Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingene abana “ba kavamahanga” bofashwa

Ingene abana “ba kavamahanga” bofashwa

“Nta kindi mfise contera gukenguruka kiruta ibi bintu: ni uko nokwumva ko abana banje babandanya kugendera mu kuri.”​—3 YOH. 4.

INDIRIMBO: 88, 41

1, 2. (a) Abana benshi b’abimukira bahura n’ingorane iyihe? (b) Muri iki kiganiro turimbura ibibazo ibihe?

UWITWA Joshua yigana ati: “Kuva mu bwana, i muhira no mw’ishengero navuga ururimi rw’abavyeyi banje. Ariko maze gutangura ishure, naciye ntangura kwiyumvamwo ururimi rw’igihugu twimukiyemwo. Mu myaka mikeya, ni rwo nari nsigaye mvuga gusa. Sinari ngitahura ivyavugwa mu makoraniro, kandi sinari nciyumvamwo imico y’abavyeyi banje.” Ivyashikiye Joshua birashikira n’abandi benshi.

2 Muri iki gihe, abantu barenga 240.000.000 baba hanze y’ibihugu vy’amavukiro. Nimba uri umuvyeyi w’umwimukira, ushobora gute gufasha abana bawe mu vy’impwemu kugira ngo “babandany[e] kugendera mu kuri”? (3 Yoh. 4) Mbega hoho, abandi bogira ico bafashije gute?

BAVYEYI, NIMUTANGE AKARORERO KEZA

3, 4. (a) Abavyeyi bashobora gute kubera akarorero keza abana babo? (b) Ni igiki abavyeyi badakwiye kwitega ku bana babo?

3 Bavyeyi, akarorero mutanga karahambaye cane nimba mwipfuza ko abana banyu bagendera mu nzira ijana mu buzima budahera. Abana banyu nibabona “mubanza kurondera ubwami,” bazokwiga guhanga amaso Yehova kugira abaronse ivyo bakenera buri musi. (Mat. 6:33, 34) Ku bw’ivyo rero, nimworoshe ubuzima. Nimushire imbere ivy’Ubwami aho gushira imbere ivy’umubiri. Nimwirinde amadeni. Nimwirundanirize “itunga mw’ijuru,” ni ukuvuga kwemerwa na Yehova, aho kurondera amatunga canke “ubuninahazwa bw’abantu.”​—Soma Mariko 10:21, 22; Yoh. 12:43.

4 Ntimwigere mucurumba muri vyinshi, ku buryo muburira umwanya abana banyu. Nimubabwire ko munezerwa cane iyo bashize imbere Yehova aho kurondera itunga canke icubahiro, baba bavyironderera canke babironderera mwebwe. Nimwirinde kumera nk’ab’iy’isi bitega ko abana babo babaronsa ubuzima bwiza. Nimwibuke iki kintu: “Abana [si] bo babwirizwa kuziganiriza abavyeyi babo, ahubwo abavyeyi ni bo baziganiriza abana babo.”​—2 Kor. 12:14.

BAVYEYI, NIMUTSINDE INGORANE Y’URURIMI

5. Kubera iki abavyeyi bategerezwa kuyaga n’abana babo ivyerekeye Yehova?

5 Nk’uko vyari vyaravuzwe, abantu “bo mu ndimi zose z’amahanga” bariko barisukira mw’ishirahamwe rya Yehova. (Zek. 8:23) Ariko rero ingorane y’ururimi irashobora gutuma bitaborohera kwigisha ukuri abana banyu. Abana banyu ni bo mukwiye kwitwararika cane kwigisha Bibiliya, kandi bamenye Yehova bazoronka ubuzima budahera. (Yoh. 17:3) Kugira ngo bamenye ivyerekeye Yehova, mubwirizwa ‘kubibayagira’ igihe cose bishoboka.​—Soma Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7.

