Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ukuri ntikuzana ‘amahoro, atari inkota’

Ukuri ntikuzana ‘amahoro, atari inkota’

“Ntimwiyumvire ngo naje gushira amahoro kw’isi; sinaje gushiraho amahoro, atari inkota.”​MAT. 10:34.

INDIRIMBO: 123, 128

1, 2. (a) Ni amahoro nyabaki twifitiye muri iki gihe? (b) Ni ibiki bituma tutaronka amahoro arama muri iki gihe? (Raba ishusho itangura.)

TWESE turipfuza kubaho mu mahoro, dutekanye mu mutima. Ni co gituma duhimbarwa no kuba dufise “amahoro y’Imana,” akaba ari amahoro yo mu mutima aturinda ivyiyumviro bitesha umutwe. (Flp. 4:6, 7) Kuba twariyeguriye Yehova, bituma kandi tugirana ‘amahoro n’Imana.’ Ivyo bisobanura ko tugiranira ubucuti bwiza na yo.​—Rom. 5:1.

2 Ariko rero, igihe c’uko Imana iduha amahoro arama ntikiragera. Iki gihe kitoroshe tubayemwo kirangwa n’ingorane nyinshi, kandi abantu batari bake usanga bafise agatima k’amahane. (2 Tim. 3:1-4) Ikigeretseko, abakirisu babwirizwa kurwanya Shetani be n’inyigisho ziwe z’ikinyoma. (2 Kor. 10:4, 5) Ariko abashobora kubangamira amahoro yacu kuruta, ni incuti zacu. Hari abanegura ivyo twemera, bakatwagiriza ko ducanishamwo imiryango, canke bakadutera ubwoba ngo bazoduca mu muryango tudahevye ivyo twemera. None ukwiye kubona gute uruhamo rwo mu muryango? Wovyifatamwo neza gute mu bihe nk’ivyo?

INGENE DUKWIYE KUBONA URUHAMO RWO MU MURYANGO

3, 4. (a) Inyigisho za Yezu zituma haba ingorane iyihe? (b) Ni ryari canecane vyobaye urugamba gukurikira Yezu?

3 Yezu yari azi ko inyigisho ziwe zotumye abantu badahuza be n’uko abokwemeye kumukurikira bokeneye kugira umutima rugabo baramutse barwanijwe. Ivyo vyohungabanije amahoro mu bagize imiryango. Yezu yavuze ati: “Ntimwiyumvire ngo naje gushira amahoro kw’isi; sinaje gushiraho amahoro, atari inkota. Kuko naje gucanishamwo abantu: umuhungu akarwanya se, n’umukobwa akarwanya nyina, n’umukazana akarwanya inabukwe. Egome, abansi b’umuntu bazoba abo mu rugo rwiwe bwite.”​—Mat. 10:34-36.

4 Mu kuvuga ngo “ntimwiyumvire ngo naje gushira amahoro kw’isi,” Yezu yashaka kubwira abariko baramwumviriza ko vyobaye vyiza bazirikanye ku ngaruka zovuye ku kumukurikira. Inyigisho ziwe zoshoboye gutuma abantu batumvikana. Ariko ntiwumve, ihangiro rya Yezu ntikwari ugucanishamwo abantu, ahubwo kwari ukubamenyesha ukuri kwerekeye Imana. (Yoh. 18:37) Naho ari ukwo, vyobaye urugamba ko umuntu akurikiza inyigisho za Yezu mu gihe abagenzi biwe canke abo mu muryango wiwe bobaye baterekwa ukuri.

5. Abayoboke ba Yezu bihanganiye ibiki?

5 Yezu yavuze ko mu vyo abayoboke biwe bokwihanganiye harimwo uguhamwa n’umuryango. (Mat. 10:38) Kugira ngo abigishwa biwe berekane ko babereye, vyabaye ngombwa ko bihanganira gutyozwa canke mbere guharirwa ivomo n’abo mu miryango yabo. Ariko rero, ivyo bungutse biraruta kure n’iyo ivyo bahevye.​—Soma Mariko 10:29, 30.

6. Igihe incuti zacu ziturwanije, dukwiye kwibuka iki?

6 Naho incuti zacu zoturwanya tuguma tuzikunda. Mugabo dukwiye kwibuka yuko urwo dukunda Imana na Kristu ari rwo ruza imbere. (Mat. 10:37) Tubwirizwa kandi kumenya ko Shetani azogerageza gufatira ku rukundo dukunda imiryango yacu kugira atume tudohoka. Nimuze turimbure ibintu bimwebimwe bijanye n’uruhamo rwo mu muryango, turabe n’ingene twovyifatamwo neza.

