Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yehova arayobora abasavyi biwe

Yehova arayobora abasavyi biwe

“Yehova ntazobura kwama akuyobora.”YES. 58:11.

INDIRIMBO: 152, 22

1, 2. (a) Abaja imbere abandi mu Vyabona vya Yehova batandukaniye he n’indongozi z’ayandi madini? (b) Twihweza iki muri iki kiganiro no mu gikurikira?

ABANTU barakunda kubaza Ivyabona vya Yehova bati: “Indongozi yanyu ni nde?” Ivyo ntibitangaje kuko amadini menshi usanga afise umukuru ayarongoye. Hari aho usanga ari umugabo umwe canke umugore umwe. Ariko rero, twebwe turahimbarwa no kubwira abo bantu yuko Indongozi yacu atari umuntu buntu. Indongozi yacu ni Kristu, na we akaba ayoborwa na Se Yehova.Mat. 23:10.

2 Naho ari ukwo, hariho umugwi w’abagabo Bibiliya yita “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge,” bakaba ari bo baja imbere abasavyi b’Imana muri iki gihe. (Mat. 24:45) None twemezwa n’iki yuko Yehova ari we vy’ukuri atuyobora, abicishije ku Mwana wiwe? Muri iki kiganiro no mu gikurikira, turihweza ukuntu mu myaka ibihumbi iheze, Yehova yagiye aragena abantu bamwebamwe ngo baje imbere abasavyi biwe. Ivyo biganiro biraca irya n’ino ibintu bitatu vyerekana ko Yehova ari we yakoresha abo bagabo. Ivyo bica bitujijura ko ari we vy’ukuri yamye ayobora abasavyi biwe gushika n’ubu.Yes. 58:11.

BAFASHWA N’IMPWEMU NYERANDA

3. Musa yakuye he ubushobozi bwo kuyobora Isirayeli?

3 Impwemu nyeranda yarabafasha. Nk’akarorero, Imana yaragenye Musa ngo ayobore Abisirayeli. None Musa yafashijwe n’iki kurangura iryo banga ritoroshe? Bibiliya ivuga ko Yehova “yamushiramwo impwemu nyeranda yiwe.” (Soma Yesaya 63:11-14.) Yehova rero ni we yayobora abasavyi biwe, kuko ari we yaha Musa ububasha biciye ku mpwemu nyeranda.

4. Abisirayeli bamenye gute ko Musa yari afise impwemu y’Imana? (Raba ishusho itangura.)

4 None ko impwemu nyeranda itaboneka, Abisirayeli bamenye gute ko yakorera kuri Musa? Impwemu nyeranda yarashoboje Musa gukora ibitangaro no kumenyesha Farawo izina ry’Imana. (Kuv. 7:1-3) Vyongeye, yaratumye Musa aba umuntu ameze neza cane, arangwa n’urukundo, ubwitonzi n’ukwihangana, ivyo bikaba vyatumye ashobora kuyobora Abisirayeli. Ese ukuntu yari atandukanye cane n’indongozi z’ayandi mahanga zarangwa n’ubwikunzi be n’ugutwaza umukazo! (Kuv. 5:2, 6-9) Vyaragaragara neza ko Yehova ari we yari yaratoye Musa ngo ayobore Abisirayeli.

5. Vuga ingene Yehova yashoboje abandi bagabo b’Abisirayeli kuyobora ihanga ryiwe.

5 Mu nyuma, impwemu nyeranda yarakoreye ku bandi bagabo Yehova yagenye ngo bayobore ihanga ryiwe. “Yosuwa mwene Nuni yari yuzuye impwemu y’ubukerebutsi.” (Gus. 34:9) “Impwemu ya Yehova [yaratwikiriye] Gideyoni.” (Abac. 6:34) Vyongeye, Bibiliya ivuga iti: “Impwemu ya Yehova itangura gukorera kuri Dawidi.” (1 Sam. 16:13) Impwemu y’Imana ni yo yafashije abo bagabo bose, kandi ni yo yatumye bakora ibintu bikomeye batari kwishoboza ubwabo. (Yos. 11:16, 17; Abac. 7:7, 22; 1 Sam. 17:37, 50) Ivyo rero vyaca bituma Yehova ari we ashemezwa.

