Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IVYO MU BUSHINGURO BWACU

“Yemwe bamamaji b’Ubwami bo mu Bwongereza​—Nimwikangure!”

“Yemwe bamamaji b’Ubwami bo mu Bwongereza​—Nimwikangure!”

WAMENGO ni ijwi ry’inzamba. Ryagira riti: “Yemwe bamamaji b’Ubwami bo mu Bwongereza, nimwikangure!” Ako kamo kari mu kinyamakuru Informateur * co muri Kigarama 1937 (integuro yo mu Bwongereza). Ico kiganiro carimwo agatwe k’inkoramutima kavuga ngo: “Imyaka cumi y’iterambere ridashemeye.” Raporo y’umurimo yari ku rupapuro rwa mbere, iyerekana igikorwa caranguwe mu myaka cumi (kuva mu 1928 gushika mu 1937), yarashize ahabona ico kintu.

ABATSIMVYI BOBA BARI UMURENGERA?

Ni igiki none catumye akariro kagabanuka mu ndimiro ng’aho mu Bwongereza? Biboneka ko amashengero atagira akigoro ko kwongereza umwete, akigumira uko yahoze kera. Vyongeye, ishami ryavuze ko mu cibare caryo hari hakenewe abatsimvyi 200 gusa, na bo nyene bagakorera mu turere turi ukwa twonyene aho gukorera mu mashengero. Ishami ryaciye rimenyesha abipfuza gukora ubutsimvyi ko mu Bwongereza hari huzuye, rica ribahimiriza kuja gukorera mu bindi bihugu vy’i Buraya. Birashimishije kubona abatsimvyi benshi cane baravuye mu Bwongereza bakaja gukorera mu bindi bihugu nko mu Bufaransa, naho nyene bari bafise ingorane y’ururimi.

“KURA AMABOKO MU MPUZU!”

Ico kinyamakuru informateur co mu 1937 carashize ahabona ihangiro ryo mu 1938, na ryo rikaba kwari ugukora amasaha umuliyoni! Ivyo vyoshobotse ari uko buri mwamamaji akoze amasaha 15 ku kwezi, umutsimvyi na we amasaha 110. Haratanzwe ivyiyumviro vy’uko hotunganywa imisi imigwi y’abamamaji yoza iramara amasaha atanu mu ndimiro, kandi bakitwararika gusubira kugendera abashimishijwe, canecane ku migoroba yo mu ndwi hagati.

Abatsimvyi baritwararitse cane umurimo wo mu ndimiro banezerewe

Benshi barahimbawe n’ukubona igikorwa co mu ndimiro cari kigarukiwe. Uwitwa Hilda Padgett * yavuze ati: “Icicaro gikuru cari kiduteye akamo ko gukura amaboko mu mpuzu, tukaba twari tubishashaye turi benshi, kandi ntivyatevye kuvamwo ivyiza vyinshi.” Mushiki wacu yitwa Wallis yavuze ati: “Iciyumviro co gukora amasaha atanu ku musi cari wararaye! Hari ikindi ga yemwe cari gutuma tugira agahimbare kuruta kumara umusi wose mu gikorwa c’Umukama! . . .  Naho vyashika tugataha turushe, twoba twaragira umunezero? Cane nyene!” Umusore yitwa Stephen Miller yarabonye ko ibintu vyihutirwa, aca aritaba ako kamo. Ntiyashaka kugisha ako karyo! Aribuka ingene bagenda ku makinga ari umugwi, bakamara umusi wose mu ndimiro, ku migoroba yo mu ci na ho bakumvisha abantu insiguro zafashwe amajwi. Baritanga batiziganya mu madefile yo gutangaza ubutumwa bakoresheje ivyapa, bakongera bakamamaza ku mabarabara bakoresheje ibinyamakuru.

