Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

‘Nashitse imigambi yawe yose’

‘Nashitse imigambi yawe yose’

“Nusoserwe na Yehova, na we azoguha ivyo umutima wawe usaba.”​—ZAB. 37:4.

INDIRIMBO: 135, 81

1. Uwukiri muto ategerezwa guhitamwo iki ku bijanye na kazoza? Kubera iki adakwiye guhagarika umutima birenze? (Raba ishusho itangura.)

YEMWE rwaruka, ngira ngo muremera ko imbere y’uko umuntu afata urugendo, biba vyiza abanje gutegekanya iyo azoja. Ubuzima ni nk’urugendo, kandi mu gihe c’ubuto ni ho umuntu ategura urwo rugendo. Ariko ntiwumve, gutegekanya imigambi si ikintu coroshe. Umwigeme yitwa Heather avuga ati: “Naho bitoroshe, utegerezwa guhitamwo ingene uzokoresha ubuzima bwawe.” Ariko rero nimureme. Yehova abwira umwe wese mu basavyi biwe ati: “Ntutinye, kuko ndi kumwe nawe. Ntiweraguze, kuko ndi Imana yawe. Nzogukomeza. Nzogufasha vy’ukuri.”​—Yes. 41:10.

2. Wemezwa n’iki ko Yehova yipfuza ko utegura neza kazoza kawe?

2 Yehova akuremesha gutegura neza kazoza kawe. (Umus. 12:1; Mat. 6:20) Yipfuza ko uhimbarwa. Ivyo tubibonera mu bintu yaremye biryoheye ijisho, mu vyo twumvisha amatwi, no mu vyo dufungura binovera. Zirikana kandi ukuntu atwitwararika akongera akatwigisha ingene twogira ubuzima bwiza kuruta. Yehova abwira abanka impanuro ziwe ati: “Muhitamwo ikintu kitampimbara. . . . “Raba! Abasavyi banje bazonezerwa, mugabo mwebwe muzokwicwa n’ibimaramare. Raba! Abasavyi banje bazokwiha akamo k’umunezero kubera bamerewe neza ku mutima.” (Yes. 65:12-14) Igihe rero abasavyi ba Yehova bahisemwo neza, biramuninahaza.​—Imig. 27:11.

IMIGAMBI IZOTUMA UHIMBARWA

3. Yehova yipfuza ko wokwishingira imigambi iyihe?

3 None ni imigambi iyihe Yehova yipfuza ko wokwishingira? Kugira ngo turonke agahimbare, turakeneye kumenya Imana no kuyikorera. Ukwo ni ko turemwe. (Zab. 128:1; Mat. 5:3) Turatandukanye cane n’ibikoko, kuko vyovyo ata kindi binezwe atari ukurya, ukunywa amazi no kurondoka. Imana ntiyipfuza ko tumera nk’ibikoko, ahubwo yipfuza ko twishingira imigambi izotuma duhimbarwa. Umuremyi wawe ni “Imana y’urukundo,” “Imana ihimbawe,” iyaremye abantu “mw’ishusho yayo.” (2 Kor. 13:11; 1 Tim. 1:11; Ita. 1:27) Niwigana iyo Mana yacu y’urukundo, uzohimbarwa. Hari aho woba umaze kwibonera ko aya majambo ari ay’ukuri, ayagira ati: “Gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.” (Ivyak. 20:35) Ivyo ni ko biri mu buzima bw’abantu. Ku bw’ivyo rero, Yehova yipfuza ko wokwishingira imigambi yerekana ko ukunda Imana n’abantu nkawe.​—Soma Matayo 22:36-39.

4, 5. Ni ibiki vyatumye Yezu ahimbarwa?

4 Yezu Kristu yarabereye akarorero keza mwebwe abakiri bato. Akiri umwana, yarakina n’abandi kandi akinezereza. Ijambo ry’Imana rivuga ko hariho “igihe co gutwenga . . . n’igihe co kwikina amatavu.” (Umus. 3:4) Vyongeye, Yezu yariyegereza Yehova mu kwiga Ivyanditswe. Igihe yari afise imyaka 12, abigisha bo ku rusengero baratangazwa n’“ugutegera kwiwe be n’inyishu ziwe” mu vy’Imana.​—Luka 2:42, 46, 47.

