Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba uzorindira wihanganye?

Woba uzorindira wihanganye?

“Namwe nyene mwihangane.”​—YAK. 5:8.

INDIRIMBO: 114, 79

1, 2. (a) Ni ibiki vyotuma tubaza ngo “kugeza ryari”? (b) Uburorero bw’abasavyi b’Imana ba kera buturemesha gute?

“KUGEZA ryari?” Ico kibazo cabajijwe n’abahanuzi b’abizigirwa Yesaya na Habakuki. (Yes. 6:11; Hab. 1:2) Igihe Umwami Dawidi yandika Zaburi ya 13, na we nyene yarabajije ikibazo nk’ico incuro zine. (Zab. 13:1, 2) N’Umukama wacu Yezu Kristu yarabajije ikibazo nk’ico abantu batagaragaza ukwizera. (Mat. 17:17) Ntivyodutangaza rero bishitse natwe tukibaza ico kibazo.

2 None ni ibiki vyotuma tubaza ico kibazo? Vyoshobora kuva ku karenganyo twagiriwe, ku kuba turiko tunyinyana n’indwara be n’ubusaza, canke ku ngorane zo kubaho muri ibi “bihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.” (2 Tim. 3:1) Vyoshobora kandi kuva ku ngeso mbi tubona hirya no hino zituma twumva ko dushegeshwe. Ariko icobituma cose, birahumuriza kumenya ko abasavyi ba Yehova b’abizigirwa bigeze kumubaza ico kibazo, kandi ko atabakariye.

3. Mu gihe c’ingorane zikomeye, ni igiki codufasha?

3 None mu gihe c’ingorane nk’izo, ni igiki codufasha? Yakobo mwene nyina wa Yezu, yahumekewe n’Imana kwandika ati: “Mwihangane rero, bene wacu, gushika ku kuhaba kw’Umukama.” (Yak. 5:7) Ego cane, twese turakeneye kwihangana. None ukwihangana kurimwo n’ibiki?

UKWIHANGANA NI IKI?

4, 5. (a) Ukwihangana kurimwo n’ibiki? (b) Umwigishwa Yakobo atanga ikigereranyo ikihe ku bijanye n’ukwihangana? (Raba ishusho itangura.)

4 Bibiliya ivuga ko ukwihangana kuva ku mpwemu nyeranda. Abantu badatunganye ntibashobora kwihangana nk’uko bikwiriye badafashijwe n’Imana. Kwihangana rero biva ku Mana, kandi iyo tugaragaje iyo kamere tuba twerekanye ko dukunda Imana na bagenzi bacu. Iyo tubuze ukwihangana urukundo dufitaniye ruragabanuka, iyo twihanganye na ho rurakomera. (1 Kor. 13:4; Gal. 5:22) Ukwihangana kurimwo n’izindi kamere za gikirisu zihambaye. Izo kamere ziratuma twigumya mu bihe bitoroshe, tukaguma tubona ibintu mu buryo bwiza. (Kol. 1:11; Yak. 1:3, 4) Kwihangana birimwo kandi kutihora uwutugiriye nabi, tukaguma dushikamye naho hoza iki. Vyongeye, Bibiliya iduhimiriza kuba abantu barindira n’umutima ukunze. Uwo muce w’ukwihangana uravugwa muri Yakobo 5:7, 8. (Soma.)

5 Kubera iki none dukwiye kurindira n’umutima ukunze ko Yehova agira ico akoze? Uko ivyacu vyifashe, Yakobo abigereranya n’ivy’umurimyi. Naho umurimyi akora cane kugira ngo atere imbuto, ntashobora gutegeka ikirere canke ikura ry’ibiterwa. Ntashobora no kwihutisha igihe. Ararindira yihanganye “ivyamwa vy’agaciro vy’isi.” Na twebwe nyene, hariho ibintu vyinshi tudashobora guhindura, magingo turindiriye ko Yehova ashitsa ivyo yadusezeraniye. (Mrk. 13:32, 33; Ivyak. 1:7) Nka kurya kw’umurimyi, turakeneye kurindira twihanganye.

