwa vy’impwemu mu gihe c’Intambara ya mbere y’isi yose?

8 Mu gihe c’Intambara ya mbere y’isi yose, nta kitakozwe kugira ngo Abatohoji ba Bibiliya bagume baronka ibifungurwa vy’impwemu be n’indemesho. Ivyo bifungurwa vyaratumye abavukanyi baronka inguvu zo kubandanya bamamaza. Uwitwa Richard Barber yari umwamamaji w’umunyamwete ico gihe. Yigana ati: “Twarashoboye gutuma abacungezi b’ingenzi bakeyi baguma bagendera amashengero, Umunara w’Inderetsi na wo ubandanya guhabwa abantu no kurungikwa muri Kanada, aho wari ubujijwe. Nari njejwe kurungikira abagenzi batari bake amakopi yashobora kuja mu mufuko y’igitabu Akayobera karangizwa, kuko abategetsi bari barabatse ayo bahorana. Umuvukanyi Rutherford yaradusavye ko twotunganya amahwaniro mu bisagara vyinshi vyo mu burengero bwa Amerika no kurungika abashikirizansiguro kugira ngo baje kuremesha abo bavukanyi uko bishoboka kwose.”

IVYARI BIKENEYE GUKOSORWA

9. (a) Kubera iki hagati ya 1914 na 1919, abasavyi b’Imana bari bakeneye gukosorwa? (b) Kuba bari bakeneye gukosorwa ni igiki bidasobanura?

9 Mu vyo Abatohoji ba Bibiliya bakoze kuva mu 1914 gushika mu 1919, si vyose vyari bihuye n’ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe. Naho abo bavukanyi bari inziraburyarya, vyarashika ntibatahure mu buryo bubereye ibijanye no kuyobokera intwaro. (Rom. 13:1) Uko bagize umugwi rero, ntibagumye batagira aho bahengamiye mu bijanye n’intambara. Nk’akarorero, igihe umukuru w’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika yategeka ko uwa 30 Rusama 1918 uba umusi uhariwe gusenga basaba amahoro, Umunara w’Inderetsi warahimirije Abatohoji ba Bibiliya kwifatanya n’abandi muri ico gisabisho. Abavukanyi bamwebamwe baratanze amahera yo gushigikira intambara, kandi hari n’abafashe ibirwanisho baja ku rugamba. Ariko rero, twoba twihenze twiyumviriye ko Abatohoji ba Bibiliya bagizwe inyagano na Babiloni Akomeye ngo kubera ko bari bakeneye gukosorwa. Ahubwo nyabuna, baratahura ko bategerezwa kwitandukanya n’idini ry’ikinyoma, kandi mu Ntambara ya mbere y’isi yose, ni nk’aho bari barangije kuvavanura n’iyo nganji y’isi yose.​—Soma Luka 12:47, 48.

10. Abatohoji ba Bibiliya berekanye gute ko bubaha ubuzima?

10 Naho nyene Abatohoji ba Bibiliya batatahura neza ikintu cose kijanye no kutagira aho bahengamiye nk’uko tubitahura muri iki gihe, bari bazi neza ko Bibiliya ibabuza kwica. Mbere na ba bavukanyi bakeyi bafashe ibirwanisho bakaja mu Ntambara ya mbere y’isi yose, baranse baherejeko gukoresha ivyo birwanisho mu kwica abantu. Hari abanse kwica, baca bashirwa imbere ku rugamba kugira ngo bahasige ubuzima.

11. Abategetsi bavyakiriye gute igihe Abatohoji ba Bibiliya banka kuja ku rugamba?

11 Shetani ategerezwa kuba yarashavuye cane kubera ko abavukanyi banse guhemukira Imana. Yaciye rero abateza “ivyago [a]koresheje ingingo zishinzwe.” (Zab. 94:20) Umujenerali umwe wo mu gisirikare ca Amerika yitwa James Franklin Bell yaramenye ibanga igihe yariko ayaga n’umuvukanyi Rutherford na Van Amburgh. Yababwiye ko igisata ca leta kijejwe ivy’amategeko cari cagerageje gushiraho itegeko rishasha, rivuga ko uwo wese yanka kuja ku rugamba acirwa urwo gupfa. Aho yariko avuga canecane Abatohoji ba Bibiliya. N’ishavu n’akantu, uwo mujenerali yabwiye umuvukanyi Rutherford ko iryo tegeko ritashizweho kubera ko umukuru w’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika yaciye avyanka. Yaciye yongerako ati: “Mugabo ga sha, turazi ingene tuzobaronka, kandi tugiye kugikorerako!”

12, 13. (a) Kubera iki abavukanyi umunani băserukira ishirahamwe, baciriwe gupfungwa igihe kirekire? (b) Ukwo gupfungwa kwoba kwaratumye bareka kugamburukira Yehova? Sigura.

