Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nufashe “ba kavamahanga” kugira ‘bakorere Yehova banezerewe’

Nufashe “ba kavamahanga” kugira ‘bakorere Yehova banezerewe’

“Yehova ararinda ba kavamahanga.”​—ZAB. 146:9.

INDIRIMBO: 84, 73

1, 2. (a) Abavukanyi bamwebamwe bashikirwa n’ingorane izihe? (b) Ni ibibazo ibihe bica bivyuka?

UMUVUKANYI yitwa Lije avuga ati: “Igihe mu Burundi haduka intambara, twe n’abo mu muryango wacu twari kw’iteraniro. Hirya yacu, twarabona ingene abantu biruka bacanacanako. Abavyeyi bacu be na twebwe abana uko turi 11, twahunganye utuntu dukeyi gusa. Bamwe muri twebwe baragize urugendo rw’ibilometero birenga 1.600, baruhukira mw’ikambi y’impunzi muri Malawi, abandi na bo barasanzara hirya no hino.”

2 Kw’isi yose, abantu bahunze kubera intambara n’agatotezo barenga imiliyoni 65, ico gitigiri kikaba kitari bwigere gishikwako. * Muri bo harimwo Ivyabona vya Yehova ibihumbi n’ibihumbi. Abenshi barabuze ababo n’ivyabo. None ni izindi ingorane izihe zashikiye bamwe muri bo? Twobafasha gute ‘gukorera Yehova banezerewe,’ naho bari mu ngorane? (Zab. 100:2) Vyongeye, ni ibintu ngirakamaro ibihe twokwitwararika igihe tubwira inkuru nziza impunzi zitaramenya Yehova?

UBUZIMA BW’IMPUNZI

3. Vyagenze gute ngo Yezu hamwe n’abigishwa biwe batari bake babe impunzi?

3 Igihe umumarayika wa Yehova yaburira Yozefu ko Umwami Herodi yagomba kwica Yezu, Yozefu na Mariya baciye bamuhungishiriza mu Misiri. Baragumyeyo gushika Herodi apfuye. (Mat. 2:13, 14, 19-21) Haciye imyaka mirongo ivyo bibaye, abigishwa ba Yezu bo mu ntango “barasanza[ye] mu ntara za Yudaya na Samariya” kubera uruhamo. (Ivyak. 8:1) Yezu yari azi ko benshi mu bayoboke biwe boteshejwe izabo. Yavuze ati: “Nibabahama mu gisagara kimwe, muhungire mu kindi.” (Mat. 10:23) Burya ico umuntu yoba ahunze cose, nta ruhungo rworoha.

4, 5. Ni ingorane izihe zishikira impunzi (a) igihe ziba ziriko zirahunga? (b) igihe ziri mw’ikambi?

4 Impunzi zoshobora guhura n’ingorane igihe ziba ziriko zirahunga canke zimaze gushika mw’ikambi. Uwitwa Gad, akaba ari mutoya wa Lije, yigana ati: “Twaramaze amayinga atari make tugenda n’amaguru, duca mu mivyimba myinshi cane. Ico gihe nari mfise imyaka 12. Naravyimvye ibirenge gushika n’aho mbwira abo mu muryango wacu ngo bansige ng’aho bigire. Dawe yaciye ampeka kubera ko atashaka kunsiga mu karere k’abaroberi. Buri musi twararonka ikirirenza, tukitura Yehova kandi tukamwizigira, rimwe na rimwe tukaba twatungwa n’imyembe twamura ku nzira.”​—Flp. 4:12, 13.

