Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Icibutso gishingira intahe ubuhanuzi bw’ukuri

Icibutso gishingira intahe ubuhanuzi bw’ukuri

I ROMA MU BUTALIYANO HARIHO ICIBUTSO C’INTSINZI GIKWEGERA CANE INGENZI ZIVA HIRYA NO HINO KW’ISI. ICO CIBUTSO CUBAKIWE UMWE MU BAMI BAKUNDWA CANE BAGANJE UBUROMA, ARI WE TITUSI.

Ico cibutso citiriwe Titusi kiriko ibicapo bibiri binini vyerekana ikintu kizwi cane cabaye muri kahise. Ariko rero, hariho ikindi kintu kitazwi cane, na co akaba ari isano ritangaje riri hagati y’ico cibutso na Bibiliya: Ico cibutso citiriwe Titusi kirashingira intahe ubuhanuzi bwo muri Bibiliya.

IGISAGARA CACIRIWE URUBANZA

Mu ntango z’ikinjana ca mbere inyuma ya Kristu, inganji y’Uburoma yava mu Bwongereza be n’i Gaul (ari bwo Bufaransa) igashika mu Misiri. Iyo nganji yari itekanye kandi yari itunze bidasanzwe. Ariko hari akarere ka kure kaguma gashusha umutwe Uburoma, ni ukuvuga intara y’Ubuyuda itigera itekana.

Igitabu kimwe kivuga ivy’Uburoma (Encyclopedia of Ancient Rome) kigira giti: “Ni uturere duke Uburoma bwatwara wasanga abaho bose batabwerekwa nk’intara y’Ubuyuda. Abayuda ntiberekwa abategetsi b’abanyamahanga batitaho imico yabo, Abaroma na bo bagaca bafata nabi abo Bayuda kubera ukudadaza kwabo.” Abayuda benshi bari bizigiye ko hobonetse indongozi ibakura ku gakanu abo Baroma, igatuma Isirayeli isubirana ubuninahazwa bwayo. Yamara mu 33, Yezu Kristu yavuze ko Yeruzalemu yari igiye gushikirwa n’ivyago.

Yavuze ati: “Imisi izoza kuri wewe aho abansi bawe bazokwubaka hirya no hino yawe igihome c’ibisonga, kandi bazogukikuza bagusugereze impande zose, bagutsinde hasi wewe n’abana bawe bari muri wewe, kandi ntibazosiga ibuye na rimwe rigeretse ku rindi muri wewe.”​—Luka 19:43, 44.

Biboneka ko ayo majambo ya Yezu yazazaniye abigishwa biwe. Haciye imisi ibiri, barabonye urusengero rw’i Yeruzalemu, umwe muri bo aca avuga ati: “Mwigisha, raba aya mabuye ingene ameze n’izi nyubakwa ingene zimeze!” Bivugwa ko amabuye amwamwe y’urwo rusengero yari afise uburebure bw’amakika bw’imetero zirenga 11, ubwaguke bw’imetero 5 n’uburebure bw’amahagarara bw’imetero 3! Yamara rero, Yezu yasubijeyo ati: “Ibi bintu mubona, imisi izoza aho ng’aha ata buye rizosigara rigeretse ku rindi ridasenyuriwe hasi.”​—Mariko 13:1; Luka 21:6.

Yezu yaciye ababwira ati: “Nimwabona Yeruzalemu ikikujwe n’ingabo zishinze ikambi, muzoce mumenya yuko ugucika umusaka kwaho kwegereje. Abari i Yudaya bazoce batangura guhungira mu misozi, abari hagati muri Yeruzalemu na bo bazoce bavayo, abari hagati mu gihugu na bo ntibaze binjireyo.” (Luka 21:20, 21) None ivyo vyoba vyararangutse?

IGISAGARA GITIKIZWA

Imyaka 33 yaraheze Uburoma bugicinyiza Ubuyuda. Ariko mu 66 inyuma ya Kristu, igihe Buramatari w’Umuroma yatwara Ubuyuda ari we Gessius Florus yigarurira amatunga yo mu kigega c’urusengero, Abayuda ntibavyihanganiye. Abarwanyi b’Abayuda baciye bashwara Yeruzalemu, barica abasoda b’Abaroma, baca batangaza ko biganzuye Uburoma.

