Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU Y’UBUZIMA

Kwihanganira ibigeragezo bivamwo imihezagiro

Kwihanganira ibigeragezo bivamwo imihezagiro

INTWAZANGABO yo muri KGB * yavuganye ishavu iti: “Naho nakagendeye sinari bwabone umuvyeyi w’umubisha! Warubahutse urata umugore wawe yibungenze be n’agakobwa kawe! Ni nde azobitwararika akongera akabafungurira? Aho ntiwoheba iryo dini ryawe ugasubira muhira?” Nanje ndamwishura nti: “Sinigeze nta umuryango wanje. Ahubwo ni mwe mwafashe! Mwamfatiye iki?” Iyo ntwazangabo yaciye ikankama iti: “Nta caha coza kiruta ukuba Icabona ca Yehova!”

Aho hari mw’ibohero ry’i Irkutsk mu Burusiya mu 1959. Reka ndabayagire igituma jewe n’umukenyezi wanje Maria twari twiyemeje ‘kubabara duhorwa ubugororotsi’ be n’ukuntu kuguma turi intahemuka vyatumye duhezagirwa.​—1 Pet. 3:13, 14.

Navukiye muri Ukraine mu 1933 mu kagwati ka Zolotniki. Mu 1937 mamawacu n’umugabo wiwe baraje kuturamutsa bavuye mu Bufaransa, bakaba bari Ivyabona. Baradusigiye igitabu Intwaro be n’igitabu Kurokoka vyompi vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova. Dawe amaze gusoma ivyo bitabu, yaciye asubira gukunda ivy’Imana. Ikibabaje mu 1939 yararwaye cane, ariko imbere y’uko apfa, yabwiye mawe ati: “Uku ni ukuri. Uze ukwigishe abana.”

TWAMAMAZA MU KARERE GASHASHA KA SIBERIYA

Muri Ndamukiza 1951, abategetsi baratanguye kwomora Ivyabona mu Burengero bwa Leta y’Abasoviyeti babajana muri Siberiya. Twe na mawe na mutoyi wanje Grigory twarirukanywe muri Ukraine yo mu Burengero. Twagize urugendo rw’ibilometero 6.000 mw’igariyamoshi tuja mu gisagara ca Tulun muri Siberiya. Haheze indwi zibiri dushitseyo, mukuru wanje Bogdan yarashitse mw’ikambi yari hafi y’aho, mu gisagara ca Angarsk. Yari yaciriwe imyaka 25 y’ibikorwa vy’umuruho.

Twe na mawe na Grigory twaramamaza mu bantu baba muri ako karere ka Tulun, ariko tukabigira ku rwenge. Nk’akarorero, twarabaza duti: “Hari uwoba afise inka yo kugurisha?” Turonse uwipfuza kugurisha inka, twaramubwira ukuntu inka ziremwe mu buryo butangaje. Bidatevye twaca dutangura kuvuga ivyerekeye Umuremyi. Muri ico gihe ikinyamakuru kimwe cavuze ko Ivyabona bagenda babaza inka ariko barondera intama. Kandi na zo twarazironse! Vyari bihimbaye kwigana Bibiliya n’abantu baciye bugufi kandi b’abakiranyi bo muri ako karere katari bwakorerwemwo. Ubu i Tulun hari ishengero ririmwo abamamaji barenga 100.

UKUNTU UKWIZERA KWA MARIA KWAGERAGEJWE

Umugore wanje Maria yamenyeye ukuri muri Ukraine mu gihe c’intambara ya kabiri y’isi yose. Igihe yari afise imyaka 18, intwazangabo imwe yo muri KGB yaratanguye kumubuza amahoro irondera ko basambana, ariko Maria amwamirira kure. Umusi umwe atashe yasanze uwo mugabo aryamye mu gitanda ciwe. Maria yaciye yiruka. N’ishavu n’akantu iyo ntwazangabo yamubwiye ko izomupfungisha kubera ko ari Icabona, kandi koko mu 1952 Maria yaraciriwe umunyororo w’imyaka cumi. Yiyumva nka Yozefu uwapfunzwe azira ugutungana kwiwe. (Ita. 39:12, 20) Umushoferi yamujanye mw’ibohero, yamubwiye ati: “Ntugire ubwoba. Benshi baraja mu gasho bakarinda bakavamwo bagifise iteka ryabo.”

