Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kubera iki ‘twoshemeza Ya’?

Kubera iki ‘twoshemeza Ya’?

‘Shemeze Ya! Emwe, birahimbaye kandi birabereye kumushemeza!’​—ZAB. 147:1.

INDIRIMBO: 59, 3

1-3. (a) Zaburi ya 147 ishobora kuba yanditswe ryari? (b) Iyo zaburi iduhimiriza gukora iki?

IGIHE umuntu akoze neza igikorwa yashinzwe canke agaragaje kamere nziza, turamukeza. Nimba abantu tubakeza gutyo, hari akantu Yehova Imana! Turamushemeza kubera ububasha bwiwe ntangere bugaragarira mu vyo yaremye, canke kubera urukundo yadukunze mu gutanga Umwana wiwe ngo aducungure.

2 Usomye Zaburi ya 147, urabona ko uwayanditse yipfuza cane gushemeza Yehova. Vyongeye, yarahimirije n’abandi kwifatanya na we mu gushemeza Imana.​—Soma Zaburi 147:1, 7, 12.

3 Naho tutazi uwanditse iyo zaburi, biboneka ko yabayeho igihe Yehova yagarukana Abisirayeli i Yeruzalemu abakuye mu bunyagano i Babiloni. (Zab. 147:2) Nta gukeka ko uwo mwanditsi yashemeje Imana kubera ko abasavyi bayo bari basubiye kuyisengera mu gihugu cabo. Ariko rero yaravuze n’izindi mvo zotuma dushemeza Yehova. None izo mvo ni izihe? Ni ibintu ibihe mu buzima bwawe vyotuma ushemeza Yehova?

YEHOVA ARAKIZA ABAVUNITSE UMUTIMA

4. Igihe Umwami Kuro yakura Abisirayeli mu bunyagano, bategerezwa kuba bumvise bamere gute? Kubera iki?

4 Iyumvire ukuntu Abisirayeli bumva bamerewe igihe bari mu bunyagano i Babiloni. Barabakora kw’itama ngo: “Nimuturirimbire rumwe mu ndirimbo z’i Siyoni.” Ico gihe igisagara ca Yeruzalemu cari gisigaye ari umusaka, kandi ari co kintu nyamukuru catuma banezererwa Yehova. (Zab. 137:1-3, 6) Abo Bayuda ntibumva ko boririmba. Bari baravunitse umutima, bakaba rero bari bakeneye guhumurizwa. Ariko nk’uko ijambo ry’Imana ryari ryarabivuze, bararokowe biciye kuri Kuro umwami w’Ubuperesi. Amaze kwigarurira Babiloni, yaciye atangaza ati: “Yehova . . . yanshinze igikorwa co kumwubakira inzu i Yeruzalemu . . . Umuntu wese muri mwebwe wo mu bantu biwe bose, Yehova Imana yiwe abane na we. Naduge rero.” (2 Ngo. 36:23) Ese ukuntu ayo majambo ategerezwa kuba yarahumurije Abisirayeli bari i Babiloni!

5. Uwanditse Zaburi ya 147 yavuze iki ku bijanye n’ububasha Yehova afise bwo kudukiza?

5 Yehova ntiyahumurije gusa Abisirayeli uko bagize ihanga, yaranahumurije umwumwe ku giti ciwe. No muri iki gihe ni ko abigenza. Uwanditse iyo zaburi yavuze ko Yehova “akiza abavunitse umutima; agatubika ahantu habababaza.” (Zab. 147:3) Vy’ukuri, Yehova aritwararika abafise ingorane, zaba izo ku mubiri canke izo ku mutima. Muri iki gihe, Yehova arashashaye kuduhumiriza no kudukiza ibikomere dufise ku mutima. (Zab. 34:18; Yes. 57:15) Araturonsa ubukerebutsi n’inkomezi kugira ngo dushobore kuvyifatamwo neza mu ngorane zose zodushikira.​—Yak. 1:5.

