Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Niwizigire Yehova, ukore iciza”

“Niwizigire Yehova, ukore iciza”

“Niwizigire Yehova, ukore iciza . . . ukorane ubwizigirwa.” —ZAB. 37:3.

INDIRIMBO: 133, 63

1. Ni ingabirano zidasanzwe izihe Yehova yaremanye abantu?

YEHOVA yaremanye abantu ingabirano zidasanzwe. Yaraduhaye ubushobozi bwo kwiyumvira budufasha gutorera umuti ingorane no gutegekaniriza kazoza. (Imig. 2:11) Yaraduhaye ububasha butuma twishingira imigambi kandi tukayirangura. (Flp. 2:13) Vyongeye, yaraduhaye ijwi ryo mu mutima, ni ukuvuga ubushobozi ndemanwa butuma dutandukanya iciza n’ikibi. Riradufasha kwirinda gukora ibitabereye, rikadufasha no kwikosora bishitse tugahuba.—Rom. 2:15.

2. Yehova yiteze ko dukoresha gute ingabirano yaduhaye?

2 Yehova yiteze ko dukoresha neza izo ngabirano. Uti kubera iki? Kubera ko adukunda, kandi akaba azi ko tuzikoresheje neza bitugirira akamaro. Biciye kw’Ijambo ryiwe, Yehova aguma aduhimiriza gukoresha izo ngabirano mu gukora iciza. Nk’akarorero, mu Vyanditswe vy’igiheburayo, hagira hati: “Imigambi y’umunyamwete ntibura kuvamwo akarusho.” Hari n’ahagira hati: “Ikintu cose ukuboko kwawe kuronse co gukora, nugikorane ububasha bwawe.” (Imig. 21:5; Umus. 9:10) Mu Vyanditswe vy’ikigiriki na ho hagira hati: “Tugifise umwanya ubereye wo kubigira, dukorere iciza bose.” Ahandi na ho hagira hati: “Nk’uko umwe wese yaronse ingabirano, muyikoreshe mu gukoreranira.” (Gal. 6:10; 1 Pet. 4:10) Biragaragara rero ko Yehova yipfuza yuko dukora ivyo dushoboye ku bw’ineza yacu be n’iy’abandi.

3. Ni ibintu ibihe twebwe abantu tudashoboye?

3 Naho ari ukwo, Yehova arazi ko hari ivyo tudashoboye. Ntidushobora gukuraho agasembwa, igicumuro be n’urupfu. Ntidushobora no gutegeka abandi ico bokora, kubera ko umuntu wese afise umwidegemvyo wo kwihitiramwo. (1 Abm. 8:46) Kandi rero naho twomenya ibintu vyinshi ukungana iki, tuzokwama tumeze nk’abana imbere ya Yehova.—Yes. 55:9.

Igihe uri mu ngorane “niwizigire Yehova, ukore iciza”

4. Turimbura iki muri iki kiganiro?

4 Muri vyose, turakwiye kwiheka kuri Yehova kugira ngo atuyobore, tukizigira ko ashobora kudushigikira no kudufasha mu vyo tudashoboye. Yamara rero, turakwiye kwihata uko bishoboka kwose tukagira ico dukoze kugira ngo dutorere umuti ingorane twongere dufashe abandi. (Soma Zaburi 37:3.) Muri make, turakeneye ‘kwizigira Yehova kandi tugakora iciza.’ Vyongeye, turakwiye ‘gukorana ubwizigirwa.’ Ku bw’ivyo, nimuze turimbure ivyo dushobora kwigira ku karorero ka Nowa, Dawidi be n’abandi basavyi b’Imana b’abizigirwa bihetse kuri Yehova bongera barakora ibibereye. Nk’uko tuza kubibona, vyasavye ko bamenya ivyo batari bashoboye gukora be n’ivyo bari bashoboye gukora, bagaca bahitamwo ikibereye.

IGIHE UBUKOZI BW’IKIBI BWIRAYE

5. Ibintu vyari vyifashe gute mu gihe ca Nowa.

5 Mu gihe ca Nowa, isi yari ‘yuzuye ubukazi’ n’ubushegabo. (Ita. 6:4, 9-13) Nowa yari azi ko hogeze igihe Yehova agahonya iyo si mbi. Naho yari abizi, ategerezwa kuba yarababazwa no kubona isi yari yuzuye ukutibanga Imana. Nowa rero yaratahura ko hari ibintu atari ashoboye gukora be n’ivyo yari ashoboye gukora.

