Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Ico uraganye, gishitse”

“Ico uraganye, gishitse”

“Utegerezwa gushitsa ivyo waraganiye Yehova.”MAT. 5:33.

INDIRIMBO: 63, 59

1. (a) Yefuta na Hana bari bahuriye ku ki? (Raba amashusho atangura.) (b) Ni ibibazo ibihe vyishurwa muri iki kiganiro?

YEFUTA yari indongozi y’umutima rugabo akaba n’intwari mu rugamba. Hana we yari umukenyezi ayoboka akaba na inarugo aciye bugufi. Ariko uretse yuko bompi basenga Imana imwe, hari n’ibindi bari bahuriyeko. Umwe wese muri bo hari ico yari yararaganiye Imana, kandi bompi barashikije badahemuka indagano zabo. Barabera akarorero keza abagore n’abagabo muri iki gihe bahitamwo kugira ico baraganiye Yehova. Mugabo rero, hari ibibazo bihambaye bica bivyuka: Indagano ni iki? Kugira ico uraganiye Imana bihambaye ku rugero rungana iki? Ni ibiki twigira kuri Yefuta na Hana?

2, 3. (a) Indagano ni iki? (b) Ivyanditswe bivuga iki ku bijanye no kugira ivyo uraganiye Imana?

2 Muri Bibiliya, indagano ni isezerano umuntu agirana n’Imana ata gufyina. Nk’akarorero, umuntu arashobora gusezeranira Yehova gukora ikintu kanaka, gutanga ingabire kanaka, kuja mu murimo kanaka canke kwirinda ibintu kanaka. Indagano ni ikintu umuntu agira avyishakiye. Ariko rero, ni nyeranda kandi iratuma agira ico abazwa imbere y’Imana. Muri Bibiliya, indagano zihambaye cokimwe n’indahiro. Iyo umuntu arahiye, aba asezeranye ko azokora canke atazokora ikintu kanaka. (Ita. 14:22, 23; Heb. 6:16, 17) None Ivyanditswe vyerekana gute ko kugira ivyo usezeraniye Imana atari ikintu co gukinisha?

3 Rya Tegeko rya Musa ryavuga riti: “Mu gihe umugabo agize indagano kuri Yehova canke arahiye indahiro kugira yibohereko indagano . . . , ntaze arenge kw’ijambo ryiwe. Nk’uko ivyasohotse mu kanwa kiwe vyose biri ni ko azokora.” (Guh. 30:2) Mu nyuma, Salomo yahumekewe kwandika ati: “Igihe cose uraganiye Imana indagano, ntugonanwe kuyishitsa, kuko ata wuhimbarwa n’ibijuju. Ico uraganye, gishitse.” (Umus. 5:4) Yezu na we nyene yaremeje ko kugira indagano atari ikintu co gukinisha, igihe yavuga ati: “Mwarumvise kandi ko abo mu bihe vya kera babwiwe ngo: ‘Ntukarahire ngo ubure gushitsa, mugabo utegerezwa gushitsa ivyo waraganiye Yehova.’”Mat. 5:33.

4. (a) Kubera iki gusezeranira Imana ikintu atari ivyo gukinisha? (b) Dukeneye kumenya iki ku bijanye na Yefuta be na Hana?

4 Biragaragara rero yuko gusezeranira Imana ikintu atari ivyo gukinisha. Ukuntu tubona indagano twagize biragira ico bikoze ku bucuti dufitaniye na Yehova. Dawidi yanditse ati: “Ni nde yoduga ku musozi wa Yehova, kandi ni nde yohagarara ahantu heranda hiwe?” Aca yishura ko ari ‘uwo wese atarahiye ahendana.’ (Zab. 24:3, 4) None Yefuta na Hana baraganiye Imana iki, kandi ni kubera iki indagano zabo zitari zoroshe gushitsa?

BARASHIKIJE NEZA IVYO BASEZERANIYE IMANA

5. Yefuta yaraganye iki, kandi vyahavuye bigenda gute?

5 Yefuta yagumye yibuka ivyo yari yasezeraniye Yehova igihe yagira aje kurwanya Abamoni bari bamaze igihe bahahaza abasavyi b’Imana. (Abac. 10:7-9) Kubera ko Yefuta yari ashashaye gutahukana intsinzi, yaraganiye Yehova ati: “Niwatanga koko bene Amoni mu kuboko kwanje, uwuzosohoka, agasohokana mu miryango y’inzu yanje aje kunsanganira ngarutse amahoro mvuye kuri bene Amoni, emwe, azoba uwa Yehova.” None vyahavuye bigenda gute? Yefuta yaranesheje Abamoni, kandi umukobwa wiwe yakunda cane ni we yaje kumusanganira atahukanye intsinzi. Yociye rero ‘aba uwa Yehova.’ (Abac. 11:30-34) None ivyo vyasobanura iki kuri uwo mukobwa?