6. Igihe abana bawe bazi ururimi rwawe kavukire, bibafasha gute? (Raba ishusho itangura.)

6 Abana bawe barashobora kwiga ururimi runyamahanga kw’ishure canke mu kibano, ariko ururimi rwawe kavukire ahanini barwiga igihe muyaga kenshi muri rwo. Kumenya urwo rurimi birabafasha guseruriranira nawe akari ku mutima. Ariko rero, kurumenya birimwo n’ibindi vyiza. Igihe abana bazi indimi zitandukanye biratuma bagira ubwenge bubangutse kandi bakayaga n’abantu batandukanye. Birashobora no kubaronsa uturyo two kwagura umurimo. Nk’akarorero, umwigeme yitwa Carolina avuga ati: “Kwifatanya n’ishengero rikoresha ururimi runyamahanga ni ivya mbere. Ntiworaba ingene biryoshe gufasha ahari inkenero kuruta.”

7. Wokora iki nimba mu muryango wanyu hari ingorane y’ururimi?

7 Yamara rero, iyo abana b’abimukira bamaze kwiyumvamwo imico n’ururimi vyo mu mahanga, boshobora kutaba bacipfuza gukoresha ururimi kavukire rw’abavyeyi babo canke mbere bagasigara baruvuga nabinabi. Bavyeyi, nimba bimeze gutyo ku bana banyu, mubona gute mwize amajambo na makeyi y’urwo rurimi runyamahanga? Birashobora kuborohera guha abana banyu indero rukirisu hamwe mwoba mutahura ivyo baganira, ivyo bisamazamwo be n’udukorwa bahabwa kw’ishure, kandi mukaba mushobora kwivuganira n’abigisha babo. Ego ni ko, kwiga ururimi rushasha bisaba umwanya, akigoro, n’ukwicisha bugufi. Ariko none nka hamwe umwana wawe yogira ubumuga bw’ukutumva, ubwo ntiwogerageza kwiga ururimi rw’ibimenyetso kugira ngo muze murayaga? N’umwana akoresha urundi rurimi rero ukwiye kumwitwararika gutyo nyene. *

8. Ushobora gute gufasha abana bawe n’igihe nyene utoba uvuga neza ururimi bavuga?

8 Tuvugishije ukuri, abavyeyi bamwebamwe b’abimukira vyoshobora kubagora kuvuga neza ururimi runyamahanga nk’abana babo. Ivyo rero vyoshobora gutuma batoroherwa no gufasha abana babo gutahura neza “ivyanditswe vyeranda.” (2 Tim. 3:15) Nimba ivyawe bimeze gutyo, ntucike intege. Biracashoboka ko ufasha abana bawe kumenya Yehova no kumukunda. Umukurambere yitwa Shan avuga ati: “Mawe, ari na we muvyeyi twari dusigaranye, ntiyumva neza ururimi jewe na bashikanje twavuga, natwe abana twavuga nabinabi ururimi rwiwe kavukire. Mugabo tubonye ingene yiyigisha, ingene yasenga, n’ingene yakora uko ashoboye kwose kugira ngo ayobore inyigisho y’umuryango buri ndwi, twaciye dutahura ko kumenya Yehova vyari bihambaye.”

9. Abavyeyi bofasha gute abana usanga bakeneye kwiga ivyerekeye Yehova mu ndimi zibiri?

9 Vyoshobora gukenerwa ko abana bamwebamwe biga ivyerekeye Yehova mu ndimi zibiri. Uti kuki? Kubera ko haba hari urwo bakoresha kw’ishure n’urwo bakoresha i muhira. Ku bw’ivyo, hari abavyeyi bakoresha ibitabu, ivyafashwe amajwi be n’amavidewo vyo muri izo ndimi zompi. Birumvikana rero yuko abavyeyi b’abimukira bategerezwa kugira akigoro gakomeye kugira ngo bafashe abana babo gukomeza ubucuti bafitaniye na Yehova.

MWOJA MW’ISHENGERO RIKORESHA URURIMI URUHE?