Kuva mu 1952 gushika mu 1956, Maria yakora ibikorwa vy’umuruho mw’ikambi yari hafi y’igisagara ca Gorkiy (ubu citwa Nizhniy Novgorod) mu Burusiya. Yari yategetswe gusitura ibishitsi vy’ibiti, n’igihe haba hakanye cane, kandi yarahasinzikariye. Ariko mu 1956 yararekuwe, aca aja i Tulun.

NTANDUKANYWA N’UMURYANGO WANJE

Hari umuvukanyi i Tulun yambwiye ko hari umudada yariko araza. Naciye ngenda n’ikinga kumutegera kugira ndamutwaze. Maria, namukunze nkimubona. Ariko kugira ankunde vyansavye akigoro, maze mu 1957 turubakana. Haciye umwaka twaravyaye agakobwa, tukita Irina. Ariko umunezero wo kuba kumwe na ko wamaze umwanya urume rumara. Mu 1959, narafashwe kubera ko nacapura ibitabu bishingiye kuri Bibiliya. Namaze amezi atandatu ndi mu gasho ka jenyene. Kugira ngumane amahoro yo mu mutima, nama nsenga, nkaririmba indirimbo z’Ubwami nkongera nkiyumvira ukuntu nzokwamamaza ninarekurwa.

Igihe nari mw’ikambi y’ibikorwa vy’umuruho, mu 1962

Igihe nari mu gasho, uwariko arambaza ibibazo yavuze akankama ati: “Vuba tugiye kubazimanganya mwese.” Namwishuye nti: “Yezu yavuze ko inkuru nziza y’Ubwami IZOKWAMAMAZWA mu mahanga yose kandi ntawushobora kuyihagarika.” Uwo mugabo yaciye ahindura umukenyuro, agerageza kunjijura kugira nihakane ukwizera kwanje nk’uko nabivuze mu ntango. Bamaze kubona ko kundyosharyosha no kuntera ubwoba ata co bishikako, naciriwe imyaka indwi y’ibikorwa vy’umuruho mw’ikambi yari hafi y’i Saransk. Njanyweyo naramenye ko Olga, agakobwa kacu ka kabiri kari kavutse. Naho nari kure y’umuryango wanje nararemeshwa no kuba twe na Maria twagumye turi intahemuka kuri Yehova.

Maria n’abakobwa bacu Olga na Irina, mu 1965

Rimwe mu mwaka, Maria yaraza kundaba i Saransk naho vyamusaba kugira urugendo rw’imisi 12 mw’igariyamoshi avuye i Tulun. Buri gihe yaza anzaniye ibirato bishasha. Yaba yanyegeje Iminara ya vuba mu mataro yavyo. Mu myaka Maria yaje kundaba hari uwabaye uwudasanzwe. Ico gihe yazananye na twa dukobwa twacu. Iyumvire ukuntu nakozwe ku mutima no kubabona!

UKO TWIMUKA NI KO TWAHURA N’IBINDI BIGERAGEZO

Mu 1966 nararekuwe. Twaciye twimukira mu gasagara ka Armavir hafi y’Ikiyaga Cirabura. Aho ni ho abahungu bacu Yaroslav na Pavel bavukiye.