6. (a) Vyoba vyari vyoroshe ko Yefuta n’umukobwa wiwe bashitsa ivyo yari yasezeraniye Imana? (b) Gusubira mu vyagezwe 23:21, 23 na Zaburi 15:4 hatwigisha iki ku bijanye no kugira ico turaganiye Imana?

6 Kugira ngo umukobwa wa Yefuta ashitse indagano ya se, yategerezwa kwihebera igikorwa ca Yehova kw’itaberenakulo. Yefuta yoba yasezeranye atabanje kuzirikana? Habe namba, kuko ashobora kuba yari azi neza ko umukobwa wiwe yoshoboye kuba ari we yoje kumusanganira. Naho ari ukwo, cabaye ikintu c’agacavutu kuri uwo mukobwa na se, kuko bompi vyabasavye guheba ibintu bihambaye. Igihe Yefuta yamubona, yaciye “atantamura impuzu ziwe” maze avuga ko amuteye kwicurikira. Uwo mukobwa wiwe ‘yaraririye ubusugi bwiwe.’ Uti kubera iki? Yefuta nta muhungu yari afise, kandi uwo mukobwa wiwe w’ikinege ntiyokwigeze yubaka urwiwe ngo amuvyarire abuzukuru. Ntiyoronse rero uwusigarana izina ry’umuryango n’ibisigi vyawo. Ariko rero, ico si co cari gihambaye cane kuri Yefuta. Yavuze ati: “Jewe nateranuriye akanwa Yehova, nkaba rero ntashobora kwisubirako.” Umukobwa wiwe yaciye asubizayo ati: “Nungirire nk’uko vyakwiviriye mu kanwa.” (Abac. 11:35-39) Bompi rero barabaye abantu b’intahemuka batarota barenga ku ndagano, naho vyari kubasaba iki.Soma Gusubira mu vyagezwe 23:21, 23; Zaburi 15:4.

7. (a) Hana yasezeranye iki, kandi kubera iki? Vyahavuye bigenda gute? (b) Indagano ya Hana yasobanura iki kuri Samweli? (Raba akajambo k’epfo.)

7 Hana na we nyene yarashikije neza ivyo yari yarasezeraniye Yehova. Iyo ndagano yayigize ari mu mubabaro n’agahinda bidasanzwe, kubera ko yari ingumba kandi akaba yaguma acokorwa. (1 Sam. 1:4-7, 10, 16) Hana yarasukiye Imana ivyari ku mutima, maze ayiraganira ati: “Ewe Yehova nyen’ingabo, niwitegereza koko amarushwa y’umushumbakazi wawe, ukanyibuka koko, kandi ntiwibagire umushumbakazi wawe, ugaha vy’ukuri umushumbakazi wawe umwana w’umuhungu, nzomuha Yehova imisi yose y’ubuzima bwiwe, kandi nta rumosho ruzogera ku mutwe wiwe.” * (1 Sam. 1:11) Imana yarishuye isengesho rya Hana, imuha umwana w’umuhungu yitwa Samweli. Iyumvire ingene yaryohewe! Ariko rero, ntiyibagiye ivyo yari yarasezeraniye Imana. Igihe yibaruka uwo muhungu, yavuze ati: “Yehova ni we namusavye.”1 Sam. 1:20.

8. (a) Kugira ngo Hana ashitse indagano yiwe coba cari ikintu coroshe? (b) Ivyo Dawidi yavuze muri Zaburi ya 61 bitwibutsa gute akarorero keza Hana yatanze?

8 Samweli akimara gucuka, akaba yari afise nk’imyaka itatu, Hana yaciye ashitsa ivyo yari yarasezeraniye Imana, kandi ivyo yabigize ata kugonanwa. Yaciye ajana Samweli kw’itaberenakulo i Shilo, amushikiriza Umuherezi mukuru Eli, aca avuga ati: “Nasenga ku bijanye n’aka gahungu, kugira Yehova ampe ico namusaba. Nanje, ndamutije Yehova. Imisi yose azobaho, azoba uwahawe Yehova.” (1 Sam. 1:24-28) Bibiliya ivuga ko ‘ako gahungu Samweli kabandanije gukurira imbere ya Yehova.’ (1 Sam. 2:21) None ivyo vyasobanura iki kuri Hana? Naho yakunda cane ako gahungu kiwe, ntiyosubiye kuza arakabona buri musi mu kiringo c’ubwana bwako cose. Iyumvire ingene yakumbura kukagumbira, kugakinisha no kukabungabunga, ivyo vyose bikaba ari vyo bihimbara umuvyeyi igihe yihweza ingene akana kiwe gakura. Naho ari ukwo, Hana ntiyicujije kubona yarashikije ivyo yari yarasezeraniye Imana. Ahubwo riho, yariginye Yehova.1 Sam. 2:1, 2; soma Zaburi 61:1, 5, 8.