Banse inkuru nziza (Raba ingingo ya 6-9)

6, 7. (a) Ni ibiki Nowa atari ashoboye gukora? (b) Ni mu buryo ki ivyacu bimeze nk’ivya Nowa?

6 Ivyo Nowa atashobora gukora: Naho Nowa yatangaza adahemuka imburi ya Yehova, ntiyashobora guhata abantu babi ngo bemere ubwo butumwa. Vyongeye, ntiyashobora kwihutisha Umwuzure. Nowa yategerezwa kwizigira ko Yehova yoshikije isezerano ryo gukuraho inkozi z’ikibi, be n’uko yobigize igihe kigeze.—Ita. 6:17.

7 Na twebwe tubaye mw’isi yuzuye ubukozi bw’ikibi, iyo Yehova yasezeranye kuzorandura. (1 Yoh. 2:17) Mu kurindira, ntidushobora guhata abantu ngo bemere “inkuru nziza y’ubwami.” Vyongeye, nta co twoshobora gukora kugira ngo twihutishe ya “makuba akomeye.” (Mat. 24:14, 21) Cokimwe na Nowa, turakeneye kugira ukwizera gukomeye, tukizigira ko vuba Imana izogira ico ikoze. (Zab. 37:10, 11) Igihe Yehova yategekanije kurandura iyi si mbi nicagera, turazi neza ko ata musi n’umwe uzorengako.—Hab. 2:3.

8. Ni gute Nowa yashize umutima ku vyo yari ashoboye gukora? (Raba ishusho itangura.)

8 Ivyo Nowa yashobora gukora: Nowa ntiyacitse intege kubera ivyo atari ashoboye gukora. Ahubwo yashize umutima ku vyo yashobora gukora. Kubera ko Nowa yari “umwamamaji w’ubugororotsi,” yaratangaje adahemuka imburi yari yahawe. (2 Pet. 2:5) Nta nkeka ko ivyo vyatumye Nowa aguma afise ukwizera gukomeye. Uretse ko yamamaza, yaranakoresheje ubwenge bwiwe n’inguvu ziwe mu kurangura igikorwa Imana yari yamushinze co kwubaka ubwato.—Soma Abaheburayo 11:7.

9. Twokwigana gute akarorero ka Nowa?

9 Nka kumwe kwa Nowa, turihatira kuguma dufise “vyinshi [d]ukora mu gikorwa c’Umukama.” (1 Kor. 15:58) Nk’akarorero, twoshobora gufasha kwubaka no kubungabunga inyubakwa dusengeramwo, tukitanga mu bikorwa ku materaniro no ku mahwaniro, canke tugafasha ku biro vy’ishami canke ku biro vy’ubuhinduzi biri ukwa vyonyene. Ikiruta vyose, tuguma twamamaza, tuzi yuko ico gikorwa gituma turushiriza kwizigira kazoza. Mushiki wacu umwe w’umwizigirwa yavuze ko iyo abwiye abandi imihezagiro Ubwami bw’Imana buzozana, aca abona ko ata cizigiro na gitoyi bagira be n’uko ingorane bafise babona yuko zitazokwigera zihera. Si ivy’imbeshere, kubwira abandi inkuru nziza biratuma turushiriza kwizigira kazoza, bigakomeza n’umwiyemezo dufise wo kubandanya dusiganirwa ubuzima.—1 Kor. 9:24.

IGIHE DUCUMUYE

10. Dondora ivyashikiye Dawidi.

10 Yehova yavuze ko Dawidi yari “umuntu ahimbara umutima [wiwe].” (Ivyak. 13:22) Muri rusangi, ubuzima bwa Dawidi bwaranzwe n’ukudahemuka. Ariko ntiwumve, vyarashitse arakora ibicumuro bikomeye. Yararenze ibigo na Batisheba. N’icavyunyuye, yaciye agerageza guhisha ico gicumuro mu gutunganya ko Uriya umugabo wa Batisheba yicirwa ku rugamba. Dawidi yaranarungitse ikete ryo kwicisha Uriya, arirungikana Uriya nyene! (2 Sam. 11:1-21) Ariko rero, ibicumuro vya Dawidi vyahavuye bimenyekana. (Mrk. 4:22) None bimaze kumenyekana, Dawidi yaciye akora iki?

