Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Urankunda kurusha izi?”

“Urankunda kurusha izi?”

“Simoni mwene Yohani, urankunda kurusha izi?”​—YOH. 21:15.

INDIRIMBO: 128, 45

1, 2. Petero amaze kumara ijoro ryose ariko araroba, vyahavuye bigenda gute?

ABIGISHWA indwi ba Yezu bari bamaze ijoro ryose baroba mu Kiyaga ca Galilaya, mugabo ntibaronka n’iy’umuti. Yezu yarabitegereje ahagaze kw’isesero ry’ico kiyaga, aca ababwira ati: “‘Terere urusenga i buryo bw’ubwato, muraronka.’” Baciye baruterera, “mugabo ntibaba bagishobora kurukwega kubera ko ifi zari indiri.”​—Yoh. 21:1-6.

2 Yezu amaze kubaha udufungurwa two kwitanga umusase, yarahindukiye araba Petero maze amubaza ati: “Simoni mwene Yohani, urankunda kurusha izi?” None aho Yezu yariko yerekeza ku ki? Mu bisanzwe Petero yarakunda kuroba. Biboneka rero ko Yezu yariko aramubaza ico yiyumvamwo kuruta. Yoba yariyumvamwo cane amafi n’umwuga wo kuroba kuruta uko yiyumvamwo Yezu n’inyigisho ziwe? Petero yamwishuye ati: “Egome, Mukama, urazi yuko nkwiyumvamwo.” (Yoh. 21:15) Emwe, Petero yarashize mu ngiro ayo majambo. Kuva ico gihe, yarerekanye ko akunda Kristu mu kwitanga cane mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa, araba n’inkingi y’ishengero rya gikirisu ryo mu kinjana ca mbere.

3. Abakirisu bakwiye kwiyubara ku biki?

3 None ivyo Yezu yabwiye Petero twobikuramwo icigwa ikihe? Turakwiye kwiyubara kugira ngo urwo dukunda Kristu ntirugabanuke, bigatuma tudashira imbere ivyungura Ubwami. Yezu yari azi neza ukuntu amaganya y’iki gihe yotumye abantu bata umutwe. Muri wa mugani w’umubivyi, Yezu yavuze yuko hari abokwarikiye “ijambo ry’ubwami” kandi mu ntango bakagira umwete, mugabo mu nyuma “amaganya y’ivy’iki gihe be n’ububasha buhendana bw’ubutunzi bikanyoha iryo jambo.” (Mat. 13:19-22; Mrk. 4:19) Nkako, tutabaye maso, imyitwarariko ya buri musi yoshobora kuremera umutima wacu, bigatuma dusubira inyuma mu vy’impwemu. Ni co gituma Yezu yaburiye abigishwa biwe ati: “Mwiyubare ubwanyu kugira ngo imitima yanyu ntiyigere iremerwa n’ukurira agahokero n’ukunywa birenze urugero be n’amaganya y’ubuzima.”​—Luka 21:34.

4. Twokwisuzuma gute kugira ngo tumenye ingene urwo dukunda Kristu rungana? (Raba ishusho itangura.)

4 Nk’ukwo kwa Petero, twerekana ko dukunda Kristu mu gushira imbere igikorwa yadushinze. Twokora iki none kugira ngo twiyemeze neza ko tubandanya kubigira? Turakwiye kuza turibaza duti: ‘Ni igiki niyumvamwo cane? Noba mpimbarwa cane no gukora ibikorwa vy’umubiri kuruta ivy’impwemu?’ Nimuze twihweze ibintu bitatu bishobora kubangamira urukundo dukunda Kristu, hamwe tutobigumiza mu kibanza cavyo. Ivyo na ni akazi k’umubiri, ukwinezereza be n’ibintu vy’umubiri.

IKIBANZA DUKWIYE GUHA AKAZI K’UMUBIRI

5. Imana yashinze ba serugo ibanga irihe?

Petero ntiyaroba kugira ngo yinezereze, ahubwo ni wo mwuga wari umutunze. Muri iki gihe, ba serugo barazi yuko Imana yabajeje ibanga ryo kuronsa imiryango yabo ivyo ikeneye mu vy’umubiri. (1 Tim. 5:8) Kugira ngo bashitse iryo banga, bategerezwa kubira akuya. Ariko rero muri iyi misi ya nyuma, akenshi usanga akazi gatesha umutwe.

6. Kubera iki muri iki gihe usanga akazi gatesha umutwe?

6 Kuronka akazi usanga bitoroshe, kubera ko karonderwa na benshi. Ivyo bituma abakaronse bemera gukora amasaha yiyongereye, naho boba bahembwa make. Vyongeye, kubera ko abakoresha baba bipfuza kugwiza umwimbu, barakoresha rwose abakozi babo ku buryo baruha cane ku mubiri no mu bwenge, kandi ntibatekane ku mutima. Abanka gukora gutyo, usanga bahakwa kwirukanwa mu kazi.

