Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ni ibiki bizovaho Ubwami bw’Imana nibwaza?

Ni ibiki bizovaho Ubwami bw’Imana nibwaza?

“Isi iriko irahita, n’icipfuzo cayo ni ukwo, mugabo uwukora ukugomba kw’Imana agumaho ibihe vyose.”1 YOH. 2:17.

INDIRIMBO: 134, 24

1, 2. (a) Ni mu buryo ki iyi si yogereranywa n’inkozi y’ikibi yaciriwe urwo gupfa? (Raba ishusho itangura.) (b) Urubanza iyi si mbi yaciriwe nirwashirwa mu ngiro, ibiremwa vyo kw’isi no mw’ijuru bizoca bikora iki?

SA N’UWUBONA iki kintu: Abarinzi barasohoye mw’ibohero inkozi y’ikibi katwa. Baciye bayishorera, maze bakagenda bavuga n’ijwi rirenga bati: “Uyu ni umupfu yigendera!” None babikuye ku ki? Naho ari muzima kandi akaba asa n’uwufise amagara meza, agiye kwicwa kuko yaciriwe urwo gupfa. Uwo muntu rero ni nk’aho ari umupfu. *

2 N’isi ya kino gihe, hari ukuntu imeze nk’uwo mugabo. Iyi si mbi imaze igihe kirekire yaraciriwe urubanza, kandi vuba cane rugiye gushirwa mu ngiro. Nkako, Bibiliya ivuga iti: “Isi iriko irahita.” (1 Yoh. 2:17) Iyi si ntizogenda irusimvye. Ariko rero, hariho itandukaniro rikomeye hagati y’iherezo ry’iyi si n’irya ya nkozi y’ikibi. Ku bijanye na ya nkozi y’ikibi, hariho abokwiyamiriza urwo yaciriwe, bakavuga ko yarenganijwe canke bakizigira ko kumbure ruzoba rurabangiriye. Urubanza rw’iyi si rworwo rwaciwe na Segaba w’ibiriho vyose, wa Mucamanza w’ubutungane ntangere. (Gus. 32:4) Ntiruzoteba gushirwa mu ngiro kandi nta wuzokekeranya ko ubutungane bwakurikijwe. Nirwamara gushirwa mu ngiro, ibiremwa vyose vyo kw’isi no mw’ijuru bizoshigikira vyivuye inyuma urwo rubanza rugororotse. Emwe, bizoca vyiruhutsa.

3. Ni ibintu bine ibihe tugiye kurimbura bizovaho Ubwami bw’Imana nibwaza?

3 None bimwe mu bigize iyo “si iriko irahita” ni ibiki? Ni ibintu bitari bike abantu babona ko bizokwamaho. Ivyo vyose bigiye kuvaho. Iyo yoba ari inkuru mbi? Na buhoro! Ahubwo nyabuna, ni kimwe mu bintu nyamukuru bigize “inkuru nziza y’ubwami.” (Mat. 24:14) Muri iki kiganiro, tugiye kurimbura imigwi ine y’ibintu bizovaho Ubwami bw’Imana nibwaza: ababisha, amashirahamwe yononekaye, ibikorwa bibi be n’ingorane zitesha umutwe. Kuri buri mugwi, turarimbura (1) ingene ivyo bintu bitugirako ingaruka, (2) ico Yehova azobikorera, (3) ingene azobisubiriza ibintu vyiza cane.

ABABISHA

4. Ni mu buryo ki ababisha batugirako ingaruka?

4 Ababisha batugirako ingaruka gute? Intumwa Paulo amaze kuvuga ko igihe turimwo coranzwe n’“ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira,” yongeyeko ati: “Abantu b’ababisha be n’abahumvyi bazogenda barushiriza kuba babi.” (2 Tim. 3:1-5, 13) Ubwo buhanuzi woba ubona ko buriko buraranguka? Abenshi muri twebwe baragiriwe nabi n’ababisha. Barahahajwe n’abitwaza igikenye, abanyamacakubiri buzuye urwanko canke inkozi z’ikibi katwa. Bamwe muri bo babigira amenya, abandi na bo ugasanga biyorobeka, bagakora ikibi bikitse inyuma y’ibikorwa vy’ubugiraneza. Naho ubwacu twoba tutaragirirwa nabi n’izo nkozi z’ikibi, ububisha bwabo buratugirako ingaruka. Ibintu biteye ikinya bakora biradutuntuza cane. Turavye ingene ababisha bahahaza abana, abageze mu zabukuru be n’abandi batagira gitabara, biradutera agahinda. Ababisha barataye ubuntu, basigaye bafise agatima k’ubunyamaswa, mbere k’amadayimoni. (Yak. 3:15) Igishimishije ni uko Ijambo rya Yehova ridusubiriza umutima mu nda.

