Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nugumize umutima kw’itunga ryo mu vy’impwemu

Nugumize umutima kw’itunga ryo mu vy’impwemu

“Aho itunga ryanyu riri, ni ho n’imitima yanyu izoba.”LUKA 12:34.

INDIRIMBO: 153, 104

1, 2. (a) Ni ibintu bitatu ibihe biri mu bigize itunga ryo mu vy’impwemu Yehova yaduhaye? (b) Tugiye kurimbura iki muri iki kiganiro?

YEHOVA ni we Mutunzi aruta abandi bose. (1 Ngo. 29:11, 12) Kubera ko uwo Muvyeyi wacu atanga atitangiriye itama, araha itunga ryiwe ryo mu vy’impwemu abo bose batahura ko rifise agaciro kadasanzwe. Turakenguruka cane kubona Yehova yaraduhaye itunga ry’agaciro. Muri iryo tunga harimwo (1) Ubwami bw’Imana, (2) igikorwa kirokora ubuzima, (3) ukuri kw’agaciro dusanga mw’Ijambo ry’Imana. Ariko tutabaye maso, twoshobora gusanga tutagiha agaciro iryo tunga, maze tukarishiburira hirya. Kugira ngo ntiriduce mu myanya y’intoke, dutegerezwa kurikoresha neza, kandi tukaguma turushiriza kurikunda. Nkako, Yezu yavuze ati: “Aho itunga ryanyu riri, ni ho n’imitima yanyu izoba.”Luka 12:34.

2 Nimuze turimbure ingene twozigama urwo dukunda Ubwami bw’Imana, igikorwa turangura be n’ukuri twiga, turabe n’ingene twoguma tubiha agaciro. Uko tubirimbura, nuzirikane ukuntu wewe ubwawe worushiriza gukunda iryo tunga ryo mu vy’impwemu.

UBWAMI BW’IMANA BUMEZE NK’IMARAGARITA Y’AGACIRO KADASANZWE

3. Umudandaza avugwa mu kigereranyo ca Yezu yari yiteguriye gukora iki kugira aronke ya maragarita y’agaciro kadasanzwe? (Raba ishusho itangura.)

3 Soma Matayo 13:45, 46. Yezu yaratanze ikigereranyo c’umudandaza yariko arondera imaragarita. Nta gukeka ko mu myaka n’iyindi, uwo mudandaza yari amaze kugura no kugurisha imaragarita amajana n’amajana. Ariko rero ico gihe, yari abonye imaragarita nziza cane ku buryo kuyikubita ijisho gusa vyatumye anezerwa cane. Mugabo kugira ngo ayigure, yabwirizwa kugurisha ivyo yari atunze vyose. Iyumvire nawe ukuntu yahaye agaciro cane iyo maragarita!

4. Tuzokora iki nimba dukunda cane Ubwami bw’Imana nk’uko wa mudandaza yakunze ya maragarita?

4 None ni icigwa ikihe tuhakura? Ukuri kwerekeye Ubwami bw’Imana kumeze nk’iyo maragarita y’agaciro kadasanzwe. Nimba dukunda cane ukwo kuri nk’uko wa mudandaza yakunze ya maragarita, ntituzogonanwa guheba vyose kugira ngo tugume turi abatwarwa b’ubwo Bwami. (Soma Mariko 10:28-30.) Nimuze turabe abantu babiri babigize.

5. Zakayo yerekanye gute ishaka yari afise ryo kurondera Ubwami bw’Imana?

5 Zakayo yari umukuru w’abatozakori, akaba yari yaratungishijwe no kunyaga abandi amahera. (Luka 19:1-9) Ariko igihe uwo munyazi yumva ivyo Yezu yigisha ku vyerekeye Ubwami, yarahaye agaciro cane ivyo yumvise, aca agira ico akoze adatebaganye. Yabwiye Yezu ati: “Ehe ica kabiri c’ivyo ntunze, Mukama, ngira ndagihe aboro, kandi ico cose nanyaze uwo ari we wese mu kumwagiriza ibinyoma, ngira ndagisubize incuro zine.” Yarasubije n’umutima ukunze ivyo yari yaranyaze yongera aravavanura n’umwina.