6. Kubera iki Imana yasaba abasavyi bayo kwubaha indongozi za Isirayeli?

6 None kuba Abisirayeli bariboneye neza ko abo bagabo bari bafise impwemu nyeranda, vyari bikwiye gutuma bakora iki? Igihe abantu bidogera Musa, Yehova yabajije ati: “Aba bantu bazogeza ryari kutanyubaha?” (Guh. 14:2, 11) Nkako, Yehova ni we yari yaratoye Musa, Yosuwa, Gideyoni na Dawidi ngo bamuserukire. Igihe abantu baba bagamburukiye abo bagabo, ku bwa ngingo baba bagamburukiye Yehova, we Ndongozi yabo.

BARAFASHWA N’ABAMARAYIKA

7. Abamarayika bafashije gute Musa?

7 Barafashwa n’abamarayika. (Soma Abaheburayo 1:7, 14.) Yehova yarakoresheje abamarayika ngo bashinge Musa igikorwa, bamufashe bongere bamuyobore. Imana yarungitse Musa “bwa mutware n’umurokozi biciye ku kuboko kw’umumarayika yamubonekeye muri ca gisaka c’amahwa.” (Ivyak. 7:35) Yehova yarakoresheje “abamarayika” ngo bashikirize Musa Itegeko, kugira na we arikoreshe mu kwigisha Abisirayeli. (Gal. 3:19) Ikindi gihe, Yehova yamubwiye ati: “Uyobore abantu ubajane aho nakubariye. Ehe umumarayika wanje azokuja imbere.” (Kuv. 32:34) Bibiliya ntivuga yuko Abisirayeli babonye n’amaso yabo umumarayika ariko arakora ivyo bintu. Ariko rero, ukuntu Musa yigishije iryo hanga be n’ukuntu yariyoboye, vyarerekanye neza yuko yakoreshwa n’ububasha burengeye ubw’abantu.

8. Abamarayika bafashije gute Yosuwa na Hezekiya?

8 Musa amaze gupfa, Yosuwa uwamusubiriye yarakomejwe n’“umukuru w’ingabo za Yehova,” kugira ngo ayobore abasavyi b’Imana mu ntambara yo kurwanya Abanyakanani. Ico gihe, Abisirayeli baratahukanye intsinzi. (Yos. 5:13-15; 6:2, 21) Mu nyuma, Umwami Hezekiya yarahanganye n’ingabo isinzi z’Abashuri bagomba gutera Yeruzaremu. Mw’ijoro rimwe, “umumarayika wa Yehova [yarasohotse] maze asasika ingabo ibihumbi ijana na mirongo umunani na bitanu.”2 Abm. 19:35.

9. Kuba abaserukira Imana batari batunganye, vyoba vyaraha Abisirayeli icitwazo co kudakurikiza ubuyobozi babaha? Sigura.

9 Ego ni ko, abamarayika baratunganye. Ariko abo bafashije bobo ntibari batunganye. Vyarigeze gushika Musa ntiyeza Yehova. (Guh. 20:12) Yosuwa ntiyasiguje Imana imbere yo kugiranira isezerano n’Abagibeyoni. (Yos. 9:14, 15) Hezekiya na we, karigeze gucamwo “umutima wiwe [uragira] ubwibone.” (2 Ngo. 32:25, 26) Ariko naho abo bagabo batari batunganye, Abisirayeli basabwa gukurikiza ubuyobozi babaha. Baribonera ko Yehova yashigikira abo bagabo akoresheje abamarayika biwe. Ego cane, Yehova ni we yariko ayobora abasavyi biwe.