6. Ibivugwa muri Zaburi 147:4 biduhumuriza gute? (Raba ishusho itangura.)

6 Ubukurikira, umwanditsi w’iyo zaburi aca atwerekeza mu kirere, akavuga ko Yehova “[aharura] igitigiri c’inyenyeri” be n’uko “zose azihamagara mu mazina yazo.” (Zab. 147:4) Kubera iki none asa n’uwuhinduye ikiyago, akavuga ivyerekeye ibisyo vyo mu kirere? Rimbura iki kintu: Naho uwo mwanditsi yabona inyenyeri, ntiyari azi namba igitigiri cazo. Ariko uko imyaka yagiye irarengana, abanyasiyansi bagiye baramenya ko inyenyeri ari nyinshi bimwe bihebuje. Hari abavuga ko igalagisi tubamwo yonyene, iyitwa Nzira Nyamweru, irimwo inyenyeri amamiliyaridi. Kandi amagalagisi ari mu kirere ashobora kuba aharurwa mu mamiliyaridi ibihumbi n’ibihumbi! Mu bisanzwe, kuri twebwe abantu inyenyeri ntizigira igitigiri! Mugabo Umuremyi arazizi neza zose, ku buryo imwimwe yose yayihaye izina. (1 Kor. 15:41) Tuvuge iki none kuri twebwe abantu? Nimba Imana izi aho inyenyeri yose iba iri ku gihe kanaka, na wewe ubwawe irakuzi. Irazi aho uri, ingene wiyumva, n’ivyo ukenera igihe cose!

7, 8. (a) Ni igiki Yehova atahura ku bitwerekeye? (b) Tanga akarorero kerekana ukuntu Yehova afasha abantu badatunganye abigiranye impuhwe.

7 Uretse ko Yehova akwitwararika ku giti cawe, arafise n’ububasha bwo kugufasha mu ngorane zigushikira mu buzima. (Soma Zaburi 147:5.) Vyoshika ukumva ko ingorane ufise ikomeye cane ku buryo udashobora kuyihanganira. Ariko Yehova aratahura ko turi abanyantege nke, ‘akibuka ko turi umukungugu.’ (Zab. 103:14) Kubera ko tudatunganye, birashika tukaza turakora amakosa. Urazi ingene twicuza igihe twavuze nabi, twagize ivyiyumviro bibi canke twagiriye abandi ishari! Naho ivyo bintu bitigera bishikira Yehova, aradutahura mu buryo bugera kure!​—Yes. 40:28.

8 Ushobora kuba umaze kwibonera ingene ukuboko kwa Yehova kwagufashije gutsinda ingorane kanaka. (Yes. 41:10, 13) Reka dufate akarorero ka mushiki wacu umwe w’umutsimvyi yitwa Kyoko. Igihe yimukira mu karere gashasha, yaracitse intege cane. None Yehova yagaragaje gute ko yatahura ingorane yarimwo? Mw’ishengero yari yimukiyemwo, yasanze benshi batahura ingorane ziwe. Yabonye ko ari nk’aho Yehova yariko amubwira ati: “Sindagukunda gusa kubera ko uri umutsimvyi, mugabo ndagukunda kandi kubera ko uri umukobwa wanje yanyiyeguriye. Nipfuza ko wogira umunezero mu buzima kubera ko uri Icabona canje!” None weho wiboneye gute ko Mushoboravyose agutahura, yisuze ‘ugutegera kwiwe kudashobora kudondwa’?

YEHOVA ARATURONSA IVYO DUKENEYE

9, 10. Yehova ahera ku biki mu kudufasha? Tanga akarorero.

9 Vyoshika ukaba ukeneye ibikubeshaho. Nk’akarorero, woshobora kwiganyira ko udafise ibifungurwa bikwiye. Ariko rero Yehova ni we yashizeho imvura ituma ibiterwa bimera, mbere n’ibikona bikaronka ico birya. (Soma Zaburi 147:8, 9.) Nimba Yehova aguma agaburira ibikona, urashobora kwizigira ko azokuronsa ibikubeshaho.​—Zab. 37:25.