5 Abenshi mu muryango wa Lije bahavuye bamara imyaka myinshi mu makambi y’impunzi. Ariko n’aho mu makambi ntivyaboroheye. Lije, ubu akaba ari umucungezi w’umuzunguruko, avuga ati: “Kubera ko wasanga benshi batagira ico bakora, baca baja mu nsaku, mu kaborerwe, mu kamari, mu busuma no mu buhumbu.” Kugira ngo Ivyabona vya Yehova birinde ivyo bintu, bari bakeneye kuguma bagira uruhara cane mu bikorwa vy’impwemu. (Heb. 6:11, 12; 10:24, 25) Kugira ngo bagume bakomeye mu kwizera, abenshi barakoresheje neza umwanya wabo mu gukora ubutsimvyi. Bagumye bibuka ko hogeze igihe bakava mu makambi y’impunzi, nka kumwe nyene hageze igihe Abisirayeli bakava mu bugaragwa.​—2 Kor. 4:18.

NUGARAGARIZE URUKUNDO IMPUNZI

6, 7. (a) “Urukundo rw’Imana” rutuma dufata gute abavukanyi bacu bari mu ngorane? (b) Tanga akarorero.

6 “Urukundo rw’Imana” ruratugobera gukundana, canecane mu bihe bigoye. (Soma 1 Yohani 3:17, 18.) Igihe abakirisu b’i Yudaya baterwa n’ikigoyi mu kinjana ca mbere, ishengero ryaratunganije ivyo kubafasha. (Ivyak. 11:28, 29) Intumwa Paulo na Petero na bo nyene barahimirije abakirisu kuba abakiranyi. (Rom. 12:13; 1 Pet. 4:9) Nimba abakirisu basabwa kwitwararika abavukanyi babagendera, wumva none badakwiye kurushiriza kwitwararika abo basangiye ukwemera bari mu kaga canke batotejwe bahorwa ukwizera kwabo?​—Soma Imigani 3:27. *

7 Ivyabona vya Yehova batari bake bo muri Ukraine, abagabo, abagore n’abana, barahunze indyane n’agatotezo biherutse kwaduka mu buseruko bw’ico gihugu. Ikibabaje ni uko hari abapfuye. Ariko benshi muri bo barakiriwe n’abavukanyi babo bo mu tundi turere tw’ico gihugu. Abandi batari bake bakiriwe n’Ivyabona vya Yehova bagenzi babo bo mu Burusiya. Muri ivyo bihugu vyompi, baguma ata ho bahengamiye mu vya politike kuko atari “ab’isi,” kandi babandanya “[ku]menyesha inkuru nziza y’ijambo ry’Imana.”​—Yoh. 15:19; Ivyak. 8:4.

NUFASHE IMPUNZI KUGUMA ZIKOMEYE MU KWIZERA

8, 9. (a) Abahungira mu mahanga bashobora gushikirwa n’ingorane izihe? (b) Kubera iki bakeneye ko tubafasha twihanganye?

8 Naho hari abahungira mu gihugu hagati, abenshi usanga bahungira mu mahanga batamenyereye namba. Amaleta yoshobora kubaronsa ibifungurwa, ivyambarwa n’uburaro, mugabo ntibaronke ibifungurwa bamenyereye. Impunzi zituruka mu bihugu bishushe, zoshobora guhungira ahantu hakanye, ntizimenye n’ingene zambara kugira zikingire. Nimba na ho bahunze bava mu rutoki, boshobora kuba batazi gukoresha ibikoresho vyo mu nzu bigezweho.

9 Amaleta amwamwe arafise intunganyo zo gufasha impunzi kumenyera ubuzima bushasha. Ariko inyuma y’amezi nk’angahe, zoshobora guca zisabwa kwibako. Ico gihe rero, ibintu vyoshobora kubakomerana. Iyumvire nawe kwiga ururimi rushasha, kumenyera amategeko mashasha n’imico mishasha, kwubahiriza umwanya, kuriha amatagisi n’amafagitire, kujana abana kw’ishure no kubatoza indero, ivyo vyose ukabikorera icarimwe! Woba none ushobora gufasha abavukanyi bawe bari mu ngorane nk’izo, ubigiranye ukwihanga n’icubahiro?​—Flp. 2:3, 4.