BAYOBORWA N’IJAMBO RY’IMANA

10. Musa yayobowe gute n’Itegeko ry’Imana?

10 Ijambo ry’Imana ni ryo ryabayobora. Rya Tegeko Abisirayeli bahabwa, Bibiliya iryita “Itegeko rya Musa.” (1 Abm. 2:3) Ariko rero, Ivyanditswe bivuga ko mu vy’ukuri Yehova ari we yatanze iryo Tegeko, kandi na Musa ubwiwe yagengwa na ryo. (2 Ngo. 34:14) Yehova amaze kubwira Musa ukuntu ihema ryari kwubakwa, ‘yakoze yisunze ivyo Yehova yari yamutegetse vyose. Yakoze kuno nyene.’Kuv. 40:1-16.

11, 12. (a) Yosuwa be n’abami baganje abasavyi b’Imana, basabwa gukora iki? (b) Abagabo baja imbere abandi bakiriye gute Ijambo ry’Imana?

11 Igihe Yosuwa yatangura kuyobora Abisirayeli, yari afise igitabu c’Ijambo ry’Imana ryanditse. Yehova yamubwiye ati: “Uze usome muri co n’ijwi ritoyi umurango n’ijoro, kugira ngo witwararike gukora wisunze ivyanditswe muri co vyose.” (Yos. 1:8) Mu nyuma, abami baganje Isirayeli na bo nyene basabwa kwisunga iyo mpanuro. Bategerezwa gusoma Itegeko buri musi, kwiyandikira ikopi yaryo kugira ngo ‘bagumye amajambo yose y’iryo tegeko n’izo ngingo nyobozi, mu kubikora.’—Soma Gusubira mu vyagezwe 17:18-20.

12 None abo bagabo baja imbere abandi bakiriye gute Ijambo ry’Imana? Rimbura akarorero k’Umwami Yosiya. Igihe huburwa igitabu carimwo Itegeko rya Musa, umunyamabanga wa Yosiya yaciye atangura kukimusomera. * None uwo mwami yaciye akora iki? Bibiliya igira iti: “Umwami ngo yumve amajambo yo muri ico gitabu c’itegeko, aca atantamura impuzu ziwe.” Ariko ntiyagarukirije aho. Yosiya ayobowe n’Ijambo ry’Imana, yaciye atanguza isekeza rikomeye ryo kurwanya ibigirwamana, yongera aratunganya Pasika y’akataraboneka. (2 Abm. 22:11; 23:1-23) Kubera ko Yosiya n’izindi ndongozi z’intahemuka bayoborwa n’Ijambo ry’Imana, baremeye kugira ivyo bahinduye ku bijanye n’ubuyobozi baha abasavyi b’Imana. Ayo mahinduka yaratumye abasavyi b’Imana ba kera bakora ivyo igomba.

13. Indongozi z’abasavyi b’Imana zari zitandukaniye he n’iz’ayandi mahanga?

13 Ese ukuntu abo bami b’intahemuka bari batandukanye n’indongozi z’ayandi mahanga, izisunga ubwenge bw’abantu kandi ntizibone kure! Nk’akarorero, Abanyakanani barakora ibintu vy’agahomerabunwa, nk’ukugoka, uguhuza ibitsina kw’ababisangiye, ukuryamana n’ibikoko, ugutanga abana ngo babe ibimazi be n’ugusenga ibigirwamana kw’akamaramaza. (Lew. 18:6, 21-25) Vyongeye, indongozi za Babiloni n’iza Misiri ntizagira amabwirizwa y’isuku atomoye, nk’amwe Imana yaha Isirayeli. (Guh. 19:13) Abasavyi b’Imana bobo barabona ingene indongozi zabo z’intahemuka zitwararika kuba izitanduye ku mubiri, mu vy’impwemu no mu nyifato runtu. Vy’ukuri, Yehova ni we yaziyobora.

14. Kubera iki Yehova yahanye indongozi zimwezimwe z’abasavyi biwe?

14 Abami baganje abasavyi b’Imana ba kera, si bose bakurikije ubuyobozi Imana yabahaye. Abatagamburukiye Yehova baranse kuyoborwa n’impwemu yiwe, abamarayika biwe be n’Ijambo ryiwe. Hari igihe Yehova yaca azihana canke akazisubiriza abandi. (1 Sam. 13:13, 14) Mu nyuma, Yehova yaragenye indongozi yoruse kure n’iyo abo yigeze gushinga iryo banga bose.