6. Twigira iki ku karorero k’umuhanuzi Mika?

6 Muri iki gihe, ibintu bimeze nk’uko vyari mu gihe c’umuhanuzi Mika. Yabayeho ku ngoma y’umwami mubi Ahazi, igihe abantu bari barononekaye mu mice yose. Nkako, abantu bari basigaye ari abahinga mu gukora ikibi. (Soma Mika 7:1-3.) Mika yari azi neza ko ubwiwe ata co yari guhindura. None yari gukora iki? Avuga ati: “Jeho, Yehova ni we nzoguma nderetse. Nzorindira Imana y’ubukiriro bwanje. Imana yanje izonyumva.” (Mika 7:7) Cokimwe na Mika, na twebwe turakwiye ‘kurindira.’

7. Kubera iki tudakwiye gupfa kurindira ko Yehova ashitsa ivyo yadusezeraniye?

7 Nimba dufise ukwizera nk’ukwa Mika, tuzorindira Yehova n’umutima ukunze. Ivyacu biratandukanye cane n’ivy’umunyororo ari mu gasho, arindiriye umusi wo kwica. Arindira kuko ata kundi ari bubigire, kandi uwo musi ntawitegana umushasharo. Ariko twebwe turindira Yehova n’umutima ukunze, kuko tuzi yuko igihe kibereye nicashika, azoduha ubuzima budahera yadusezeraniye. Ni co gituma ‘twihangana bimwe bishitse kandi tukiyumanganya tunezerewe.’ (Kol. 1:11, 12) Hamwe rero tworindira Yehova twidodomba ko atariko aranyarutsa ibintu, ntivyomuhimbara namba.​—Kol. 3:12.

UBURORERO BW’ABIHANGANYE

8. Uko tuzirikana ku burorero bw’abagabo n’abagore ba kera b’abizigirwa, ni ibiki dukwiye kwibuka?

8 Ni igiki none codufasha kurushiriza kwihangana n’umutima ukunze? Ni ukwibuka abagabo n’abagore b’abizigirwa ba kera barindiriye bihanganye ko Yehova ashitsa ivyo yabasezeraniye. (Rom. 15:4) Uko tuzirikana ku burorero bwabo, birabereye ko twibuka igihe bamaze barindiriye, igituma barindiriye n’umutima ukunze, be n’ivyiza vyavuye mu kwihangana kwabo.

Aburahamu yararindiriye imyaka myinshi imbere y’uko abuzukuru biwe Esawu na Yakobo bavuka (Raba ingingo ya 9, 10)

9, 10. Aburahamu na Sara barindiriye Yehova igihe kingana gute?

9 Rimbura akarorero ka Aburahamu na Sara. Bari mu batoranye “imihango biciye ku kwizera n’ukwihangana.” Ivyanditswe bivuga ko “inyuma y’aho Aburahamu yerekaniye ukwihangana, yarakomorewe” umuhango Yehova yari yamuhaye w’uko yomuhezagiye kandi akagwiza uruvyaro rwiwe. (Heb. 6:12, 15) Kubera iki none Aburahamu yari akeneye kwihangana? Muri make, ni uko uwo muhango worangutse haciye igihe kinini. Isezerano Yehova yagiranye na Aburahamu, ryatanguye kuja mu ngiro ku wa 14 Nisani 1943 imbere ya Kristu. Uwo musi ni ho Aburahamu na Sara hamwe n’abo mu rugo rwabo bose bajabuka Uruzi Efurate, bakinjira mu Gihugu c’isezerano. Kuva ico gihe, Aburahamu yararindiriye imyaka 25 imbere y’uko umuhungu wiwe Izahaki avuka, mu 1918 imbere ya Kristu. Mu nyuma na ho, yararindiriye iyindi myaka 60 imbere y’uko abuzukuru biwe Esawu na Yakobo bavuka, mu 1858 imbere ya Kristu.​—Heb. 11:9.

10 None Aburahamu yaronse itongo ringana gute muri ico gihugu? Bibiliya ivuga iti: “Yamara nta tongo ry’intoranwa [Yehova] yamuhaye muri co, oya, habe n’ahangana n’ubwaguke bw’ikirenge; mugabo yasezeranye kukimuha ngo kimubere inyegu, kandi hanyuma yiwe gihabwe uruvyaro rwiwe, kandi ata mwana yari bwagire.” (Ivyak. 7:5) Haciye imyaka 430 Aburahamu ajabutse Efurate, ni ho abakomotse kuri we baba ihanga ryotoranye ico gihugu.​—Kuv. 12:40-42; Gal. 3:17.

