Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nutunganye ingorane maze uremeshe amahoro

Nutunganye ingorane maze uremeshe amahoro

YEHOVA IMANA ahimiriza abakirisu kubumbatira amahoro, bakama ari yo baremesha mu buzima bwa misi yose. Igihe tubigize, ishengero riragira amahoro menshi, bigatuma n’abandi bantu bipfuza kwifatanya natwe.

Nk’akarorero, hari umupfumu karuhariwe wo muri Madagaskari yitegereje ingene Ivyabona vya Yehova basenyera ku mugozi umwe. Yaciye yibwira ati: ‘Hamwe noshima kwinjira idini, nta rindi nojamwo uretse iryo.’ Haciye igihe, yarahevye bwa bupfumu bwiwe, aramara amezi atunganya umubano wiwe utari uhuje na Bibiliya, mu nyuma araba umusavyi wa Yehova, ya Mana y’amahoro.

Cokimwe n’uwo mugabo, abantu ibihumbi buri mwaka baraza mw’ishengero rya gikirisu, bakironkera amahoro baba bipfuza cane. Ariko rero, Bibiliya irerekana neza ko igihe mw’ishengero havyutse “ishari ry’umururazi n’agatima k’amahane” bishobora gucanishamwo abavukanyi maze bikavyura ingorane. (Yak. 3:14-16) Ariko kandi, Bibiliya iraduha impanuro zitwereka ingene twokwirinda izo ngorane, maze tugatsimbataza amahoro. Nimuze turabe ingene izo mpanuro zafashije mu bintu bimwebimwe bishika mu buzima.

INGORANE BE N’INGENE ZOTUNGANYWA

“Nari mfise ingorane yo kutumvikana n’umuvukanyi twakorana. Igihe kimwe turiko turashwana, haraje abantu babiri maze barabona ingene duhazuka.”—CHRIS.

“Hari umuvukanyikazi twakunda gukorana mu ndimiro, bukwi na bukwi mbona arahevye kuza arasohokana nanje. Ntiyasubiye no kumvugisha. Sinari nzi icabitumye.”—JANET.

“Nariko ndaganira n’abantu babiri dukoresheje ubuhinga bwa none. Umwe yarasezeye, nca nibaza ko yamaze gukupa. Naciye ntangura kumuvuga nabi mbwira uwo wundi, ntazi ko umwe wa mbere atari bwakupe.”—MICHAEL.

“Mw’ishengero iwacu, hari abatsimvyi babiri bari bafitaniye ingorane. Harageze aho umwe akankamira uwundi. Uguhazuka kwabo kwaraciye intege abandi.”—GARY.

Hari aho wokwiyumvira ko ivyo bintu vyose ari ibisanzwe. Yamara kimwe cose muri vyo cari gushobora gutuntuza abafitaniye ingorane, kigatuma n’amahoro y’ishengero ahungabana. Igishimishije ni uko abo bavukanyi na bashiki bacu bahavuye batunganya izo ngorane bisunze Bibiliya. None ni impanuro izihe zo muri Bibiliya zabafashije?

“Ntimutaneko ishavu mu nzira.” (Ita. 45:24) Iyo mpanuro Yozefu yayihaye benewabo igihe bari basubiye kwa se. Ese ukuntu yari impanuro nziza! Igihe umuntu atigumije akihutira gushavura, yoshobora gushavuza abandi. Chris yahavuye atahura ko yari afise ingorane y’ubwibone no kutakira neza ubuyobozi. Kubera ko yipfuza guhindura ingendo, yarasavye imbabazi wa muvukanyi bahazuka yongera arihatira kuba umuntu acungera ishavu. Uwo muvukanyi amaze kubona akigoro Chris agize, na we yaciye agira ivyo ahinduye. Ubu bakorera Yehova bafatanye mu nda.

“Imigambi irapfa ahatagira ikiyago c’akabanga.” (Imig. 15:22) Umwe Janet yahavuye abona ko yari akwiye gufata nka nkama iyo mpanuro. Yaciye afata ingingo yo kuja ‘kuyaga’ n’umwe mushiki wacu wundi. Muri ico kiyago, Janet yaramusavye abigiranye ubwitonzi ko yomwugurukira akamubwira icamubabaje. Naho mu ntango ico kiyago kitoroshe, baraganiriye batekanye maze ibintu biragenda neza. Uwo mushiki wacu yahavuye abona ko yari yatahuye nabi ikintu kimwe, mbere kitari cerekeye Janet. Yaciye asaba imbabazi, kandi ubu barasubiye kujana mu ndimiro.