YEHOVA AGENA INDONGOZI ITUNGANYE

15. (a) Abahanuzi bamenyesheje gute ko indongozi idasanzwe yari igiye kuza? (b) Iyo ndongozi yari nde?

15 Yehova yaramaze ibinjana n’ibindi amenyesha ko yogenye indongozi idasanzwe ngo iyobore abasavyi biwe. Nk’akarorero, Musa yabwiye Isirayeli ati: “Umuhanuzi avuye hagati yawe, avuye muri bene wanyu, nka jewe, ni we Yehova Imana yawe azoguhagurukiriza, ari na we mukwiye kwumviriza.” (Gus. 18:15) Yesaya yaramenyesheje ko uwo Muntu yobaye “indongozi n’umutware.” (Yes. 55:4) Daniyeli na we yarahumekewe kwandika ibijanye n’ukuza kwa “Mesiya Indongozi.” (Dan. 9:25) Amaherezo, Yezu Kristu yarivugiye ko ari we “Ndongozi” y’abasavyi b’Imana. (Soma Matayo 23:10.) Abigishwa ba Yezu baremeye kumukurikira bongera baremera ko yagenywe na Yehova. (Yoh. 6:68, 69) None bemejwe n’iki ko Yezu Kristu ari we Yehova yariko arakoresha mu kuyobora abasavyi biwe?

16. Ni ibiki vyerekanye neza ko Yezu yakoreshwa n’impwemu nyeranda?

16 Yezu yakoreshwa n’impwemu nyeranda. Igihe Yezu yabatizwa, Yohani Umubatizi yarabonye “ijuru ryuguruka, n’impwemu imanuka kuri we imeze nk’inuma.” Mu nyuma, “impwemu [yaciye] imugobera kuja mu gahinga.” (Mrk. 1:10-12) Igihe cose Yezu yamaze arangura umurimo wiwe kw’isi, impwemu y’Imana yaramuhaye ubushobozi bwo gukora ibitangaro no kuvugana ububasha. (Ivyak. 10:38) Vyongeye, impwemu nyeranda yaratumye Yezu agaragaza kamere zihebuje, nk’urukundo, umunezero n’ukwizera gukomeye. (Yoh. 15:9; Heb. 12:2) Nta yindi ndongozi n’imwe yabonetseko ibintu bijijura nk’ivyo. Yezu yari yatowe n’Imana koko.

Abamarayika bafashije Yezu gute haciye igihe gito abatijwe? (Raba ingingo ya 17)

17. Abamarayika bafashije Yezu gute?

17 Yezu yarafashijwe n’abamarayika. Haciye igihe gito Yezu abatijwe, “abamarayika bara[je], batangura kumukorera.” (Mat. 4:11) Hasigaye amasaha makeya ngo acikane, haraje “umumarayika avuye mw’ijuru aramubonekera, aramukomeza.” (Luka 22:43) Yezu yari azi neza ko Yehova yomurungikiye abamarayika igihe cose yobakeneye ngo bamufashe kurangura ivyo Imana igomba.Mat. 26:53.

18, 19. Yezu yisunze gute Ijambo ry’Imana mu buzima bwiwe no mu nyigisho ziwe?

18 Yezu yayoborwa n’Ijambo ry’Imana. Kuva Yezu agitangura igikorwa ciwe, yagumye yisunga Ivyanditswe. (Mat. 4:4) Nkako, yagumye yumvira Ijambo ry’Imana gushika no ku giti co kubabarizwako. No mu vyo yavuze imbere yo gucikana, yarasubiyemwo ivyavuzwe mu buhanuzi bwerekeye Mesiya. (Mat. 27:46; Luka 23:46) Indongozi z’amadini y’ico gihe zozo zarasuzugura Ijambo ry’Imana igihe cose ryaba ridahuza n’imigenzo yabo. Mu gusubiramwo amajambo Yehova yavuze biciye ku muhanuzi Yesaya, Yezu yavuze ati: “Aba bantu bantera iteka n’iminwa yabo, yamara umutima wabo uri kure yanje cane. Bansengera ubusa, kuko inyigisho bigisha ari amabwirizwa y’abantu.” (Mat. 15:7-9) Iyo wumva, hoba hari n’umwe muri abo Yehova yari guhitamwo ngo ayobore abasavyi biwe?

