Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingene twambura burundu wa muntu wa kera

Ingene twambura burundu wa muntu wa kera

“Mwambure wa muntu wa kera n’ingeso ziwe.”​KOL. 3:9.

INDIRIMBO: 121, 142

1, 2. Ni ibiki abantu bibonera ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova?

ABANTU benshi barabona ko Ivyabona vya Yehova batandukanye cane n’abandi. Nk’akarorero, ku bijanye n’abavukanyi bacu bo mu Budagi ku ntwaro y’Abanazi, umwanditsi yitwa Anton Gill yavuze ati: “Abanazi baranse urunuka Ivyabona vya Yehova. . . . Mu 1939, abashika 6.000 barapfungiwe mu [makambi y’itunatuniro].” Naho Ivyabona batotejwe bimwe bikomeye, uwo mwanditsi yavuze kandi ko berekanye ko ari abizigirwa, ko bigumya mu bihe bitesha umutwe, ko ari intahemuka be n’uko baguma bafatanye mu nda.

2 Mu misi iheze, abantu bo muri Afrika y’Epfo na bo nyene bariboneye ibintu nk’ivyo ku Vyabona vya Yehova. Mu gihe cahera, Ivyabona bo muri ico gihugu badasangiye ibara ry’urukoba ntibemererwa gukoranira hamwe. Ariko rero, ku wa mungu itariki 18 Kigarama 2011, vyari bihimbaye kubona Ivyabona barenga 78.000 badasangiye ibara ry’urukoba bo muri ico gihugu no mu bihugu bibanyi bakoranira hamwe. Bakoraniye muri stade nini cane yo mu gisagara ca Johannesburg, kugira ngo bakurikire inyigisho z’Imana. Umwe mu bajejwe iyo stade yavuze ati: “Mu bantu bamaze gukoresha iyi stade, sinari bwabone abigenza neza nk’abo. Bose bambara neza. Kandi iyi stade mwarayisukuye neza cane. Igitangaje kuruta, ni uko mudasangiye ibara ry’urukoba.”

3. Ni igiki gituma umuryango wacu w’abavukanyi uba uwudasanzwe?

3 Ayo majambo avugwa n’abatari Ivyabona, arerekana ko umuryango wacu w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose udasanzwe koko. (1 Pet. 5:9) Ni igiki none gituma ishirahamwe ryacu ritandukana n’ayandi yose? Ni uko twebwe twihatira “kwambura wa muntu wa kera,” tubifashijwemwo n’Ijambo ry’Imana be n’impwemu nyeranda yayo. Tumaze kumwambura, duca “[twambara] wa muntu mushasha.”​—Kol. 3:9, 10.

4. Muri iki kiganiro twihweza iki, kandi kubera iki?

4 Kwambura wa muntu wa kera ni kimwe, ariko rero kumwambura burundu ni ikindi. Muri iki kiganiro, turihweza ingene dushobora kwambura wa muntu wa kera, igituma vyihutirwa ko tubigira be n’igituma dushobora guhinduka naho twoba twariziziwe n’ingeso mbi. Turihweza kandi ivyo abantu bamaze igihe kirekire mu kuri bokora kugira ngo bambure burundu wa muntu wa kera. Kubera iki dukeneye kwibutswa ivyo bintu? Birababaje kubona hari abahoze bakorera Yehova, mu nyuma bagasubira mu ngeso za kera kubera ukwijajara. Twese rero turakwiye kuguma twibuka iyi mpanuro igira iti: “Uwiyumvira ko ahagaze yiyubare ntagwe.”​—1 Kor. 10:12.

“NIMWICE” IVYIPFUZO VYOSE “BIJANYE N’UBUSAMBANYI”

5. (a) Tanga akarorero kerekana igituma dukwiye kwambura wa muntu wa kera tudatebaganye. (Raba ishusho itangura.) (b) Twisunze Abakolosayi 3:5-9, ni ingeso izihe ziranga umuntu wa kera?

5 Wokora iki hamwe impuzu yawe yocafura, kumbure igasigara inuka? Emwe, woca uyikura udatebaganye. Muri ubwo buryo nyene, turakwiye kugira ico dukoze tudatebaganye mu kugamburuka itegeko ridusaba kwiyambura ingeso Imana yanka. Twipfuza gukurikiza impanuro itomoye Paulo yahaye abakirisu bo mu gihe ciwe ati: “Nimuvyikunkumure koko vyose.” Nimuze turimbure zibiri mu ngeso mbi Paulo yavuze, na zo akaba ari ubusambanyi n’ubuhumane.​—Soma Abakolosayi 3:5-9.