Haciye nk’amezi atatu, ingabo z’Abaroma zirenga 30.000 zari zirongowe na Cestius Gallus, zaraje i Yeruzalemu kugira zihashe abo bagumutsi. Abaroma ntibatevye kwinjira muri ico gisagara maze batangura ivyo gusenyura uruhome rwari rukikuje urusengero. Ariko baciye basubira inyuma, ata wuzi ikibitumye. Ba Bayuda bararyohewe, baca baboma inyuma. Kubera iyo migwi yariko irarwana yari ivuye muri ico gisagara, abakirisu baciye bahungira mu misozi iri hakurya y’Uruzi Yorodani, nk’uko Yezu yari yarabibabwiye.​—Matayo 24:15, 16.

Mu mwaka wakurikiye, Abaroma barasubiye gutera Ubuyuda bayobowe n’umujenerali yitwa Vesupasiyano n’umuhungu wiwe Titusi. Ariko haciye igihe gito Umwami Nero apfuye mu 68 inyuma ya Kristu, Vesupasiyano yaciye aja i Roma kugira ngo amusubirire ku ngoma, asigira wa muhungu wiwe Titusi igikorwa co guhasha Ubuyuda akoresheje ingabo zishika 60.000.

Muri Ruheshi 70, Titusi yarategetse ingabo ziwe guca ibiti vyo mu mashamba y’Ubuyuda, maze babikoresha mu kwubaka uruzitiro rw’ibisonga rureha n’ibilometero 7 rwo gukikuza Yeruzalemu. Muri Nyakanga, Abaroma bari bamaze gusahura no guturira igisagara ca Yeruzalemu n’urusengero rwaho, kandi nta buye na rimwe basize rigeretse ku rindi nk’uko Yezu yari yarabivuze. (Luka 19:43, 44) Bivugwa ko “abantu hafi 500.000 bapfuye i Yeruzalemu no mu yindi mihingo y’ico gihugu.”

BIGINA INTSINZI

Mu 71, Titusi yarasubiye mu Butaliyano ku musi mukuru ukomeye yateguriwe n’abenegihugu b’Uburoma. Igisagara cose carasidukanye n’iyonka kumwigina ku murwa mukuru.

Amasinzi y’abantu yaratamariwe abonye ubutunzi bw’akataraboneka bwariko burerekanwa mu mabarabara y’i Roma. Bariboneye amato bari barigaruriye, barabona imikogote amahero yagenda yerekana ivyabaye mu ntambara be n’ibintu vyasahuwe mu rusengero rw’i Yeruzalemu.

Mu 79, Titusi yarasubiriye se wiwe Vesupasiyano ku ngoma. Ariko rero haciye imyaka ibiri gusa, Titusi yarapfuye giturumbuka. Mwenewabo Domisiyano ni we yaciye amusubirira. Bidatevye yarubatse icibutso citiriwe Titusi.

ICO CIBUTSO MURI IKI GIHE

Icibutso ca Titusi i Roma muri iki gihe

Muri iki gihe, abantu ibihumbi amajana bagendera buri mwaka ikibanza nyamukuru c’ihuriro c’i Roma baratamarira ico cibutso citiriwe Titusi. Hari abakibonamwo ubuhanga budasanzwe cubakishijwe, abandi kikabibutsa ububasha inganji y’Uburoma yahoranye. Ariko rero, hari abandi cibutsa ugutemba kwa Yeruzalemu n’urusengero rwaho.

Yamara rero abasoma Bibiliya bavyitondeye, barabona ko ico cibutso ca Titusi gifise n’iyindi nsobanuro idasanzwe. Naho kitavuga, kirashinga intahe yuko ubuhanuzi bwo muri Bibiliya ari ubw’ukuri kandi ari ubwo kwizigirwa, be n’uko bwahumetswe n’Imana.​—2 Petero 1:19-21.