Ico kinyamakuru Informateur cavuze kandi giti: “Dukeneye abatsimvyi 1.000.” Ubuyobozi bushasha bwavuga ko abatsimvyi batosubira gukora bigenga, ahubwo ko bokorana n’amashengero, bakayashigikira kandi bakayaremesha. Mushiki wacu yitwa Joyce Ellis avuga ati: “Abavukanyi benshi baciye bikangura, barabona ko bakwiye gukora ubutsimvyi. Naho ico gihe nari mfise imyaka 13 gusa, nta kindi nipfuza atari ugukora ubutsimvyi.” Yahavuye abutangura muri Mukakaro mu 1940, afise imyaka 15. Peter, uwahavuye yubakana na Joyce, amaze kwumva ako kamo ko ‘kwikangura,’ yaciye “atangura kwiyumvira gufata ubutsimvyi.” Muri Ruheshi 1940, akaba yari afise imyaka 17, yaragize urugendo rw’ibilometero 105 n’ikinga, agiye i Scarborough gutangura igikorwa ciwe c’ubutsimvyi.

Uwitwa Cyril Johnson n’umukenyezi wiwe Kitty barabaye abatsimvyi b’intangakarorero mu kwitanga. Baragurishije inzu yabo be n’ivyo bari batunze, kugira ngo bibesheho mu murimo wabo w’igihe cose. Cyril yarahevye akazi yakora, maze mu kwezi kumwe baca baranzika ubutsimvyi. Avuga ati: “Nta makenga namba twari dufise. Iyo ngingo twayifashe tubikunze kandi tunezerewe.”

HASHIRWAHO INZU Z’ABATSIMVYI

Uko igitigiri c’abatsimvyi caguma congerekana, ni ko abavukanyi baja imbere abandi baguma barondera ingene boshigikira izo ngabo. Jim Carr, akaba yari umusuku wa zone mu 1938 (umucungezi w’umuzunguruko w’ubu), yarakurikije ubuyobozi bwasaba gushiraho amazu y’abatsimvyi mu bisagara. Abatsimvyi baremeshejwe kubana mu migwi no gukorera hamwe, gutyo bikagabanya amahera. Barakose inzu nini i Sheffield, haca hagenwa umuvukanyi ayihagarikira. Amashengero yaraterereye amahera be n’ibikoresho vyo mu nzu. Jim avuga ati: “Umwe wese yaritanga kugira bigende neza.” Iyo nzu yabamwo abatsimvyi cumi b’abanyamwete, kandi bagumana urutonde rwiza rwo mu vy’impwemu. Jim abandanya ati: “Buri gitondo barasuzuma icanditswe [c’umusi] imbere yo kwihereza akayi, [kandi] buri musi abo batsimvyi baca baja mu vyibare vyabo hirya no hino muri ico gisagara.”

Abatsimvyi bashasha barashwaye indimiro mu Bwongereza

Abamamaji be n’abatsimvyi baritavye ako kamo, bituma bashitsa rya hangiro ry’amasaha umuliyoni mu 1938. Nkako, raporo zerekana ko habaye iyongerekana mu mice yose y’igikorwa co mu ndimiro. Mu myaka itanu, igitigiri c’abamamaji bo mu Bwongereza ciyongereye hafi incuro zitatu. Kuba abasavyi ba Yehova barongereje umwete mu murimo w’Ubwami, vyarabateguye ku bw’imyaka itoroshe yakurikiye yaranzwe n’intambara.

Muri kino gihe, igitigiri c’abatsimvyi bo mu Bwongereza kibandanya kwiyongera, uko ya ntambara y’Imana ari yo Harumagedoni yegereza. Muri iyi myaka cumi iheze, abatsimvyi bagiye bariyongera cane ku buryo muri Gitugutu 2015 bashitse ku 13.224. Abo batsimvyi bari maso, mu buryo bw’uko umurimo w’igihe cose ari wo bashira imbere y’ibindi vyose mu buzima bwabo.

^ ing. 3 Cahavuye citwa Igikorwa dukorera Ubwami.

^ ing. 8 Raba inkuru y’ubuzima ya mushiki wacu Hilda Padgett, mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Gitugutu 1995, rup. 19-24.