6, 7. (a) Paulo yerekana gute ko dukwiye gufata ingingo ruhasha kugira twiyambure wa muntu wa kera? (b) Sakura yari abayeho gute, kandi ni igiki camufashije guhindura ingendo?

6 Ubusambanyi. Ijambo rikoreshwa muri Bibiliya ryahinduwe ngo “ubusambanyi” rirerekeza no ku bantu bahuza ibitsina batubakanye mu buryo bwemewe n’amategeko be n’ababihuza babisangiye. Paulo yahanuye abakirisu bagenziwe ‘kwica ibihimba vy’umubiri wabo,’ ni ukuvuga kwikuramwo ivyipfuzo vyose “bijanye n’ubusambanyi.” Imvugo Paulo yakoresheje irerekana neza ko dukwiye gufata ingingo ruhasha kugira twikuremwo burundu ivyipfuzo bibi. Naho ari urugamba, turashobora kurutsinda.

7 Rimbura ivyashikiye mushiki wacu yitwa Sakura * wo mu Buyapani. Yakuze afise irungu kandi akumva umengo nta co amaze. Ashikanye imyaka 15, yaratanguye kuza arasambana n’abantu batandukanye kugira arabe ko yokwimara iryo rungu. Avuga n’ibimaramare ati: “Ivyo vyaratumye nkorora inda gatatu.” Asigura ati: “Mu ntango, numva umengo kuryamana n’abahungu bituma ntekanirwa, nkiyumvira ko bampa agaciro kandi ko bankunda. Ariko uko naryamana n’abahungu ni ko narushiriza kwumva ntatekanye.” Sakura yarabandanije iyo ngeso kugeza ashikanye imyaka 23. Mu nyuma yaratanguye kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Yarakunda cane ivyo yiga, kandi abifashijwemwo na Yehova, yararetse kwiyagiriza no kwumva ibimaramare, araheba na bwa busambanyi. Ubu Sakura ni umutsimvyi asanzwe kandi nta rungu agifise. Avuga nyabuna ati: “Ndahimbarwa vy’ukuri no kuba nibera mu rukundo rwa Yehova uko bukeye uko bwije.”

INGENE TWOTSINDA INGESO ZIHUMANYE

8. Ibintu bimwebimwe bishobora gutuma tuba abahumanye imbere y’Imana ni ibihe?

8 Ubuhumane. Ijambo ryo muri Bibiliya ryahinduwe ngo “ubuhumane” riragutse cane kuko riterekeza gusa ku bijanye n’ubusambanyi. Rirashobora no kwerekeza ku ngeso yo kunywa itabi n’ibiyayuramutwe canke kuvuga ibiterasoni. (2 Kor. 7:1; Ef. 5:3, 4) Rirerekeza no ku bikorwa bihumanye umuntu akorera mu mpisho, nko gusoma ibitabu bikabura inambu y’umubiri canke kuraba amashusho y’ibiterasoni, ivyo bikaba vyoshobora gutuma aja mu vyo kwimara inambu y’umubiri ari wenyene.​—Kol. 3:5. *

9. Kuvyura “inambu y’umubiri” bishobora gukwega ingaruka izihe?

9 Abafise akamenyero ko kuraba amashusho y’ibiterasoni baravyura “inambu y’umubiri,” na yo ikaba yoshobora gutuma bizizirwa n’ivy’igitsina. Abashakashatsi bavuga ko abiziziwe n’amashusho y’ibiterasoni bagaragaza ibimenyetso bisa n’ivy’abiziziwe n’inzoga canke ibiyayuramutwe. Ntibitangaje rero kubona ingeso yo kuraba amashusho y’ibiterasoni ikwega ingaruka zibabaje, nko kwumva ibimaramare bikomeye, kuba imburakimazi ku kazi, ingorane mu muryango, ukwahukana canke ukwiyahura. Igihe umugabo umwe yariko ahimbaza umwaka wari uheze avavanuye n’amashusho y’ibiterasoni, yanditse ati: “Ubu narasubiye kuba umuntu.”