10 Ikiruta vyose, Yehova araturonsa ibidukomeza mu vy’impwemu, gutyo tukaronka “amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose.” (Flp. 4:6, 7) Rimbura nk’akarorero ukuntu Mutsuo n’umukenyezi wiwe biboneye ingene Yehova yabafashije inyuma y’aho mu Buyapani hatereye igisebuzi mu 2011. Ico gihe bahungiye hejuru kw’igorofa y’inzu yabo. Ariko rero ni nk’aho ata co barokoye. Iryo joro baraye mu mwiza no mu bukanye. Bukeye, bararondeye ikintu cobaremesha mu vy’impwemu. Ikintu conyene baronse cari Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova co mu 2006. Uwo muvukanyi akikizingurura, yashikiye ku gatwe kavuga ngo “Ibisebuzi vyatikije inganda kuruta.” Iyo nkuru yavuga ibijanye na nyamugigima yadutse i Sumatra mu 2004, igateza ibisebuzi vyihaye inkumbi ku rugero rutari bwigere rubaho. Mutsuo n’umugore wiwe bararize igihe bariko barasoma ivyashikiye abavukanyi ico gihe. Baciye babona ko ari nk’aho Yehova yari abaronkeje indemesho bari bakeneye, ku gihe kibereye. Yehova yaranabaronkeje ivyo bari bakeneye ku muburi. Bararonse imfashanyo zivuye ku bavukanyi babo. Ariko icabakomeje kuruta ni ingendo abaserukira ishirahamwe rya Yehova baza baragira mw’ishengero iwabo. Mutsuo avuga ati: “Nabona ko ari nk’aho Yehova yari iruhande y’umwe wese muri twebwe, ariko aramwitwararika. Ese ukuntu vyaduhumurije!” Imana ibanza kuturonsa ivyo dukeneye mu vy’impwemu, mu nyuma na ho ikaturonsa ivyo dukeneye ku mubiri.

NIWUNGUKIRE KU BUBASHA YEHOVA AFISE BWO GUKIZA

11. Abipfuza gutabarwa n’Imana basabwa iki?

11 Yehova yama yiteguriye ‘gutabara abatekereza.’ (Zab. 147:6a) None ivyo twovyungukirako gute? Dutegerezwa kugiranira na we ubucuti bwiza. Kugira ngo tubishikeko, turakwiye kuba abatekereza. (Zef. 2:3) Abatekereza bararindira bihanganye ko Yehova abatunganiriza igihe baba barenganijwe. Abantu nk’abo Yehova arabashima.

12, 13. (a) Dukwiye kwirinda iki nimba twipfuza gufashwa n’Imana? (b) Yehova ahimbarwa na bande?

12 Ku rundi ruhande, Yehova “a[ra]manura ababisha gushika hasi.” (Zab. 147:6b) Ayo majambo arakomeye! Nimba twipfuza kwungukira ku buntu bwuzuye urukundo bwa Yehova no kwirinda uburake bwiwe, dutegerezwa kwanka ivyo yanka. (Zab. 97:10) Nk’akarorero, dutegerezwa kwanka ibijanye n’ubuhumbu. Ivyo bisobanura ko dukwiye guca kure ikintu cose cotuma tubugwamwo, ushizemwo kuraba amashusho y’ibiterasoni. (Zab. 119:37; Mat. 5:28) Naho vyotubera urugamba, nta co tudakwiye gukora nimba twipfuza guhezagirwa na Yehova.

13 Muri urwo rugamba, turakwiye kwiheka kuri Yehova aho kwiyizigira ubwacu. None yoba yohimbarwa hamwe tworonderera imfashanyo ahandi hantu, ibigereranywa no kwizigira “ubushobozi bw’ifarasi”? Habe namba! Eka mbere ntitwishimira “amaguru y’umuntu,” nk’aho umengo tuzeye ubukiriro ku wundi muntu canke kuri twebwe ubwacu. (Zab. 147:10) Ahubwo riho, dutegerezwa kwiyegereza Yehova, tukamutakambira ngo adufashe. Yehova ntameze nk’abahinga batanga impanuro, kuko wewe atigera arambirwa no kwumva amasengesho yacu, mbere naho twomusenga twisubiriza. ‘Yehova ahimbarwa n’abamutinya, abarindira ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe.’ (Zab. 147:11) Ubuntu bwuzuye urukundo bwa Yehova buratuma twizigira ko azotwama hafi, akadufasha gutsinda ivyipfuzo bibi.