5 Amaze gukura, yabayeho ahimbawe. None vyava ku ki? Yari azi neza ko Imana yipfuza ko ‘amenyesha inkuru nziza aboro, n’uguhumuka ku mpumyi.’ (Luka 4:18) Gukora ivyo Imana igomba vyatuma ahimbarwa. Muri Zaburi 40:8 harerekana ingene Yezu yiyumva. Hagira hati: “Gukora ukugomba kwawe, ewe Mana yanje, ni vyo vyampimbaye.” Yezu yarahimbarwa no kwigisha abantu ivyerekeye Se wo mw’ijuru. (Soma Luka 10:21.) Igihe Yezu yari ahejeje kwigisha umugore umwe ibijanye n’ugusenga kw’ukuri, yabwiye abigishwa biwe ati: “Ibifungurwa vyanje ni ugukora ukugomba kw’uwandungitse no kurangiza igikorwa ciwe.” (Yoh. 4:31-34) Ukuba Yezu yarakunda Imana n’abantu, vyaratumye ahimbarwa. Na wewe birashobora gutuma uhimbarwa.

6. Kubera iki ari vyiza ko uyaga n’abakirisu bahumuye ibijanye n’imigambi ufise?

6 Abakirisu batari bake barironkeye agahimbare mu buto bwabo mu gukora ubutsimvyi. Ubona gute uyaze na bo ibijanye n’imigambi ufise? Bibiliya ivuga iti: “Imigambi irapfa ahatagira ikiyago c’akabanga, mugabo mu bajanama indiri haragira igishitsweko.” (Imig. 15:22) Abantu nk’abo bahumuye mu vy’impwemu boshobora kukubwira ko umurimo w’igihe cose utuma wiga ibintu bizogufasha mu buzima bwawe bwose. Yezu amaze kwigishwa na Se mw’ijuru, yarabandanije kwiga n’ibindi mu gikorwa yaranguriye ng’aha kw’isi. Nk’akarorero, yariboneye umunezero wo kubwira abandi inkuru nziza no kuba intahemuka mu bigeragezo. (Soma Yesaya 50:4; Heb. 5:8; 12:2) Reka turimbure imice imwimwe y’umurimo w’igihe cose ishobora gutuma uhimbarwa.

GUHINDURA ABANTU ABIGISHWA BIRACISHA UBWENGE

7. Ni kubera iki abakiri bato benshi bakunda igikorwa co guhindura abantu abigishwa?

7 Yezu yadusavye kugenda ‘guhindura abantu abigishwa.’ (Mat. 28:19, 20) Niwahitamwo igikorwa co guhindura abantu abigishwa, uzoba uhisemwo umwuga uzotuma uhimbarwa kuruta, umwuga uninahaza Imana. Nk’uko biri no ku yindi myuga, bizogusaba igihe kugira ngo ube umuhinga muri ico gikorwa. Umuvukanyi yitwa Timothy yatanguye ubutsimvyi akiri umuyabaga. Aherutse kuvuga ati: “Ndakunda umurimo w’igihe cose kuko ari uburyo bwo kwereka Yehova ko ndamukunda. Mu ntango, sinashobora kuronka inyigisho ya Bibiliya n’imwe. Mugabo igihe nimukira mu kandi karere, mu kwezi kumwe gusa naratanguje inyigisho zitari nke. Umwe muri bo yaratanguye kuza ku Ngoro y’Ubwami. Inyuma y’amezi abiri namaze mw’Ishure ry’ivya Bibiliya ry’abavukanyi batubatse, * nararungitswe mu kandi karere maze ntanguza inyigisho zine. Kwibonera ingene impwemu nyeranda ihindura ubuzima bw’abantu, bituma nkunda kubigisha.”​—1 Tes. 2:19.

8. Abakiri bato bamwebamwe bakoze iki kugira ngo bashobore kwigisha abantu benshi?

8 Hari abandi bakiri bato bize urundi rurimi. Nk’akarorero, uwitwa Jacob wo muri Amerika ya Ruguru, avuga ati: “Igihe nari mfise imyaka indwi, abenshi mu bo twigana bari Abanyaviyetinamu. Kubera ko nipfuza kubabwira ivyerekeye Yehova, nahavuye niga ururimi rwabo. Ahanini, narwiga mu kuza ndagereranya Umunara w’Inderetsi w’icongereza n’uw’ikiviyetinamu. Nararondeye n’abagenzi mw’ishengero ribanyi ryakoresha ikiviyetinamu. Igihe nari mfise imyaka 18, naratanguye ubutsimvyi. Mu nyuma, naritavye Ishure ry’ivya Bibiliya ry’abavukanyi batubatse. Ivyo vyaramfashije cane mu cibare nkoreramwo ubu, aho ndi umukurambere umwe gusa mu mugwi ukoresha ikiviyetinamu. Abanyaviyetinamu benshi baratangazwa no kubona mvuga ururimi rwabo. Barantumira iwabo, kandi akenshi nca ndabigisha Bibiliya. Bamwe muri bo barateye imbere barabatizwa.”​—Gereranya n’​Ivyakozwe 2:7, 8.