12 Abo bategetsi bahavuye bashika ku co bashaka. Abăserukira Ishirahamwe Watch Tower, ni ukuvuga umuvukanyi Rutherford, Van Amburgh n’abandi batandatu, barafashwe. Igihe bari imbere y’intahe, uwariko abacira urubanza yavuze ati: “Inyigisho z’idini aba bagabo bakwiragiza zirateye akaga gakomeye kurusha umugwi w’abasoda b’Ubudagi . . . Ntibagarariza gusa inyamiramabi za Leta be n’ibiro vya gisirikare, ariko kandi barifatira mu gahanga abakozi b’Imana bose bo mu madini yose. Barakwiye guhanwa bimwe bikomeye.” (Igitabu Faith on the March canditswe na Macmillan, rup. 99) Ukwo nyene ni ko vyagenze. Abo Batohoji ba Bibiliya umunani baciye bacirwa gupfungwa igihe kirekire mw’ibohero rikuru ry’i Atlanta muri Jeworojiya. Ariko rero, intambara irangiye barapfunguwe maze bambikwa izera.

13 N’igihe nyene abo umunani bari mw’ibohero, bagumye bumiye ku Vyanditswe, bisunze uko babitahura. Mw’ikete bandikiye umukuru w’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika ngo abatezurire, bavuze bati: “Ico Umukama agomba kiravugwa neza mu Vyanditswe, ngo ‘Ntukice.’ Ni co gituma ata n’umwe mw’Ishirahamwe [mpuzamakungu ry’Abatohoji ba Bibiliya] yiyeguriye Umukama koko yorenga kuri iryo sezerano n’ibigirankana, bigatuma areka gutoneshwa n’Imana canke mbere agatikizwa buhere. Ku bw’ivyo rero, ntibokwubahuka n’ibigirankana kuja mu vyo kwaka ubuzima abandi.” Mbega amajambo aranga umutima rugabo! Emwe, biragaragara ko abo bavukanyi ata n’igicuro bari bafise co kudohoka!

UMWIDEGEMVYO WAZA WABONEKA!

14. Wisunze Ivyanditswe, nuvuge ivyabaye kuva mu 1914 gushika mu 1919.

14 Muri Malaki 3:1-3 harerekeza ku vyabaye kuva mu 1914 gushika mu ntango za 1919. (Soma.) Abarobanuwe ari bo “bene Lewi,” bobwirijwe guca mu gihe co gutyororwa. Muri ico gihe, Yehova Imana ari we “Mukama w’ukuri,” ari kumwe na Yezu Kristu ya “ntumwa y’isezerano,” baraje ku rusengero rwo mu buryo bw’impwemu kugira basuzume abahakorera. Yehova amaze gukosora no gutyorora abasavyi biwe, bari bakwije ibisabwa kugira ngo abashinge irindi banga. Mu 1919, “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” yaragenywe ngo ahe ibifungurwa vy’impwemu abo mu nzu y’abizera. (Mat. 24:45) Abasavyi b’Imana rero bari babohowe, barava muri Babiloni Akomeye. Kuva ico gihe, abasavyi ba Yehova bagumye barushiriza kumenya ivyo Imana igomba no gukunda Umuvyeyi wabo wo mw’ijuru, biciye ku buntu ata wari abukwiriye bwa Yehova. Ese ukuntu bakenguruka uwo muhezagiro yabahaye! [1]

15. Kuba twarabohowe tukava muri Babiloni Akomeye bikwiye gutuma dukora iki?

15 Ese ukuntu vyeza umutima kubona twarabohowe tukava muri Babiloni Akomeye! Ivyo Shetani yakoze vyose arondera guherengeteza abakirisu b’ukuri kw’isi, vyaramutekurukanye. Ariko rero, ntidukwiye kwibagira icatumye Yehova aturonsa uwo mwidegemvyo. (2 Kor. 6:1) Abantu benshi cane b’inziraburyarya baracaboshwe n’idini ry’ikinyoma. Barakeneye kumenya ingene bovayo. Turashobora kubafasha. Uko bishoboka kwose rero, nimuze twigane abavukanyi bo mu kinjana giheze, maze dukore ibishoboka vyose kugira ngo dufashe izo mbohe kuronka umwidegemvyo!

^ [1] (ingingo ya 14) Imyaka 70 Abayuda bamaze ari imbohe i Babiloni, irafise vyinshi ihuriyeko n’ivyashikiye abakirisu ubuhuni bumaze kwaduka. Ariko rero, biraboneka ko ico gihe Abayuda bari imbohe kitagereranya ivyashikiye abakirisu. Kimwe coco, ivyo biringo vyo kugirwa imbohe ntibireha. Ntidukwiye rero kugerageza kuvuga ko akantu kose kerekeye ubunyagano bw’Abayuda koba gafise ico kagereranya, nk’aho umengo hoba hari ukuntu gahuye n’ivyashikiye abakirisu barobanuwe bo mu myaka y’imbere ya 1919.