6. Rose yagize amahinduka ayahe kugira ngo acike umutwarwa w’Ubwami bw’Imana, kandi yabitumwe n’iki?

6 Haraheze imyaka mikeya umugore umwe twise Rose yumvise inkuru nziza y’Ubwami. Ico gihe, yari muri bamwe baryamana n’abo basangiye igitsina. Yari umukuru w’ishirahamwe riharanira agateka k’abaryamana basangiye ibitsina. Ariko amaze kwiga Bibiliya, yarahaye agaciro cane ukuri kwerekeye Ubwami bw’Imana. Yaciye abona ko yategerezwa kugira amahinduka akomeye. (1 Kor. 6:9, 10) Yarahevye ca giti yari afise, yongera aravavanura na ya ngeso yo kuryamana n’abagore nka we. Rose yabatijwe mu 2009, mu mwaka wakurikiye na ho, aca atangura ubutsimvyi busanzwe. Urukundo yakunda Yehova n’Ubwami bwiwe rwari rusigaye rukomeye kuruta ivyipfuzo vy’umubiri yahorana.Mrk. 12:29, 30.

7. Dutegerezwa gukora iki kugira ngo tugume dukunda Ubwami bw’Imana n’umutima wacu wose?

7 Ni ivy’ukuri ko abenshi muri twebwe bagize ivyo bahinduye mu buzima kugira ngo bacike abatwarwa b’Ubwami bw’Imana. (Rom. 12:2) Naho ari ukwo, urugamba ruracabandanya. Dutegerezwa kuguma turi maso ku bintu bidukwegakwega, aho hakaba harimwo ibintu vy’umubiri be n’ubuhumbu. (Imig. 4:23; Mat. 5:27-29) Kugira ngo Yehova adufashe kuguma dukunda Ubwami bw’Imana n’umutima wacu wose, hariho ikindi kintu c’agaciro yaduhaye.

CA GIKORWA KIROKORA UBUZIMA

8. (a) Kubera iki intumwa Paulo yavuze ko igikorwa co kwamamaza ari “itunga mu vyombo vy’ivu”? (b) Paulo yerekanye gute ko yakunda igikorwa yashinzwe?

8 Yezu yadushinze kwamamaza no kwigisha inkuru nziza y’Ubwami. (Mat. 28:19, 20) Intumwa Paulo yari azi ukuntu ico gikorwa gihambaye cane. Yacise “itunga mu vyombo vy’ivu.” (2 Kor. 4:7; 1 Tim. 1:12) Naho turi ivyombo vy’ivu bidatunganye, ubutumwa twamamaza burashobora gutuma twebwe be n’abatwumviriza turonka ubuzima budahera. Paulo yari azi ico kintu, akaba ari co gituma yavuze ati: “Nkora vyose ku bw’inkuru nziza, kugira ndayisangire n’abandi.” (1 Kor. 9:23) Egome, urwo Paulo yakunda igikorwa co kwamamaza ni rwo rwatuma akora atiziganya mu guhindura abantu abigishwa. (Soma Abaroma 1:14, 15; 2 Timoteyo 4:2.) Ivyo vyaratumye mbere yihanganira uruhamo rukomeye. (1 Tes. 2:2) None tweho twokwerekana gute ko dukunda igikorwa co kwamamaza nka Paulo?