9. Igikorwa co guhindura abantu abigishwa kitumarira iki?

9 Igikorwa co guhindura abantu abigishwa kiratwigisha gukunda ibikorwa, kuganiriza neza abantu, kudatinya no kwigengesera. (Imig. 21:5; 2 Tim. 2:24) Ariko igiteye umunezero kuruta, ni uko ico gikorwa gituma turushiriza kumenya Ivyanditswe. Vyongeye, kiratwigisha gukorana neza na Yehova.​—1 Kor. 3:9.

10. N’igihe woba ukorera mu cibare kigoye, igikorwa co guhindura abantu abigishwa cokuronsa gute umunezero?

10 Ico gikorwa kirashobora kukuronsa umunezero n’igihe nyene abantu bo mu cibare cawe boba batakira neza inkuru nziza. Niwibuke ko ico gikorwa gisaba ko dushira inguvu hamwe. Ishengero ryose riragira uruhara mu kurondera ababereye. N’igihe nyene umwamamaji umwe gusa ari we aronse uwuzohava acika umwigishwa, bose baba baragize uruhara mu kurondera, kandi bose baranezerwa. Nk’akarorero, uwitwa Brandon yaramaze imyaka icenda ari umutsimvyi mu karere katimbuka. Avuga ati: “Ndakunda kwamamaza inkuru nziza kubera ko ari vyo Yehova adusaba. Natanguye ubutsimvyi nkirangiza amashure. Ndaryoherwa no kuremesha abavukanyi bakiri bato bo mw’ishengero iwacu no kwibonera ingene batera imbere mu vy’impwemu. Igihe narangiza Ishure ry’ivya Bibiliya ry’abavukanyi batubatse, naciye ndungikwa gukorera mu kandi karere. Naho muri ako karere ntarigera ndonka uwutera imbere akabatizwa, abandi barabaronse. Ntiworaba ingene mpimbawe no kuba naragize uruhara ruboneka mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa.”​—Umus. 11:6.

AHO IMIGAMBI YAWE ISHOBORA KUGUSHIKANA

11. Uwundi muce w’umurimo mweranda abakiri bato benshi baronkeramwo umunezero ni uwuhe?

11 Hariho uturyo twinshi two gukorera Yehova. Nk’akarorero, abakiri bato benshi baritanga bagafasha mu bwubatsi. Haracakenewe Ingoro z’Ubwami nyinshi cane. Kuzubaka ni igikorwa ceranda kininahaza Imana kandi gishobora gutuma uhimbarwa. Cokimwe no mu yindi mice y’umurimo mweranda, kwifatanya n’abandi muri ico gikorwa biratera umunezero. Vyongeye, urashobora kuhigira ibintu vyinshi, nko kuba umuntu yirinda amasanganya mu kazi, gukorana umwete, no gukorana neza n’abahagarikiye igikorwa.

Abakora umurimo w’igihe cose barironkera imihezagiro myinshi (Raba ingingo ya 11-13)

12. Ubutsimvyi bushobora gute gutuma umuntu ashikira utundi duteka?

12 Umuvukanyi yitwa Kevin avuga ati: “Kuva nkiri umwana mutoyi, namye nipfuza gukorera Yehova mu murimo w’igihe cose. Nahavuye ntangura ubutsimvyi mfise imyaka 19. Kugira ngo nibesheho, naza ndisumamwo ku muvukanyi umwe yakora ivyo kwubaka. Narize gusakara, gutera imiryango n’amadirisha. Mu nyuma, naramaze imyaka ibiri nkorana n’umugwi watabara abatewe n’igihuhusi, ugasanura Ingoro z’Ubwami n’amazu y’abavukanyi. Igihe numva ko muri Afrika y’Epfo hari hakenewe abubatsi, naciye nuzuza urupapuro rwo gusaba maze baranyemerera. Ino muri Afrika, mu ndwi nka zingahe tuba turangije kwubaka Ingoro y’Ubwami tugaca twimukira ahandi. Abagize umugwi nkoreramwo ni nk’umuryango. Turabana, tukigira hamwe Bibiliya tukongera tugakorana. Vyongeye, ndahimbarwa no gukorana indimiro buri ndwi n’abavukanyi bo mu karere tuba turimwo. Imigambi nishingiye nkiri muto yaratumye ngira agahimbare ntigeze niyumvira.”