5. (a) Ni akaryo akahe ababisha bagifise? (b) Ababisha banka guhinduka bizohava bibagendera gute?

5 None Yehova azokora iki? Yehova ariko araha ababisha akaryo ko guhinduka. (Yes. 55:7) Naho iyi si mbi yamaze gucirwa urubanza, umubisha umwumwe ku giti ciwe ntaracirwa urubanza. Ariko none bizogendera gute abanka guhinduka, bakaguma bashigikira iyi si mbi gushika kuri ya makuba akomeye? Yehova yasezeranye ko azoca akura ababisha kw’isi burundu. (Soma Zaburi 37:10.) Ababisha boshobora kwiyumvira ko ata co bazoba. Abenshi ni abahinga mu guhisha ivyo bakora, kandi akenshi muri iyi si ntibahanwa. (Yobu 21:7, 9) Mugabo rero, Bibiliya itubwira iti: “Amaso [ya Yehova] ari ku nzira z’umuntu, kandi intambuko ziwe zose arazibona. Nta mwiza canke igitutu kizitanye biriho ngo abakora ibintu bibabaza binyegezeyo.” (Yobu 34:21, 22) Nta ho twokwinyegeza Yehova Imana. Nta mubeshi n’umwe yomuca mu ryahumye. Ibintu vyose abanyakibi bakora aba yabibonye nk’ejo. Inyuma ya Harumagedoni rero, tuzokwitegereza aho ababisha bahora tubabure. Bazoba bakuweho burundu.Zab. 37:12-15.

6. Ni bande bazosigara ababisha nibakurwaho, kandi ni kubera iki iyo ari inkuru nziza?

6 Ni bande bazosigara ababisha nibakurwaho? Yehova asezerana iki kintu ceza umutima, ati: “Abatekereza bazokwigabira isi, kandi bazokwinovora amahoro menshi.” Muri iyo zaburi nyene, dusoma kandi duti: “Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera” (Zab. 37:11, 29) None abo “batekereza” n’abo “bagororotsi” ni bande? Abatekereza ni abicisha bugufi bakemera inyigisho n’ubuyobozi Yehova atanga. Abagororotsi na bo ni abakunda gukora ivyo Yehova abona ko bigororotse. Muri iyi si, abagororotsi bari ku rushi ubagereranije n’abanyakibi. Ariko mw’isi nshasha igiye kuza, abatekereza n’abagororotsi ntibazoba bakiri inkehwa, kuko ari bo bonyene bazoba bariho. Emwe, abanyagihugu bameze gutyo bazotuma isi iba iparadizo!

AMASHIRAHAMWE YONONEKAYE

7. Amashirahamwe yononekaye atugirako ingaruka gute?

7 Amashirahamwe yononekaye atugirako ingaruka gute? Amabi menshi akorwa muri iyi si ntaterwa n’abantu umwumwe ukwiwe, mugabo aterwa n’amashirahamwe. Rimbura nk’akarorero ingene amashirahamwe y’ivy’idini ayovya abantu amamiliyoni ku bijanye n’ingene Imana imeze, ukuntu dukwiye kubona Bibiliya, kazoza k’isi n’abantu, be n’ibindi vyinshi. Hariho n’amaleta ateza intambara n’imiryano ishingiye ku bwoko, acinyiza abakene n’abatagira gitabara, yubakiye ku giturire no kuri ka mwana wa mama. Vyongeye, hariho n’amashirahamwe yironderera amaronko akonona ibidukikije, agahonya amatungo kama akongera agafatira ku kutamenya kw’abantu kugira ngo atungishe abari ku rushi, mu gihe abandi amamiliyoni bishwe n’ubukene. Si ivy’imbeshere, amarushwa menshi tubona muri iyi si aterwa n’amashirahamwe yononekaye.

8. Amashirahamwe abantu benshi babona ko ari ntayegayezwa, Bibiliya ivuga ko bizoyagendera gute?

8 None Yehova azokora iki? Intwaro nizahindukirira amadini yose y’ikinyoma, ayagereranywa n’umumaraya yitwa Babiloni Akomeye, ya makuba akomeye azoca atangura. (Ivyah. 17:1, 2, 16; 18:1-4) Ayo madini azokurwaho burundu. None ayandi mashirahamwe yononekaye yoyo bizoca bigenda gute? Amashirahamwe hamwe n’inzego abantu babona ko ari ntayegayezwa, Bibiliya ibigereranya n’imisozi be n’amazinga. (Soma Ivyahishuwe 6:14.) Ijambo ry’Imana rivuga yuko intwaro zose n’amashirahamwe yose bikorana, bizosenyagurwa. Amakuba akomeye azosozerwa n’ugukurwaho kw’intwaro zose z’iyi si ishaje be n’abakorana na zo bose mu kurwanya Ubwami bw’Imana. (Yer. 25:31-33) Inyuma y’aho, nta shirahamwe na rimwe ryononekaye rizosubira kuvugwa!

