Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Bavyeyi, fasha abana banyu babe “inkerebutsi ku bw’ubukiriro”

Bavyeyi, fasha abana banyu babe “inkerebutsi ku bw’ubukiriro”

“Guhera mu buhinja wa[ra]menye ivyanditswe vyeranda, ibishobora kukugira inkerebutsi ku bw’ubukiriro.”​—2 TIM. 3:15.

INDIRIMBO: 141, 134

1, 2. Kubera iki hari abavyeyi bahagarika umutima iyo abana babo bipfuza gutera intambwe yo kwiyegura no kubatizwa?

ABATOHOJI ba Bibiliya ibihumbi bariyegurira Yehova bakabatizwa. Benshi muri bo ni abakiri bato barerewe mu kuri kandi bahisemwo ubuzima bwiza cane. (Zab. 1:1-3) Nimba uri umuvyeyi mukirisu, nta gukeka ko witeganye umushasharo igihe umwana wawe azobatizwa.​—Gereranya na 3 Yohani 4.

2 Naho ari ukwo, woshobora guhagarika umutima. Ushobora kuba umaze kubona abakiri bato babatijwe, mugabo mu nyuma bagatangura gukekeranya ko kubaho bisunga ingingo ngenderwako z’Imana bibagirira koko akamaro. Hari mbere n’abahevye ukuri. Woshobora rero gutinya ko umwana wawe azotangura gukorera Yehova, ariko mu nyuma agatakaza urukundo yari afitiye ukuri. Yoshobora kumera nk’ishengero ry’i Efeso ryo mu kinjana ca mbere, iryo Yezu yabwiye ati: “Waretse urukundo wari ufise ubwa mbere.” (Ivyah. 2:4) None wokwirinda gute ikintu nk’ico maze ugafasha umwana wawe ‘gukura kugira ashikire ubukiriro’? (1 Pet. 2:2) Kugira turonke inyishu, nimuze turimbure akarorero ka Timoteyo.

“WAMENYE IVYANDITSWE VYERANDA”

3. (a) Timoteyo yabaye umukirisu gute, kandi yakiriye gute ivyo yigishijwe? (b) Paulo yahanuye Timoteyo ku bijanye n’ibintu bitatu ibihe?

3 Birashoboka ko Timoteyo yabaye umukirisu mu 47 inyuma ya Kristu, igihe Paulo yatangura kuja i Lusitira. Naho bishoboka ko ico gihe Timoteyo yari umuyabaga, ategerezwa kuba yarakiriye neza ivyo yigishijwe. Haciye imyaka ibiri, yaratanguye kujana na Paulo mu ngendo yagira. Imyaka nka 16 inyuma y’aho, Paulo yandikiye Timoteyo ati: “Ugume mu vyo wize ukumvishwa ukavyemera, uzi ababikwigishije abo ari bo be n’uko guhera mu buhinja wamenye ivyanditswe vyeranda [ni ukuvuga Ivyanditswe vy’igiheburayo], ibishobora kukugira inkerebutsi ku bw’ubukiriro biciye ku kwizera kujanye na Kristu Yezu.” (2 Tim. 3:14, 15) Urabona ko Paulo avuga (1) kumenya ivyanditswe vyeranda, (2) kwumvishwa ukemera ivyo wize, (3) kuba inkerebutsi ku bw’ubukiriro biciye ku kwizera Kristu Yezu.

4. Ni ibikoresho ibihe wasanze ari kirumara mu kwigisha abana bawe bakiri bato? (Raba ishusho itangura.)

4 Kubera ko uri umuvyeyi mukirisu, wipfuza ko umwana wawe amenya ivyanditswe vyeranda, muri iki gihe bikaba bigizwe n’Ivyanditswe vy’igiheburayo hamwe n’Ivyanditswe vy’ikigiriki. Bivanye n’ubushobozi bwabo, n’abana bakiri bato cane barashobora kwiga ibijanye n’abantu be n’inkuru zivugwa muri Bibiliya. Ishirahamwe rya Yehova riraturonsa ibikoresho bitari bike abavyeyi bashobora kwikorako mu gufasha abana babo. Hoba hari ibiboneka mu rurimi rwawe? Niwibuke ko kumenya Ivyanditswe ari wo mushinge wo kugiranira na Yehova ubucuti bukomeye.

‘YARUMVISHIJWE AREMERA’

5. (a) ‘Kwumvishwa ukemera’ bisobanura iki? (b) Ni igiki cerekana ko Timoteyo yumvishijwe akemera inkuru nziza yerekeye Yezu?

5 Kumenya ivyanditswe vyeranda birahambaye. Ariko rero, kwigisha abana ivy’Imana ntibigarukira gusa ku kubiganira ivyerekeye abantu be n’inkuru zivugwa muri Bibiliya. Timoteyo ‘yarumvishijwe aremera.’ Mu rurimi rwo mu ntango, iryo ryungane risobanura “gukurwa amazinda” canke “kujijuka ukemera ko ikintu ari ukuri.” Timoteyo yamenye Ivyanditswe vy’igiheburayo guhera mu buhinja. Ariko harageze igihe arajijuka ko Yezu ari Mesiya. Mu yandi majambo, yahavuye ajijuka ko ivyo yigishijwe ari ukuri. Nkako, Timoteyo yarajijutse cane ku bijanye n’inkuru nziza ku buryo abatizwa maze arifatanya na Paulo mu gikorwa c’ubumisiyonari.

6. Wofasha gute abana bawe kujijuka ku vyo biga mw’Ijambo ry’Imana?

6 Wofasha gute abana bawe kujijuka nk’ukwo kwa Timoteyo? Imbere ya vyose, nube umuntu yihangana. Kujijura umwana bisaba umwanya. Vyongeye, ntaca ajijuka ngo n’uko gusa wewe wajijutse. Buri mwana arakwiye gukoresha “ububasha [bwiwe] bwo kwiyumvira” kugira ngo ajijuke ko Bibiliya ivuga ukuri. (Soma Abaroma 12:1.) Muvyeyi, urafise uruhara ruhambaye muri ivyo, na canecane igihe umwana akubajije ibibazo. Rimbura aka karorero.

7, 8. (a) Sebibondo umwe agaragaza gute ukwihangana mu kwigisha umukobwa wiwe? (b) Woba nawe warabonye ko ukeneye kwihangana igihe wigisha umwana wawe?

7 Umugabo yitwa Thomas afise umukobwa w’imyaka 11. Yigana ati: “Umukobwa wanje hari igihe ambaza ngo ‘Ubwo Yehova ntiyakoresheje ihindagurika mu kurema ibintu vyo kw’isi?’ canke ngo ‘Kubera iki tutagira nk’ivyo abandi bagira, nk’akarorero kuja mu matora kugira turabe ko ibintu vyohinduka?’ Rimwe na rimwe ndiyubara mu kumwishura kugira ngo simpave ndamuhatira kwemera ibintu atumva. Nakare, umuntu ntajijuka kubera aronse inyishu y’ikibazo kimwe naho coba ari ic’inkoramutima. Ahubwo ajijuka iyo aronse ibimenyamenya vyinshi naho vyoba ari bitobito.”

8 Thomas arazi ko kwigisha bisaba kwihangana. Nkako, abakirisu bose barakeneye kwihangana. (Kol. 3:12) Arazi ko bizofata igihe kirekire n’ibiyago vyinshi kugira afashe umukobwa wiwe. Arakeneye kumufasha kuzirikana ku Vyanditswe kugira ngo ajijuke ku vyo yiga. Thomas avuga ati: “Twe n’umugore wanje turipfuza kumenya nimba umukobwa wacu yemera vy’ukuri ivyo yiga be n’uko abitahura koko, na canecane iyo ari ibintu bihambaye. Turakunda ko atubaza ibibazo. Mu vy’ukuri, nohagarika umutima hamwe yoza aremera ikintu cose atarinze kubaza ibibazo.”

9. Wokwinjiza gute Ijambo ry’Imana mu bana bawe?

9 Iyo abavyeyi bigisha abana babo bihanganye, abo bana bagenda baratahura “ubwaguke n’uburebure bw’amakika n’amahagarara n’ubwimbike” vy’ukwizera. (Ef. 3:18) Ukwiye kubigisha ibihuye n’imyaka yabo be n’ubushobozi bafise. Uko bazogenda barajijuka ku vyo biga, ni ko bazoshobora kuburanira ivyo bemera imbere y’abandi, harimwo n’abo bigana. (1 Pet. 3:​15) Nk’akarorero, abana bawe boba bashobora gusigura bakoresheje Bibiliya ingene bigenda iyo umuntu apfuye? Boba bemera ivyo Bibiliya isigura? * Ego cane, kwinjiza Ijambo ry’Imana mu mwana wawe bisaba ukwihangana, mugabo haravamwo ivyiza.​—Gus. 6:6, 7.

10. Ni igiki udakwiye kwirengagiza igihe wigisha?

10 Ariko ntiwumve, akarorero utanga na ko nyene karahambaye. Uwitwa Stephanie, akaba afise abakobwa batatu, avuga ati: “Kuva abana banje bakiri bato, naribaza nti: ‘Noba mbwira abana banje igituma najijutse ko Yehova ariho, ko afise urukundo, kandi ko inzira ziwe zigororotse? Abana banje boba babona neza ko nkunda Yehova vy’ukuri?’ Sinokwitega ko abana banje bajijuka, jewe ubwanje ntajijutse.”

“INKEREBUTSI KU BW’UBUKIRIRO”

11, 12. Ubukerebutsi ni iki, kandi ni kubera iki twovuga ko butavana gusa n’imyaka umuntu afise?

11 Nk’uko twabibonye, Timoteyo yari afise (1) ubumenyi bw’Ivyanditswe kandi (2) yari yarajijutse ku vyo yemera. Ariko none, Paulo yashaka kuvuga iki mu kuvuga ko ivyanditswe vyeranda vyari gushobora gutuma Timoteyo aba “inkerebutsi ku bw’ubukiriro”?

12 Igitabu Étude perspicace, Igitabu ca 2, gisigura ko muri Bibiliya, ubukerebutsi ari “ubushobozi bwo gukoresha ubumenyi be n’ugutahura kugira ngo utorere umuti ingorane, wirinde canke wikingire ingeramizi, ushikire intumbero wishingiye, canke kugira ufashe abandi kubigira. Ni igihushane c’ubupfu.” Bibiliya ivuga ko “ubupfu buboheye ku mutima w’umwana.” (Imig. 22:15) Kubera ko ubukerebutsi ari igihushane c’ubupfu, ni kimwe mu vyerekana ko umuntu ahumuye. Guhumura mu vy’impwemu ntibivana ahanini n’imyaka umuntu afise, ahubwo bivana no kuba atinya Yehova kandi akaba yiteguriye kugamburuka amategeko yiwe.​—Soma Zaburi 111:10.

13. Uwukiri muto yokwerekana gute ko ari inkerebutsi ku bw’ubukiriro?

13 Abakiri bato bahumuye mu vy’impwemu ‘ntibazungazungishwa n’ibisebuzi bajanwa irya n’ino’ n’ivyipfuzo vyabo canke akosho k’urunganwe. (Ef. 4:​14) Ahubwo riho, baratera imbere kuko “ububasha bwabo bwo gutegera bumenyerezwa gutandukanya iciza n’ikibi.” (Heb. 5:​14) Baragaragaza ko bariko batera imbere bagana ku buhumure mu gufata ingingo zibereye, naho abavyeyi babo canke abandi bantu bakuze boba batababona. (Flp. 2:​12) Ubukerebutsi mwene ubwo burakenewe kugira umuntu aronke ubukiriro. (Soma Imigani 24:14.) None wofasha gute abana bawe ngo baburonke? Imbere ya vyose, nusigurire abana bawe mu buryo butomoye ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya wisunga. Mu mvugo no mu ngiro, nubereke ko wihatira gushira mu ngiro izo ngingo ngenderwako.​—Rom. 2:21-23.

Kubera iki bihambaye ko umuvyeyi abandanya kugira utwigoro? (Raba ingingo ya 14-18)

14, 15. (a) Uwukiri muto yipfuza kubatizwa akwiye kurimbura ibintu bihambaye ibihe? (b) Wofasha gute abana bawe kuzirikana ku vyiza biva ku kugamburuka amategeko y’Imana?

14 Ariko rero, kubwira abana gusa ikibereye n’ikitabereye ntibihagije. Vyoba vyiza kandi ubafashije kuzirikana ku bibazo nk’ibi: ‘Kubera iki Bibiliya ibuza ibintu twoshobora kuba twikundira? Ni igiki kikwemeza ko ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zigufitiye akamaro?’​—Yes. 48:17, 18.

15 Nimba umwana afise icipfuzo co kubatizwa, urakwiye kumufasha kuzirikana no kuri ibi bintu: abona gute ibanga ryo kuba umukirisu yabatijwe? Ni ivyiza ibihe azokwironkera? Ni ingorane izihe zoshobora kumushikira? Ni gute ivyiza azohakura biruta kure n’iyo izo ngorane? (Mrk. 10:29, 30) Birahambaye ko azirikana kuri ivyo bintu imbere yo kubatizwa. Niwafasha abana bawe kurimbura neza ivyiza biva ku kugamburuka be n’ingaruka zo kugambarara, birashoboka rwose ko bazojijuka. Uti ku biki? Bazojijuka ko ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zama zibagirira akamaro.​—Gus. 30:19, 20.

IGIHE UWUKIRI MUTO YABATIJWE ATANGUYE KUGOYAGOYA

16. Abavyeyi borimbura iki nimba umwana yamaze kubatizwa atanguye kugoyagoya mu kwizera?

16 Bite ho nimba umwana wawe atanguye gukekeranya ku bintu bimwebimwe amaze kubatizwa? Nk’akarorero, umuyabaga yabatijwe yoshobora gukwegerwa n’ibintu vyo muri iyi si canke agatangura kwibaza nimba biranga ubukerebutsi kubaho yisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. (Zab. 73:1-3, 12, 13) Numenye ko ukuntu uvyifatamwo mu gufasha umwana wawe bishobora gutuma ahitamwo kuguma mu kuri canke asubira inyuma. Niwirinde kunyinyana na we muri ivyo, yaba akiri muto canke ari umuyabaga. Intumbero yawe ikwiye kuba iyo kumufasha ubigiranye urukundo kugira ngo ibintu bisubire mu buryo.

17, 18. Abavyeyi bofasha gute uwukiri muto atanguye kugira amakenga?

17 Mu vy’ukuri, uwukiri muto yabatijwe aba yariyeguriye Yehova. Ukwo kwiyegura, ni ugusezeranira Imana ko uzoyikunda kandi ugashira imbere ivyo igomba. (Soma Mariko 12:30.) Yehova arafatana uburemere iryo sezerano, kandi uwo ari we wese arigize arakwiye kurifatana uburemere. (Umus. 5:4, 5) Urakwiye kwibutsa umwana wawe ivyo bintu ku gihe kibereye kandi mu buryo bwiza. Ariko rero imbere yo kubigira, nukoreshe neza ibikoresho ishirahamwe rya Yehova rironsa abavyeyi. Ubigenjeje gutyo, uzoba uciye inzira yo kumwereka ko kwiyegurira Yehova no kubatizwa bihambaye cane kandi ko bivamwo ivyiza.

18 Nk’akarorero, urashobora kuronka impanuro ngirakamaro mu nyongera ivuga ngo “Ibibazo abavyeyi bibaza,” mu gitabu Ibibazo urwaruka rwibaza​—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1. Igira iti: “Ntuce wihutira kubona ko umwana wawe w’umuyabaga yiyamirije ukwizera kwawe. Akenshi, haba hariho ikintu kibitumye.” Hari aho koba ari akosho k’urunganwe. Canke na ho rishobora kuba ari irungu canke akaba abona ko abandi bakirisu b’imiyabaga bahagaze neza mu vy’impwemu kumuruta. Iyo nyongera ivuga kandi iti: “Biri n’ico bivuze kubona ibintu nk’ivyo bidafitaniye isano cane n’ivyo wemera. Bifitaniye isano cane n’ivyo umuntu aba ariko aracamwo, bigatuma atoroherwa no kugendera ukwizera kwiwe.” Iyo nyongera ica itanga ibindi vyiyumviro bitari bike umuvyeyi mukirisu yokwikorako mu gufasha uwukiri muto atanguye kugira amakenga.

19. Abavyeyi bofasha gute abana babo kuba “inkerebutsi ku bw’ubukiriro”?

19 Kubera ko uri umuvyeyi, urafise ibanga ritoroshe be n’agateka ko kurera abana bawe “mu kubatoza indero no mu kuyobora ivyiyumviro vyabo nk’uko Yehova yashinze.” (Ef. 6:4) Nk’uko twabibonye, ivyo ntibisaba gusa kubigisha ivyo Bibiliya ivuga. Ukwiye no kubafasha kugira bajijuke ko ivyo biga ari ukuri. Egome, barakeneye kujijuka cane ku buryo biyegurira Yehova maze bakamukorera n’umutima wabo wose. Ese Ijambo rya Yehova, impwemu yiwe be n’utwigoro ugira, vyofasha abana bawe kuba “inkerebutsi ku bw’ubukiriro.”

^ ing. 9 Amayagwa afasha kwiga igitabu “Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?” ni igikoresho ciza gifasha abato n’abakuze gutahura no gusigura ukuri kwo muri Bibiliya. Araboneka kuri jw.org mu ndimi nyinshi. Raba ahavuga ngo INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA > IMIYABAGA.