10. Dushobora gute gukomeza ukwizera kw’impunzi igihe zishitse? (Raba ishusho itangura.)

10 N’ikindi kandi, birashika abategetsi ntiborohereze abavukanyi bacu b’impunzi kwifatanya n’ishengero. Nk’akarorero, hari inzego zateye ubwoba abavukanyi bacu ko zizobima imfashanyo canke ubuhungiro baramutse banse gukora akazi kotuma bataja ku makoraniro. Hariho abavukanyi bagize ubwoba, baca baremera mwene ako kazi. Biraba vyiza rero twihutiye kuja kuraba abavukanyi bacu bakimara gushika. Baba bakeneye kubona ko tubitwararika. Tubagaragarije impuhwe kandi tukabafasha mu buryo ngirakamaro, birashobora gukomeza ukwizera kwabo.​—Imig. 12:25; 17:17.

NUFASHE IMPUNZI MU BURYO NGIRAKAMARO

11. (a) Impunzi ziba zikeneye iki mu ntango? (b) Impunzi zokwerekana gute ko zikenguruka?

11 Mu ntango, twoshobora kuronsa abo bavukanyi ibifungurwa, impuzu canke ibindi vya nkenerwa. * Naho twobaha akantu gatoya nk’ikaruvati, birabakora ku mutima. Ku rundi ruhande, igihe impunzi zigaragaje ko zikenguruka, ntizize zirasaba aka na kariya, biratuma abandi bazifasha banezerewe. Ariko rero iyo impunzi zibeshwaho no gutega amashi, birashobora gutuma zibona umengo zirakengeretse kandi bigatosekaza ubucuti zifitaniye n’abandi bavukanyi. (2 Tes. 3:7-10) Naho ari ukwo, zirakenera gufashwa mu buryo ngirakamaro.

Twofasha gute abavukanyi bacu b’impunzi? (Raba ingingo ya 11-13)

12, 13. (a) Twofasha gute impunzi mu buryo ngirakamaro? (b) Tanga akarorero.

12 Gufasha impunzi ntibisaba amahera menshi. Ahanini bisaba ko tubaha umwanya kandi tukabitwararika. Nk’akarorero, twoshobora gusa kubasigurira ingene bokwiyunguruza, kubereka aho bosumira ibifungurwa vyiza ariko bizimbutse be n’ingene boronka ibikoresho vyo kwiyungunganya, nk’imashini yo kubarira canke ibindi vyobafasha kwisumamwo. N’igihambaye kuruta, twoshobora kubafasha kumenyera ishengero rishasha. Nimba bishoboka, nubunguruze mugiye ku makoraniro. Nubasigurire n’ingene bobigenza mu kubwira inkuru nziza abo mu cibare iwanyu. Nimujane mu ndimiro.

13 Igihe imisore ine y’impunzi yashika mw’ishengero rimwe, abakurambere batandukanye barayigishije kunyonga umuduga, kwandikisha orodinateri, kwandika umwidondoro wo gusaba akazi, hamwe no kugira urutonde rwiza rutuma baronka umwanya wo gukorera Yehova bimwe bishitse. (Gal. 6:10) Bidatevye, bose uko ari bane barabaye abatsimvyi. Ivyo bintu vyose hamwe n’akigoro bagize ko kwitaho ivy’impwemu, vyarabafashije gutera imbere no kwirinda gutwarwa n’isi ya Shetani.

14. (a) Impunzi zikwiye kwirinda iki? (b) Tanga akarorero.

14 Cokimwe n’abandi bakirisu bose, impunzi zirakwiye kwirinda inyosha mbi be n’agatima ko kwiruka inyuma y’ivy’umubiri, kuko vyokwonona ubucuti bafitaniye na Yehova. * Umwe Lije twavuga mu ntango be n’abo bavukana, baribuka icigwa kijanye n’ukwizera se yabahaye, n’igihe nyene bariko barahunga. Bigana bati: “Yagenda arata kimwekimwe mu bintu bidahambaye cane twari dufise. Amaherezo, yasigaranye isakoshi igaragara, aca atubwira yitwengera ati: ‘Murabona? Ivyarimwo si vyo twari dukeneye vy’ukuri!’”​—Soma 1 Timoteyo 6:8.