IGIHE WUBAKANYE N’UWO MUDASANGIYE UKWEMERA

7. Abubakanye n’abo badasangiye ukwizera, bakwiye kubona gute umubano wabo?

7 Bibiliya ivuga ko abubaka “bazogira amakuba mu mubiri wabo.” (1 Kor. 7:28) Nimba wubakanye n’uwo mudasangiye ukwizera, hoho n’ibindi bindi. Ariko rero, birahambaye ko ubona ibintu nk’uko Yehova abibona. Ukuba uwo mwubakanye adashaka kuba umuyoboke wa Kristu si imvo ikwiye gutuma mutandukana canke mwahukana. (1 Kor. 7:12-16) Naho umugabo atizeye atohagarikira umuryango mu vy’impwemu, arakwiye guhabwa icubahiro kuko ari we mutwe w’umuryango. N’umugabo yubakanye n’umugore atizeye, arakwiye kumugaragariza urukundo n’ikibabarwe.​—Ef. 5:22, 23, 28, 29.

8. Nimba uwo mwubakanye agerageza kugushingira akarimbi mu bijanye n’ugusenga, ni ibibazo ibihe wokwibaza?

8 Tuvuge iki mu gihe uwo mwubakanye yoba agerageza kugushingira akarimbi mu bijanye n’ugusenga kwawe? Nk’akarorero, hari mushiki wacu yabwiwe n’umugabo wiwe yuko ku ndwi azohora aja mu ndimiro imisi imwimwe gusa. Nimba ivyawe vyifashe gutyo, niwibaze uti: ‘Uwo twubakanye yoba ariko ansaba guheba Imana yanje? Nimba atari ukwo biri, hari ico vyoba bitwaye ndamwemereye?’ Kugira ibitegereka vyoshobora kugufasha kwirinda amatati adakenewe mu mubano.​—Flp. 4:5.

9. Abakirisu bokwigisha gute abana babo gutera iteka umuvyeyi atizeye?

9 Kwigisha abana usanga bitoroshe na canecane iyo wubakanye n’uwo mudasangiye ukwemera. Nk’akarorero, urakwiye kwigisha abana bawe kugamburuka rya tegeko ryo muri Bibiliya rigira riti: “Tera iteka so na nyoko.” (Ef. 6:1-3) Wokora iki none mu gihe uwo mwubakanye yoba afise inyifato zimwezimwe zitabereye? Nutange akarorero mu kumwubaha. Nushimike kuri kamere nziza afise, kandi umushimire ku vyiza akora. Niwirinde kumuvuga nabi uri kumwe n’abana. Ahubwo, nusigurire abo bana ko umwe wese afise uburenganzira bwo gusenga Yehova canke kutamusenga. Inyifato nziza y’abana, yoshobora gutuma umuvyeyi atizeye yitaho ukuri.

Niwigishe abana bawe ukuri kwo muri Bibiliya igihe cose uronse akaryo (Raba ingingo ya 10)

10. Umuvyeyi yubakanye n’uwo badasangiye ukwemera yokwigisha gute abana ukuri?

10 Rimwe na rimwe, umuvyeyi atizeye yosaba abana guhimbaza imisi mikuru ya gipagani canke kwiga ivyo mw’idini asengamwo. Hari abagabo boshobora kubuza abagore kwigisha abana babo Bibiliya. Ariko rero, umukenyezi mukirisu arakora uko ashoboye kwose kugira ngo yigishe abana biwe ukuri kwo muri Bibiliya. (Ivyak. 16:1; 2 Tim. 3:14, 15) Nk’akarorero, umugabo yoshobora kutemerera umugore wiwe w’Icabona kwigisha Bibiliya abana babo bakiri bato canke akamubuza kubatwara ku makoraniro. Naho umugore akwiye kuvyubahiriza, igihe cose aronse akaryo arashobora kubwira abo bana ivyo yemera, gutyo akabigisha ivyerekeye Yehova be n’ukwigenza runtu. (Ivyak. 4:19, 20) Ariko amaherezo, abo bana ni bo bazokwifatira ingingo ku bijanye n’aho bosenga.​—Gus. 30:19, 20. *