7, 8. (a) Ni nde aza imbere mu buzima bwacu? (b) Ni icigwa gihambaye ikihe umuvukanyi umwe wo muri Tayilande yize ku bijanye n’akazi yakora?

7 Kuri twebwe abakirisu, Yehova ni we aza imbere, si abakoresha bacu. (Luka 10:27) Akazi k’umubiri kadufasha gusa kwibeshaho. Dukora kugira ngo turonke ivyo dukenera ku mubiri no kugira ngo dushigikire igikorwa ca Yehova. Ariko rero tutabaye maso, akazi k’umubiri koshobora kubangamira ugusenga kwacu. Nk’akarorero, hari umuvukanyi wo muri Tayilande yavuze ati: “Narakunda cane akazi nakora ko gukwamura ama orodinateri, mugabo karantwara umwanya munini cane. Ivyo vyatuma nsigarana umwanya w’ivy’impwemu muto cane ubaho. Nahavuye mbona ko nkwiye guhindura akazi kugira ngo nshire imbere ivy’Ubwami.” None yokoze iki?

8 Asigura ati: “Haciye nk’umwaka ndabizirikanako, naciye mfata ingingo yo kudandariza mw’ibarabara utuntu dusosa tumeze nk’ibarafu (crème glacée). Mu ntango, naracitse intege kuko ninjiza amahera make cane. Abo twahoze dukorana bambonye baratwenga, bakambaza igituma nahisemwo gucuruza utwo tuntu aho gukora ama orodinateri nibereye mu nzu irimwo ivyuma bitanga akayaga. Narasenze Yehova ndamusaba ngo amfashe kwihangana no gushika kw’ihangiro ryanje ryo kuronka umwanya munini wo gukora ivy’impwemu. Ibintu ntivyatevye kugenda neza. Nahavuye menya ivyaryohera abakiriya banje, hanyuma nsigara ndi umuhinga mu vyo gukora utwo tuntu. Kuva ico gihe, buri musi nta na kamwe nasubirana i muhira. Amahera naronka yararuta kure n’iyo ayo naronka ngikora ama orodinateri. Ubu ndahimbawe cane kubera ko ntagifise imyitwarariko n’amaganya nk’ivyo nari mfise mu kazi nahoze nkora. N’igihambaye kuruta, ndumva ko narushirije kwiyegereza Yehova.”​—Soma Matayo 5:3, 6.

9. Twokora iki kugira ngo tumenye nimba akazi k’umubiri tugashira mu kibanza kibereye?

9 Kugira umwete ni vyiza, kandi gukora cane biravamwo inyungu. (Imig. 12:14) Ariko rero nk’uko wa muvukanyi twavuga yavyiboneye, akazi k’umubiri ntigakwiye kuja imbere y’’ivy’impwemu. Yezu yavuze ati: “Gume rero mubanza kurondera ubwami n’ubugororotsi bw’Imana, ivyo bindi vyose na vyo [ivyo dukenera ku mubiri] muzovyongerwa.” (Mat. 6:33) Kugira ngo tumenye nimba ivy’umubiri tubishira mu kibanza kibereye, turakwiye kwibaza duti: ‘Noba nkunda cane akazi kanje k’umubiri, ariko ivy’impwemu nkabona ko ari ibisanzwe?’ Kuzirikana ukuntu tubona akazi kacu k’umubiri tukagereranije n’ivy’impwemu, birashobora kudufasha kumenya ico twiyumvamwo cane muri ivyo bibiri.

10. Ni icigwa gihambaye ikihe Yezu yatanze ku bijanye n’ivyo dukwiye gushira imbere?

10 Yezu yarerekanye ico dukwiye gushira imbere. Igihe kimwe, yaragendeye Mariya na mwenewabo Marita. Marita yaciye anyaragasa gutegura ibifungurwa, Mariya wewe ahitamwo kwicara imbere y’ibirenge vya Yezu kugira ngo amwumvirize. Igihe Marita yidoga yuko Mariya yamutanye ibikorwa, Yezu yaciye abwira Marita ati: “Mariya we yahisemwo umugabane mwiza, kandi ntazowakwa.” (Luka 10:38-42) Yezu yari ahaye Marita icigwa gihambaye. Kugira ngo tugaragaze urwo dukunda Kristu aho gusamazwa n’ibintu vy’umubiri, tubwirizwa kubandanya guhitamwo “umugabane mwiza,” ni ukuvuga gushira imbere ivy’impwemu.