NIWITWARARIKE KUBARONSA IBIHAMBAYE KURUTA

15, 16. (a) Twofasha gute impunzi mu vy’impwemu? (b) Twoziremesha gute?

15 Naho impunzi zikenera gufashwa mu vy’umubiri, ico zikenera kuruta ni ukuremeshwa no gufashwa mu vy’impwemu. (Mat. 4:4) Abakurambere barashobora kubafasha kuronka ibitabu vyo mu rurimi rwabo kandi bakabahuza n’abavukanyi bazi urwo rurimi. Abahunze benshi usanga baratandukanye n’incuti n’abagenzi, be n’abo mu mashengero yabo. Baba rero bakeneye kwibonera urukundo rwa Yehova n’impuhwe ziwe, biciye ku bakirisu bagenzi babo. Ahandi ho, boshobora kwitura incuti canke abo basangiye ubwenegihugu badasenga Yehova. (1 Kor. 15:33) Igihe rero dutumye bumva ko bisanze mw’ishengero, tuba dukoranye na Yehova mu “[ku]rinda ba kavamahanga.”​—Zab. 146:9.

16 Nka kumwe kwa Yezu n’abavyeyi biwe, impunzi zoshobora kutipfuza gusubira iwabo, igihe ababatoteza bakiri ku butegetsi. Vyongeye nk’uko Lije abivuga, “abavyeyi benshi babonye ingene ababo bafatwa ku nguvu canke bicwa, ntibashobora gucutsa umutima wo gusubiza abana babo mu gihugu baboneyemwo ayo mahano.” Kugira ngo abavukanyi bo mu bihugu vyakiriye impunzi baremeshe abashikiwe n’ayo mabi, barakwiye kubagaragariza ‘impuhwe, kubiyumvamwo, kubagirira ikibabarwe no kwicisha bugufi mu muzirikanyi.’ (1 Pet. 3:8) Abahunze bamwebamwe usanga bikumira kubera agatotezo bagiriwe, bakaba rero boshobora kugira ubuyega bwo kuvuga ingorane baciyemwo, na canecane iyo bari kumwe n’abana babo. Niwibaze rero uti: ‘Iyaba ari jewe, noshima ko bamfata gute?’​—Mat. 7:12.

KUBWIRA INKURU NZIZA IMPUNZI ATARI IVYABONA

17. Inkuru nziza twamamaza iriko iruhurira gute impunzi?

17 Impunzi nyinshi muri iki gihe ziva mu bihugu usanga igikorwa cacu kiburabuzwa. Ariko rero, impunzi ibihumbi n’ibihumbi ziriko zirumva “ijambo ry’ubwami,” bivuye ku Vyabona vya Yehova b’abanyamwete bo mu bihugu vyakiriye izo mpunzi. (Mat. 13:19, 23) “Abaremerewe” benshi bararuhurirwa iyo bitavye amakoraniro yacu, kandi ntibateba kuvuga bati: “Ni ukuri Imana iri kumwe namwe.”​—Mat. 11:28-30; 1 Kor. 14:25.

18, 19. Twogaragaza gute ubukerebutsi igihe tubwira impunzi inkuru nziza?

