Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nutsinde urugamba rwo gukingira umuzirikanyi wawe

Nutsinde urugamba rwo gukingira umuzirikanyi wawe

URAGABA! Umwansi wawe katwa Shetani ariko arakoresha ikirwanisho gikomeye kugira ngo agutere. Uti ico kirwanisho ni nyabaki? Ni propagande! Ntagikoresha mu kugutera ku mubiri, ahanini agikoresha mu gutera umuzirikanyi wawe.

Intumwa Paulo yari azi neza ko propagande ya Shetani yari iteye akaga, naho abakirisu bamwebamwe batabibona. Biboneka ko abakirisu bamwebamwe b’i Korinto biyizigira birenze, bakiyumvira ko bari bahagaze neza mu kuri ku buryo batari gushobora kugwa. (1 Kor. 10:12) Ni co gituma Paulo yabagabishije ati: “Nka kumwe ya nzoka yaryosharyosha Eva ikoresheje urwenge rwayo, ndatinya yuko hari ukuntu imizirikanyi yanyu yohava yononekara ikava ku kutagira uburyarya n’ukutandura bibereye Kristu.”​—2 Kor. 11:3.

Ayo majambo Paulo yavuze arerekana ko udakwiye kwijajara. Nimba wipfuza gutsinda urwo rugamba, utegerezwa kumenya akaga propagande ya Shetani iteza, maze ukikingira.

KUBERA IKI PROPAGANDE ITEYE AKAGA?

None propagande ni iki? Muri iki kiganiro, iryo jambo ryerekeza ku guha abantu amakuru ahengamye canke atari yo, mu ntumbero yo kubigarurira mu vyiyumviro no mu vyo bakora. Hari ababona ko propagande ari cokimwe n’“ukubesha, ukurementanya, uguhuvya, ugukoresha uruyeri, ukwifatira abantu, [canke] intambara y’ivyiyumviro.” Baca rero bavuga ko ari “umukenyuro mubi, uteye akaga, kandi utabereye.”​—Propaganda and Persuasion.

Kubera iki none propagande iteye akaga? Ni uko ari ivyiyumviro binyengetera mu bwenge tutabiciye n’ikanda, nka kurya nyene umwuka w’ubumara unyengetera mu muntu atabizi canke utamumoteye. Kubera ko ari ikintu tutabonesha amaso, umuhinga mu vy’inyifato yitwa Vance Packard yavuze ati: “Abenshi muri twebwe usanga boshwa kandi bagahendwa kuruta uko bavyiyumvira.” Uwundi muhinga avuga ko propagande yatumye abagabo n’abagore “bakora ibintu vy’agahomerabunwa”, ‘nk’ihonyabwoko, intambara, urwanko rushingiye ku moko canke ku madini, be n’ibindi bintu biranga ubupfu.’​—Easily Led​—A History of Propaganda.

Nimba abantu buntu bashobora kwigarurira ivyiyumviro vyacu, Shetani we bite? Yatanguye kugendereza abantu kuva bakiremwa. “Isi yose” iri mu bubasha bwiwe. Arashobora gukoresha umuce uwo ari wo wose wayo kugira ngo akwiragize ibinyoma vyiwe. (1 Yoh. 5:19; Yoh. 8:44) ‘Yarahumye imizirikanyi y’abantu’ araroranirwa, ku buryo ubu ariko “azimiza isi yose.” (2 Kor. 4:4; Ivyah. 12:9) None worwanya gute ivyiyumviro vyiwe?

NUKOMEZE UKWIZERA KWAWE

Yezu yarerekanye uburyo bworoshe bwo kurwanya mwene ivyo vyiyumviro. Yavuze ati: “Muzomenya ukuri, kandi ukuri kuzobagira abidegemvya.” (Yoh. 8:31, 32) Mu gihe c’intambara, umusoda arakenera kumenya aho yokura amakuru yo kwizigirwa, kuko umwansi akwiragiza amakuru atari yo kugira amuhuvye. Na wewe urakeneye kumenya aho wokura amakuru yo kwizigirwa, kugira ntuhendwe n’umwansi. Yehova yaraturonkeje isôko ry’amakuru yizigirwa, na ryo akaba ari Bibiliya. Ico gitabu kirimwo ivyo ukeneye vyose kugira ngo urwanye ivyiyumviro vya Shetani.​—2 Tim. 3:16, 17.