10. (a) Ni nde akwiye gufata ingingo ku bijanye n’ishengero umuryango wojamwo? (b) Yokora iki imbere yo gufata ingingo?

10 Igihe “ba kavamahanga” baba kure y’ibindi Vyabona basangiye ururimi, baca baja mw’ishengero rikoresha ururimi rw’aho bari. (Zab. 146:9) Ariko rero nimba mu micungararo hari n’ishengero rikoresha ururimi kavukire rw’abavyeyi bawe, haca havyuka iki kibazo: Umuryango wanyu ukwiye kuja mw’ishengero rikoresha uruhe rurimi? Ico gihe, serugo arakwiye kuzirikana cane, agasenga, akongera akagisha inama umukenyezi wiwe n’abana, maze agafata ingingo. (1 Kor. 11:3) None ni ibiki akwiye kwisunga mu gufata iyo ngingo? Ni ingingo ngenderwako izihe zomuyobora? Reka tubirabe.

11, 12. (a) Ururimi rugira ico rukoze gute ku vyo umwana atahura ku makoraniro? (b) Kubera iki hari abana banka kwiga ururimi rw’abavyeyi babo?

11 Abavyeyi barakwiye kurimbura ata kwihenda ivyo abana babo bakeneye. Kugira ngo umwana atahure neza ukuri, arakeneye kwiga n’ibindi uretse ivyo yiga muri arya masaha makeyi y’amakoraniro aba buri ndwi. Rimbura iki kintu: Iyo abana bitavye amakoraniro agirwa mu rurimi batahura, kuba bahari vyonyene birashobora gutuma bamenya ibintu vyinshi, kumbure biruta n’ivyo abavyeyi baba biteze. Ariko si ko vyomera igihe abana badatahura neza ururimi. (Soma 1 Abakorinto 14:9, 11.) Vyongeye, ururimi kavukire rw’umwana rurashobora kutaguma ari rwo yiyumvamwo cane. Nkako, hari abana bashobora kwihata bagatanga insasanuro, ibiganiro canke insiguro mu rurimi rw’abavyeyi babo, mugabo bakaba vy’ukuri badaseruye ivyiyumviro bivuye ku mutima.

12 N’ikindi kandi, ururimi si rwo rwonyene rugira akosho ku mwana. Ivyo ni vyo vyashikiye umwe Joshua twavuga mu ntango. Nk’uko mushikiwe Esther abivuga, “abana batoyi babona ko ururimi rw’abavyeyi babo, imico kama yabo be n’idini ryabo ari ibintu bidatana.” Nimba umwana atiyumvamwo imico kama y’abavyeyi biwe, yoshobora guca yanka ururimi rwabo n’idini ryabo. None abavyeyi b’abimukira bokora iki?

13, 14. (a) Ni igiki catumye abavyeyi bamwe bimurira umuryango wabo mw’ishengero ry’ururimi rwo mu gihugu barimwo? (b) Bakoze iki ngo bagume bakomeye mu vy’impwemu?

13 Abavyeyi barakwiye gushira imbere ivyo abana babo bakeneye mu vy’impwemu, aho gushira imbere ivyo ubwabo bikundira. (1 Kor. 10:24) Se wa Joshua na Esther ari we Samuel, yigana ati: “Twe n’umukenyezi wanje twarihweje abana bacu kugira tumenye ururimi rwobafasha gutera imbere mu vy’impwemu, twongera turasaba Imana ubukerebutsi. Twahavuye dusanga ururimi rwobafasha, twebwe rutatworohereza. Mugabo tumaze kubona ko batungukira cane ku makoraniro yo mu rurimi rwacu, twahisemwo kwimukira mw’ishengero rikoresha ururimi rwo muri ico gihugu. Uko tugize umuryango twaritaba amakoraniro yose, tukaja no mu ndimiro. Vyongeye, twaratumira abagenzi kugira dusangire akajumpu no kugira tujane gutembera. Ivyo vyose vyarafashije abana bacu kumenyana n’abavukanyi, bongera baramenya ko Yehova atari Imana yabo gusa, mugabo kandi ko ari Umuvyeyi wabo n’umugenzi wabo. Ivyo twasanze bihambaye cane kuruta ko bomenya ururimi rwacu.”