IGIHE INCUTI ZITEREKWA UKURI

11. Ni igiki coshobora gutuma ugiranira ingorane n’incuti zawe zitizera?

11 Igihe twatangura kwiga n’Ivyabona vya Yehova, birashoboka ko tutabimenyesheje abo mu muryango. Ariko rero igihe ukwizera kwakomera, twarabonye ko bikenewe ko tubabwira ivyo twemera. (Mrk. 8:38) Nimba uwo mutima rugabo wagize waratumye ugiranira ingorane n’incuti zawe zitizera, nurabe ibintu bimwebimwe wokora kugira uzigabanye kandi ugume uri intahemuka.

12. Ni igiki cotuma incuti zacu ziturwanya, mugabo twogerageza gute kuzitahura?

12 Nutahure incuti zawe zitizera. Turahimbarwa cane n’uko twamenye ukuri. Ariko abo mu muryango wacu bobo boshobora kuvyakira ukundi, bakibaza ko twahenzwe canke ko twagiye mu kadumbi k’idini. Boshobora kwiyumvira ko tutakibakunda kubera yuko tutacifatanya na bo mu misi mikuru imwimwe. Boshobora mbere kubona ko turiko twikwegera ingorane. Turakwiye kugerageza kubatahura mu kwishira mu kibanza cabo, tukabatega yompi kugira tumenye neza ikibaraje ishinga. (Imig. 20:5) Intumwa Paulo yaragerageza gutahura “abantu b’uburyo bwose” kugira ngo ababwire inkuru nziza. Na twebwe twoshobora kubigenza gutyo.​—1 Kor. 9:19-23.

13. Dukwiye kuyaga gute n’incuti zitizera?

13 Nuvugane ubwitonzi. Bibiliya ivuga iti: “Imvugo yanyu yamane igikundiro.” (Kol. 4:6) Turakwiye gusaba Yehova ngo aduhe impwemu yiwe nyeranda kugira tugaragaze icamwa cayo igihe tuyaga n’incuti zacu. Ntidukwiye guharira na bo ku bijanye n’inyigisho zabo zose z’ikinyoma. Igihe na ho bavuze canke bakoze ibintu bitubabaza, turakwiye kwigana akarorero k’intumwa. Paulo yanditse ati: “Iyo turiko turatukwa, turahezagira; iyo turiko turahamwa, turarindirako; iyo turiko turambikwa ibara, [twishurana ubwitonzi].”​—1 Kor. 4:12, 13.

14. Kugumana ingeso nziza bivamwo ivyiza ibihe?

14 Nugumane ingeso nziza. Naho kuvugana ubwitonzi ari ngirakamaro igihe incuti ziturwanya, inyifato yacu nziza iraruta amajambo tubabwira. (Soma 1 Petero 3:1, 2, 16.) Nutange akarorero keza, ku buryo incuti zawe zibonera ko Ivyabona vya Yehova bahimbawe mu mibano yabo, ko bitwararika abana babo be n’uko babayeho neza kuko bigenza runtu kandi badahumanye. Mbere n’igihe incuti zacu zitokwigera zakira ukuri, turashobora kwironkera umunezero uva ku guhimbara Yehova mu kuguma turi intahemuka.

15. Twokwitegurira gute ibintu vyoshobora guteza ingorane?

15 Niwitegure imbere y’igihe. Nuzirikane ibintu vyoshobora guteza ingorane maze witegurire ingene wovyifatamwo. (Imig. 12:16, 23) Mushiki wacu umwe wo muri Ostraliya yigana ati: “Databukwe yararwanya ukuri cane. Imbere yo kumuterefona kugira ngo tumenye amakuru yiwe, twe n’umugabo wanje twarasaba Yehova ngo adufashe kumwishurana ubwitonzi igihe atubwiye nabi. Twarategura imbere y’igihe ivyo tuza kuvuga kugira ngo ikiyago kigume ari ciza. Vyongeye, twarishingira umwanya ntarengwa wo kumuganiriza kugira ngo twirinde ko ikiyago kiba kirekire, mu ntumbero yo kwirinda impari zovyuka ku bijanye n’idini.”