Ariko rero, umwe karuhariwe mu gukwiragiza ibinyoma ari we Shetani, ivyo arabizi. Aca akoresha isi yiwe kugira aburabuze abantu gusoma Bibiliya no kuyiga. Ntugahendwe n’amayeri yiwe! (Ef. 6:11.) Ku bw’ivyo, ‘nutegere neza’ ukuri kwose wiga. (Ef. 3:18) Ivyo bizosaba ko ugira akigoro kadasanzwe. Uraguma wibuka iki kintu gihambaye umwanditsi Noam Chomsky yanditse, ati: “Nta wuzotereka ukuri mu bwenge bwawe. Ni ikintu utegerezwa kwironderera.” Nurondere rero ukuri ubigiranye umwete, mu ‘gusuzuma Ivyanditswe ku musi ku musi uvyitondeye.’​—Ivyak. 17:11.

Kugira utsinde urugamba rwo gukingira umuzirikanyi wawe, utegerezwa kumenya akaga propagande ya Shetani iteza, maze ukikingira

Niwibuke ko Shetani adashaka ko wiyumvira neza ngo utahure ukuri. Uti kuki? Igitabu kimwe kivuga yuko propagande “irushiriza gushika ku ntumbero yayo mu gihe abantu . . . baba bataciyumvira neza.” (Media and Society in the Twentieth Century) Niwirinde rero kwemera ivyo wumvise vyose. (Imig. 14:15) Nukoreshe ubushobozi bwo kwiyumvira Imana yaguhaye, kugira ngo utahure neza ukuri.​—Imig. 2:10-15; Rom. 12:1, 2.

URAGABA KU VYIYUMVIRO BICANISHAMWO

Abahinga mu vya gisirikare barashobora gukoresha amayeri kugira ngo umwansi atakaze morare, maze acike intege. Boshobora gukoresha urwenge kugira ngo abansi bacanemwo, canke batume bamwe biyonkora. Umujenerali umwe w’Umudagi yavuze ko kimwe mu vyatumye Ubudagi butsindwa mu Ntambara ya mbere y’isi yose, ari uko abantu “bagoswe na propagande y’umwansi, nka kurya nyene inzoka igota urukwavu.” Shetani arakoresha umukenyuro nk’uwo nyene kugira ngo aducanishemwo. Nk’akarorero, arateza amahane mu bavukanyi canke agatuma bikumira, bakava mw’ishirahamwe rya Yehova bivuye ku bintu biyumvira ko ari akarenganyo canke ku bintu biba vyabababaje.

Ntuhendwe! Nureke Ijambo ry’Imana rikuyobore. Nk’akarorero, kugira ngo tugume twunze ubumwe n’abavukanyi bacu, Bibiliya iduhanura kuguma “[t]ubabarirana ata gahigihigi” no kwihutira gutunganya amatati. (Kol. 3:13, 14; Mat. 5:23, 24) Vyongeye, iduhanura ishimitse kutitandukanya n’ishengero. (Imig. 18:1) None ubona uhagaze gute muri uwo muce? Niwibaze uti: ‘Igihe mperuka gushikirwa n’ikintu nk’ico, nariko nyoborwa n’impwemu iyihe? Yari impwemu y’isi canke yari impwemu y’Imana?’​—Gal. 5:16-26; Ef. 2:2, 3.

NUGUME WIZIGIYE ABATUJA IMBERE

Iyo umusoda ataciyumvamwo indongozi yiwe, ntarwana neza. Umwansi rero arakoresha amayeri kugira ngo acanishemwo abasoda n’abakomanda babo. Yoshobora kubwira nya basoda ati: “Abo bakomanda si abizigirwa!” canke na ho ngo “ntimubona ko bariko babasuka kw’icumu?” Kugira ngo nya mwansi ajijure abo basoda, yoshobora guca afatira ku dukosa twose izo ndongozi zokora. Na Shetani abigenza gutyo nyene. Aguma arondera ko wotakaza icizere ufitiye indongozi Yehova yaduhaye.

None womurwanya gute? Niwiyemeze kwumira kw’ishirahamwe rya Yehova kandi ushigikire udahemuka abatuja imbere, naho wobabonako utunenge kanaka. (1 Tes. 5:12, 13) N’igihe abahuni canke abandi banyamayeri bogerageza kwambika ibara ishirahamwe rya Yehova, ntiwemere ‘kunyiganyizwa ningoga’ naho ivyo bovuga womenga birumvikana. (2 Tes. 2:2; Tito 1:10) Nukurikize impanuro Paulo yahaye wa musore Timoteyo. Nugume mu vyo wize, kandi wibuke uwabikwigishije. (2 Tim. 3:14, 15) Emwe, hariho ibimenyamenya umuyoro vyotuma wizigira umuhora Yehova amaze imyaka hafi ijana akoresha kugira ngo atuyobore mu nzira y’ukuri.​—Mat. 24:45-47; Heb. 13:7, 17.