14 Samuel yongerako ati: “Kugira ngo jewe n’umukenyezi wanje tugume dukomeye mu vy’impwemu, twaritaba n’amakoraniro yo mu rurimi rwacu. Naho twakora tukaruha, turashimira Yehova kubona yarahezagiye inguvu n’akigoro twakoresheje. Abana bacu bose uko ari batatu, bari mu murimo w’igihe cose.”

ICO ABAKIRI BATO BOKORA

15. Kubera iki Kristina yabonye ko vyari kumugendera neza agiye mw’ishengero ry’ururimi rwo mu gihugu babamwo?

15 Abana bakuze boshobora kubona ko borushiriza gusukurira Yehova bari mw’ishengero ry’ururimi bazi neza. Nimba ari uko biri, abavyeyi babo ntibakwiye kwiyumvira yuko abana babo babateye akagere. Uwitwa Kristina yigana ati: “Sinari nzi neza ururimi rw’abavyeyi banje. Tugeze mu makoraniro hoho naca ntakara rwose. Igihe nari mfise imyaka 12, naritavye ihwaniro ryo mu rurimi twakoresha kw’ishure. Erega bwari bwo bwa mbere ntahura ko ivyo nariko ndumva ari ukuri. Ikindi cahinduye uko nabona ibintu, cabaye igihe natangura gusenga muri urwo rurimi. Emwe, nabwira Yehova ibivuye ku mutima!” (Ivyak. 2:11, 41) Igihe Kristina yashika mu bigero, yaraganiriye n’abavyeyi biwe ivy’ico kibazo, maze aca ahitamwo kwimukira mw’ishengero rikoresha nya rurimi. Avuga ati: “Kwiga ivyerekeye Yehova mu rurimi twakoresha kw’ishure vyatumye mfata ingingo.” Bidatevye, Kristina yarabaye umutsimvyi asanzwe kandi arahimbawe cane.

16. Kubera iki Nadia yahimbawe no kuguma mw’ishengero rikoresha ururimi rw’abavyeyi biwe?

16 Yemwe bakiri bato, mwoba mubona ko vyoba vyiza mugiye mw’ishengero ry’ururimi rwo mu gihugu mwimukiyemwo? Nimba ari ko biri, nimwibaze igituma mushaka kujayo. None kwimukira muri iryo shengero, vyoba bizotuma murushiriza kwiyegereza Yehova? (Yak. 4:8) Ubwo ntimwoba mubitumwa n’uko mutipfuza ko abavyeyi babagumizako ijisho canke n’uko mudashaka kugira akigoro? Uwitwa Nadia ubu akorera kuri Beteli, avuga ati: “Igihe jewe n’abo tuvukana twagera mu buyabaga, twaripfuje kwimukira mw’ishengero ry’ururimi rwo mu gihugu twabamwo.” Mugabo abavyeyi biwe bari bazi yuko kwimukira muri iryo shengero bitofashije abana babo mu vy’impwemu. Abandanya ati: “Ubu turashima cane kubona abavyeyi bacu baritaye ku rutare kugira ngo batwigishe ururimi kavukire rwabo, bigatuma tuguma mw’ishengero rikoresha nya rurimi. Vyaratwunguye cane mu buzima, vyongera biraturonsa uturyo twinshi two gufasha abandi kumenya Yehova.”

INGENE ABANDI BOFASHA

17. (a) Ni bande Yehova yashinze ibanga ryo kurera abana? (b) Abavyeyi boronka gute imfashanyo mu bijanye no kwigisha ukuri abana babo?