9. Twemezwa n’iki yuko isi nshasha izoba itunganijwe neza?

9 Amashirahamwe yononekaye azosubirirwa n’iki? Inyuma ya Harumagedoni, hoba hari ishirahamwe rizoba riri kw’isi? Bibiliya ivuga iti: “Nk’uko yabisezeranye, turorereye amajuru mashasha n’isi nshasha, kandi aho ni ho ubugororotsi buzoba.” (2 Pet. 3:13) Amajuru n’isi vya kera, ni ukuvuga intwaro zononekaye be n’ikibano co kw’isi zitegeka, bizokurwaho. None bizosubirirwa n’iki? Imvugo ngo “amajuru mashasha n’isi nshasha” yerekana ko hazobaho intwaro nshasha be n’ikibano gishasha iyo ntwaro izotegeka. Ubwami burongowe na Yezu Kristu buzogaragaza ata gahaze kamere za Yehova, ya Mana y’urutonde. (1 Kor. 14:33) “Isi nshasha” rero izoba itunganijwe neza. Izoba irimwo abantu beza bazokwitwararika ibintu. (Zab. 45:16) Bazoba bayobowe na Kristu be na bamwe 144.000 bazofatanya na we kuganza. Ibaze nawe igihe amashirahamwe yose yononekaye azoba yasubiriwe n’ishirahamwe rimwe gusa, ryunze ubumwe kandi ritazokwigera ryononekara!

IBIKORWA BIBI

10. Ibikorwa bibi vyiraye aho iwanyu ni ibihe, kandi bikugirako ingaruka gute n’umuryango wanyu?

10 Ibikorwa bibi bitugirako ingaruka gute? Isi tubayemwo irangwamwo ibibi vyinshi. Nk’akarorero, ubuhumbu, ubuhemu n’ubukozi bw’ikibi bisa n’ivyiraye. Abavyeyi ni bo babizi, kuko bama mu rugamba rwo gukingira abana babo ivyo bintu. Inzego z’ivyo kwisamaza ziguma zirushiriza guhonyanga ingingo ngenderwako za Yehova zigenga iciza n’ikibi, mu gutuma abantu baryoherwa cane n’ibibi vy’ubwoko bwose. (Yes. 5:20) Ariko abakirisu b’ukuri ivyo ntibavyerekwa. Bararwana urugamba rwo kuguma ari intahemuka muri iyi isi iremesha abantu kutubaha ingingo ngenderwako za Yehova.

11. Kuba Yehova yarashikije urubanza kuri Sodomu na Gomora bitwigisha iki?

11 Yehova azokora iki ku bijanye n’ibikorwa bibi? Rimbura ico yakoze ku bijanye n’ibibi vyari vyiraye mu bisagara vya Sodomu na Gomora. (Soma 2 Petero 2:6-8.) Wa mugororotsi Loti yarababazwa cane n’ibibi vyose vyakorerwa aho we n’umuryango wiwe baba. Igihe Yehova yasangangura ako karere kose, ntiyari akuyeho gusa ibibi vyahakorerwa. Mugabo kandi, yari “[ashiriyeho] abantu batibanga Imana icitegererezo c’ibintu bizoza.” Nk’uko rero Yehova yakuyeho ibintu vyose vy’ubuhumbu vyakorwa ico gihe, ni ko azokuraho ibibi vyose bikorwa muri iki gihe niyashitsa urubanza yaciriye iyi si.

12. Ibikorwa ushashaye kugiramwo uruhara igihe iyi si mbi izoba yakuweho ni ibihe?

12 Ibikorwa bibi bizosubirirwa n’iki? Iparadizo izoba irangwamwo ibikorwa vyinshi bihimbaye. Iyumvire nawe igikorwa co guhindura uwu mubumbe ukaba iparadizo no kwubaka amazu tuzokwiberamwo n’abacu. Iyumvire kandi igikorwa co kwakira abantu amamiliyoni bazoba bazutse, maze tukabigisha inzira za Yehova be n’ivyo yagiye arakorera abantu. (Yes. 65:21, 22; Ivyak. 24:15) Emwe, tuzoba dufise ibikorwa vyinshi bizotuma tunezerwa, vyongere bitume Yehova ashemezwa.