“Nimba rero uzanye ishikanwa ryawe ku gicaniro hanyuma ukahibukira ko mwene wanyu hari ico apfa nawe, nuce usiga ishikanwa ryawe ng’aho imbere ya nya gicaniro, hanyuma ugende; nubanze wikiranure na mwene wanyu.” (Mat. 5:23, 24) Iyo mpanuro Yezu yayitanze muri ya Nsiguro yo ku Musozi. Umwe Michael yarariye ivyatsi igihe yabona ko yari yatyoje mugenziwe. Yaciye yiyemeza gusubiza ibintu mu buryo. Yaragiye kubonana na nya muvukanyi yababaje, maze aramusaba imbabazi yicishije bugufi. None vyavuyemwo iki? Michael avuga ati: “Uwo muvukanyi wanje yarambabariye abikuye ku mutima.” Ubugenzi bwabo bwaciye bunaguka.

“Mubandanye kwihanganirana no kubabarirana ata gahigihigi iyo hari uwufise ico yidogera uwundi. Nk’uko Yehova yabababariye ata gahigihigi, namwe nyene mugenze mutyo.” (Kol. 3:12-14) Ba batsimvyi babiri bobo, vyahavuye bigenda gute? Hari umukurambere yabasavye kwibaza bati: ‘Uko turi babiri twoba dufise uburenganzira bwo kubabaza abandi kubera ivyo ubwacu tutumvikanako? Twoba koko dufise imvo yumvikana yotuma tutihanganirana, ngo tubandanye gukorera Yehova twunze ubumwe?’ Barashimye impanuro uwo mukurambere yabahaye maze barayishira mu ngiro. Ubu bamamaza inkuru nziza bafatanye mu nda.

Kwisunga iyo mpanuro yo mu Bakolosayi 3:12-14 birashobora kuba intambwe ikomeye yo gusubiza hamwe n’uwakubabaje. Abenshi basanze kwicisha bugufi bituma bababarira abandi, kandi ntibabike inzika. Bite hoho umaze kugira akigoro, mugabo ukabona umengo nta kivamwo? Woshobora kwisunga Matayo 18:15. Naho iyo mpanuro ya Yezu yerekeye ahanini intambwe umuntu atera igihe hari uwamukoreye ikibi gikomeye, hari aho wosanga ari yo ukeneye kwisunga. Niwegere uwo mufitaniye ingorane, mugerageze kuyitunganya mu bwitonzi kandi mwicishije bugufi.

Mu bisanzwe, Bibiliya iratanga n’izindi mpanuro ngirakamaro. Nyinshi muri zo zidusaba kugaragaza “icamwa c’impwemu,” ikigizwe n’“urukundo, akanyamuneza, amahoro, ukwiyumanganya, ubuntu, ukumera neza, ukwizera, ubwitonzi, ukwigumya.” (Gal. 5:22, 23) Kurya nyene amavuta yorosha imashini igaca ikora neza, ni ko n’izo kamere zituma tworoherwa no gusubiza hamwe.

KUGIRA KAMERE ZITANDUKANYE NI UBUTUNZI KW’ISHENGERO

Ukuba dufise kamere zitandukanye birashobora gukomeza ubucuti dufitaniye. Ariko rero, birashobora no gutera ingorane. Hari umukurambere azi utuntu n’utundi yatanze aka karorero ati: “Umuntu w’amasoni yoshobora kugira ubuyega ari kumwe n’umuntu yugurutse kandi ashwashwanutse. Naho umengo ubwo budasa ntibuhambaye, burashobora gutuma haba ingorane zikomeye.” Ariko none, vyoba ari ngombwa ngo abantu batandukanye muri kamere bace bagiranira ingorane? Rimbura akarorero k’intumwa zibiri, Petero na Yohani. Wibaza Petero yari ameze gute? Hari aho woba ubona ko yari umuntu atarya umunwa kandi yakora ibintu atabanje kubizirikana neza. Yohani we bite? Hari aho wobona ko yari umuntu arangwa n’urukundo kandi yiyubara mu mvugo no mu ngiro. Uwokwiyumvira gutyo izo ntumwa, nta ho yoba ataye. Ariko naho bari bafise kamere zitandukanye, barakoranye mu bumwe. (Ivyak. 8:14; Gal. 2:9) No muri kino gihe rero, birashoboka ko abakirisu batandukanye muri kamere bakorana mu bumwe.