9. Ni ibintu bimwebimwe ibihe twokora kugira ngo twerekane ko duha agaciro igikorwa twashinzwe?

9 Kimwe mu vyerekana ko Paulo yaha agaciro igikorwa yashinzwe, ni uko atagisha akaryo ko kubwira abandi inkuru nziza. Cokimwe n’intumwa be n’abakirisu bo mu ntango, turamamaza akaryo kizanye, ku mugaragaro be no ku nzu n’inzu. (Ivyak. 5:42; 20:20) Igihe cose bishoboka, turarondera uturyo two kwagura umurimo, kumbure mu gukora ubutsimvyi bwo gufasha canke ubusanzwe. Turashobora no kwiga urundi rurimi, kwimukira mu kandi karere ko mu gihugu iwacu, canke mbere mu kindi gihugu.Ivyak. 16:9, 10.

10. Ishaka Irene yagaragaje mu kwamamaza inkuru nziza ryavuyemwo ivyiza ibihe?

10 Rimbura akarorero k’umwigeme umwe yitwa Irene wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Yaripfuza cane kubwira inkuru nziza abimukira bavuga ikirusiya. Igihe yatangura kubikora mu 1993, abamamaji 20 gusa ni bo barangwa mu mugwi wakoresha ikirusiya mu gisagara ca New York. Irene yaramaze imyaka 20 akorana umwete muri ico cibare. Yigana ati: “N’ubu sindamenya neza ikirusiya.” Ariko rero Yehova yarahezagiye ishaka Irene be n’abandi nka we bagaragaje. Ubu muri ico gisagara, hari amashengero atandatu akoresha ikirusiya. Mu bo Irene yigishije, abashika 15 barabatijwe. Bamwe ni Abanyabeteli, abandi n’abatsimvyi canke abakurambere. Irene avuga ati: “Iyo nzirikanye iyindi migambi nari gushobora gukurikirana, nta n’umwe mbona ko wari gutuma ngira umunezero nk’uwo nifitiye ubu.” Ego cane, Irene araha agaciro rwose igikorwa arangura!

Woba werekana ko uha agaciro igikorwa washinzwe mu kwamamaza buri ndwi? (Raba ingingo ya 11, 12)

11. Igihe tugumye twamamaza no mu ruhamo, havamwo ivyiza ibihe?

11 Nimba na twebwe duha agaciro igikorwa turangura, tuzokwigana intumwa Paulo, tubandanye kwamamaza no mu ruhamo. (Ivyak. 14:19-22) Mu myaka ya 1930 be n’inyuma gato ya 1940, abavukanyi bo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika barahuye n’uruhamo rukaze. Yamara rero barashikamye nka Paulo, barabandanya kwamamaza. Kugira ngo barwanire uburenganzira bwo kwamamaza, baraburanye imanza zitari nke. Mu 1943, umuvukanyi Nathan Knorr yaragize ico avuze ku rubanza rumwe batsinze muri Sentare nkuru ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Yagize ati: “Intsinzi tumaze gutahukana tuzikesha urugamba mwarwanye. Iyo mwebwe abamamaji mutaguma mu ndimiro, nta rubanza twari kuronka dushingisha muri Sentare nkuru. Ariko bivuye kuri mwebwe abamamaji, abavukanyi hirya no hino kw’isi baguma ku gikorwa, kandi ntibazohesha gushika uruhamo rutsinzwe. Kuba mwebwe abasavyi b’Umukama mwagumye mushikamye ni vyo vyatumye Sentare ifata iyo ngingo.” No mu bindi bihugu, abavukanyi bagumye bashikamye bituma batsinda imanza nyinshi. Si ivy’imbeshere, urwo dukunda igikorwa turangura rurashobora gutsinda uruhamo.

12. Wiyemeje kubona gute igikorwa co kwamamaza?

12 Nimba igikorwa turangura tukibona nk’itunga ridasanzwe Yehova yatujeje, ntituzokwigera twamamaza turondera gusa amasaha. Ahubwo riho, tuzokora ibishoboka vyose kugira ngo “[dushingire] intahe inogangije inkuru nziza.” (Ivyak. 20:24; 2 Tim. 4:5) None tuzokwigisha iki abandi? Reka turimbure irindi tunga Imana yaduhaye.