11. Ni igiki catumye Aburahamu arindira Yehova n’umutima ukunze, kandi ukwo kwihangana kuzotuma yironkera imihezagiro iyihe?

11 Icatumye Aburahamu arindira n’umutima ukunze, ni uko yizera Yehova. (Soma Abaheburayo 11:8-12.) Yararindiriye anezerewe, naho yarinze apfa atabonye iranguka ry’umuhango yahawe. Iyumvire rero umunezero azogira niyazukira mw’isi y’iparadizo! Azotangara cane niyabona ingene avugwa kenshi muri Bibiliya be n’abamukomotseko. * Iyumvire ukuntu azoryoherwa cane niyamenya ari ryo rya mbere ko yagize uruhara ruhambaye mw’iranguka ry’umugambi wa Yehova ujanye na rwa ruvyaro rwasezeranywe! Ata gukeka, azobona ko igihe kirekire yarindiriye kitabaye impfagusa.

12, 13. Kubera iki Yozefu yari akeneye kwihangana, kandi ni agatima keza akahe yari afise?

12 Yozefu umwuzukuruza wa Aburahamu, na we nyene yarihanganye n’umutima ukunze. Yarashikiwe n’akarenganyo katagira izina. Ubwa mbere, igihe yari afise nk’imyaka 17 benewabo baramugurishije ngo aje kuba umuja. Mu nyuma, yarambitswe ibara ko yashatse gufata ku nguvu inabuja, aca atabwa mw’ibohero. (Ita. 39:11-20; Zab. 105:17, 18) Naho yakora ivyiza, wamengo ariko arahanwa aho guhezagirwa. Ariko inyuma y’imyaka 13, ibintu vyarahindutse mu kanya isase. Yarapfunguwe yongera aterwa iteka ryo kuba umuntu akomeye agira kabiri mu Misiri.​—Ita. 41:14, 37-43; Ivyak. 7:9, 10.

13 None ako karenganyo koba karatumye Yozefu agira umujinya? Yoba yaciye aheba kwizigira Imana yiwe Yehova? Habe namba. None ni igiki camufashije kurindira yihanganye? Ni uko yizera Yehova. Ivyamushikiye yabibonamwo ukuboko kwa Yehova. Ivyo birabonekera mu vyo yabwiye benewabo ati: “Ntimutinye; mbega jewe mbaye mu kibanza c’Imana? Mwebwe mwari mwiyumviriye kunkorera ikibi. Mugabo Imana yiyumviriye kugihinduramwo iciza kugira ikore ibintu nk’uko biri uyu musi: kugira izigamire ubuzima abantu benshi.” (Ita. 50:19, 20) Yozefu yahavuye atahura ko ukurindira kwiwe kutabaye impfagusa.

14, 15. (a) Kubera iki twovuga ko Dawidi yari afise ukwihangana kudasanzwe? (b) Ni igiki cafashije Dawidi kurindira yihanganye?

14 Umwami Dawidi na we nyene yararenganijwe kenshi. Naho Yehova yamurobanuje amavuta akiri muto ngo azobe umwami wa Isirayeli, vyabaye ngombwa ko arindira imyaka nka 15 kugira ngo atangure kuganza umuryango yakomokamwo. (2 Sam. 2:3, 4) Muri ico gihe, wa mwami w’umuhemu Sauli yaramuhize kugira ngo amwice. * Dawidi rero yaciye aza arahunga, rimwe na rimwe akaba yahungira mu kindi gihugu, mu bindi bihe agahungira mu masenga yo mu gahinga. N’igihe nyene Sauli yapfira ku rugamba, vyabaye ngombwa ko Dawidi arindira iyindi myaka irenga indwi imbere y’uko aganza ihanga ryose rya Isirayeli.​—2 Sam. 5:4, 5.