Woba uriko urashitsa ivyo wasezeraniye Yehova?

9. Ni ibibazo ibihe tugiye kurimbura?

9 Turahejeje kubona ko kugira ico uraganiye Imana atari ikintu co gukinisha. Ubu na ho nimuze turimbure ibibazo bikurikira: Ni indagano izihe twebwe abakirisu dushobora kugira? Vyongeye, ni kubera iki dukwiye kuzishitsa?

INDAGANO YO KWIYEGURIRA IMANA

Indagano yo kwiyegurira Imana (Raba ingingo ya 10)

10. Indagano iruta izindi zose umukirisu yogira ni iyihe, kandi isobanura iki?

10 Indagano iruta izindi zose umukirisu yogira ni ukwegurira Yehova ubuzima bwiwe. Uti kuki? Kubera ko mw’isengesho atura mu mwiherero, asezeranira Yehova ko azomukorera ubuzima bwiwe bwose, naho hoza iki. Nk’uko Yezu yabivuze, uwo muntu aba ‘yiyanse,’ akiyemeza kubaho akora ivyo Imana igomba, aho gukora ivyo yigombeye. (Mat. 16:24) Kuva uwo musi, ‘aba ari uwa Yehova.’ (Rom. 14:8) Uwugira iyo ndagano wese arakwiye kuyifatana uburemere, kumwe kw’umwanditsi w’amazaburi yavuga ati: “Nzokwishura iki Yehova ku vyiza vyose angirira? Nzoshitsa indagano zanje kuri Yehova, egome, imbere y’abantu biwe bose.”Zab. 116:12, 14.

11. Umusi wabatizwa vyagenze gute?

11 Woba wariyeguriye Yehova kandi ukavyerekana mu kubatizwa? Nimba warabigize, ni vyiza cane! Niwibuke yuko umusi wabatizwa, bakubajije imbere y’isinzi ry’abantu nimba wariyeguriye Yehova, be n’uko watahura ko “ukwiyegura kwawe hamwe n’ukubatizwa kwawe bituma uba Icabona ca Yehova yifadikanije n’ishirahamwe ry’Imana rirongowe n’impwemu yayo.” Kuba warishuye ngo ‘egome’ vyeretse abari aho ko wari wariyeguriye Imana ata co wisigarije, be n’uko wari ukwije ibisabwa kugira ngo ubatizwe, ube umusuku wa Yehova yatiwe. Emwe, Yehova ategerezwa kuba yarahimbawe cane!

12. (a) Ni ibibazo ibihe dukwiye kwibaza? (b) Petero yaduhanuye gutsimbataza kamere izihe?

12 Ariko rero ibatisimu ni intango gusa. Inyuma yo kubatizwa, twipfuza gushitsa ivyo twasezeranye mu kubandanya gukorera Imana tudahemuka. Umwe wese rero yokwibaza ati: ‘Kuva mbatijwe, iterambere ryanje rigeze he? Noba nkibandanya gukorera Yehova n’umutima wanje wose? (Kol. 3:23) Noba nkunda gusenga, gusoma Ijambo ry’Imana, kwitaba amakoraniro no kuja mu ndimiro kenshi gashoboka? Canke hari ukuntu nagabanije akariro muri ivyo bikorwa?’ Intumwa Petero yavuze ko hamwe ukwizera kwacu twoguma tukuronsa ubumenyi, ukwihangana be n’ukwihebera Imana, vyoturinda kuba abantu badakora.Soma 2 Petero 1:5-8.

