Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IBIGANIRO BIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | ABAMARAYIKA​—BARABAHO? IGITUMA UKWIYE KUBIMENYA

Ukuri ku bijanye n’abamarayika

Ukuri ku bijanye n’abamarayika

Woba wipfuza kumenya ukuri ku bijanye n’abamarayika, ukamenya abo ari bo, ukuntu babayeho be n’ivyo bakora? Nta handi tworonderera inyishu hoza haruta mw’Ijambo ry’Imana ari ryo Bibiliya. (2 Timoteyo 3:16) None Bibiliya ibivugako iki?

  • Cokimwe n’Imana, abamarayika na bo nyene ni impwemu zitaboneka, kuko “[ba]tagira inyama n’amagufa.” Abamarayika b’abizigirwa baba mw’ijuru kandi barishikira imbere y’Imana.​—Luka 24:39; Matayo 18:10; Yohani 4:24.

  • Rimwe na rimwe, abamarayika bariyambitse umubiri w’abantu kugira bakore igikorwa Imana yaba ibatumye kw’isi, bagihejeje bagaca biyambura uwo mubiri w’abantu.​—Abacamanza 6:11-23; 13:15-20.

  • Naho muri Bibiliya abamarayika bavugwa ari abagabo kandi bakama biyambika imibiri y’abagabo, muri bo nta mugabo canke umugore. Ntibubaka izabo canke ngo barondoke. Vyongeye, abamarayika si abantu babanje kuba ng’aha kw’isi, bagapfa ari utuyoya, ari abana canke bakuze. Abamarayika baremwe na Yehova. Ni co gituma Bibiliya ibita “abana b’Imana y’ukuri.”​—Yobu 1:6; Zaburi 148:2, 5.

  • Bibiliya iravuga ibijanye n’“indimi z’abantu n’iz’abamarayika.” Ivyo bitwereka ko ibiremwa vy’impwemu bifise ururimi n’imvugo bikoresha. Naho Imana yakoresheje abamarayika mu gushikiriza abantu ubutumwa bwayo, ntiyemera ko dusenga abamarayika.​—1 Abakorinto 13:1; Ivyahishuwe 22:8, 9.

  • Hari abamarayika ibihumbi mirongo vy’ibihumbi mirongo, kumbure bakaba ari amamiliyaridi n’ayandi. *​—Daniyeli 7:10; Ivyahishuwe 5:11.

  • Abamarayika “[bara]komeye mu bubasha.” Nta ho bahuriye n’abantu kandi barafise ubwenge burengeye cane ubwo dufise. Barashobora kugenda ku muvuduko udasanzwe, uruta kure n’iyo uwo dushobora kwiyumvira.​—Zaburi 103:20; Daniyeli 9:20-23.

  • Naho abamarayika bafise ubwenge bwinshi n’inkomezi nyinshi, barafise ivyo badashoboye be n’ivyo batazi.​—Matayo 24:36; 1 Petero 1:12.

  • Umumarayika wese yaremwe ameze ukwiwe, aremanwa kamere z’Imana be n’ububasha bwo kwihitiramwo. Ku bw’ivyo, cokimwe n’abantu, abamarayika barashobora kwihitiramwo gukora iciza canke ikibi. Ikibabaje ni uko bamwe mu bamarayika bahisemwo kugarariza Imana.​—Yuda 6.

^ ing. 8 Mu kigiriki co mu ntango, imvugo yakoreshejwe mu Vyahishuwe 5:11 itanga iciyumviro c’“ibihumbi mirongo incuro ibihumbi mirongo.” Birashoboka rero ko hari ibiremwa vy’impwemu imiliyoni ibihumbi amajana, ni ukuvuga amamiliyaridi n’amamiliyaridi!