10. Ribeiro yavavanuye gute n’amashusho y’ibiterasoni yari yaramwiziziye?

10 Abantu benshi babona ko guheba burundu amashusho y’ibiterasoni ari urugamba rubandanya. Ariko rero, ivyashikiye uwitwa Ribeiro wo muri Brezile birerekana ko dushobora gutsinda urwo rugamba. Ribeiro yavuye imuhira akiri umuyabaga. Mu nyuma yararonse akazi mw’ihinguriro rikora ibintu mu mpapuro zitagikoreshwa, akaba yarahabona kenshi amashusho y’ibiterasoni. Yigana ati: “Bukebuke yahavuye anyizizira. Harageze n’aho ntari nkirindira ko umugore twabana asohoka, kugira ndabe amavidewo y’ibiterasoni.” Umusi umwe Ribeiro ari ku kazi, yararavye ikirundo c’ibitabu bagomba guhinguramwo ibindi bintu, aca abonamwo igitabu Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo. Yaciye agitora aragisoma. Ivyo yasomye vyaratumye atangura kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, mugabo rero vyamusavye igihe kirekire kugira ngo avavanure n’akamenyero kiwe kabi. None ni igiki cahavuye kimufasha? Avuga ati: “Isengesho, ukwiga Bibiliya be n’ukuzirikana ku vyo niga, vyaratumye ndushiriza gutahura ingene Imana imeze, gushika n’aho urwo nakunda Yehova rukomera gusumba icipfuzo nari mfise co kuraba amashusho y’ibiterasoni.” Ribeiro afashijwe n’ububasha bw’Ijambo ry’Imana be n’impwemu yayo, yarambuye umuntu wa kera, arabatizwa, none ubu ni umukurambere.

11. Umuntu yokora iki kugira ngo ahebe burundu amashusho y’ibiterasoni?

11 Urabona ko kugira Ribeiro atsinde urwo rugamba, yategerejwe gukora n’ibindi uretse gusa kwiga Bibiliya. Yabwirijwe kuzirikana cane ku vyo yasoma muri Bibiliya kugira ngo bimukore ku mutima. Isengesho be n’ukuzirikana vyaratumye urwo yakunda Imana rurengera icipfuzo gikomeye co kuraba amashusho y’ibiterasoni. Uburyo bwiza rero bwo guheba burundu amashusho y’ibiterasoni ni ugukunda cane Yehova maze tukazinukwa ikibi.​—Soma Zaburi 97:10.

NIWIKUREMWO ISHAVU, UGUTUKANA BE N’UKUBESHA

12. Ni igiki cafashije Stephen guheba uburake no gutukana?

12 Abantu bashavura ningoga usanga kenshi baserura ishavu ryabo mu gutukana. Iyo nyifato ntishobora gutuma mu muryango harangwa amahoro. Uwitwa Stephen, akaba ari serugo wo muri Ostraliya, avuga ati: “Nahoze nkunda kurahira, kandi utuntu ata co tuvuze twaratuma ndakara. Naratandukanye n’umukenyezi wanje incuro zitatu, kandi twariko turondera kwahukana.” Mu nyuma we n’umugore wiwe baratanguye kwiga Bibiliya n’Ivyabona. None igihe Stephen yatangura gukurikiza impanuro zo muri Bibiliya, havuyemwo iki? Avuga ati: Urugo rwacu rwaragize amahoro y’igitangaza. Naho kera nari mfise ishavu n’uburake bimeze nk’ibombe ishobora guturitswa n’akantu ubusa, Yehova yaramfashije kugira amahoro n’ugutekana bidasanzwe.” Ubu Stephen ni umukozi w’ishengero, umukenyezi wiwe na we akaba amaze imyaka itari mike ari umutsimvyi asanzwe. Abakurambere bo mw’ishengero Stephen arimwo bavuga bati: “Stephen ni umuvukanyi atekereje, akora cane kandi yicisha bugufi.” Ntibokubwira igihe baheruka kumubona ashavuye. None Stephen yoba yemera ko hari uwabimushoboje? Avuga ati: “Iyo mihezagiro yose sinari kuyironka iyo ntemera ko Yehova amfasha guhinduka burundu.”

13. Kubera iki ishavu riteye akaga, kandi Bibiliya itugabisha gute?

13 Birabereye rero kubona Bibiliya itugabisha ku bijanye n’ishavu, ugutukana be n’ugukankama. (Ef. 4:31) Akenshi ivyo bintu bikwega intambara. Naho mw’isi abantu bashobora kubona ko gushavura ari ibisanzwe, ntibihesha icubahiro Umuremyi wacu. Benshi bategerejwe kwiyambura izo ngeso mbi kugira bambare wa muntu mushasha.​—Soma Zaburi 37:8-11.