UKURI DUSHINGURA MU BUBIKO BWACU BW’ITUNGA

13, 14. “Ububiko bw’itunga” Yezu yavuze muri Matayo 13:52 ni nyabaki? Kandi tubwuzuza gute?

13 Itunga ryo mu vy’impwemu rigira gatatu ni ukuri twiga. Yehova ni Imana y’ukuri. (2 Sam. 7:28; Zab. 31:5) Uwo Muvyeyi atanga cane, araha ukuri kwiwe abamutinya. Kuva dutanguye kwiga ukuri, twagiye turegeranya ukuri gutandukanye biciye kw’Ijambo ryiwe Bibiliya, ku bitabu vyacu, ku mahwaniro n’amateraniro, no ku makoraniro tugira buri ndwi. Uko haca igihe, twagiye turaronka ico Yezu yise “ububiko bw’itunga” rigizwe n’ukuri gushasha be n’ukwa kera. (Soma Matayo 13:52.) Nitwarondera ukwo kuri nk’uwurondera itunga ryanyegejwe, Yehova azodufasha kwegeraniriza ukuri gushasha muri ubwo “bubiko bw’itunga.” (Soma Imigani 2:4-7.) None twobigira gute?

14 Turakwiye kugira akamenyero ko kwiyigisha no kugira ubushakashatsi bwitondewe mw’Ijambo ry’Imana no mu bitabu vyacu. Ivyo bizotuma twubura ukuri ‘gushasha’, ni ukuvuga ivyo tutari dusanzwe tuzi. (Yos. 1:8, 9; Zab. 1:2, 3) Inomero ya mbere y’Umunara w’Inderetsi, iyasohowe muri Mukakaro 1879 yagereranije ukuri n’agashurwe kanyegeye mu kigunda c’ivyatsi. Kugira ngo umuntu abone ako gashurwe, ategerezwa kukarondera avyitondeye. Amaze kukabona, ntaca yiraramira. Ahubwo aguma arondera n’utundi. Muri ubwo buryo nyene, igihe twubuye ukuri kanaka ntidukwiye guca twiraramira. Dukwiye nyabuna kuguma turondera n’ibindi vyinshi vyerekeye ukuri, kugira ngo twuzuze ikigega cacu.

15. Ibintu bimwebimwe twamenye, ni kubera iki twoshobora kuvyita “ibishaje”? Mu vyo wamenye, ni ibihe canecane bigukora ku mutima?

15 Igihe twatangura kwiga Bibiliya, twaramenye ibintu bimwebimwe vy’agaciro. Ivyo bintu twoshobora kuvyita “ibishaje”, kuko ari vyo twatanguriyeko kwiga no guha agaciro. None bimwe muri ivyo ni ibihe? Twaramenye ko Yehova ari Umuremyi wacu be n’uko hari umugambi afitiye abantu. Twaramenye kandi ko Imana yaduhaye Umwana wayo ngo aducungure, kugira dukire igicumuro n’urupfu. Vyongeye, twaramenye yuko Ubwami bwayo buzokuraho imibabaro yose be n’uko dushobora kuzobaho ibihe bidahera mu mahoro n’agahimbare, turongowe n’ubwo Bwami.Yoh. 3:16; Ivyah. 4:11; 21:3, 4.

16. Dukwiye gukora iki igihe habonetse umuco mushasha werekeye ukuri?

16 Birashobora gushika ukuntu dutahura ubuhanuzi bumwebumwe canke imirongo imwimwe bigahinduka. Igihe ivyo bishitse, turakwiye gufata umwanya tukiga ayo makuru tuvyitondeye tukongera tukayazirikanako. (Ivyak. 17:11; 1 Tim. 4:15) Ntiturondera gutahura gusa amahinduka akomakomeye, ariko turarondera no gutahura ubudasa budashoka bwibonekeza hagati y’uwo muco mushasha be vy’ivyo twari dusanzwe tuzi. Tubigenjeje gutyo, tuba dushinguye ukwo kuri gushasha mu bubiko bwacu bw’itunga. Kubera iki none ako kigoro atari impfagusa?