Wibutse ibicumuro wigeze gukora (Raba ingingo ya 11-14)

11, 12. (a) Aho Dawidi acumuriye, ni ibiki atashobora gukora? (b) Turamutse ducumuye tukigaya, twokwizigira ko Yehova azodukorera iki?

11 Ivyo Dawidi atashobora gukora: Dawidi ntiyashobora gusubiza inyuma ivyo yari yakoze. Vyongeye, ntiyashobora gutangira ingaruka z’ivyo yari yakoze. Wanashaka, zimwe muri izo ngaruka zomushikiye ubuzima bwiwe bwose. (2 Sam. 12:10-12, 14) Uca wumva ko yari akeneye ukwizera. Yategerezwa kwizigira yuko aramutse yigaye vy’ukuri, Yehova yomubabariye akongera akamufasha kwihanganira ingaruka z’ivyo yakoze.

12 Kubera ko tudatunganye, twese turacumura. Ariko rero, amakosa ararutana. Hari amakosa dukora usanga tudashobora gusubiza inyuma, bigaca biba ngombwa ko twemanga ingaruka zayo ubuzima bwacu bwose. (Gal. 6:7) Ariko rero turizigira ivyo Yehova yavuze yuko turamutse twigaye, azodushigikira mu ngorane twocamwo, naho nyene ari twebwe twoba twarazikwegeye.—Soma Yesaya 1:18, 19; Ivyakozwe 3:19.

13. Ni ibiki vyatumye Dawidi asubira kugiranira ubucuti bwiza na Yehova?

13 Ivyo Dawidi yashobora gukora: Dawidi yaremeye ko Yehova amufasha gusubira kugiranira ubucuti bwiza na we. Ubwa mbere, yaremeye gukosorwa n’umuhanuzi Natani yari yarungitswe na Yehova. (2 Sam. 12:13) Ubwa kabiri, yarasenze Yehova, aramwaturira ibicumuro vyiwe yongera aramubwira ko yipfuza cane gusubira gutoneshwa na we. (Zab. 51:1-17) Aho guta umutwe kubera ukwiyagiriza, Dawidi yaragize ico yigiye ku makosa yakoze. Nkako, ntiyigeze asubira gukora ibicumuro bikomeye nk’ivyo. Yahavuye apfa ari umwizigirwa, kandi Yehova ntiyigeze yibagira ukutadohoka kwa Dawidi.—Heb. 11:32-34.

14. Ni ibiki twigira ku karorero ka Dawidi?

14 Ni ibiki twigira ku karorero ka Dawidi? Bishitse tugakora igicumuro gikomeye, turakwiye kwigaya vy’ukuri kandi tukarondera guharirwa na Yehova. Dutegerezwa kumwaturira ibicumuro vyacu. (1 Yoh. 1:9) Vyongeye, turakwiye kwitura abakurambere, bakadufasha mu vy’impwemu. (Soma Yakobo 5:14-16.) Dukurikije izo ntunganyo Yehova yadushiriyeho, tuba twerekanye ko twizigira ivyo yasezeranye yuko azodukiza kandi akatubabarira. Turakwiye rero guca tugira ico twigiye ku makosa yacu, tugatera imbere mu gikorwa ca Yehova maze tukitega kazoza umutima uri mu nda.—Heb. 12:12, 13.

MU BINDI BIHE

Ukitswe n’amagara (Raba ingingo ya 15)

15. Akarorero ka Hana katwigisha iki?

15 Urashobora kwiyumvira n’abandi bantu ba kera bizigiye Yehova, bakagira n’ico bakoze mu bihe vy’ingorane. Nk’akarorero, Hana yari ingumba kandi nta co yari ashoboye guhindura. Ariko kubera ko yari yizigiye ko Yehova yomuhumurije, yagumye aja kw’itaberenakulo gusenga Yehova, aramusukira ivyari bimuraje ishinga. (1 Sam. 1:9-11) Ese ukuntu atubera akarorero keza! Igihe dukitswe n’amagara canke turi mu zindi ngorane mugabo akaba ata co dushobora guhindura, turaterera amaganya yacu kuri Yehova, twizigiye ko atubabara. (1 Pet. 5:6, 7) Vyongeye, turakora uko dushoboye kwose kugira ngo twungukire ku makoraniro be n’izindi ntunganyo zo mu vy’impwemu.—Heb. 10:24, 25.