18 Ababwira impunzi inkuru nziza barakwiye ‘kwiyubara’ no kubona kure. (Mat. 10:16; Imig. 22:3) Nutege yompi ibibaraje ishinga, ariko ntimuyage ivya politike. Nukurikize ubuyobozi butangwa n’ibiro vy’ishami canke abategetsi bo muri ako karere. Niwirinde gushira mu kaga ubuzima bwawe canke ubw’abandi. Nugerageze kumenya no kwubahiriza imico y’impunzi be n’ivyo zemera, uheze wirinde kuzitsitaza. Nk’akarorero, abantu bo mu bihugu bimwebimwe usanga batihanganira ab’igitsina-gore bambara ntibikwize. Igihe rero ugiye kubwira impunzi inkuru nziza, niwambare rupfasoni ntihagire uwo utsitaza.

19 Cokimwe na wa Musamariya w’imbabazi Yezu yavuga, turipfuza gufasha abari mu ngorane, ushizemwo n’abatari Ivyabona. (Luka 10:33-37) Kubabwira inkuru nziza ni co kintu kiruta vyose twokora kugira ngo tubafashe. Umukurambere umwe yafashije impunzi zitari nke, avuga ati: “Tugishikira impunzi, birahambaye ko tuzitomorera yuko turi Ivyabona vya Yehova be n’uko intumbero yacu nyamukuru ari ukubafasha mu vy’Imana, atari mu vy’umubiri. Ahandi ho, hari abokwifatanya natwe bironderera gusa inyungu zabo.”

IVYIZA BIVAMWO

20, 21. (a) Tanga akarorero kerekana ingene kugaragariza impunzi urukundo bivamwo ivyiza. (b) Tuzorimbura iki mu kiganiro gikurikira?

20 Kugaragariza urukundo “ba kavamahanga” bivamwo ivyiza vyinshi. Igihe mushiki wacu yitwa Alganesh wo muri Eritreya yabura umugabo wiwe, yaciye ahitana abana biwe batandatu arahunga uruhamo. Inyuma y’imisi umunani baca mu bugaragwa, bahavuye bashika muri Sudani barushe cane. Avuga ati: “Abavukanyi batwakiriye nk’incuti zishika, baraturonsa ibifungurwa, impuzu, uburaro, baradufasha no kwiyunguruza. Hari abandi none bokwakira mu nzu zabo abo batazi, ngo ni uko gusa basangiye idini? Emwe, nta bandi uretse Ivyabona vya Yehova!”​—Soma Yohani 13:35.

21 Tuvuge iki ku bana bazanana n’abavyeyi babo b’impunzi canke b’abimukira? Mu kiganiro gikurikira, turihweza ingene twese twobafasha gukorera Yehova banezerewe.

^ ing. 2 Muri iki kiganiro, ijambo “impunzi” ryerekeza ku bataye izabo bagahungira mu mahanga canke mu gihugu hagati, bivuye ku ntambara, ku gatotezo canke ku vyago vy’ivyaduka. Ishirahamwe riraba ivy’impunzi (HCR) rivuga ko kw’isi yose, “mu bantu 113 usanga 1 yarateshejwe urwiwe.”

^ ing. 6 Raba ikiganiro kivuga ngo “Ntiwibagire kugaragariza umutima mwiza ba kavantara”, mu Munara w’Inderetsi wo muri Gitugutu 2016, rup. 8-12.

^ ing. 11 Abakurambere bakimara kwumva ko hari impunzi yashitse, barakwiye kwisunga ubuyobozi buri mu gitabu Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba, ikigabane ca 8, ingingo ya 30. Barashobora kwandikira ishami ryabo bakoresheje jw.org, kugira ngo ribafashe guhanahana amakuru n’ishengero iyo mpunzi yavuyemwo. Mu kurindira, barashobora kuyibaza babigiranye ukwiyubara ibijanye n’ishengero yavuyemwo be n’ubusuku bwiwe, kugira ngo bamenye ingene ivyiwe vyifashe mu vy’impwemu.

^ ing. 14 Raba ikiganiro kivuga ngo “Nta wushobora gukorera ba shebuja babiri” be n’ikivuga ngo “Nugire umutima rugabo: Yehova ni umutabazi wawe!” biri mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ndamukiza 2014, rup. 17-26.