Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingabire y’Imana iruta izindi zose ni incungu, kuko ituma dushobora kuronka ubuzima budahera

IBIGANIRO BIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | INGABIRE IRUTA ZOSE NI IYIHE?

Ingabire iruta zose ni iyihe?

Ingabire iruta zose ni iyihe?

Bibiliya igira iti: “Gutanga kwose kwiza, n’ingabire yose itunganye rwose biva mw’ijuru, vyururuka biva kuri Se w’imico.” (Yakobo 1:17) Mu bisanzwe, ico canditswe kivuga ugutanga kwa Data wa twese wo mw’ijuru ari we Yehova Imana. Ariko mu ngabire zose Imana yaduhaye, harimwo imwe iruta zose. None ni iyihe? Amajambo ya Yezu azwi cane dusanga muri Yohani 3:16, agira ati: “Kuko Imana yakunze isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo aronke ubuzima budahera.”

Kuba Imana yaraduhaye umwana wayo w’ikinege, ni yo ngabire iruta izindi zose twoshobora kuronka, kuko ituma tuva mu buja bw’igicumuro, ubusaza n’urupfu. (Zaburi 51:5; Yohani 8:34) Naho tworaramwo, nta co twokora kugira ngo twikure muri ubwo buja. Ariko kubera urukundo rudasanzwe rw’Imana, yaciye itanga igikenewe kugira tubohorwe. Igihe Yehova Imana yatanga umwana wiwe w’ikinege Yezu Kristu ngo atubere incungu, yari ahaye abantu bagamburuka icizigiro co kubaho ibihe bidahera. None vy’ukuri incungu ni iki? Kubera iki ikenewe? Mbe hoho twoyungukirako gute?

Incungu ni ikiguzi gitangwa mu kugaruza icatakaye canke mu kubohoza ikintu canke umuntu. Bibiliya ivuga ko abavyeyi bacu ba mbere Adamu na Eva, bari baremwe batagira igicumuro. Bari bafise n’icizigiro co kwiberaho ibihe bidahera kw’isi y’iparadizo, be n’uruvyaro boronse. (Itanguriro 1:26-28) Ikibabaje, ivyo vyose barabitakaje mu kugambararira Imana, baba bacitse abacumuzi. None vyavuyemwo iki? Bibiliya yishura iti: “Igicumuro cinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe urupfu na rwo [ruzanwa] n’igicumuro, gutyo urupfu [rukwira] ku bantu bose kuko bose bari baracumuye.” (Abaroma 5:12) Aho kuraga uruvyaro rwiwe ubuzima butagira agasembwa, Adamu yaruraze igicumuro n’ingaruka gikwega, ari rwo rupfu.

Ku bijanye n’incungu, ikirihwa gitegerezwa kungana n’icatakaye. Igihe Adamu yagambararira Imana n’ibigirankana, yari acumuye kandi vyatumye atakaza ubuzima butagira agasembwa. Nk’uko Bibiliya ibivuga, ivyo vyatumye uruvyaro rwiwe ruja mu buja bw’igicumuro n’urupfu. Vyaciye bisaba ko hatangwa ubuzima bw’uwundi muntu atunganye ari we Yezu, kugira ngo bube inkuka ituma ukubohorwa gushoboka. (Abaroma 5:19; Abanyefeso 1:7) Kuba Imana yaratanze iyo ncungu ibitumwe n’urukundo ni co gusa catumye abantu bizigira kwironkera ico Adamu na Eva batakaje, ni ukuvuga kubaho ibihe bidahera kw’isi y’iparadizo.​—Ivyahishuwe 21:3-5.

Turavye akamaro k’iyo ncungu, ntawoharira ko ari yo ngabire y’Imana iruta izindi zose, kubera ituma dushobora kuronka ubuzima budahera. Kugira dutahure ukuntu ari ‘ingabire itunganye rwose,’ reka turabe ukuntu ikwije mu buryo budasanzwe vya bintu twabona mu kiganiro c’imbere y’iki bidufasha gutanga ingabire ikora ku mutima.

Irahuje n’ivyo dusanzwe twipfuza. Twebwe abantu tuvukana icipfuzo gikomeye co kubaho ibihe vyose. (Umusiguzi 3:11) Naho ubwacu tudashobora kwironsa ico kintu, incungu yoyo iratuma gishoboka. Bibiliya igira iti: “Kuko impembo igicumuro gitanga ari urupfu, mugabo ingabirano Imana itanga ni ubuzima budahera biciye kuri Kristu Yezu Umukama wacu.”​—Abaroma 6:23.

Iraturonsa ivyo dusanzwe dukeneye. Nta muntu yari gushobora gutanga iyo ncungu. Bibiliya ivuga iti: “Ikiguzi c’icungurwa ry’ubuzima bwabo ni ic’agaciro cane ku buryo cabuze gushika igihe kitagira urugero.” (Zaburi 49:8) Twari dukeneye rero bimwe bihebuje ko Imana iduserukako kugira tuve mu buja bw’igicumuro n’urupfu. Imana yaciye iduha ico nyene twari dukeneye “mu kubohorwa biciye ku ncungu yarishwe na Kristu Yezu.”​—Abaroma 3:23, 24.

Twayironse ku gihe nyaco. Bibiliya itubwira iti: “Kristu yadupfiriye tukiri abacumuzi.” (Abaroma 5:8) Kubera ko incungu yatanzwe “tukiri abacumuzi,” iradukura amazinda ko Imana idukunda cane naho tudatunganye. Vyongeye, iratuma twitegana umushasharo ivyiza vyinshi, naho ubu dutegerezwa gushikirwa n’ingaruka z’igicumuro.

Yatanganywe imvo nziza cane kandi ata bwikunzi. Bibiliya irerekana icatumye Imana itanga Umwana wayo bwa ncungu. Dusoma duti: “Iki ni co urukundo rw’Imana rwerekaniweko mu bitwerekeye, kuko Imana yatumye Umwana wayo w’ikinege mw’isi kugira ngo turonke ubuzima biciye muri we. Muri ivyo urukundo ni uru: si uko twakunze Imana, ahubwo ni uko ari yo yadukunze.”​—1 Yohani 4:9, 10.

None wokwerekana gute ko ukenguruka iyo ngabire iruta izindi zose? Ivyo Yezu yavuze muri Yohani 3:16 vyerekana ko ‘umuntu amwizera’ ari we gusa azorokoka. Bibiliya ivuga ko ukwizera ari “ukwitega ata mazinda ibintu vyizigiwe.” (Abaheburayo 11:1) Kugira dushire ayo mazinda, ubumenyi butagira amakosa ni ntahara. Tukuremesheje rero gufata akanya wige ivyerekeye Yehova Imana, ari na we yatanze ya ‘ngabire itunganye rwose.’ Urakeneye no kumenya ico wokora kugira ngo uze wironkere ubuzima budahera bwashobotse biciye ku nkuka y’incungu ya Yezu.

Urashobora kumenya ivyo vyose mu gusuzuma amayagwa ashingiye kuri Bibiliya ari ku rubuga rwa www.pr418.com. Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kugufasha. Turizigiye yuko niwamenya ibijanye n’iyo ngabire ntangere ukongera ukayungukirako, bizotuma wiha akamo uti: “Hashimirwe Imana biciye kuri Yezu Kristu Umukama wacu!”​—Abaroma 7:25.