15 Ni igiki none catumye Dawidi yihangana n’umutima ukunze? Araduha inyishu muri ya zaburi yabazamwo incuro zine igihe yogejeje kurindira. Avuga ati: “Nayo jewe, ubuntu bwuzuye urukundo bwawe ni bwo nizigiye; umutima wanje nunezererwe ubukiriro bwawe. Nzoririmbira Yehova, kuko yangiriye neza.” (Zab. 13:5, 6) Dawidi yarizigira ko Yehova yogumye amugaragariza ubuntu bwuzuye urukundo. Yarazirikana ingene Yehova yamufashije muri kahise, agaca yitegana igishika igihe Yehova yomukijije amagorwa yarimwo. Ego cane, Dawidi yabona ko kurindira bitobaye impfagusa.

Mu bijanye no kwihangana, Yehova ntadusaba gukora ikintu na we adakora

16, 17. Yehova Imana be na Yezu Kristu batubereye gute uburorero bwiza mu bijanye no kurindira n’umutima ukunze?

16 Mu bijanye no kwihangana, Yehova ntadusaba gukora ikintu na we adakora. Ni we Karorero ruheta mu bijanye no kurindira n’umutima ukunze. (Soma 2 Petero 3:9.) Aramaze imyaka ibihumbi n’ibihumbi arindira yihanganye kugira ngo ibibazo Shetani yavyuye muri Edeni bitorerwe umuti mu buryo kirumara. Yehova ‘aguma arindiriye’ igihe izina ryiwe rizokwezwa bimwe bishitse. Ivyo bizotuma “abaguma bamurindiriye” bironkera imihezagiro itagira uko ingana.​—Yes. 30:18.

17 Yezu na we nyene yararindiriye n’umutima ukunze. Igihe yari kw’isi yaraciye mu bigeragezo, aguma ari umwizigirwa gushika ku rupfu. Naho mu 33 yashikirije Yehova agaciro k’incungu yatanze, vyarabaye ngombwa ko arindira gushika mu 1914 kugira ngo atangure kuganza. (Ivyak. 2:33-35; Heb. 10:12, 13) Vyongeye, abansi biwe bose bazorandurwa burundu mu mpera za ya Ngoma yiwe y’imyaka igihumbi. (1 Kor. 15:25) Naho azorindira igihe kirekire, turazi neza ko ukwo kurindira kutazoba impfagusa.

NI IBIKI BIZODUFASHA?

18, 19. Ni ibiki bizodufasha kurindira twihanganye?

18 Twese rero, turakeneye kurindira twihanganye n’umutima ukunze. Ni ibiki none bizodufasha kubigira? Nusabe Imana impwemu yayo. Niwibuke yuko ukwihangana ari umuce w’icamwa c’impwemu nyeranda. (Ef. 3:16; 6:18; 1 Tes. 5:17-19) Nutakambire Yehova agufashe kurindira wihanganye.

19 Niwibuke kandi ivyafashije Aburahamu, Yozefu na Dawidi kurindira bihanganye iranguka ry’ivyo Yehova yari yabasezeraniye. Baramwizeye bongera baramwizigira kubera ivyo yari yarabakoreye. Ntibashize umutima ku neza yabo bwite. Nitwazirikana ku kuntu bahavuye baroranirwa, bizotuma na twebwe twihangana.

20. Umwe wese akwiye kwiyemeza iki?

20 Naho rero twoca mu ngorane no mu bigeragezo, twiyemeje ‘kuguma turindiriye.’ Ego ni ko vyoshika tugashira ijwi hejuru duti: “Kugeza ryari ga Yehova?” (Yes. 6:11) Ariko bivuye ku bubasha bw’impwemu nyeranda y’Imana, umwe wese muri twebwe yiyemeje kuvuga nka Yeremiya ati: “Yehova ni we muturi wanje, ni co gituma nzoguma ndamurindiriye.”​—Int. 3:21, 24.

^ ing. 11 Mu gitabu c’Itanguriro, hari ibigabane nka 15 vyigana inkuru ya Aburahamu gusa. Mu Vyanditswe vy’ikigiriki na ho, Aburahamu avugwa incuro zirenga 70.

^ ing. 14 Naho Yehova yahevye Sauli amaze imyaka irenga gato ibiri aganza, yaramuretse araganza iyindi myaka irenga 38, gushika apfuye.​—1 Sam. 13:1; Ivyak. 13:21.