Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kuragurira ku nyenyeri no kuvuga ibizoba, vyoba bitumenyesha kazoza?

Kuragurira ku nyenyeri no kuvuga ibizoba, vyoba bitumenyesha kazoza?

KURAGURIRA KU NYENYERI

Kuragurira ku nyenyeri ni ubupfumu bushingiye ku ciyumviro c’uko ngo inyenyeri, ukwezi n’ibindi bisyo bigira ikintu kinini bikoze ku buzima bw’ababa kw’isi. Abaragurira ku nyenyeri bavuga ko ingene ivyo bisyo biba bimeze mu kirere igihe umuntu avutse, bigira ico bikoze ku kuntu azomera no kuri kazoza kiwe.

Naho ubwo bupfumu bukomoka muri Babiloni ya kera, abantu baracabuhurumbira. Mw’itohoza ryagizwe mu 2012 muri Amerika, ica gatatu c’ababajijwe bavuze yuko kuragurira ku nyenyeri “birimwo ubuhinga,” ibice 10 kw’ijana na bo bavuga ko ari “ubuhinga buhanitse.” None ni vyo? Habe namba. Raba igituma.

  • Ibisyo be n’inyenyeri ntibishobora kugira ico bikoze ku bantu nk’uko abaragurira ku nyenyeri babivuga.

  • Akenshi abaragurira ku nyenyeri bavuga ibintu muri rusangi vyokora ku muntu uwo ari we wese.

  • Abaragurira ku nyenyeri muri iki gihe bafatira ku nyigisho ya kera ivuga ko ibisyo bizunguruka isi. Ivyo si vyo kuko ibisyo bizunguruka izuba.

  • Ivyo abaragurira ku nyenyeri batandukanye bavuga ku muntu umwe usanga bidasa.

  • Ubwo bupfumu buvuga ko abantu bari mu migwi 12, bivanye n’itariki yabo y’amavuka. Kubera ko isi yagiye irahindura ikibanza irimwo mu kirere, ivyo bafatiyeko mu gushinga iyo migwi ntibikimeze nk’uko vyari kera.

Bivugwa ko umuntu amera ukunaka bivanye n’umugwi arimwo muri iyo 12. Ariko rero, abavutse kw’itariki imwe ntibaca bamera kumwe. Itariki umuntu yavukiyeko nta ho isa isana n’ukuntu aba ameze. Aho kubona abantu nk’uko bari koko, abaragurira ku nyenyeri bavuga ko umuntu amera ukunaka bafatiye ku bintu biyumvira gusa. None ukwo si ukwishiramwo umuntu uko atari?

KUVUGA IBIZOBA

Kuva kera na rindi, abantu bamye bitura abavuga ibizoba. Bamwebamwe mu bavuga ibizoba wasanga bafatira ku bihimba vyo mu nda vy’ibikoko n’ivy’abantu, canke ku kuntu isake inobagura intete. Abandi wasanga bavuga ibizoba bafatiye ku mero y’ibivuzo vy’icayi canke vy’ikawa umuntu ahejeje kunywa. Muri iki gihe barakoresha amakarata yo kuragurirako, imburungu zibonerana, ka kantu bakinisha urudo be n’ibindi bintu ngo kugira bamenye kazoza k’umuntu. Ubwo none bwoba ari uburyo bwizigirwa bwo kumenya kazoza? Uwokubesha. Reka tubirabe.

Ubwa mbere hoho, abavuga ibizoba ntibahuza. Akenshi bavuga ibintu bivuguruzanya, bivanye n’uburyo bakoresheje. N’igihe nyene bakoresheje uburyo bumwe, ntibavuga ibisa. Nk’akarorero, igihe umuntu abajije ikibazo kimwe abantu babiri bavuga ibizoba bakoresheje amakarata amwe yo kuragurirako, mu bisanzwe bari bakwiye kumwishura ibisa. Ariko akenshi si ko bigenda.

Vyongeye, uburyo abavuga ibizoba bakoresha be n’intumbero yabo birateye amakenga. Bivugwa ko ya makarata canke za mburungu bakoresha ari ivyo guhuma amaso abantu gusa. Ntibisunga ivyo bikoresho, ahubwo bisunga ivyo umuntu avuga be n’inyifato agaragaza. Nk’akarorero, barashobora kumubaza ibibazo bagaca bamutega yompi kandi bakamwihweza kugira baronke ivyobafasha kumenya ibimwerekeye. Baca rero bavuga ko bari bazi ivyo bintu kandi nyenevyo ari we ahejeje kubibamenyesha atabiciye n’ikanda. Abavuga ibizoba bamwebamwe usanga barya amahera menshi cane abakiriya babo kubera ko baba bamaze kubizigira.

ICO BIBILIYA IBIVUGAKO

Abaragurira ku nyenyeri n’abavuga ibizoba bemeza ko ibidushikira biba vyarashinzwe imbere y’igihe. None vyoba ari vyo? Bibiliya ivuga ko dufise uburenganzira bwo kwihitiramwo ivyo twemera canke ivyo dukora, be n’uko amahitamwo yacu agira ingaruka kuri kazoza kacu.​—Yosuwa 24:15.

Abasavyi b’Imana barafise iyindi mvo yo kwirinda ivyo kuragurira ku nyenyeri no kuvuga ibizoba, kuko Imana yiyamiriza ubwoko bwose bw’ubupfumu. Bibiliya ivuga iti: “Muri wewe ntihaze haboneke. . . uwuragura, umunyamageza canke umuntu arondera ibimenyetso bitara ibizoba canke umupfumu, canke uwuzirikisha abandi ubupfumu canke umuntu ahanuza uwuvugana n’ibiremwa vy’impwemu canke uwagize umwuga ukubura ibizoba canke umuntu asiguza abapfuye. Kuko uwukora ivyo bintu wese ari ikintu giteye ishishi kuri Yehova.” a​—Gusubira mu vyagezwe 18:10-12.

a Iryo ni izina rya “Musumbavyose kw’isi yose.”​—Zaburi 83:18.