13. Umukirisu yiyeguye kandi yabatijwe, akwiye kumenya iki?

13 Tumaze kwiyegurira Imana, ntibiba bigishoboka ko twihindukiza mw’ijambo. Nimba umuntu arambiwe no gukorera Yehova canke kubaho rukirisu, ntiyoca avuga ko atigeze yiyegurira Imana vy’ukuri canke ko ibatisimu yiwe itari nyakuri. * Uko biri kwose, aba yaremeye icese ko yiyeguriye Imana n’umutima wiwe wose. Bishitse agakora ibicumuro bikomeye, aba afise ico abazwa imbere ya Yehova n’imbere y’ishengero. (Rom. 14:12) Ese hatogira n’umwe muri twebwe Yezu abwira ati: “Waretse urukundo wari ufise ubwa mbere.” Ahubwo twipfuza ko yotubwira ati: “Ndazi ibikorwa vyawe, n’urukundo rwawe, n’ukwizera kwawe, n’ubusuku bwawe, n’ukwihangana kwawe, be n’uko ibikorwa vyawe vyo hanyuma biruta ivyo hambere.” (Ivyah. 2:4, 19) Nimuze rero tubandanye gushitsa twivuye inyuma indagano yacu yo kwiyegurira Yehova. Ivyo bizotuma ahimbarwa cane.

INDAGANO Y’UKWABIRANA

Indagano y’ukwabirana (Raba ingingo ya 14)

14. Indagano ya kabiri ihambaye kuruta izindi zose umuntu yogira ni iyihe, kandi kubera iki?

14 Indagano ya kabiri ihambaye kuruta izindi zose umuntu yogira ni iy’ukwabirana. Uti kuki? Kubera ko umubano ari ikintu ceranda. Umukwe n’umugeni baragana imbere y’Imana n’imbere y’ivyabona. Muri rusangi, basezerana ko bazokundana kandi bakubahana ‘igihe cose bazoba babana kw’isi, nk’uko vyaringanijwe n’Imana mu mubano w’ababiranye.’ N’abatokoresha ayo majambo nyene, baba baraganye imbere y’Imana. Baca rero baba umugabo n’umugore kandi biba vyitezwe ko babana akaramata. (Ita. 2:24; 1 Kor. 7:39) “Ku bw’ivyo rero,” nk’uko Yezu yabivuze, “ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe umuntu ntakagitanye.” Yaba uwo mugabo canke uwo mugore canke uwundi muntu, nta n’umwe akwiye kubigira. Abubakana rero, bakwiye kumenya ko ivyo kwahukana ata kibanza bifise.Mrk. 10:9.

15. Ni kubera iki abakirisu badakwiye kubona umubano nk’uko abo mw’isi bawubona?

15 Ariko ntiwumve, nta mubano uburamwo ingorane, kuko ugirwa n’abantu babiri badatunganye. Ni co gituma Bibiliya ivuga ko rimwe na rimwe abubaka “bazogira amakuba.” (1 Kor. 7:28) Ikibabaje ni uko abantu benshi muri iyi si babona umubano nk’ikintu gisanzwe. Iyo hadutse ingorane, baca babivamwo, bagata abo bubakanye. Mugabo abakirisu ntibakwiye kubigenza gutyo. Kurenga ku ndagano yo kwabirana ni cokimwe no kubesha Imana, tukaba tuzi ko Imana yanka ababeshi. (Lew. 19:12; Imig. 6:16-19) Intumwa Paulo yanditse ati: “Woba wabohewe ku mugore? Reka kurondera kubohorwa.” (1 Kor. 7:27) Ivyo Paulo yabivuze kuko yari azi yuko Yehova yanka ukwahukana guciye mu manyanga.Mal. 2:13-16.

16. Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ukwahukana be n’ugutandukana?

16 Yezu yavuze ko ikintu conyene gishingiye ku Vyanditswe cotuma abubakanye bahukana, ari igihe uwahemukiwe yanse kubabarira mugenziwe yarenze ibigo. (Mat. 19:9; Heb. 13:4) Tuvuge iki ku bijanye n’ugutandukana n’uwo mwubakanye? No ng’aho nyene, Bibiliya ntica ku ruhande. (Soma 1 Abakorinto 7:10, 11.) Bibiliya ntitanga imvo zotuma abubakanye batandukana. Ariko rero, vyoshika umukirisu akabona ko gutandukana bifise ishingiro. Aho ni nk’igihe uwo bubakanye amuhahaza canke ari umuhuni, akabona ko ubuzima bwiwe canke ubucuti afitaniye n’Imana bigeramiwe cane. *