17, 18. Impwemu nyeranda ishobora gute kudufasha?

17 Yezu yavuze ko impwemu y’Imana ishobora kutwibutsa ivyo twize. (Yoh. 14:25, 26) None idufasha gute mu gikorwa cacu co kwamamaza inkuru nziza? Rimbura akarorero k’umuvukanyi yitwa Peter. Mu 1970 yari afise imyaka 19, kandi yari aherutse kuba Umunyabeteli mu Bwongereza. Igihe yariko aramamaza inzu ku nzu, yarahuye n’umugabo umwe ahumuye yari afise ivyanwa. Peter yaciye amubaza nimba yaripfuza gutahura Bibiliya. Kubera ko nya mugabo yari umwigisha mw’idini ry’Abayahudi, yarababajwe no kubona uwukiri muto nk’uwo amuhangara ngo amwigishe. Yaciye ageza Peter mu kumubaza ati: “None ga mwana, woba uzi ururimi igitabu ca Daniyeli canditswemwo mu ntango?” Peter yamwishuye ati: “Igice c’ico gitabu canditswe mu giharameya.” Peter yigana ati: “Nya murabi yaratangaye cane yumvise ntoye iyo nyishu. Ariko rero, natangaye kumurusha! Sinumva aho iyo nyishu yari ivuye. Igihe nataha nkaraba mu Minara na Be maso! vyo mu mezi y’imbere yaho, narabonye ikiganiro casiguye ko igice c’igitabu ca Daniyeli canditswe mu giharameya.” * (Dan. 2:4) Ego cane, impwemu nyeranda irashobora kutwibutsa ivyo tuba twarasomye hanyuma tukabibika muri ntibate.Luka 12:11, 12; 21:13-15.

18 Nitwaha agaciro ubukerebutsi buva kuri Yehova, ntituzobura kwuzuza ikigega cacu ibintu vyerekeye ukuri, ibishaje be na bishasha. Uko turushiriza gukunda no guha agaciro ubukerebutsi bwa Yehova, ni ko turushiriza kuba abamamaji bashoboye kwigisha neza.

NUKINGIRE ITUNGA RYAWE

19. Kubera iki dukwiye gukingira itunga ryacu ryo mu vy’impwemu?

19 Shetani n’isi yiwe baguma barondera gutuma dufata minenegwe itunga ryo mu vy’impwemu twarimbuye muri iki kiganiro. Umukenyuro wiwe uracari wa wundi. Tutabaye maso, yoshobora kuturyosharyosha biciye ku kazi k’umushahara ufadika, icipfuzo co kwibera mu bihinda, canke agatima ko guhaya ivyo umuntu atunze. Intumwa Yohani aratwibutsa yuko iyi si iriko irahita be n’icipfuzo cayo. (1 Yoh. 2:15-17) Ku bw’ivyo, turakwiye kuguma duha agaciro itunga ryacu ryo mu vy’impwemu kandi tukarikingira.

20. Wiyemeje gukora iki kugira ngo ukingire itunga ryawe ryo mu vy’impwemu?

20 Ntugonanwe rero guheba ikintu cose cohava gituma udakunda Ubwami bw’Imana n’umutima wawe wose. Nubandanye kwamamaza n’umwete, ntiwigere ureka guha agaciro ca gikorwa cacu kirokora ubuzima. Nushishikare kurondera ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana ubigiranye umwete. Niwabigira, uzokwirundaniriza “ubutunzi butigera buhera mw’ijuru, aho igisuma kitegera canke ngo udukoko dukegete.” Yezu ati: “Kuko aho itunga ryanyu riri, ni ho n’imitima yanyu izoba.”Luka 12:33, 34.

^ ing. 17 Ibivugwa muri Daniyeli 2:4b gushika muri Daniyeli 7:28, mu ntango vyanditswe mu giharameya.