Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Uvyibazako iki?

Uvyibazako iki?

Bibiliya yoba ishobora kugufasha kuba umugenzi w’Imana?

BAMWEBAMWE BIBAZA  . . .

ko badashobora kuba abagenzi b’Imana kubera biyumvira yuko banduye canke ari abacumuzi. Abandi bavuga ko Imana itatwitwararika. Uvyibazako iki?

ICO BIBILIYA IVUGA

“Ubugenzi somambike na [Yehova] ni ivy’abagororotse.” (Imigani 3:32) Tugamburukiye Imana, duca tuba abagenzi bayo.

IBINDI BIBILIYA IVUGA

  • Imana ishaka kutubera Umugenzi.​—Yakobo 4:8.

  • Kubera ko Imana idukunda, yiteguriye kudufasha no kutubabarira.​—Zaburi 86:5.

  • Abagenzi b’Imana bakunda ivyo ikunda, bakanka ivyo yanka.​—Abaroma 12:9.