Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IBIGANIRO BIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | WOBA UZOKWAKIRA INGABIRE NTANGERE Y’IMANA?

Wokwerekana gute ko ukenguruka ingabire ntangere y’Imana?

Wokwerekana gute ko ukenguruka ingabire ntangere y’Imana?

“Kuko urukundo Kristu afise rutugobera . . . Yapfiriye bose kugira ngo abariho ntibabe bakibaho ku bwabo, ahubwo babeho ku bw’umwe yabapfira.”2 Abakorinto 5:14, 15.

IYO umuntu aduhaye ingabire idasanzwe, turakwiye kumukengurukira. Yezu yarabishimitseko igihe yakiza abagabo cumi bari barwaye indwara isesereza kandi itagira umuti ico gihe. Umwe muri bo ‘yaragarutse, aza aninahaza Imana n’ijwi rirenga.’ Yezu yaciye abaza ati: “Icumi si bo bahumanuwe? None abandi icenda bari hehe?” (Luka 17:12-17) Ni icigwa ikihe tuhakura? Biroroshe ko twibagira ningoga ivyiza abandi badukorera.

Incungu iratandukanye n’izindi ngabire. Iraruta kure n’iyo ingabire zose tumaze kuronka. None wokwerekana gute ko ukenguruka ico kintu Imana yagukoreye?

  • Numenye Uwayitanze. Incungu ntituma abantu bose baca baronka ubuzima budahera, ata kirinze gusabwa. Mw’isengesho Yezu yatuye Imana yavuze riho ati: “Kugira ngo baronke ubuzima budahera, ni uko baguma bironsa ubumenyi bwerekeye wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’ubwerekeye uwo watumye, Yezu Kristu.” (Yohani 17:3) Nka hamwe bokubwira ko hari umuntu yakijije ubuzima bwawe igihe wari ukiri umwana, ubwo ntiwoca witwararika kumenya vyinshi ku bimwerekeye? Yehova Imana, We yatanze incungu yo kugukiza, na we nyene yipfuza ko umumenya kandi ukagiranira na we ubucuti somambike. Bibiliya iduhimiriza iti: “Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.”Yakobo 4:8.

  • Niwizere iyo ncungu. Bibiliya igira iti: “Uwizera Umwana arafise ubuzima budahera.” (Yohani 3:36) None kwizera bisaba iki? Bisaba kugira ico ukoze. No kwizera incungu rero bisaba ko ugira ico ukoze. (Yakobo 2:17) Uti ni igiki? Mu bisanzwe, ingabire iba rwawe ari uko gusa wemeye kuyakira. Ku bw’ivyo rero, utegerezwa kwemera kwakira iyo ncungu. None woyakira gute? Nugerageze kumenya ingene Imana ishaka ko ubaho, maze uvyisunge mu buzima bwawe. * Nuyisenge uyisaba imbabazi be n’umutima utakwagiriza ikibi. Niwiyegereze Imana wizigiye ko incungu izotuma abayizera bose babaho ibihe bidahera mu mahoro n’umutekano, ata na kimwe bakenye.Abaheburayo 11:1.

  • Niwitabe Icibutso c’urupfu rwa Yezu. Yezu yaratanguje ihimbaza rigirwa rimwe mu mwaka, ritwibutsa ivy’iyo ncungu. Ku bijanye no kwibuka ico kintu, yavuze ati: “Muragume mugira ibi mu kunyibuka” (Luka 22:19) Ivyabona vya Yehova bazokwibuka urupfu rwa Yezu ku wa kabiri itariki 11 Ndamukiza 2017, izuba rirenze. Hazoba porogarama imara nk’isaha imwe, izoba irimwo insiguro yerekana icatumye Yezu adupfira be n’ingene urupfu rwiwe rutuma twironkera ivyiza ubu no muri kazoza. Mu mwaka uheze, abantu nk’imiliyoni 20 baritavye ico Cibutso hirya no hino kw’isi. Turagutumiye n’igishika cinshi ngo uzokwifatanye natwe mu gukenguruka iyo ngabire ntangere Imana yaduhaye.

^ ing. 7 Uburyo bwiza bwogufasha kumenya Imana no kuyiyegereza ni ukwiga Ijambo ryayo Bibiliya. Nimba ushaka kumenya ingene wobigenza, niwiture Icabona ca Yehova canke uje ku rubuga rwacu, www.pr418.com.