17 Abavyeyi ni bo Yehova yashinze ibanga ryo kwigisha ukuri abana babo. Ntiyarishinze ba sekuru na ba inakuru, canke uwundi muntu n’umwe. (Soma Imigani 1:8; 31:10, 27, 28.) Ariko rero, abavyeyi batazi ururimi abana babo bavuga boshobora gukenera uwubafasha kugira ngo bashikire umutima w’abana babo. Ivyo ntibiba bisobanura ko bahevye ibanga ryo gufasha abana babo mu vy’impwemu. Ahubwo nyabuna baba bashaka ko batozwa indero “mu kuyobora ivyiyumviro vyabo nk’uko Yehova yashinze.” (Ef. 6:4) Nk’akarorero, abavyeyi boshobora gusaba abakurambere ngo babagire inama y’ingene boyobora ugusenga kwo mu muryango canke ingene bofasha abana babo kuronka abagenzi beza.

Abana n’abavyeyi barungukira ku kwifatanya n’ishengero (Raba ingingo ya 18, 19)

18, 19. (a) Abakirisu bakomeye mu vy’impwemu bashobora gute gufasha abakiri bato? (b) Abavyeyi bategerezwa kuguma bakora iki?

18 Nk’akarorero, rimwe na rimwe abavyeyi botumira iyindi miryango kugira ngo yifatanye na bo mu gusenga kwo mu muryango. Vyongeye, abakiri bato benshi barungukira cane ku bandi bakirisu bakomeye mu vy’impwemu, nk’akarorero igihe bajana mu ndimiro canke igihe biruhurira hamwe mu buryo bwiza. (Imig. 27:17) Umwe Shan twavuga, agira ati: “Ndacibuka neza abavukanyi bambaye hafi. Igihe cose baba bamfashije gutegura ibiganiro nashikiriza mu makoraniro, narahigira vyinshi. Vyongeye, narakunda cane ibiringo twahurira hamwe tukinezereza.”

19 Ariko rero, abo abavyeyi bitura ngo bafashe abana babo bakwiye kwama baremesha nya bana kwubaha abavyeyi babo. Abatanga iyo mfashanyo bobigira mu kuvuga neza abo bavyeyi no mu kutavogera ibanga ryabo rya kivyeyi. Vyongeye, barakwiye kwirinda inyifato yose yotera amakenga abo mw’ishengero canke hanze y’ishengero. (1 Pet. 2:12) Naho abavyeyi bokwitura abandi ngo babafashe, ibanga ryo kwigisha ukuri abana babo riguma ari rwabo. Bategerezwa rero gukurikirana ingene abo bituye bafasha abana babo.

20. Abavyeyi bofasha gute abana babo kugira ngo bacike abasavyi ba Yehova babushitse?

20 Bavyeyi, nimwiture Yehova abafashe, ariko namwe mugire akigoro kose gashoboka. (Soma 2 Ngoma 15:7.) Nimushire imbere ubucuti umwana wanyu afitaniye na Yehova, aho gushira imbere ivyo mwikundira. Nimukore ivyo mushoboye vyose kugira ngo Ijambo ry’Imana rishikire umutima w’umwana wanyu. Ntimwigere mwiyumvira ko umwana wanyu adashobora kuba umusavyi wa Yehova ahagaze neza. Abana banyu nibakurikiza Ijambo ry’Imana be n’akarorero keza mutanga, muzokwumva mumerewe nk’intumwa Yohani, uwavuze ku bijanye n’abana biwe bo mu buryo bw’impwemu, ati: “Nta kindi mfise contera gukenguruka kiruta ibi bintu: ni uko nokwumva ko abana banje babandanya kugendera mu kuri.”​—3 Yoh. 4.

^ ing. 7 Raba ikiganiro kivuga ngo “Urashobora kwiga urundi rurimi!”, muri Be maso! (mu gifaransa) yo muri Ntwarante 2007, rup. 10-12.