17. Abakirisu bubakanye bokora iki kugira ngo umubano wabo ukomere kandi urambe?

17 Igihe abubakanye bituye abakurambere ngo babahanure ku ngorane zo mu mubano, vyoba vyiza nya bakurambere bababajije nimba baherutse kuraba ya videwo Urukundo nyakuri ni iki? no kurimburira hamwe ka gatabu Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare. Uti kuki? Kuko ivyo bikoresho bishimika ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya zafashije benshi gukomeza imibano yabo. Hari abubakanye bavuze bati: “Kuva dutanguye kwiga aka gatabu, twararushirije kugira agahimbare mu mubano.” Umukenyezi umwe yari amaze imyaka 22 yubatse, mugabo urugo rwiwe rwagira rusambuke. Yavuze ati: “Twempi twarabatijwe, ariko ntitwabona ibintu kumwe. Emwe, iyo videwo yaje hageze. Ubu twempi turiko turaryohora ibintu.” Woba wubatse? Uko bishoboka kwose, nushire mu ngiro ingingo ngenderwako za Yehova mu mubano wanyu. Ivyo bizotuma ushitsa indagano wagize y’ukwabirana, maze ubeho uhimbawe.

INDAGANO Y’ABASUKU BADASANZWE B’IGIHE COSE

18, 19. (a) Abavyeyi benshi bakoze iki? (b) Twovuga iki ku bijanye n’abari mu murimo udasanzwe w’igihe cose?

18 Woba wabonye ikindi kintu Yefuta yari ahuriyeko na Hana? Indagano bagize zatumye umukobwa wa Yefuta n’umuhungu wa Hana bihebera igikorwa kidasanzwe kandi ceranda kw’itaberenakulo. Nta buzima bwiza bwoza buruta ubwo. Muri iki gihe, abavyeyi benshi bararemesheje abana babo gukora umurimo w’igihe cose no gushira imbere mu buzima bwabo igikorwa c’Imana. Abo bavyeyi n’abo bana barakwiye gukezwa koko.Abac. 11:40; Zab. 110:3.

Indagano y’umurimo udasanzwe w’igihe cose (Raba ingingo ya 19)

19 Kw’isi yose, hari Ivyabona vya Yehova nka 67.000 bari mu murimo udasanzwe w’igihe cose. Bamwe ni Abanyabeteli, abandi bari mu bwubatsi canke mu mizunguruko, abandi ni abigisha bo mu ndimiro *, abatsimvyi badasanzwe, abamisiyonari, abajejwe Ingoro z’amateraniro canke inyubakwa ziberamwo amashure y’ivya Bibiliya. Bose baragira “Indagano yo kugamburuka no kwemera ubukene,” aho biyemeza gukora ico boshingwa cose kugira bateze imbere ivyungura Ubwami, kubaho mu buzima bubayabaye no kudakora akazi ko mw’isi batabifitiye uruhusha. Abo basuku si bo badasanzwe, mugabo ibikorwa barangura ni vyo bidasanzwe. Baratahura yuko igihe cose baba bakiri muri uwo murimo udasanzwe, bihambaye ko bashitsa bicishije bugufi indagano bagize.

20. Dukwiye gukora iki “uko bukeye uko bwije,” kandi kubera iki?

20 Muri izo ndagano twarimbuye, ni izihe umaze kugira? Imwe, zibiri canke zose uko ari zitatu? Nta nkeka ko wabonye yuko izo ndagano atari izo gufata minenegwe. (Imig. 20:25) Kudashitsa ivyo wasezeraniye Yehova birashobora kugira ingaruka zikomeye. (Umus. 5:6) Nimuze rero ‘duhibongoreze izina rya Yehova ibihe bidahera mu gushitsa indagano zacu uko bukeye uko bwije.’Zab. 61:8.

^ ing. 7 Twisunze indagano Hana yagize, uwo mwana yobaye Umunaziri ubuzima bwiwe bwose, bikaba bisobanura ko yomweguriye Imana agakora gusa igikorwa cayo ceranda.Guh. 6:2, 5, 8.

^ ing. 13 Turavye ibintu vyose abakurambere barimbura kugira biyemeze neza ko umuntu akwije ibisabwa vyo kubatizwa, vyoba imbonekarimwe ko ibatisimu y’umuntu itaba nyakuri.

^ ing. 16 Raba ikiganiro kivuga ngo “Ico Bibiliya ivuga ku kwahukana n’ugutandukana” kiri mu makuru y’inyongera, mu gitabu “Mwigumize mu rukundo rw’Imana.”

^ ing. 19 Abigisha bo mu ndimiro ni abavukanyi bigisha Ishure ry’abamamaji b’Ubwami, Ishure ry’abakurambere canke Ishure ry’abacungezi b’ingenzi n’abakenyezi babo. Akenshi ayo mashure abera mu Ngoro z’amateraniro, mu Ngoro z’Ubwami canke mu nyubakwa zigenewe ayo mashure.