13. Kubera iki abakiri bato bakunda umurimo wo kuri Beteli?

13 Hari abandi bahoze ari abatsimvyi ubu basigaye bari kuri Beteli. Umurimo wo kuri Beteli uratera umunezero kuko igikorwa cose umuntu ashingwa ari ica Yehova. Umuryango wa Beteli urafasha mu bijanye no kuturonsa ibifungurwa vy’impwemu. Umunyabeteli yitwa Dustin avuga ati: “Nishingiye umugambi wo gukora umurimo w’igihe cose mfise imyaka icenda, nca ntangura ubutsimvyi ndangije amashure. Haciye umwaka n’igice, narahamagawe kuri Beteli. Narahigiye gukoresha imashini zicapura, mu nyuma na ho niga ibijanye no gutunganya amaporogarama ya ordinateri. Kuri Beteli, ndahimbarwa no kwumva raporo zijanye n’iterambere ririko riraba mu gikorwa co kwamamaza kw’isi yose. Ndakunda gukorera kuri Beteli kuko dufasha abantu kwiyegereza Yehova.”

UFISE IMIGAMBI IYIHE KU BWA KAZOZA?

14. Ni ibiki wokora mu kwitegurira umurimo w’igihe cose?

14 Ushobora gute kwitegurira umurimo w’igihe cose? Kugira ngo ukorere Yehova bimwe bishitse, urakeneye gutsimbataza kamere nziza. Ku bw’ivyo, urakwiye kwiga Ijambo ry’Imana ubigiranye umwete, ukarizirikanako cane, ukanaserura ukwizera kwawe ku makoraniro y’ishengero. Igihe ukiri ku ntebe y’ishure, urashobora kuharonkera ubumenyi n’ubuhinga bwogufasha kwamamaza inkuru nziza. Niwige kwitwararika abantu, mu kubasaba guserura iryo bagona ubigiranye ukwiyubara no mu gutega yompi inyishu baguha. Ikigeretseko, urashobora kwitanga mu bikorwa vy’ishengero, nko gusukura Ingoro y’Ubwami no kuyibungabunga. Yehova arahimbarwa no gukoresha abantu bicisha bugufi kandi bitanga babikunze. (Soma Zaburi 110:3; Ivyak. 6:1-3) Icatumye intumwa Paulo asaba Timoteyo ngo bajane mu gikorwa c’ubumisiyonari, ni uko uwo musore “yavugwa neza n’abavukanyi.”​—Ivyak. 16:1-5.

15. Wotegekanya gute kuzokwironsa ibigutunga?

15 Mu bisanzwe, abakora umurimo w’igihe cose barakenera kwironsa ikibatunga. (Ivyak. 18:2, 3) Hari aho woshima kwiga umwuga uzogufasha kwisumamwo mu buzi buboneka mu karere iwanyu. Igihe utegura imigambi, nuvugane n’umucungezi wanyu w’umuzunguruko be n’abatsimvyi bo mu muzunguruko wanyu. Nubabaze akazi korohereza abatsimvyi. Bibiliya ivuga iti: “Nuragize ibikorwa vyawe Yehova ubwiwe, imigambi yawe izoheza ibe iyishimangiwe.”​—Imig. 16:3; 20:18.

16. Gukorera Yehova bimwe bishitse ukiri muto, bishobora gute kugufasha kwitegurira amabanga yo muri kazoza?

16 Yehova yipfuza ko ‘ucakira’ kazoza keza. (Soma 1 Timoteyo 6:18, 19.) Umurimo w’igihe cose uratuma uba umukirisu ahumuye, uko ugenda urakorana n’abandi basuku b’igihe cose. Benshi barabonye ko gukorera Yehova bimwe bishitse bakiri bato, vyabafashije no kuroranirwa bamaze kwubaka izabo. Akenshi abakoze ubutsimvyi batarubaka, barashoboye kubandanya uwo murimo bari kumwe n’abo bubakanye.​—Rom. 16:3, 4.

17, 18. Ni mu buryo ki imigambi itangurira mu mutima?

17 Burya imigambi itangurira mu mutima. Muri Zaburi ya 20:4 havuga ku bijanye na Yehova hati: “Naguhe nk’uko umutima wawe ugomba, ashitse inama [canke imigambi] yawe yose.” Nuzirikane rero ivyo wipfuza kuzokora mu buzima bwawe. Nurimbure ivyo Yehova ariko arakora muri iki gihe be n’ingene wogira uruhara mu murimo wiwe. Nuce rero utegekanya gukora ibimuhimbara.

18 Niwakorera Yehova bimwe bishitse, uzohimbarwa cane kuko ari bwo buryo bwo kubaho bumutera iteka. Ego cane, “nusoserwe na Yehova, na we azoguha ivyo umutima wawe usaba.”​—Zab. 37:4.

^ ing. 7 Ubu ryasubiriwe n’Ishure ry’abamamaji b’Ubwami.