Ingabo za KGB ntizatevye gutangura gusaka inzu yacu zirondera ibitabu vyacu. Emwe baronderera hose no mu bwatsi bw’inka! Igihe kimwe, barabize icuya kubera hari hashushe; n’amakoti yabo aruzura ivumbi. Maria yarabumviye akagongwe kuko bo bakurikiza amategeko. Yarabahaye umutobe, arabazanira ico guhanaguza impuzu zabo, amazi ashushe n’amaswime. Mu nyuma umushefu wabo ashitse, abo bagabo baramubwiye ukuntu twabafashe neza. Bagiye, uwo mushefu yaratumwenyuriye yongera aradusezera. Twarahimbawe no kubona ivyiza biva mu kugerageza ‘gutsinda ikibi ukoresheje iciza.’​—Rom. 12:21.

No muri ivyo bihe, twarabandanije kwamamaza i Armavir. Twaraja kandi gufasha umugwi mutoyi w’abamamaji wari hafi y’aho, mu gisagara ca Kurganinsk. Biranezereza cane numvise ko ubu i Armavir hari amashengero atandatu, i Kurganinsk na ho ane.

Muri iyo myaka, vyarashika tugahungabana mu vy’impwemu. Ariko turashimira Yehova kuba yarakoresheje abavukanyi b’abizigirwa mu kudukosora no mu kudukomeza mu vy’impwemu. (Zab. 130:3) Kandi twarahuye n’ikigeragezo kidasanzwe igihe abo muri KGB batwihishamwo barinjira mw’ishengero tutabizi. Basa n’abanyamwete kandi bagakora cane mu ndimiro. Bamwe mbere barajejwe n’amabanga mw’ishirahamwe. Ariko mu nyuma twahavuye tumenya abo bari vy’ukuri.

Mu 1978 Maria afise imyaka 45, yarasubiye gusama inda. Kubera ko yamanye ingorane y’umutima, abaganga bibajije ko ishobora kumuhitana maze bagerageza kumujijura ngo ayikorore. Ariko yaranse. Ivyo vyatumye abaganga bamwebamwe bamukurikira aho yaja hose mu bitaro, bafise urushinge. Bashaka kurumutera bitume iyo nda ivayo. Kugira Maria akingire iyo nda, yasohotse ivyo bitaro yiruka.

Abo muri KGB baciye badutegeka kuva muri co gisagara. Twimukiye mu kagwati kari hafi y’i Tallinn muri Estoniya, ikaba yari muri Leta y’Abasoviyeti. I Tallinn Maria yaribarutse Vitaly, agahungu k’amagara meza, ibitandukanye n’ivyo ba baganga bari bavuze.

Mu nyuma twaravuye muri Estoniya tuja kuba i Nezlobnaya mu bumanuko bw’Uburusiya. Twaramamaza n’ubugenge mu bisagara bibanyi, ivyagenderwamwo n’abantu bo mu gihugu cose. Bahaza baje kwivuza, ariko hari abahavana icizigiro c’ubuzima budahera.

TWIGISHA ABANA BACU GUKUNDA YEHOVA

Twaragerageje gushira mu mitima y’abana bacu gukunda Yehova no kugira icipfuzo co kumukorera. Akenshi twaratumira abavukanyi bagira akosho keza ku bana bacu. Umwe mu bama batugendera yari murumunanje Grigory, akaba yari umucungezi w’ingenzi kuva mu 1970 gushika mu 1995. Twararyoherwa aje kuturamutsa kubera ko yari umuntu w’akanyamuneza kandi atwenza. Twakiriye abashitsi twarakina imikino yo muri Bibiliya, ivyo vyatumye abana bacu bakura bakunda inkuru zo muri Bibiliya.

Abahungu bacu n’abagore babo.

