Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingene Gayo yafashije abavukanyi

Ingene Gayo yafashije abavukanyi

GAYO be n’abandi bakirisu bo mu mpera z’ikinjana ca mbere barahuye n’ingorane. Hari abantu bariko barakwiragiza inyigisho z’ibinyoma bagerageje kujuragiza amashengero no kuyacamwo ibice. (1 Yoh. 2:18, 19; 2 Yoh. 7) Uwitwa Diyotirefe yaravugavuga intumwa Yohani be n’abandi mu “majambo y’ububisha,” akanka kwakira abakirisu b’ingenzi, akagerageza no kujijura abandi ngo bigane ingendo yiwe mbi. (3 Yoh. 9, 10) Ukwo ni ko ibintu vyari vyifashe igihe Yohani yandikira ikete Gayo. Yohani yaryanditse nko mu 98 inyuma ya Kristu, rikaba riri mu Vyanditswe vy’ikigiriki. Ryitwa “Ikete rya gatatu rya Yohani.”

Naho Gayo yaciye muri izo ngorane, yarabandanije gukorera Yehova adahemuka. None yerekanye gute ko yari umwizigirwa? Kubera iki twokwigana akarorero kiwe muri iki gihe? Ikete rya Yohani rishobora gute kubidufashamwo?

IKETE RYANDIKIWE UMUGENZI

Uwanditse ikete rya gatutu rya Yohani avuga ko ari “umugabo w’inararibonye.” Ico conyene cari gikwiye kugira ngo umwana wiwe wo mu vy’impwemu Gayo amenye ko ryanditswe n’intumwa Yohani. Yohani yise Gayo ngo “umukundwa, uwo nkunda vy’ukuri.” Yohani yaciye avuga ko yari yizigiye yuko amagara ya Gayo yifashe neza, nk’uko nyene yari afise amagara meza mu vy’impwemu. Umve nawe ukuntu yamukunda kandi akamwipfuriza ineza!​—3 Yoh. 1, 2, 4.

Gayo ashobora kuba yari umucungezi mw’ishengero, mugabo iryo kete ntiribidomako. Yohani yarakeje Gayo kubona yarakira abavukanyi naho yaba atabazi. Yabona rero ko ico cari ikimenyetso c’uko Gayo ari umwizigirwa, kubera ko kwakira abashitsi ari ikintu camye kiranga abasavyi b’Imana.​—Ita. 18:1-8; 1 Tim. 3:2; 3 Yoh. 5.

Kubona Yohani yarashimye ingene Gayo yakira abavukanyi, birerekana yuko hari abakirisu bagendera amashengero bavuye aho Yohani yaba. Vyongeye, biboneka ko izo ngenzi ziganira Yohani ingene zaba zasanze ibintu vyifashe. Kumbure ukwo ni ko Yohani yaronka amakuru yerekeye amashengero.

Nta gukeka ko abo bakirisu b’ingenzi bahimbarwa no gushikira mu ngo z’abavukanyi. Inzu z’ingenzi wasanga zizwi nabi cane, zitakira neza abantu kandi zigakorerwamwo ubuhumbu. Igihe cose bishoboka rero, ingenzi ziyubara wasanga zaka indaro abagenzi, abavukanyi na bo bakaka indaro abakirisu bagenzi babo.

“BAGIRA URUGENDO . . . KU BW’IZINA RYAYO”

Yohani yaremesheje Gayo ngo yongere kugaragariza ubwakiranyi abavukanyi b’ingenzi. Yamubwiye ati: “Ubarungike mu rugendo rwabo mu buryo bubereye Imana.” Ukwo kurungika abashitsi vyasobanura kubaronsa ivyo bokeneye vyose ku rugendo, gushika bashitse iyo baba bagiye. Biboneka ko Gayo yari asanzwe abigirira ingenzi, kuko zari zariganiye Yohani ingene Gayo yagaragariza abashitsi urukundo n’ukwizera.​—3 Yoh. 3, 6.

Abo bashitsi bashobora kuba bari abamisiyonari canke abo Yohani yarungika, canke abacungezi b’ingenzi. Uko biri kwose, bagira ingendo ku bw’inkuru nziza. Yohani yavuze ko “icatumye bagira urugendo ari ku bw’izina ryayo.” (3 Yoh. 7) Ku murongo w’imbere y’uwo, Yohani yari yavuze ivyereke Imana. Mu kuvuga rero ngo “ku bw’izina ryayo,” yashaka kuvuga izina rya Yehova. Abo bashitsi rero bari abo mw’ishengero rya gikirisu kandi bari babereye kwakiranwa igishika. Ni na vyo Yohani yanditse ati: “Tubwirizwa rero kwakira neza mwene abo bantu, kugira ngo tube abakozi bakorana mu kuri.”​—3 Yoh. 8.

IKETE RYAMUFASHIJE GUHANGANA N’INGORANE

Yohani ntiyandikiye Gayo kugira ngo amukeze gusa. Yashaka no kumufasha guhangana n’ingorane ikomeye yariho ico gihe. Umwe mu bagize ishengero yitwa Diyotirefe ntiyipfuza kwakira abakirisu b’ingenzi, kandi nta wuzi icabituma. Mbere yaragerageza no kubuza abandi kugaragaza ubwakiranyi.​—3 Yoh. 9, 10.

Nta gukeka ko abakirisu b’abizigirwa batipfuza gushikira kwa Diyotirefe, naho vyari kuba bishoboka. Yari umuntu akunda kugira ikibanza ca mbere mw’ishengero. Nta kintu na kimwe kivuye kuri Yohani yakirana icubahiro, kandi yaravuga nabi intumwa be n’abandi. Naho Yohani atigeze avuga ko Diyotirefe ari umwigisha w’ikinyoma, yararwanya ubukuru bw’intumwa. Ukwo kuntu Diyotirefe yahahamira ubukuru kandi ntiyigenze nk’umukirisu nyakuri, vyatuma aba umuntu ateye amakenga. Iyo nkuru ya Diyotirefe irerekana ko abantu bahahamira ubukuru be n’abanyabwibone bashobora gutuma ishengero ryicamwo ibice. Ni co gituma Yohani yabwiye Gayo ati: “Ntiwigane ikibi.” Iyo mpanuro iraturaba twese.​—3 Yoh. 11.

IMVO IKWIYE GUTUMA DUKORA ICIZA

Uwitwa Demetiriyo wewe yari atandukanye na Diyotirefe, kuko Yohani yavuze ko yatanze akarorero keza. Yavuze ati: “Demetiriyo yarashingiwe intahe na bose . . . Nkako, na twebwe turashinga intahe, kandi urazi yuko intahe dushinga ari iy’ukuri.” (3 Yoh. 12) Vyoshoboka ko Demetiriyo yari akeneye gufashwa na Gayo. Muri iryo kete rya gatatu, Yohani ashobora kuba yarabwiye Gayo ivyerekeye Demetiriyo be n’ivyo yomufashijemwo. Birashoboka ko Demetiriyo ari we nyene yashiriye Gayo iryo kete. Kubera ko Demetiriyo yari yatumwe na Yohani, canke kumbure akaba yari umucungezi w’ingenzi, ashobora kuba yaratanze umuco ku vyo Yohani yari yanditse.

Kubera iki none Yohani yahimirije Gayo kubandanya agaragaza ubwakiranyi, kandi yari asanzwe abigira? Yohani yoba yabona ko akwiye kuremesha Gayo kuguma afise umutima rugabo? Yoba yariyumvira ko Gayo yohavuye atinya, kubera ko Diyotirefe yariko agerageza guta hanze y’ishengero abakirisu b’abakiranyi? Uko vyoba vyari biri kwose, Yohani yarahumurije Gayo ati: “Uwukora iciza akomoka ku Mana.” (3 Yoh. 11) Iyo ni imvo ikwiye gutuma dukora iciza kandi tukaguma tugikora.

Ikete Yohani yanditse ryoba ryaratumye Gayo abandanya kuba umwakiranyi? Kuba ryarazigamwe mu rutonde rw’ibitabu vyemewe bigize Bibiliya, rikaba kandi ryarahanahanywe kugira riremeshe n’abandi ‘kwigana iciza,’ vyerekana yuko yagumye ari umwakiranyi.

IVYIGWA DUKURA MURI IRYO KETE

Nta bindi vyinshi tuzi kuri uwo muvukanyi wacu wa kera Gayo twikundira. Naho ari ukwo, uwo mwihwezo mugufi w’ubuzima bwiwe turashobora kuwukuramwo ivyigwa bitari bike.

‘Twokurikira gute inzira y’ubwakiranyi’?

Ubwa mbere, abenshi muri twebwe birashoboka ko bamenye ukuri biciye ku bakirisu b’abizigirwa bemeye gufata ingendo kugira ngo batumenyeshe ukwo kuri. Ego ni ko, ntitwovuga ko muri iki gihe abo mw’ishengero rya gikirisu bose bagira ingendo ndende ku bw’inkuru nziza. Ariko rero cokimwe na Gayo, turashobora gushigikira no kuremesha abagira izo ngendo, nk’akarorero umucungezi w’umuzunguruko n’umukenyezi wiwe. Canke na ho twoshobora gushigikira mu buryo bumwe canke ubundi, abavukanyi na bashiki bacu bimukira mu tundi turere two mu gihugu cabo canke mbere mu mahanga, kugira bakorere ahakenewe cane abamamaji b’Ubwami. Nimuze rero “[d]ukurikire inzira y’ubwakiranyi.”​—Rom. 12:13; 1 Tim. 5:9, 10.

Ubwa kabiri, ntitwotangara bishitse mw’ishengero hakaduka abarwanya ubukuru muri iki gihe. Ubukuru Yohani yari afise bwararwanijwe, kandi n’intumwa Paulo vyagenze ukwo nyene. (2 Kor. 10:7-12; 12:11-13) None twovyifatamwo gute bishitse mw’ishengero hakaduka ibintu nk’ivyo? Paulo yahanuye Timoteyo ati: “Umushumba w’Umukama ntabwirizwa kurwana, ahubwo abwirizwa kuba umuntu yengenga kuri bose, ashoboye kwigisha, akaguma yiyumanganije mu mibabaro, akigisha mu bwitonzi abafise agatima katabereye.” Iyo tugumye dutekanye mbere n’igihe dusomborokejwe, abatuvuga nabi bamwebamwe boshobora kugenda barahindura agatima bafise. Yehova na we yoshobora guca “[a]baha ukwigaya gushikana ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri.”​—2 Tim. 2:24, 25.

Ubwa gatatu, igihe abo dusangiye ukwemera baguma bakorera Yehova n’igihe abandi babarwanya, turakwiye kubashimira no kubakeza kubera ubwizigirwa bwabo. Intumwa Yohani yararemesheje Gayo yongera aramukura amazinda ko yariko akora ikintu ciza. Muri iki gihe, abakurambere na bo nyene barakwiye kwigana Yohani mu kuza bararemesha abavukanyi babo kugira ngo “ntibarambirwe.”​—Yes. 40:31; 1 Tes. 5:11.

Iryo kete Yohani yandikiye Gayo ni co gitabu gitoya co muri Bibiliya, kuko mu kigiriki ryari rigizwe n’amajambo atarenga 219. Yamara rero, ni ngirakamaro cane ku bakirisu bo muri iki gihe.