Abana bataye umurongo (Raba ingingo ya 16)

16. Ni igiki abavyeyi bokwigira ku mutama Samweli?

16 Tuvuge iki ku bavyeyi b’abizigirwa vyashitse abana babo bagata umurongo? Umutama Samweli ntiyashobora guhata abahungu biwe ngo bagume bisunga ingingo ngenderwako zigororotse yari yarabigishije. (1 Sam. 8:1-3) Vyabaye ngombwa ko ashira ico kibazo mu maboko ya Yehova. Ariko rero, Samweli yarashoboye kuguma ari intahemuka no kunezereza Se wiwe wo mw’ijuru Yehova. (Imig. 27:11) Muri iki gihe, abavyeyi benshi barashikirwa n’ikintu nk’ico. Barizigira ko Yehova aguma yiteguriye guha ikaze abacumuzi bigaya, kumwe kwa wa muvyeyi avugwa mu mugani w’umwana w’icangazi. (Luka 15:20) Si ivyo gusa. Abo bavyeyi barihatira kuguma ari intahemuka kuri Yehova, bizigiye ko ivyo bizofasha abana babo kugaruka mu ruhongore.

Mu bukene (Raba ingingo 17)

17. Kubera iki akarorero ka wa mupfakazi w’umukene katuremesha?

17 Zirikana kandi wa mupfakazi w’umukene wo mu gihe ca Yezu. (Soma Luka 21:1-4.) Nta co yari ashoboye gukora kugira ngo ahagarike ibintu bibi vyakorerwa ku rusengero. (Mat. 21:12, 13) Vyongeye, nta co yari ashoboye gukora kugira ngo ave mu bukene yarimwo. Yamara rero, yarashoboye gutanga intererano y’“uduceri tubiri,” bukaba bwari bwo “buryo bwose [yari] afise bwo kubaho.” Uwo mupfakazi w’umwizigirwa yarerekanye ko yizigira Yehova aherejeko. Yari azi ko aramutse ashize imbere ivy’impwemu, Yehova yomuronkeje ivyo akeneye ku mubiri. Ukwizigira kw’uwo mupfakazi kwatumye ashigikira intunganyo y’ugusenga kw’ukuri yariho ico gihe. Na twebwe turizigira ko dushize imbere ivyungura Ubwami, Yehova azoturonsa ivyo dukeneye.—Mat. 6:33.

18. Tanga akarorero k’umusavyi w’Imana wo muri kino gihe yabona ibintu mu buryo bwiza.

18 No muri kino gihe, hariho abo dusangiye ukwemera benshi bagaragaje ko bizigira Yehova bongera baragira ico bakoze. Rimbura akarorero k’umuvukanyi Malcolm, uwagumye ari umwizigirwa gushika apfuye mu 2015. Mu myaka myinshi we n’umukenyezi wiwe bamaze bakorera Yehova, baraciye mu mahirwe no mu magorwa. Yavuze ati: “Mu buzima, buraca bugacana ayandi, kandi hoshobora gushika mbere ibintu bigoye kwihanganira. Mugabo Yehova arahezagira abamwihekako.” None Malcolm aduhanura iki? Avuga ati: “Nusenge usaba kuba umuntu yimbuka kandi w’umunyamwete mu murimo wa Yehova uko ushoboye kwose. Niwibande ku vyo ushoboye, aho kwibanda ku vyo udashoboye.” *

19. (a) Ni kubera iki icanditswe c’umwaka wa 2017 kibereye? (b) Uzoshira mu ngiro gute icanditswe c’umwaka wa 2017?

19 Uko ivy’iyi si ‘birushiriza kuba bibi,’ twokwitega ko ingorane zizorushiriza kuba nyinshi. (2 Tim. 3:1, 13) Ku bw’ivyo, birahambaye cane ko tutareka izo ngorane ngo ziduteshe umutwe. Ahubwo nyabuna, turakwiye kwizigira cane Yehova, ariko kandi tugakora ivyo dushoboye vyose. Ese rero ukuntu icanditswe c’umwaka wa 2017 kibereye, kikaba kigira giti: “Niwizigire Yehova, ukore iciza”!—Zab. 37:3.

Icanditswe c’umwaka wa 2017: “Niwizigire Yehova, ukore iciza.”—Zab. 37:3.