INGENE DUKWIYE KUBONA UKWINEZEREZA N’UKWIRUHURA

11. Ivyanditswe bivuga iki ku bijanye no kuruhuka be no kuryoherwa?

11 Rimwe na rimwe, turakenera kwiruhura no kunezererwa ivyo twabiriye akuya. Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Ku muntu, nta ciza kihari kuruta ko yorya, emwe, akanywa, agatuma umutima wiwe ubona iciza kubera igikorwa ciwe c’ubutame.” (Umus. 2:24) Yezu yari azi ko bishika umuntu agakenera kuruhuka. Umusi umwe, we n’abigishwa biwe bari bavuye mu gikorwa co kwamamaza barushe cane, maze ababwira ati: “Nimuze, mwebwe mwenyene, ahiherereye mu gahinga muruhuke gatoya.”​—Mrk. 6:31, 32.

12. Kubera iki dukwiye kuba maso ku bijanye no kwisamaza be no kuryoherwa? Tanga akarorero.

12 Mu vy’ukuri, kwinezereza no kwiruhura biri n’akamaro. Ariko rero tutabaye maso, twoshobora gusanga kwinezereza ari vyo dusigaye dushira imbere. Mu kinjana ca mbere, benshi wasanga bivugira ngo “twirire twinywere, kuko ejo tuzopfa.” (1 Kor. 15:32) No muri iki gihe, ni ko vyifashe mu mihingo itandukanye y’isi. Nk’akarorero mu myaka iheze, hari umusore w’i Buraya yatanguye kwitaba amakoraniro. Ariko rero yaratwawe n’ivyo kwisamaza, ku buryo yahavuye aheba kwifatanya n’abasavyi ba Yehova. Mu nyuma, yarabonye ko gushira imbere ivyo kwisamaza vyamukwegeye ingorane gusa no kuvunika umutima. Yaciye asubira kwiga Bibiliya, mu nyuma araba umwamamaji. Amaze kubatizwa, yavuze ati: “Ikintu conyene nicuza ni uko natakaje umwanya munini imbere yo gutahura ko gukorera Yehova bizana umunezero mwinshi kuruta kwiruka inyuma y’ibinezereza vy’iyi si.”

13. (a) Tanga akarorero kerekana ingene kwinezereza no kwiruhura birenze urugero bishobora guteza akaga. (b) Twomenya gute ko tutarenza urugero mu vyo kwinezereza no kwiruhura?

13 Intumbero yo kwisamaza ni ukugira ngo twiruhure, maze tugarure agatege. None dukwiye gukoresha umwanya ungana gute muri ivyo? Zirikana kuri aka karorero: Abenshi iyo bahejeje gufungura, barakunda guca barenzako utuntu dusosa, nk’akarorero igato. Mugabo turazi ko kurya cane ibintu bisosa bishobora kubangamira amagara yacu. Ni co gituma ahanini twihereza ibifungurwa birimwo intungamagara. Muri ubwo buryo nyene, kwinezereza no kwiruhura birenze urugero birashobora kubangamira amagara yacu mu vy’impwemu. Kugira ngo twirinde iyo ngorane, turakwiye kwama dukora ibikorwa vy’Ubwami. None twomenya gute ko tutarenza urugero mu vyo kwiruhura? Twoshobora guhitamwo indwi kanaka, tukaza turandika amasaha tumara mu bikorwa vy’impwemu, nk’amakoraniro, indimiro, kwiyigisha Bibiliya canke kwigisha umuryango wacu. Twoshobora rero guca tuyagereranya n’ayo twakoresheje muri iyo ndwi nyene mu vyo kwisamaza, nko mu kwinonora imitsi, gukina udukino dutandukanye, kuraba televiziyo canke gukina udukino twa videwo. None uyagereranije ubona iki? Woba ukeneye kugabanya amasaha umara mu vyo kwisamaza?​—Soma Abanyefeso 5:15, 16.

14. Twokwisunga iki mu guhitamwo uburyo bwo kwinezereza no kwiruhura?

14 Umwe wese arafise uburenganzira bwo kwihitiramwo uburyo bwo kwiruhura, bukire gusa kuba buhuje n’ingingo ngenderwako za Yehova. Ba serugo barashobora guhitamwo ingene imiryango yabo yokwiruhura. * Kwiruhura mu buryo bwiza ni “ingabirano y’Imana.” (Umus. 3:12, 13) Ni ivy’ukuri ko umwe wese ashobora guhitamwo ibitandukanye n’ivy’uwundi. (Gal. 6:4, 5) Ariko rero uburyo bwo kwisamaza bwose twohitamwo, twipfuza ko butovogera ivy’impwemu. Yezu yavuze ati: “Aho itunga ryawe riri, ni ho n’umutima wawe uzoba.” (Mat. 6:21) Nimba rero dukunda Yezu, ivyo twiyumvira, ivyo tuvuga be n’ivyo dukora bizogaragaza ko ivy’Ubwami ari vyo dushira imbere y’ibindi vyose.​—Flp. 1:9, 10.