INGORANE ZITESHA UMUTWE

13. Ubugarariji bwa Shetani, Adamu na Eva bwakweze ingorane izihe zitesha umutwe?

13 Ingorane zitesha umutwe zitugirako ingaruka gute? Abantu b’ababisha, amashirahamwe yononekaye hamwe n’ibikorwa bibi, vyose hamwe ni vyo bikwega ingorane zitesha umutwe tubona mw’isi. Twese turashikirwa n’intambara, ubukene amacakubiri, indwara be n’urupfu. Izo ngorane zose ni ingaruka z’ubugarariji bwa Adamu na Eva. Nta n’umwe muri twebwe ashobora guhunga ingorane ubwo bugarariji bwateje.

14. Yehova azokora iki ku bijanye n’ingorane zitesha umutwe? Tanga akarorero.

14 Yehova azokora iki ku bijanye n’ingorane zitesha umutwe? Rimbura nk’akarorero ibijanye n’intambara. Yehova asezerana ko azozihagarika gushika ibihe vyose. (Soma Zaburi 46:8, 9.) Indwara zo bite? Azoziherengeteza. (Yes. 33:24) Bite ho ku bijanye n’urupfu? Emwe, Yehova azorumira miyonzwa gushika ibihe bidahera. (Yes. 25:8) Ubukene na bwo azobukuraho. (Zab. 72:12-16) Ukwo nyene ni ko azobigenza ku bijanye n’izindi ngorane zose zibangamiye abantu muri iki gihe. Azokuraho mbere n’“ikirere” kibi c’iyi si, kubera ko impwemu ya Shetani n’amadayimoni yiwe izoba yagiye amazimayongo.Ef. 2:2.

Iyumvire nawe isi itagiramwo intambara, indwara canke urupfu! (Raba ingingo ya 15)

15. Inyuma ya Harumagedoni, ni ibintu ibihe bizoba vyagiye burundu?

15 Iyumvire nawe isi itagiramwo intambara, indwara canke urupfu! Ibaze nawe: nta basoda barwanira hasi, mu mazi canke mu kirere bazoba bakiriho! Nta birwanisho canke ivyibutso vy’intambara uzosubira kubona. Nta bitaro, abaganga, abaforoma, uburuhukiro canke amatongo y’abapfuye bizoba bikiriho! Vyongeye, nta ngunga zo kugabisha, inzego zo kurarira, igipolisi canke kumbure amagufuri tuzoba tugikeneye, kubera ko ububisha butazoba bukiriho! Ibintu vyose biduteza amaganya, bizoba vyaheze burundu!

16, 17. (a) Abazorokoka Harumagedoni bazokwumva bamerewe gute? Tanga uburorero. (b) Twokora iki kugira ngo tuzokwigumireho iyi si ishaje niyakurwaho?

16 Ibiduteza amaganya nivyavaho, ubuzima buzoba bumeze gute? Ntituzi n’ingene twobivuga. Turamaze igihe kinini cane tuba muri iyi si y’ingorane, ku buryo twoshobora kuba tutacitwararika cane ukuntu zitubabaza. Tumeze nk’abantu baba hafi y’igituro c’igariyamoshi usanga batacumva urwamo rwayo, canke ababa hafi y’iyarara usanga batacumva umunuko waryo. Ariko rero iyo ivyo vyose bihavuye, ntiworaba ingene baca biruhutsa!

17 None amaganya yo muri iki gihe azosubirirwa n’iki? Muri Zaburi 37:11 havuga ko abantu “bazokwinovora amahoro menshi.” Wumva none ayo majambo ateza umutima? Ivyo ni vyo Yehova yipfuza kugukorera. Nukore uko ushoboye kwose rero kugira ngo ugume wiyegereje Yehova Imana n’ishirahamwe ryiwe, muri iyi misi ya nyuma itesha umutwe! Nuhe agaciro icizigiro ufise, ukizirikaneko maze kigume ari kizima mu mutima wawe, kandi ukiyagire abandi wivuye inyuma! (1 Tim. 4:15, 16; 1 Pet. 3:15) Niwabigira, iyi si ishaje niyakurwaho, wewe ntuzojana na yo. Ahubwo nyabuna uzokwigumiraho, wibereho ibihe bidahera unezerewe!

^ ing. 1 Ibivuzwe muri iyo ngingo ni ivyahora bigirirwa abanyororo mu myaka yahera, mu bice bimwebimwe vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika.