Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyo Zekariya yeretswe bitwigisha iki?

Ivyo Zekariya yeretswe bitwigisha iki?

Nimungarukeko, . . . nanje nzobagarukako.”​ZEK. 1:3.

INDIRIMBO: 89, 86

1-3. (a) Igihe Zekariya yatangura kuvuga ubuhanuzi, ivy’abasavyi ba Yehova vyari vyifashe gute? (b) Kubera iki Yehova yabwiye abasavyi biwe ngo ‘bamugarukeko’?

UMUZINGO uguruka, umugore yicaye mu gitunga, be n’abagore babiri baguruka bafise amababa nk’ay’agasoza. Ivyo bintu bitangaje, biravugwa mu gitabu ca Zekariya. (Zek. 5:1, 7-9) Kubera iki Yehova yeretse uwo muhanuzi ivyo bintu? Ivy’Abisirayeli vyari vyifashe gute ico gihe? Ivyo bintu Zekariya yeretswe bitwigisha iki?

2 Mu mwaka wa 537 imbere ya Kristu, abasavyi ba Yehova bari mu munezero ntangere. Baravuye mu bunyagano i Babiloni, aho bari bamaze imyaka 70. Mu ntango, bari bashashaye gukora kugira basubizeho ugusenga kw’ukuri i Yeruzalemu. Mu 536, barashinze umushinge w’urusengero. Ico gihe abantu “bariko bavuza akaruru n’ijwi rirenga, kandi iryo jwi ryarumvikana gushika kure cane.” (Ezr. 3:10-13) Ariko rero, ico gikorwa co kwubaka nticatevye kuburabuzwa. Abantu baciye bacika intege, baraheba kwubaka urusengero maze batangura kwubaka amazu yabo bwite no kurima imirima yabo. Igikorwa co kwubaka urusengero rwa Yehova caramaze imyaka 16 carahagaze. Abasavyi b’Imana bari bakeneye kwibutswa ko bakwiye kugaruka kuri Yehova, bakareka gushira ivyabo imbere. Yehova yipfuza ko bagaruka kuri we, bagasubira kumusenga ata bwoba kandi n’umutima wabo wose.

3 Mu 520 imbere ya Kristu, Imana yararungitse umuhanuzi Zekariya kugira ngo yibutse abasavyi bayo imvo nyamukuru yatumye ibakura i Babiloni. Izina Zekariya ubwaryo, irisobanura ngo “Yehova yaributse,” rishobora kuba ryarabibukije ikintu gihambaye. Naho bari baribagiye ingene Imana yabarokoye, yoyo ntiyari yabibagiye. (Soma Zekariya 1:3, 4.) Ibigiranye urukundo, yarabakuye amazinda ko yobafashije gusubizaho ugusenga gutyoroye, mugabo kandi irabagabisha yuko itokwihanganiye abayisengana udutima tubiri. Nimuze twihweze ukuntu yabahimirije kugira ico bakoze, biciye ku vyo Zekariya yabonye mw’iyerekwa rigira gatandatu n’irigira indwi. Turaza kuraba n’ivyigwa twohakura.

URUBANZA YEHOVA AZOCIRA IBISUMA

4. Zekariya yabonye iki mw’iyerekwa rigira gatandatu, kandi kuba uwo muzingo wanditse ku mpande zose bisobanura iki? (Raba ishusho itangura ya 1.)

4 Ikigabane ca 5 c’igitabu ca Zekariya gitangurwa n’ikintu gitangaje yeretswe. (Soma Zekariya 5:1, 2.) Zekariya arabona umuzingo uguruka w’uburebure bw’imetero nka 9 n’ubwaguke bw’imetero nka 4 n’igice! Urazinguruye kugira ngo bawusome. Urimwo ubutumwa bujanye n’urubanza, bwanditse ku mpande zose. (Zek. 5:3) Mu bisanzwe, umuzingo wandikwa ku ruhande rumwe. Uwo muzingo abona rero, urimwo ubutumwa buhambaye.

Ubusuma ubwo ari bwo bwose nta kibanza bufise mu bakirisu (Raba ingingo ya 5-7)

5, 6. Yehova abona gute ubusuma ubwo ari bwo bwose?

5 Soma Zekariya 5:3, 4Nimba abantu bose bafise ivyo babazwa na Yehova, hari akantu abitirirwa izina ryiwe! Abakunda Yehova barazi yuko ukwiba ukwo ari kwo kwose gutukisha izina ryiwe. (Imig. 30:8, 9) Naho umuntu yoba abona ko afise imvo yumvikana yo kwiba, uwivye aba yerekanye ko ivyipfuzo vyiwe biza imbere y’Imana, kuko aba ahaye agaciro cane ibintu vy’umubiri. Aba asuzuguye itegeko ry’Imana, nkaho womenga Yehova n’izina ryiwe nta co bivuze kuri we.

6 Woba wabonye muri Zekariya 5:3, 4 ko “umuvumo . . . uzokwinjira koko mu nzu y’igisuma . . . kandi uzoba koko mu nzu yiwe, [ukayiherengeteza]”? Umuntu ntashobora kwiyugarana mu nzu ngo ahunge urubanza rwa Yehova. Rurashobora gushika n’ahihishije rugashira ahabona ikibi umusavyi wa Yehova yakoze. Naho umuntu yoshobora kwiba akabihisha abategetsi, abakoresha biwe, abakurambere, canke abavyeyi biwe, ntashobora kubihisha Imana, kuko ivuga ko izoshira ku mugaragaro ubusuma bwose. (Heb. 4:13) Ese ukuntu biruhura kuba twifatanya n’abantu bihatira kuba inzirabugunge “muri vyose”!​—Heb. 13:18.

7. Twokwirinda gute umuvumo uri muri wa muzingo uguruka?

7 Yehova aranka ubusuma ubwo ari bwo bwose. Ni agateka kubaho twisunga ingingo ngenderwako ziri hejuru za Yehova, tukagumana inyifato idasiga iceyi izina ryiwe. Tubigenjeje gutyo, tuzoba twirinze urubanza Yehova azocira abarenga amategeko yiwe n’ibigirankana.

“UKO BUKEYE UKO BWIJE,” DUSHITSE IVYO DUSEZERANA

8-10. (a) Umuntu arahira kubera iki? (b) Umwami Zedekiya yarenze ku ndahiro iyihe?

8 Ubutumwa bwanditse kuri wa muzingo uguruka buca bugabisha ‘abarahira ibinyoma mw’izina ry’Imana.’ (Zek. 5:4) Umuntu arahira kugira yemeze ko avuze ukuri canke ko azokora canke atazokora ikintu kanaka.

9 Kurahira mw’izina rya Yehova ni ikintu gihambaye cane. Ivyo nyene ni vyo umwami wa nyuma yaganje i Yeruzalemu yagize. Zedekiya yararahiye mw’izina rya Yehova ko azoguma ayobokera umwami wa Babiloni. Ariko rero, Zedekiya yararenze iyo ndahiro. Yehova yaciye amucira urubanza muri aya majambo agira ati: “Ndahiye ukubaho kwanje, . . . ahantu nyene h’umwami yimitse uwasuzuguye indahiro yiwe kandi akarenga isezerano ryiwe, ni ho [Zedekiya] azopfira, iruhande yiwe, hagati muri Babiloni.”​—Ezk. 17:16.

10 Yehova yari yiteze ko Umwami Zedekiya ashitsa iyo ndahiro, narirya yari yarahiye mw’izina ryiwe. (2 Ngo. 36:13) Ariko Zedekiya yararenze kuri iyo ndahiro yitura Misiri ngo imufashe kwiyonkora kuri Babiloni, mugabo nta co vyavuyemwo.​—Ezk. 17:11-15, 17, 18.

11, 12. (a) Isezerano riruta ayandi yose twogira ni irihe? (b) Mu buzima bwacu bwa misi yose, twogendera gute ukwiyegura kwacu?

11 Na twebwe, Yehova arumviriza ivyo tumusezeranira. Arabifatana uburemere, kandi dutegerezwa kubishitsa kugira tumuhimbare. (Zab. 76:11) Ukwiyegurira Yehova ni ryo sezerano riruta ayandi yose twogira. Ukwiyegura ni ugusezeranira Yehova ko uzomukorera naho hoza iki.

12 None twoshitsa gute iryo sezerano? Impagararo tugira mu gihe c’ibigeragezo, vyaba ibihambaye canke ibidahambaye, irakwiye kwerekana ko dufatana uburemere isezerano twagize ryo guhimbara Yehova “uko bukeye uko bwije.” (Zab. 61:8) Nk’akarorero, igihe hari umuntu atanguye kuturyosharyosha ku kazi canke kw’ishure ashaka ko dukundana, twoba tuboneraho akaryo ko kwerekana ko ‘duhimbarwa n’inzira za Yehova’ mu kumwamirira kure? (Imig. 23:26) Nimba tudasangiye ukwemera n’abo mu muryango wacu, twoba dusaba Yehova ngo adufashe kuguma twigenza rukirisu? Twoba twama dukengurukira Dawe wa twese wo mw’ijuru kubera urukundo rwiwe be n’ubuyobozi aturonsa? Twoba dufata akanya ko gusoma Bibiliya buri musi? None ubundi ho, ivyo si vyo twamusezeraniye? Ivyo turabikora kubera ko tugamburuka. Iyo dukoreye Yehova duherejeko, tuba twerekanye ko tumukunda be n’uko twamwiyeguriye vy’ukuri. Gukorera Yehova ni co kintu kiza imbere mu buzima bwacu, ntitubigira twikurayo gusa. Gushitsa isezerano twagize ni ku neza yacu. Bizotuma twironkera kazoza gahimbaye.​—Gus. 10:12, 13.

13. Ivyo Zekariya yabonye mw’iyerekwa rya gatandatu bitwigisha iki?

13 Ivyo Zekariya yabonye mw’iyerekwa rya gatandatu biradufasha kubona ko abakunda Yehova badakwiye kwiba mu buryo na bumwe canke kurahira ibinyoma. Turabona kandi ko Yehova atahevye Abisirayeli naho bakoze amakosa menshi. Yaratahura ingorane barimwo kuko bari bakikujwe n’abansi. Araduha akarorero mu bijanye no gushitsa ivyo asezerana, kandi azodufasha gushitsa ivyo natwe dusezerana. Uburyo bumwe adufasha, ni mu kuduha icizigiro c’uko agiye gukuraho ububi bwose kw’isi. Ivyo Zekariya yeretswe ubukurikira biratwemeza ico kintu ciza igitangaza.

BUBISHA ‘ASHIRWA AHANTU AKWIRIYE’

14, 15. (a) Ni ibiki Zekariya yabonye mw’iyerekwa ry’indwi? (Raba ishusho itangura ya 2.) (b) Wa mugore yicaye mu gitunga agereranya iki, kandi ni kubera iki atemerwa kuvayo?

14 Zekariya amaze kubona wa muzingo uguruka, umumarayika aca amubwira ngo “[a]raramure amaso.” None abona iki muri iryo yerekwa ry’indwi? Abona igitunga, icitwa “efa,” gisohotse. (Soma Zekariya 5:5-8.) Ico gitunga gifise “umurumyo w’umuzingi ukozwe mu butare bw’isǎsu.” Barumuye ico gitunga, Zekariya aca abona “umugore yicaye hagati muri ya efa.” Wa mumarayika arasigura yuko uwo mugore ari “Bubisha.” Niwihe ishusho ukuntu Zekariya atekerwa n’ubwoba abonye uwo mugore ariko agerageza kuva muri nya gitunga! Wa mumarayika aca amusubizayo ubwo nyene, agaca ashirako wa murumyo uremereye. None ivyo bisobanura iki?

15 Ivyo bintu Zekariya yabonye birerekana neza ko Yehova atazokwihanganira ububisha na bumwe bukorwa mu basavyi biwe. Ntazoreka ngo bukwiragire kandi azobukuraho adatebaganye. (1 Kor. 5:13) Ivyo vyerekanwa n’ingene wa mumarayika aca apfundikira ca gitunga.

Yehova nta co atakoze kugira ngo ugusenga kw’ukuri kugume gutyoroye (Raba ingingo ya 16-18)

16. (a) Ni ibiki vyashikiye ca gitunga? (Raba ishusho itangura ya 3.) (b) Ba bagore bafise amababa batwaye he ca gitunga?

16 Ubu na ho haca haseruka abagore babiri bafise amababa akomeye nk’ay’agasoza. (Soma Zekariya 5:9-11.) Abo bagore baratandukanye n’umwe ari mu gitunga. Bakoresheje amababa yabo akomeye, baca baterura ca gitunga kirimwo “Bubisha.” None bamutwaye he? Bubisha aca ajanwa “mu gihugu ca Shinari,” ari co Babiloni. None kubera iki bamutwara i Babiloni?

17, 18. (a) Kubera iki i Shinari ari ho ‘hantu Bubisha akwiriye’ kuba? (b) Dukwiye kwiyemeza iki ku bijanye n’ububisha?

17 Abisirayeli bo mu gihe ca Zekariya bari bazi ko vyari bibereye yuko Bubisha ajanwa i Shinari. Zekariya n’Abayuda bagenziwe bari bazi ko i Babiloni ari ahantu h’ububisha. Kubera ko bakuriye muri ico gisagara carangwamwo ubuhumbu no gusenga ibigirwamana, buri musi bategerezwa kurwana urugamba ngo ntiboshwe n’agatima k’abo bantu b’abapagani. Ese ukuntu iryo yerekwa ritegerezwa kuba ryarabahumurije! Cari icemeza yuko Yehova azotuma ugusenga kw’ukuri kuguma kudahumanye.

18 Ariko rero, iryo yerekwa ryaribukije Abayuda ibanga bari bafise ryo kwirinda ikintu na kimwe cokwanduje ugusenga kwabo. Ububisha ntibushobora kwinjira no gushinga imizi mu basavyi ba Yehova, kandi ntibizokwigera biba. Kubera ko Yehova adukunda kandi yipfuza kudukingira, yaradushize mw’ishirahamwe ryiwe rityoroye. Dutegerezwa rero gukora ibishoboka vyose kugira rigume rityoroye. Ububisha ubwo bari bwo bwose nta kibanza bufise mw’iparadizo yacu yo mu buryo bw’impwemu.

ABANTU BADAHUMANYE BARATERA ITEKA YEHOVA

19. Ibintu bitangaje Zekariya yeretswe bitwigisha iki muri iki gihe?

19 Ivyo Zekariya yabonye mw’iyerekwa rya gatandatu n’iry’indwi ni ingabisho ikomeye ku baguma bakora ibibi, kandi biratwibutsa ko Yehova atihanganira ikibi. Abasavyi biwe b’ukuri na bo, bategerezwa kwanka urunuka ububisha bwose. Vyongeye, izo nkuru ni indemesho iranga urukundo Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru aduha. Hamwe twokwihatira guhimbara Imana no guhungira kuri yo, ntituzoshikirwa n’umuvumo w’urupfu. Ahubwo riho, Yehova azoduhezagira. Akigoro tugira ko kuguma dutyoroye muri iyi si yuzuyemwo ububisha si impfagusa. Turashobora guhera amazinda ko Yehova adufashije tuzororanirwa! Ariko none, twokwemezwa ni iki ko ugusenga kw’ukuri kuzosagamba muri iyi si itibanga Imana? Twemezwa ni iki ko Yehova azokingira ishirahamwe ryiwe muri ya makuba akomeye yegereje? Ivyo ni vyo tuzokwihweza mu kiganiro gikurikira.