TWIRINDE GUHAHAMIRA AMARONKO

15, 16. (a) Umukirisu yomenya gute ko yoba ariko aragwa mu mutego wo guhahamira amaronko? (b) Yezu yatanze impanuro iyihe ku bijanye n’ibintu vy’umubiri?

15 Abantu benshi muri iki gihe usanga batwarwa umutima n’imideri igezweho, ivyuma vyo mu buhinga bwa none, n’ibindi n’ibindi. Vyoba vyiza rero buri mukirisu agiye arisuzuma mu kwibaza ati: ‘Noba nsigaye mbona ko ibintu vy’umubiri bihambaye cane, ku buryo umwanya mara ngira ubushakashatsi ndondera imiduga canke imideri igezweho, uruta uwo mara ntegura amakoraniro y’ishengero? Noba nsigaye ntwarwa cane n’ibikorwa vyo mu buzima bwa misi yose, ku buryo ntakironka umwanya ukwiye wo gusenga no gusoma Bibiliya?’ Tubonye rero yuko dusigaye dukunda ibintu vy’umubiri kuruta uko dukunda Kristu, turakwiye kuzirikana ku majambo Yezu yavuze agira ati: “Mwirinde ubwoko bwose bw’umwina.” (Luka 12:15) Kubera iki none Yezu yatanze iyo ngabisho ikomeye?

16 Yezu yavuze ko “[ata] woshobora gushumbira ba shebuja babiri.” Yongeyeko ati: “Ntimushobora gushumbira Imana n’Ubutunzi.” Uti kubera iki? Kubera ko Imana isaba yuko tuyihebera, n’Ubutunzi bugashaka ko tubwihebera. Ku bijanye n’uwogerageza gushumbira “ba shebuja” babiri, Yezu yavuze ati: “Azokwanka umwe akunde uwundi, canke azokwumira kuri umwe asuzugure uwundi.” (Mat. 6:24) Kubera ko tudatunganye, twese turakwiye kuguma turwanya “ivyipfuzo vy’umubiri wacu,” ushizemwo n’agatima k’amaronko.​—Ef. 2:3.

17. (a) Kubera iki abashira imbere ivyipfuzo vy’umubiri usanga bibagora kugira uburimbane mu bintu vy’umubiri? (b) Ni igiki codufasha kurwanya agatima k’amaronko?

17 Abashira imbere ivyipfuzo vy’umubiri usanga bibagora kugira uburimbane mu bintu vy’umubiri. Uti kuki? Kubera ko bataba bakibona agaciro k’ivy’impwemu. (Soma 1 Abakorinto 2:14.) Kubera ko ububasha bwabo bwo gutegera buba butagikora neza, bica bibagora cane gutandukanya iciza n’ikibi. (Heb. 5:11-14) Ivyo bituma bamwe muri bo baguma bahahamira amaronko, bakaguma ari ba sehuzana. (Umus. 5:10) Igishimishije ni uko hariho icodufasha kwirinda ako gatima, na co akaba ari ukwama dusoma Ijambo ry’Imana Bibiliya. (1 Pet. 2:2) Kuzirikana kw’ijambo ry’Imana vyarafashije Yezu kwamirira kure inyosha mbi. Na twebwe nyene nitwashira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, tuzoshobora kurwanya agatima k’amaronko. (Mat. 4:8-10) Tubigenjeje gutyo, tuzoba tweretse Yezu ko tumukunda kuruta uko dukunda ibintu vy’umubiri.

Ni ibiki ushira imbere mu buzima? (Raba ingingo ya 18)

18. Wiyemeje gukora iki?

18 Igihe Yezu yabaza Petero ngo “Urankunda kurusha izi?” yariko amwibutsa ko akwiye gushira imbere ivy’impwemu mu buzima bwiwe. Izina Petero risobanura ngo “Igitandara.” Nkako, Petero yaragendeye iryo zina, kuko yagaragaje kamere zikomeye nk’igitandara. (Ivyak. 4:5-20) Na twebwe nyene, urukundo dukunda Kristu rurakwiye kutanyiganyiga. Ivyo twobishikako mu kutareka ngo akazi k’umubiri, ukwiruhura be n’ibintu vy’umubiri ngo bize imbere y’ivy’impwemu. Ese amahitamwo tugira yogaragaza ko tubona ibintu nka Petero, uwabwiye Yezu ati: “Mukama, urazi yuko nkwiyumvamwo.”

^ ing. 14 Raba ikiganiro kivuga ngo “Ukuntu wiruhura vyoba bikugirira akamaro?” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Gitugutu 2011, rup. 9-12, ing. 6-15.