16. Bishitse ukumva ko wiyagiriza kubera ko udahuza n’incuti zawe, wokora iki?

16 Mu bisanzwe, nta wokwitega ko azohuza muri vyose n’incuti ziwe badasangiye ukwizera. Bishitse ntimuhuze, urashobora kwiyagiriza, canecane kubera ko ubakunda cane kandi ukaba utipfuza kubabaza. Ivyo bigushikiye, urihatira kuba intahemuka kuri Yehova aho kuba intahemuka ku muryango wawe. Gufata ingingo nk’iyo vyoshobora gufasha izo ncuti zawe kubona ko uha agaciro cane ukuri kwo muri Bibiliya. Uko vyogenda kwose, urama wibuka ko udakwiye guhata abandi kwemera ukuri. Ariko rero, urashobora kubafasha kubona ko kwisunga ingingo za Yehova bikugirira akamaro. Imana yacu y’urukundo, na bo nyene irabaha akaryo ko kwihitiramwo kuyisenga canke kutayisenga.​—Yes. 48:17, 18.

IGIHE UWO MU MURYANGO AHEVYE YEHOVA

17, 18. Ni ibiki vyogufasha kwihangana igihe uwo mu muryango ahevye Yehova?

17 Igihe uwo mu muryango aciwe mw’ishengero canke yiyonjoroye, birababaza cane. None bigushikiye wovyifatamwo gute?

18 Nugume wikomeza mu vy’impwemu. Niwikomeze mu kwama usoma Bibiliya, utegura amakoraniro kandi uyitaba, uja mu ndimiro kandi usenga usaba inkomezi zo kwihangana. (Yuda 20, 21) Vyogenda gute hamwe wobikora, ariko ukaguma wumva ko watwawe n’umubabaro? Ntucike intege! Kugumana akamenyero keza mu vy’impwemu birashobora kugufasha kubogora ivyiyumviro vyawe no kurengera umubabaro. Zirikana ivyashikiye umwanditsi wa Zaburi ya 73. Igihe yatangura kubona ibintu ukutari ko kandi bikamubuza amahoro cane, amaze kuja ku rusengero rw’Imana yarabogoye ivyiyumviro vyiwe. (Zab. 73:16, 17) Kubandanya ibikorwa bijanye no gusenga Yehova, na wewe vyoshobora kugufasha nk’uwo mwanditsi.

19. Wokwerekana gute ko wubahiriza intunganyo Yehova yashizeho yo gutoza indero?

19 Niwubahirize intunganyo yo gutozwa indero na Yehova. Igihe Yehova atoje indero umucumuzi, birashobora kugirira akamaro abagize umuryango bose, ushizemwo n’uwo mucumuzi ubwiwe naho mu ntango usanga bibabaza cane. (Soma Abaheburayo 12:11.) Nk’akarorero, Yehova adusaba “kureka kwivanga” n’umucumuzi atigaya. (1 Kor. 5:11-13) Naho tuba tubabaye, dutegerezwa kwirinda kwifatanya n’uwo mu muryango yaciwe, haba kuri telefone, ku kwandikirana amamesaje n’amakete canke biciye ku buhinga bwa none.

20. Ni igiki ushobora kuguma wizigiye?

20 Nugumane icizigiro. Urukundo “rwizigira vyose.” Niwizigire rero ko uwo muntu azogaruka kuri Yehova. (1 Kor. 13:7) Igihe ubonye ibimenyamenya vyerekana ko ariko arahindura ingendo, woshobora kumusengera usaba ko Ivyanditswe vyomufasha kwitabira akamo Yehova amutera ati: “Nungarukeko.”​—Yes. 44:22.

21. Wokora iki nimba umuryango wawe ukurwanya kubera ukurikira Yezu?

21 Yezu yavuze ko hamwe twogira umuntu tumurutisha, tutoba tumukwiriye. Ariko rero, yari azi ko abigishwa biwe bogize umutima rugabo, bakaguma ari intahemuka kuri we naho umuryango wobarwanije. Nimba gukurikira Yezu vyarazanye “inkota” mu muryango wawe, niwiheke kuri Yehova kugira agufashe kuvyifatamwo neza. (Yes. 41:10, 13) Nuhimbarwe no kumenya ko Yehova na Yezu bagushima kandi ko bazoguha impembo kubera uri umwizigirwa.

^ ing. 10 Ushaka kumenya n’ibindi ku bijanye no kwigisha abana igihe abavyeyi badasangiye ukwemera, raba ikiganiro kivuga ngo “Ibibazo vy’abasomyi,” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Myandagaro 2002.