14. Umuntu asinda yoba ashobora guhinduka akaba umuntu yitonda? Tanga akarorero.

14 Rimbura akarorero ka Hans, umukurambere wo mw’ishengero rimwe ryo muri Ostraliya. Umuhuzabikorwa wo muri iryo shengero avuga ati: “Hans ni umuvukanyi yitonda bimwe bidasanzwe.” Ariko rero si ko yamye. Akiri umuyabaga, yaratanguye kuba gatuku, bituma aba umuntu asinda cane. Igihe kimwe yarashavuye cane bivuye ku kaborerwe, aca yica umukobwa bakundana. Ivyo vyatumye apfungwa imyaka 20. Mu ntango, ibohero ntiryahinduye Hans ngo ahebe ingeso yo gusinda. Haciye igihe, nyina yarasavye umukurambere umwe ngo aje kuraba Hans mw’ibohero, maze aratangura kwiga Bibiliya. Hans avuga ati: “Ntivyanyoroheye kwambura umuntu wa kera. Ivyanditswe vyandemesheje ni Yesaya 55:7, ahagira hati: ‘Umubisha nahebe inzira yiwe,’ be na 1 Abakorinto 6:11, ahavuga ku vyerekeye abahevye ingeso mbi bahoranye hati: ‘Yamara ukwo ni ko bamwe muri mwebwe bari bameze.’ Yehova yaramaze imyaka myinshi amfasha kwambara umuntu mushasha, biciye ku mpwemu yiwe nyeranda.” Hans yahavuye abatizwa akiri mw’ibohero, maze inyuma y’imyaka 17 n’igice apfunzwe ararekurwa. Avuga ati: “Ntiworaba ingene nkengurukira Yehova ku bw’imbabazi ziwe nyinshi n’ikigongwe ntangere.”

15. Abantu benshi bafise ingeso iyihe, kandi Bibiliya ibivugako iki?

15 Kubesha na vyo nyene biri mu biranga wa muntu wa kera. Nk’akarorero, abantu barakunda kubesha mu bijanye no kuriha amakori, canke kwemanga ibicumuro baba bakoze. Ariko Yehova ni “Imana y’inyakuri.” (Zab. 31:5) Ni co gituma asaba “umwe wese” mu basavyi biwe “[kuvugana] ukuri na mugenziwe” no ‘kutabesha.’ (Ef. 4:25; Kol. 3:9) Birumvikana rero ko dutegerezwa kuvugisha ukuri, n’igihe nyene vyoba bigoye canke biteye isoni.​—Imig. 6:16-19.

IVYABAFASHIJE GUTSINDA URWO RUGAMBA

16. Ni ibiki vyodufasha kwambura wa muntu wa kera?

16 Kwiyambura ingeso ziranga wa muntu wa kera si ikintu umuntu yishoboza. Abavuzwe muri iki kiganiro, ari bo Sakura, Ribeiro, Stephen na Hans, bararwanye urugamba kugira ngo bavavanure n’ingeso mbi. Ububasha bw’Ijambo ry’Imana be n’impwemu nyeranda yayo ni vyo vyabafashije gutsinda urwo rugamba. (Luka 11:13; Heb. 4:12) Kugira ngo turonke ubwo bubasha, dutegerezwa gusoma Bibiliya buri musi, kuzirikana ku vyo dusoma be no kwama dusenga dusaba ubukerebutsi n’inkomezi vyodufasha gukurikiza impanuro dusanga muri Bibiliya. (Yos. 1:8; Zab. 119:97; 1 Tes. 5:17) Gutegura amakoraniro no kuyitaba, na vyo nyene biratuma twungukira kw’Ijambo ry’Imana no ku mpwemu nyeranda yayo. (Heb. 10:24, 25) Vyongeye, turakwiye gukoresha neza ibikoresho bitandukanye ishirahamwe rya Yehova rituronsa. Aho twovuga nk’ibinyamakuru, ya Televiziyo yacu, JW Library, na jw.org.​—Luka 12:42.

Ni ibiki vyodufasha kwambura wa muntu wa kera? (Raba ingingo ya 16)

17. Tuzorimbura iki mu kiganiro gikurikira?

17 Muri iki kiganiro, twarimbuye ingeso zitari nke abakirisu bategerezwa kwiyambura burundu. None vyoba ari vyo gusa basabwa kugira ngo bemerwe n’Imana? Habe namba. Bategerezwa no kwambara umuntu mushasha. Mu kiganiro gikurikira, tuzorimbura kamere zitandukanye zigize uwo muntu mushasha zikwiye kwama zituranga.