Uvuye i bubamfu, inyuma: Yaroslav, Pavel, Jr., Vitaly

Imbere: Alyona, Raya, Svetlana

Mu 1987 Yaroslav yarimukiye i Riga muri Lituwaniya aho yashobora kwamamaza yorohewe. Ariko aho yankiye kuja mu gisoda baciye bamucira umunyororo w’umwaka n’igice, akaba yapfungiwe mu mabohero icenda atandukanye. Ivyo nari naramubwiye ku bijanye n’ivyo naciyemwo vyaramufashije kwihangana. Mu nyuma yarafashe ubutsimvyi. Mu 1990 Pavel afise imyaka 19, yaripfuje kuja gukorera ubutsimvyi i Sakhalin, izinga riri mu buraruko bw’Ubuyapani. Mu ntango, ntitwashaka ko agenda kuko muri iryo zinga ryose hari abamamaji 20 gusa kandi hari ku bilometero birenga 9.000 uvuye muhira. Ariko twahavuye tumwemerera kandi vyari bibereye. Abantu b’aho barakira neza inkuru nziza. Mu myaka mikeya hari hasigaye hari amashengero umunani. Pavel yahakoreye gushika mu 1995. Ico gihe muhira twari dusigaranye Vitaly umuhererezi wacu. Kuva mu bwana yarakunda gusoma Bibiliya. Ku myaka 14 yaratanguye ubutsimvyi, kandi twarabukoranye imyaka ibiri. Cari igihe giteye umunezero. Afise imyaka 19 yaciye aja kuba umutsimvyi adasanzwe.

Ndibuka ivyo intwazangabo yo muri KGB yabwiye Maria mu 1952, iti: “Heba iryo dini canke umare imyaka cumi upfunzwe, kuko niwavayo uzoba ushaje ata n’uwukiguha nirwere.” Ariko ibintu siko vyagenze. Twariboneye urukundo rw’Imana yacu idahemuka, Yehova, urw’abana bacu be n’urw’ abantu benshi twafashije kumenya ukuri. Twe na Maria twaragize umunezero wo gutemberera aho abana bacu bakoreye. Twariboneye ingene abo bafashije kumenya Yehova bakenguruka.

TURAKENGURUKA UKUMERA NEZA KWA YEHOVA

Mu 1991, igikorwa c’Ivyabona vya Yehova caremewe n’amategeko mu Burusiya. Iyo ngingo yatumye twijukira igikorwa co kwamamaza. Ishengero ryacu ryaraguze ibisi yatwunguruza buri ndwi tugiye kwamamaza mu bisagara no mu bigwati bibanyi.

Ndi kumwe n’umukenyezi wanje mu 2011

Ndahimbarwa no kuba Yaroslav n’umukenyezi wiwe Alyona, be na Pavel n’umukenyezi wiwe Raya bakorera kuri beteli. Vitaly na we n’umukenyezi wiwe Svetlana bari mu gikorwa c’ubucungezi. Umukobwa wacu w’imfura Irina aba mu Budagi n’umuryango wiwe. Umugabo wiwe n’abahungu biwe batatu bose ni abakurambere. Olga na we aba muri Estoniya kandi yama anterefona. Ikibabaje Maria wanje yarapfuye mu 2014. Si je nzobona arazutse ngo dusubire kubonana! Ubu mba i Belgorod kandi abavukanyi baramfasha cane.

Mu myaka maze nkorera Yehova narize ko kuguma uri intahemuka bisaba akigoro, ariko amahoro yo mu mutima Yehova aheza akaguha aza arengeye ikindi kintu cose. Imihezagiro twe na Maria twironkeye mu kuba twagumye turi intahemuka irarengeye ivyo nashobora kwibaza vyose. Imbere y’itemba ry’Abasoviyeti mu 1991, hari abamamaji barenga gato 40.000. Ubu hari abamamaji barenga 400.000 mu bihugu vyahoze biri muri Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti! Ubu mfise imyaka 83 kandi ndabandanya gusukura ndi umukurambere. Yehova yamye ampa inkomezi zo kwihangana. Emwe, Yehova yarangiriye neza!​—Zab. 13:5, 6.

^ ing. 4 KGB ni impfunyapfunyo yo mu kirusiya y’igipolisi co mu kinyegero c’izahoze ari Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti.