Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingene twoguma twambaye wa muntu mushasha

Ingene twoguma twambaye wa muntu mushasha

“Mwambare wa muntu mushasha.”​—KOL. 3:10.

INDIRIMBO: 126, 28

1, 2. (a) Kubera iki bishoboka ko twambara wa muntu mushasha? (b) Kamere zigize wa muntu mushasha zivugwa mu Bakolosayi 3:10-14 ni izihe?

MURI Bibiliya y’isi nshasha, imvugo ngo “umuntu mushasha” iboneka incuro zibiri. (Ef. 4:24; Kol. 3:10) Iyo mvugo yerekeza ku muntu “[aremwa] hisunzwe ukugomba kw’Imana.” Birashoboka rero ko twambara uwo muntu mushasha. Uti kuki? Kuko Yehova yaturemye mw’ishusho yiwe. Ivyo biratuma dushobora kugaragaza kamere ziwe nziza.​—Ita. 1:26, 27; Ef. 5:1.

2 Bivuye ku gasembwa twarazwe n’abavyeyi bacu ba mbere, twese birashika tukagira ivyipfuzo bibi. Vyongeye, aho tuba harashobora kutugirako akosho gakomeye. Ariko Yehova abitumwe n’imbabazi ziwe, arashobora kudufasha kumera uko yipfuza. Kugira ngo dukomeze umwiyemezo dufise wo gushika kuri iryo hangiro, tugiye kurimbura kamere zitandukanye zigize wa muntu mushasha intumwa Paulo yavuga. (Soma Abakolosayi 3:10-14.) Turaza kurimbura n’ingene twogaragaza izo kamere mu gikorwa cacu co mu ndimiro.

“MWESE MURI UMWE”

3. Imwe muri kamere zigize wa muntu mushasha ni iyihe?

3 Paulo ahejeje guhimiriza abakirisu kwambara wa muntu mushasha, aca avuga ko kutagira nkunzi ari imwe muri kamere zihambaye zigize wa muntu mushasha. Avuga ati: “[Nta] Mugiriki canke Umuyuda, ukugenyerwa canke ukutagenyerwa, umunyamahanga canke Umusikite, umushumba, [canke] uwidegemvya.” * Kubera iki none mw’ishengero hadakwiye kuba amacakubiri ashingiye kw’ibara ry’urukoba, ku bwenegihugu canke ku kibanza umuntu afise mu kibano? Ni kubera ko twese abayoboke ba Kristu b’ukuri ‘turi umwe.’​—Kol. 3:11; Gal. 3:28.

4. (a) Abasavyi ba Yehova bakwiye gufata abandi gute? (b) Ni igiki gishobora kubangamira ubumwe bwa gikirisu?

4 Abamaze kwambara wa muntu mushasha bafatana icubahiro abo basangiye ukwemera be n’abandi bantu, batarinze kuraba ikibanza bafise mu kibano canke ibara ryabo ry’urukoba. (Rom. 2:11) Mu mihingo imwimwe y’isi, ivyo birashobora kuba urugamba. Nk’akarorero, muri Afrika y’Epfo haracariho uturere usanga twiharijwe n’abazungu gusa, abirabure gusa, n’ahandi usanga bavanze. Muri utwo turere twose, hariyo Ivyabona batari bake. Kugira ngo Inama Nyobozi ifashe abavukanyi bo muri ico gihugu ‘kwaguka,’ muri Gitugutu 2013 yarashizeho intunganyo idasanzwe ibafasha kurushiriza kumenyana. (2 Kor. 6:13) None iyo ntunganyo ni nyabaki?

5, 6. (a) Ni intunganyo iyihe yagizwe mu gihugu kimwe ifasha abasavyi b’Imana gukomeza ubucuti bafitaniye? (Raba ishusho itangura.) (b) Ivyiza vyavuyemwo ni ibihe?

5 Iyo ntunganyo yari iy’uko abavukanyi bo mu mashengero abiri y’indimi zitandukanye canke badasangiye ibara ry’urukoba, bahurira hamwe mu mpera z’imishamvu imwimwe bagakorana indimiro, bakagirira hamwe amakoraniro bakongera baratumirana kugira ngo basangire akajumbu. Amashengero amajana yaritavye iyo ntunganyo, kandi ibiro vy’ishami vyararonse amakuru ashimishije yerekeye iyo ntunganyo, yaba ayavuye ku Vyabona canke ku batari Ivyabona. Nk’akarorero, umunyedini umwe yavuze ati: “Naho ntari Icabona, sinohakana ko igikorwa canyu co kuvuga ubutumwa gitunganijwe ku buryo buhanitse, kandi abazungu n’abirabure murafatanye mu nda.” None Ivyabona bobo babonye gute iyo ntunganyo?

6 Mu ntango, mushiki wacu yitwa Noma wo mw’ishengero rikoresha ururimi rwitwa Xhosa, yaragize ubuyega bwo gutumira abavukanyi b’abazungu bo mw’ishengero ry’icongereza, kuko yibera mu nzu iciye bugufi. Ariko amaze gukorana indimiro n’abavukanyi b’abazungu bo mw’ishengero ry’icongereza, bakanamutumira iwabo, yavuze ati: “Ni abantu basanzwe nkatwe!” Igihe ishengero ryabo na ryo ryaramukirwa kwakira abo mw’ishengero ry’icongereza, yaratumiye bamwebamwe kugira basangire udufungurwa. Mu bo yatumiye harimwo umukurambere w’umuzungu. Noma yavuze ati: “Narakozwe ku mutima cane n’ukuntu yemeye kwicara kw’ikarato nk’imwe y’inzoga.” Iyo ntunganyo iracabandanya, kandi iratuma abavukanyi na bashiki bacu benshi bironkera abandi bagenzi, bakabandanya no kwaguka mu bugenzi bwabo.

‘NIMWAMBARE IMPUHWE N’UBUNTU’

7. Kubera iki dukwiye kwama tugaragaza impuhwe?

7 Magingo tukiri muri iyi ya Shetani, tuzoguma dushikirwa n’ingorane. Turahura n’ubushomeri, indwara zikomeye, uruhamo, ivyago vy’ivyaduka, tugatakaza ivyacu bivuye ku bugizi bwa nabi, canke tugashikirwa n’ayandi makuba. Kugira ngo dushigikirane muri izo ngorane, turakeneye kugaragarizanya impuhwe bivuye ku mutima. Iyo tugiriye abandi impuhwe z’ikibabarwe, bituma tubakorera ibikorwa biranga ubuntu. (Ef. 4:32) Izo kamere ziranga wa muntu mushasha ziratuma twigana Imana, maze tugahumuriza abandi.​—2 Kor. 1:3, 4.

8. Kugaragariza impuhwe n’ubuntu abo turi kumwe mw’ishengero bose, bishobora kuvamwo ivyiza ibihe? Tanga akarorero.

8 Twokwerekana gute none ko twitwararika cane ba kavamahanga canke abo mw’ishengero iwacu bari n’ivyo bakeneye? Turakwiye kubagira abagenzi maze tugatuma babona ko ishengero ribaha agaciro. (1 Kor. 12:22, 25) Rimbura ivyashikiye Dannykarl yimukiye mu Buyapani avuye muri Filipine. Aho yakorera, ntiyafatwa cokimwe n’abandi bakozi b’abasangwa. Igihe kimwe yaragiye ku makoraniro y’Ivyabona vya Yehova. Dannykarl avuga ati: “Naho nka bose bari Abayapani, banyakiranye igishika, nk’aho umenga twari dusanzwe tuzinanyi.” Abavukanyi barabandanije kumugaragariza ubuntu maze bituma atera imbere mu vy’impwemu. Yahavuye abatizwa, none ubu ni umukurambere. Abakurambere bagenziwe babona ko uwo muvukanyi n’umukenyezi wiwe Jennifer, ari umuhezagiro kw’ishengero ryabo. Ku biberekeye, nya bakurambere bavuga bati: “Ni abatsimvyi borosha ubuzima kandi b’intangakarorero mu gushira imbere ivy’Ubwami.”​—Luka 12:31.

9, 10. Tanga uburorero bwerekena ivyiza twironkera igihe tugaragaje impuhwe mu ndimiro.

9 Kubwira inkuru nziza abandi, biraduha akaryo keza ko gukorera “iciza bose.” (Gal. 6:10) Ivyabona batari bake bariga urundi rurimi kugira ngo bafashe ba kavamahanga. Ivyo babitumwa n’impuhwe babafitiye. (1 Kor. 9:23) Ako kigoro karavamwo ivyiza vyinshi. Nk’akarorero, mushiki wacu umwe wo muri Ostraliya yitwa Tiffany yarize igiswahili kugira ngo afashe mw’ishengero ry’igiswahili riri mu gisagara ca Brisbane. Naho vyamubereye urugamba kwiga urwo rurimi, yararonse ivyiza vyinshi. Avuga ati: “Nimba wipfuza kwinovora indimiro, nukorere mw’ishengero rikoresha ururimi runyamahanga. Naho wimuka, umengo wagumye mu gisagara iwanyu. Uribonera umuryango wacu w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose, ukibonera n’ubumwe butangaje bafitaniye.”

Ni igiki gituma abakirisu bipfuza gufasha abimukira? (Raba ingingo ya 10)

10 Rimbura kandi akarorero k’umuryango umwe wo mu Buyapani. Umukobwa yitwa Sakiko wo muri uwo muryango, avuga ati: “Mu myaka ya 1990, twarakunda guhura n’Abanyabrezile b’abimukira igihe twaba turi mu ndimiro. Tuberetse ivyanditswe muri Bibiliya yabo y’igiportigale, nk’​Ivyahishuwe 21:3, 4 canke Zaburi 37:10, 11, 29, barakurikira bitonze, mbere rimwe na rimwe bagakorora amosozi.” Ariko rero impuhwe z’uwo muryango ntizagarukiye aho. Sakiko avuga ati: “Tubonye ingene bashonje mu vy’impwemu, twese uko tugize umuryango twaciye dutangura kwiga igiportigale.” Mu nyuma, uwo muryango warafashije gushinga ishengero ry’igiportigale. Mu myaka yakurikiye, warafashije abimukira benshi baracika abasavyi ba Yehova. Sakiko yongerako ati: “Naho kwiga igiportigale vyadusavye akigoro gakomeye, ivyiza vyavuyemwo biraruta kure n’iyo akigoro twagize. Ntiworaba ingene dukengurukira Yehova.”​—Soma Ivyakozwe 10:34, 35.

“MWAMBARE . . . UKWIYOROSHA KWO MU MUZIRIKANYI”

11, 12. (a) Kubera iki bihambaye ko twambara wa muntu mushasha tubitumwe n’imvo nziza? (b) Ni ibiki vyodufasha kuguma twicishije bugufi?

11 Twambara wa muntu mushasha kugira dutere iteka Yehova, aho kumwambara turondera gushemagizwa n’abantu. Niwibuke ko ubwibone bwatumye mbere n’umumarayika yari atunganye acumura. (Gereranya na Ezekiyeli 28:17.) Ese rero ukuntu vyoroshe cane ko umuntu adatunganye atwarwa n’ubwibone! Naho ari ukwo, birashoboka ko twambara ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi, ari kwo kwicisha bugufi. None ni ibiki vyodufasha kubigira?

12 Kugira ngo tugume twicisha bugufi, turakwiye gufata akanya ko gusoma Ijambo ry’Imana buri musi no kurizirikanako. (Gus. 17:18-20) Turakwiye kuzirikana canecane ku nyigisho za Yezu no ku karorero yatanze ko kwicisha bugufi. (Mat. 20:28) Yezu yarogeje mbere ibirenge vy’intumwa ziwe. (Yoh. 13:12-17) Vyongeye, turakwiye kwama dusenga dusaba impwemu y’Imana kugira ngo idufashe kurwanya agatima kose ko kwiyumvira ko turuta abandi.​—Gal. 6:3, 4; Flp. 2:3.

13. Kwicisha bugufi bivamwo ivyiza ibihe?

13 Soma Imigani 22:4. Ukwicisha bugufi ni ntahara ku basavyi b’Imana b’ukuri bose kandi kuravamwo ivyiza vyinshi. Kwicisha bugufi bituma turemesha ubumwe n’amahoro mw’ishengero. Vyongeye, kuguma twicishije bugufi bituma Imana itugaragariza ubuntu bwayo. Intumwa Petero yanditse ati: “Mwese mukenyere ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi mu vyo mugiriranira, kuko Imana irwanya abibona, mugabo igaha ubuntu ata wari abukwiriye abicisha bugufi.”​—1 Pet. 5:5.

“MWAMBARE . . . UBWITONZI . . . N’UKWIYUMANGANYA”

14. Ni nde ari ntangakarorero mu kwitonda no mu kwihangana?

14 Muri iyi si, ukwitonda n’ukwihangana akenshi bibonwa nk’ubujuju. Ariko ukwo ni ukwihenda cane! Izo kamere nziza ziva kuri Yehova, umwe afise ububasha buminuje kw’isi no mw’ijuru. Yehova Imana ni ntangakarorero mu bwitonzi no mu kwihangana. (2 Pet. 3:9) Nk’akarorero, rimbura ingene yishuye ibibazo Aburahamu na Loti bamubajije, akoresheje abamarayika. (Ita. 18:22-33; 19:18-21) Vyongeye, Yehova yaramaze imyaka irenga 1.500 yihanganira ihanga rya Isirayeli ryagambarara.​—Ezk. 33:11.

15. Yezu yatubereye gute akarorero mu bijanye n’ukwitonda be n’ukwihangana?

15 Yezu na we nyene ‘yaritonda.’ (Mat. 11:29) Yarihanganiye cane utunenge tw’abayoboke biwe. Igihe yari kw’isi, yarihanganiye abanyamadini bamunebagura. Naho ari ukwo, yagumye yitonda kandi yihangana gushika igihe yicwa azira ubusa. Igihe Yezu yari mu bubabare bwinshi ku giti co kubabarizwako, yasenze Se amusaba ko yobabarira abariko baramwica. Yavuze ko ‘batari bazi ico bariko barakora.’ (Luka 23:34) Emwe, yaratubereye akarorero k’ukwitonda n’ukwihangana mu bihe vy’umubabaro kandi bitesha umutwe!​—Soma 1 Petero 2:21-23.