Mw’ishengero iwanyu hoshobora kuba hariho umuvukanyi avuga canke akora ibintu bikubabaza. Ariko rero, urazi neza ko na we nyene Kristu yamupfiriye be n’uko utegerezwa kumukunda. (Yoh. 13:34, 35; Rom. 5:6-8) Aho guca rero uhagarika ubucuti mwari mufitaniye canke ngo uze uramuca kure, niwibaze uti: ‘Yoba vy’ukuri yakoze ikintu giteye kubiri n’Ivyanditswe? Yoba yabigize n’ibigirankana kugira ngo ambabaze? Canke ni uko gusa dutandukanye muri kamere?’ Ikindi kibazo gihambaye wokwibaza ni iki: ‘Ni kamere nziza iyihe afise nogira ico nigiyeko?’

Ico kibazo ca nyuma ni inkoramutima. Nimba uwo muntu avuga menshi, nawe ukaba wivugira make, niwibaze ukuntu ashobora kuba yoroherwa no gutanguza ibiyago mu ndimiro. Woshobora guca umusaba ko mwokorana mu ndimiro kugira ngo urabe ico womwigirako. Bite ho nimba akunda gutanga cane, nawe ukaba usa n’aho uri ingumyi? Woba warabonye ingene gutanga bizana agahimbare? Ubona gute nawe ugerageje gufasha abageze mu zabukuru, abarwaye canke abari n’ivyo bakeneye? Muri make, naho woba ufise kamere zitandukanye n’iz’abandi, woshobora kubiyegereza mu kwibanda kuri kamere nziza bafise. Ubigenjeje gutyo, murashobora kuba abagenzi somambike, kandi wewe ubwawe be n’ishengero ryose muzorushiriza kugira amahoro.

Evodiya na Sintike bashobora kuba bari bafise kamere zitandukanye. Yamara rero, intumwa Paulo yabaremesheje ngo “biyumvire kumwe mu Mukama.” (Flp. 4:2) Woba nawe uzokwihatira kubigenza gutyo, maze ukaremesha amahoro mw’ishengero?

NTUREKE NGO INGORANE ZIBANDANYE

Kubera iki dukwiye kwikuramwo ningoga ivyo kwiyumvira nabi abandi? Cokimwe n’ivyatsi mu murima w’amashurwe, kwiyumvira nabi abandi birashobora gukomera igihe tutabiranduranye n’imizi. Iyo vyigaruriye umutima wacu, birashobora no kwandukira ishengero ryose. Nimba rero dukunda Yehova n’abavukanyi bacu, tuzogira uko dushoboye kwose kugira ngo ubudasa bwacu ntibuhungabanye amahoro abasavyi b’Imana bifitiye.

Wicishije bugufi ukihatira kuremesha amahoro, woshobora kwironkera ivyiza vyinshi

Igihe turengeye ubudasa bwacu kugira ngo turemeshe amahoro, twoshobora gutangazwa n’ivyiza bivamwo. Rimbura ivyashikiye mushiki wacu umwe. Avuga ati: “Nabona ko umuvukanyikazi umwe yamfata nk’umwana. Vyarambabaza cane. Vyarangeze ahantu, nca ntangura kuza ndirinda kumuvugisha. Nibwira nti: ‘Kubera ko atansonera, nanje sinzomusonera.’”

Uwo mushiki wacu yahavuye azirikana ku vyo yariko arakora. Yigana ati: “Naratanguye kubona utunenge ubwanje nari mfise, nca numva ndiyanse cane. Narabonye ko nari nkwiye kwikubita agashi. Maze gusenga Yehova ku bijanye n’iyo ngorane, naciye ngurira agakado uwo muvukanyikazi nongera ndamwandikira agakete ko kumusaba imbabazi kubera inyifato mbi nagaragaje. Twarahoberanye duca dusezerana ko tugiye kuvyibagira. Ntiturasubira kugiranira ingorane n’imwe.”

Abantu baranyotewe amahoro. Ariko rero, igihe abenshi bagize ubwibone canke bakabona umengo basuzuguwe, baca batangura gukora ibintu bihungabanya amahoro. Naho ivyo bishikira abantu benshi badasenga Yehova, abasavyi biwe bobo bakwiye kwibanira mu mahoro n’ubumwe. Yehova yarahumekeye Paulo kwandikira abakirisu ati: “Ndabinginga ngo mugende nk’uko bibereye ihamagarwa mwahamagawe, muri n’ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi be n’ubwitonzi bikwiye, hamwe n’ukwiyumanganya, mwihanganirana mu rukundo, mwihatira n’ubwira kugumya ubumwe bw’impwemu mu mugozi w’amahoro wunga ubumwe.” (Ef. 4:1-3) Uwo “mugozi w’amahoro wunga ubumwe” ni uw’agaciro ntangere. Nimuze rero tuwukomeze, twongere twiyemeze gutunganya ingorane zose zokwaduka hagati yacu.