19 Yezu ntiyisunze Ijambo ry’Imana mu vyo yakora gusa, mugabo yararyisunze no mu vyo yigisha. Igihe indongozi z’amadini zaba zimuharirije, ntiyisunga ubwenge bwiwe canke ubumenyi bwinshi yari afise. Ahubwo riho, yarareka Ivyanditswe bikivugira. (Mat. 22:33-40) Vyongeye, aho kwicisha amajambo abamwumviriza ababwira ivyo yiboneye mw’ijuru be n’ibijanye n’irema, “y[ar]ugurura imizirikanyi yabo bimwe bishitse kugira ngo bategere insobanuro y’Ivyanditswe.” (Luka 24:32, 45) Yezu yarakunda Ijambo ry’Imana, kandi yari ashashaye kuribwira abandi.

20. (a) Yezu yerekanye gute ko yayobokera Imana? (b) Turavye ingene Yezu yari atandukanye na Agiripa wa mbere, bitwigisha iki ku bijanye n’uwo Yehova agena ngo abe indongozi?

20 Naho “amajambo y’igikundiro” Yezu yavuga yatangaza abamwumviriza, icubahiro cose yacerekeza ku Mwigisha wiwe Yehova. (Luka 4:22) Igihe umugabo umwe w’umutunzi yaha icubahiro Yezu mu kumwita ngo “Mwigisha mwiza,” Yezu yamwishuye yicishije bugufi ati: “Unyitira iki mwiza? Nta n’umwe ari mwiza, atari umwe, na we ni Imana.” (Mrk. 10:17, 18) Ese ukuntu Yezu yari atandukanye na Herodi Agiripa wa mbere, uwatwaye i Yudaya haciye nk’imyaka umunani ivyo bibaye! Ku musi mukuru umwe, Herodi yarambaye “impuzu za cami,” maze ashikiriza ijambo. Abariko baramwumviriza baciye biha akamo bati: “Ni ijwi ry’imana, si iry’umuntu!” Biboneka ko Herodi yaciye abona ko ari agakomeye. None hakurikiye iki? Bibiliya igira iti: “Ako kanya nyene umumarayika wa Yehova aramukubita, kuko atari yahaye ubuninahazwa Imana; aca arigitwa n’inyo, aracikana.” (Ivyak. 12:21-23) Mu vy’ukuri, nta n’umwe mu babonye ico kintu yari kwubahuka kuvuga ko Herodi yari yagenywe na Yehova. Yezu wewe yaratanze ibimenyamenya bigaragaza neza ko yagenywe n’Imana, kandi yagumye aninahaza Yehova we Ndongozi Ruheta y’abasavyi biwe.

21. Mu kiganiro gikurikira tuzorimbura iki?

21 Yezu ntiyobaye indongozi mu myaka mikeyi gusa. Amaze kuzuka, yavuze ati: “Ububasha bwose narabuhawe mw’ijuru no kw’isi.” Yongeyeko ati: “Kandi ehe ndi kumwe namwe imisi yose gushika ku nsozero y’ivy’isi.” (Mat. 28:18-20) Ariko none Yezu yoyoboye gute abasavyi b’Imana ng’aha kw’isi kandi ari impwemu itaboneka iri mw’ijuru? Ni nde Imana yogenye ngo aserukire Kristu mu kuyobora abasavyi bayo? Mbega hoho, abakirisu boshoboye gute kumenya abaserukira Yehova? Ikiganiro gikurikira kizorimbura inyishu z’ivyo bibazo.

^ ing. 12 Birashoboka ko mu ntango, ico gitabu canditswe na Musa.