Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Abatekereza bazokwigabira isi”

“Abatekereza bazokwigabira isi”

Abenshi turamaze kubona ubutungane bugorekwa, ababisha na bo bagacinyiza abantu bimereye neza kandi ata co bazira. Hoba hazogera igihe akarenganyo n’ububisha bikavaho?

Zaburi ya 37 irishura ico kibazo, ikaduha n’ubuyobozi twokwisunga muri iki gihe. Raba ingene yishura ibi bibazo bihambaye:

Amajambo yahumetswe dusanga muri Zaburi ya 37 arerekana neza ko ‘abizigira Yehova, bakagumya inzira yiwe’ biteze kazoza keza cane. Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kugufasha kwiga Bibiliya kugira ubone ico wokora ngo wewe n’abawe muze mwironkere kazoza nk’ako.