NTUREKE NGO ITERABWOBA RIGUCE INTEGE

Niwibuke kandi ko ibitero rya Shetani bitama biza mu buryo bwihishije gusa. Hari n’igihe akoresha iterabwoba. Iterabwoba ni “kimwe mu vyo yakoresheje kuva kera na rindi.” (Easily Led​—A History of Propaganda) Nk’akarorero, umuporofeseri w’Umwongereza yitwa Philip M. Taylor, yavuze ko kera Abashuri bigarurira abansi babo bakoresheje “iterabwoba hamwe na propagande.” Shetani na we nyene aragerageza kutwigarurira no kutubuza gukorera Yehova akoresheje ugutinya abantu, uruhamo, urupfu, be n’ikindi kintu cose twoshobora gutinya.​—Yes. 8:12; Yer. 42:11; Heb. 2:15.

Ntureke ngo iterabwoba rya Shetani riguce intege canke ngo ritume udohoka. Yezu yavuze ati: “Ntimutinye abica umubiri, inyuma y’ivyo ntibashobore kugira ikindi kintu na kimwe.” (Luka 12:4) Niwizigire uherejeko umuhango Yehova yatanze yuko azokurinda, akaguha “ububasha burengeye ubusanzwe,” akongera akagufasha kunanira ibintu vyose vyogutera ubwoba.​—2 Kor. 4:7-9; 1 Pet. 3:14.

Ariko ntiwumve, woshobora gushikirwa n’ibintu biteye ubwoba kandi bica intege. N’ico gihe nyene, uraguma wibuka amajambo aremesha Yehova yabwiye Yosuwa ati: “Gira umutima rugabo kandi ukomere. Nturanduke umutima canke ngo ucike ivutu, kuko Yehova Imana yawe azobana nawe aho uzoja hose.” (Yos. 1:9) Ushikiwe n’amaganya rero, nuce ubwo nyene witura Yehova mw’isengesho umubwire ibikuraje ishinga vyose. Ata gukeka ‘amahoro y’Imana azorinda umutima wawe n’ububasha bwawe bwo kwiyumvira,’ uheze uronke inkomezi zo kunanira propagande yose ya Shetani.​—Flp. 4:6, 7, 13.

Woba wibuka propagande Rabushake ya ntumwa y’Abashuri yakoresheje, kugira ngo ace intege abasavyi b’Imana? Ni nk’aho yababwiye ati: ‘Nta n’umwe yobakingira Abashuri. Mbere n’Imana yanyu Yehova, nta co yobafasha muri ivyo.’ Yaciye yongerako ati: ‘Yehova ni we yadutumye guhonya iki gihugu.’ None Yehova yavyakiriye gute? Yabwiye Hezekiya ati: “Ntutinye kubera amajambo wumvise, ayo abasuku b’umwami wa Ashuri bakoresheje mu kumvuga nabi.” (2 Abm. 18:22-25; 19:6) Yaciye rero arungika umumarayika, asasika ingabo z’Abashuri 185.000 mw’ijoro rimwe gusa!​—2 Abm. 19:35.

NUBE INKEREBUTSI, WAME WUMVIRIZA YEHOVA

Woba urigera uraba isinema, aho usanga umuntu ariko arahendwa atabiciye n’ikanda? Muri wewe woba waciye uvuga uti: ‘Ntiwemere sha! Bariko baraguhenda!’ Nuce wiha ishusho rero ukuntu abamarayika basemerera bakubwira bati: “Ntiwemere ibinyoma vya Shetani!”

Niwime amatwi rero ibinyoma vya Shetani. (Imig. 26:24, 25) Niwumvirize Yehova kandi umwizigire mu vyo ukora vyose. (Imig. 3:5-7) Niwitabire akamo agutera abigiranye urukundo, ati: “Ba inkerebutsi mwananje, unezereze umutima wanje.” (Imig. 27:11) Aho ni ho uzotsinda urugamba rwo gukingira umuzirikanyi wawe!