16. Twogaragaza gute ubwitonzi n’ukwihangana?

16 Tweho none twogaragaza gute ukwitonda n’ukwihangana? Mu vyo Paulo yandikiye abakirisu bagenziwe, yaravuze ingene twobigira ati: “Mubandanye kwihanganirana no kubabarirana ata gahigihigi iyo hari uwufise ico yidogera uwundi. Nk’uko Yehova yabababariye ata gahigihigi, namwe nyene mugenze mutyo.” (Kol. 3:13) Naho gukurikiza iryo tegeko bisaba ubwitonzi n’ukwihangana, kubabarira abandi biratuma ishengero riguma ryunze ubumwe.

17. Kubera iki ukwitonda n’ukwihangana bihambaye?

17 Kwambara ubwitonzi n’ukwihangana si ikintu umukirisu yogira ashatse. Ahubwo ni ntahara nimba yipfuza kurokora. (Mat. 5:5; Yak. 1:21) N’igihambaye kuruta, iyo dufise izo kamere turatera iteka Yehova tukongera tugafasha abandi gukurikiza iyo mpanuro yo muri Bibiliya.​—Gal. 6:1; 2 Tim. 2:24, 25.

“MWAMBARE URUKUNDO”

18. Urukundo rufitaniye isano gute n’ukutagira nkunzi?

18 Kamere zose twarimbuye, zirafitaniye isano n’urukundo. Nk’akarorero, vyarabaye ngombwa ko intumwa Yakobo ahanura abavukanyi biwe kureka guha agaciro abatunzi kuruta abakene. Yababwiye ko iyo nyifato iteye kubiri na rya tegeko ry’i bwami rigira riti: “Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.” Yaciye yongerako ati: “Nimba mubandanya kugira nkunzi, muriko mukora igicumuro.” (Yak. 2:8, 9) Ariko urukundo ruratuma twirinda kwinuba abandi dufatiye ku mashure bafise, kw’ibara ryabo ry’urukoba canke ku kibanza bafise mu kibano. Ego cane, ukutagira nkunzi ntibikwiye kuba ku karimi gusa, bikwiye nyabuna kuba ingendo ituranga mu buzima.

19. Kubera iki bihambaye ko twambara urukundo?

19 Vyongeye, urukundo “ruriyumanganya kandi rugira ubuntu,” eka kandi “ntirwivyimvya.” (1 Kor. 13:4) Mu vy’ukuri, kugira ngo tubandanye kubwira abandi inkuru nziza y’Ubwami bisaba ukwihangana, ubuntu be n’ukwicisha bugufi. (Mat. 28:19) Izo kamere nyene ziradufasha kwumvikana n’abavukanyi na bashiki bacu bose bo mw’ishengero. None kugaragaza urwo rukundo bivamwo ivyiza ibihe? Abagize ishengero barunga ubumwe butuma Yehova ashemezwa kandi butuma abashasha bipfuza kwifatanya natwe. Birabereye rero kubona Bibiliya isozera kudondora wa muntu mushasha muri aya majambo akomeye agira ati: “Ikigeretse kuri ivyo vyose, mwambare urukundo, kuko urukundo ari umugozi utagira akanenge wunga ubumwe.”​—Kol. 3:14.

‘MUBANDANYE GUHINDURWA BASHASHA’

20. (a) Ni ibibazo ibihe dukwiye kwibaza, kandi kubera iki? (b) Ni igihe ikihe dushashaye kubona?

20 Umwe wese rero arakwiye kwibaza ati: ‘Nokora iki kugira ngo niyambure burundu wa muntu wa kera?’ Turakwiye gusengana ubwira dusaba Imana ngo idufashe. Turakwiye kandi gukora uko dushoboye kwose kugira ngo tuvavanure n’agatima canke ingeso iyo ari yo yose vyotubuza gutorana Ubwami bw’Imana. (Gal. 5:19-21) Vyongeye, umwe wese yokwibaza ati: ‘Noba mbandanya guhindurwa mushasha mu nguvu zikoresha umuzirikanyi wanje?’ (Ef. 4:23, 24) Kuguma twambaye wa muntu mushasha ni igikorwa kibandanya ku bakirisu twese, gushika tumwambaye mu buryo bwuzuye. Iyumvire ingene ubuzima buzoba buhimbaye igihe abantu bose bazoba bambaye burundu wa muntu mushasha!

^ ing. 3 Mu bihe vya Bibiliya, Abasikite barasuzugurwa kuko babonwa nk’abantu bari inyuma y’amajambere.