14. Ni igiki umwanditsi wa Zaburi ya 147 yari azi adakekeranya?

14 Yehova arakura amazinda abasavyi bwiwe ko azobafasha mu ngorane. Igihe umwanditsi w’iyo zaburi yazirikana ukuntu Yehova yagarukiye Yeruzalemu, yaririmvye ati: “Kuko yakomeje ibihindizo vy’amarembo yawe; yahezagiye abana bawe hagati muri wewe, ashira amahoro mu karere kawe.” (Zab. 147:13, 14) Ese ukuntu umwanditsi w’iyo zaburi yahumurijwe no kumenya ko Imana yokomeje amarembo y’igisagara kugira ngo ikingire abasavyi bayo!

Ijambo ry’Imana rishobora gute kudufasha igihe twumva ko turengewe n’ingorane? (Raba ingingo ya 15-17)

15-17. (a) Ingorane zidushikira zishobora gutuma twiyumva gute, ariko Yehova adufasha gute biciye kw’Ijambo ryiwe? (b) Tanga akarorero kerekana ingene ‘ijambo ry’Imana ryiruka n’umuvuduko.’

15 Woshobora guhura n’ingorane ziguhagarika umutima. Ariko Yehova arashobora kuguha ubukerebutsi bwo kuvyifatamwo neza. Umwanditsi w’iyo zaburi yavuze ku bijanye na Yehova ati: “Arungika kw’isi iryo avumereye; ijambo ryiwe ririruka n’umuvuduko.” Yaciye yongerako yuko Yehova atanga shelegi, agasanzaza utubarafu, akarekura n’urubura. Uwo mwanditsi yaciye abaza ati: “Ni nde yohagarara imbere y’ubukanye bwiwe?” Yongeyeko ati: “Arungika ijambo ryiwe akabishongesha.” (Zab. 147:15-18) Iyo Mana Mushoboravyose ikaba na nyen’ubukerebutsi bwose, iyifise ububasha ku rubura no kuri shelegi, irashobora kugufasha gutsinda ingorane yose yogushikira.

16 Muri iki gihe, Yehova atuyobora akoresheje Ijambo ryiwe Bibiliya. “Ijambo ryiwe ririruka n’umuvuduko,” mu buryo bw’uko igihe dukeneye ubuyobozi, aca abuturonsa ubwo nyene. Iyumvire ingene wungukira ku gusoma Bibiliya, kwiga ibitabu vy’“umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge,” kuraba televiziyo ya JW, kuja ku rubuga rwacu jw.org, kuyaga n’abakurambere hamwe no kwifatanya n’abakirisu bagenzawe. (Mat. 24:45) Ntiwibonera none ko Yehova anyaruka kukuronsa ubuyobozi?

17 Umukenyezi yitwa Simone yariboneye ingene Ijambo ry’Imana rifise ububasha. Yarikengera cane ku buryo yiyumvira ko Imana itoshobora kumuraba ryiza. Ariko igihe cose yaba yacitse intege, yaguma asenga Yehova ngo amufashe. Ikigeretseko, yaguma yiyigisha Bibiliya. Avuga ati: “Nta gihe na kimwe ntigeze mbona ko Yehova ariko aranyobora kandi akankomeza.” Ivyo vyatumye agerageza kuguma abona ibintu mu buryo bwiza.

18. Ubwirwa n’iki ko Imana yaguteye agateka kadasanzwe, kandi ni imvo izihe zotuma ‘ushemeza Ya’?

18 Uwo mwanditsi wa zaburi yari azi ingene abasavyi b’Imana ba kera bari baratewe agateka kadasanzwe. Ni bo gusa Yehova yahaye “ijambo” ryiwe be n’“ingingo nyobozi ziwe n’ingingo ziwe z’ubutungane.” (Soma Zaburi 147:19, 20.) Muri iki gihe, ni twe twenyene kw’isi dufise agateka ko kwitirirwa izina ry’Imana. Kuba tuzi Yehova tukaba dufise n’Ijambo ryiwe rituyobora, bituma tugiranira na we ubucuti budasanzwe. Cokimwe n’uwanditse Zaburi ya 147, wumva none udafise imvo zumvikana zo ‘gushemeza Ya’, kandi ukaremesha n’abandi kubigenza gutyo nyene?