Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Hahezagirwe ukwiyumvira neza kwawe”

“Hahezagirwe ukwiyumvira neza kwawe”

AYO majambo yavuzwe n’Umwami Dawidi wa Isirayeli ya kera, igihe yashemagiza umugore yari aje guhura na we. Uwo mugore yitwa Abigayili. None ni igiki catumye Dawidi amushemagiza? Vyongeye, akarorero k’uwo mugore katwigisha iki?

Dawidi yahuye n’uwo mugore igihe yari yahunze Umwami Sauli. Abigayili yari muka Nabali, umugabo w’umutunzi yari afise ibitungwa vyinshi mu karere k’imisozi yo mu bumanuko bwa Yuda. Dawidi n’ingabo ziwe bari barabereye abungere ba Nabali n’ibitungwa vyiwe ‘uruhome rukingira.’ Mu nyuma Dawidi yararungitse intumwa kuri Nabali, amusaba ko yomuha ‘ico yoronka cose’ co gufungura. (1 Sam. 25:8, 15, 16) Ico kintu yamusavye nticari amananiza namba, uravye ukuntu Dawidi n’ingabo ziwe bari barakingiye ibitungwa vya Nabali.

Izina Nabali risobanura ngo “Imburabwenge” canke “Ikijuju,” kandi izina ryabaye ryo muntu. Yaranse ivyo Dawidi yamusavye, amwishura nabi no kumutuka aramutuka. Dawidi yaciye ahaguruka kugira ngo aje guhasha Nabali. Ubupfu bwa Nabali bwari bugiye kumukwegera be n’abo mu rugo rwiwe.1 Sam. 25:2-13, 21, 22.

Abigayili amenye akaga kagira gashikire urugo rwabo, ubwo nyene yaciye agira ico akoze n’umutima rugabo. Yaringinze Dawidi abigiranye urupfasoni ngo ntakore ikintu cotuma yonona ubucuti yari afitaniye na Yehova. Yaciye aha Dawidi n’ingabo ziwe ibifungurwa bihagije, uno akaba ari we yohavuye aba umwami. Dawidi na we yarashimye ko Yehova yakoresheje uwo mukenyezi kugira ngo amubuze gukora ikintu cari gutuma yagirwa n’amaraso imbere y’Imana. Dawidi yabwiye Abigayili ati: “Hahezagirwe ukwiyumvira neza kwawe, nawe uhezagirwe, wewe wambujije uyu musi gukora amaraso.”1 Sam. 25:18, 19, 23-35.

Ntitukigere tumera nka Nabali, ngo tureke gukenguruka ivyiza abandi batugirira. Vyongeye, igihe tubonye ikintu cohava kiduteza akaga, turakwiye gukora uko dushoboye kwose kugira ngo tuciririnde. Egome, cokimwe n’umwanditsi w’amazaburi, turashobora gusaba Imana ngo itwigishe “ukwiyumvira neza n’ubumenyi.”Zab. 119:66.

Abandi boshobora kubona ko ivyo twakoze biranga ubukerebutsi canke ukwiyumvira neza. Babitubwira canke batabitubwira, boshobora kubona ibintu nka Dawidi, uwabwiye Abigayili ati: “Hahezagirwe ukwiyumvira neza kwawe.”