Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Imana igiye gukuraho imibabaro yose

Imana igiye gukuraho imibabaro yose

“Yehova we, nzogeza ryari gutabaza ntiwumve? Nzogeza ryari kugutakira ku bw’ubukazi, ntubudukize?” (Habakuki 1:2, 3) Ayo majambo yavuzwe na Habakuki, akaba yari umugabo yimereye neza kandi yemerwa n’Imana. None ayo majambo yoba yerekana ko atagira ukwizera? Habe namba. Imana yarahumurije Habakuki yuko yari yarashinze igihe co gukuraho imibabaro.​—Habakuki 2:2, 3.

Igihe wewe canke incuti yawe iri mu mibabaro, biroroshe kuvuga ko Imana itevye kugira ico ikoze, ukabona ko yari ikwiye kuhaseruka ubwo nyene. Naho ari ukwo, Bibiliya iraduhumuriza iti: “Yehova ntatevye ku bijanye n’umuhango wiwe, nk’uko bamwe babona uguteba, ahubwo yihanganiye mwebwe kuko adashaka yuko hagira n’umwe arandurwa, ahubwo ashaka ko bose bashika ku kwigaya.”​—2 Petero 3:9.

IMANA IZOGIRA ICO IKOZE RYARI?

Vuba cane! Yezu yaravuze ibijanye n’iyaruka ryari kubona ibintu bidasanzwe vyobaye mu kiringo kimwe, bikaba vyoranze imisi ya nyuma “y’ivy’isi.” (Matayo 24:3-42) Ivyo Yezu yavuze biriko biraranguka muri iki gihe cacu, kikaba ari ikimenyamenya c’uko Imana igiye guhagurukira ivyo abantu bakora. *

Ariko none, Imana izokuraho gute imibabaro yose? Igihe Yezu yari kw’isi, yaragaragaje ubushobozi Imana ifise bwo gukuraho imibabaro yugarije abantu. Rimbura uturorero tumwetumwe.

Ivyago vy’ivyaduka: Igihe Yezu n’abigishwa biwe bari mu kiyaga ca Galilaya, harateye umuyaga w’igihuhusi watumye ubwato buhakwa kwibira. Yezu yaciye yerekana ko we na Se bafise ububasha ku bidukikije. (Abakolosayi 1:15, 16) Yavuze gusa ati: “Hora! Tekereza!” None vyaciye bigenda gute? Bibiliya ivuga iti: “Nya muyaga uca uraturura, haratekana cane.”​—Mariko 4:35-39.

Indwara: Yezu yari azwi ko afise ububasha bwo gukiza impumyi, abamugaye hamwe n’abarwaye intandara, imibembe be n’ubundi bumuga bwose. “[Yara]kiza abari bamerewe nabi bose.”​Matayo 4:23, 24; 8:16; 11:2-5.

Amapfa: Yezu yarakoresheje ububasha Se yamuhaye, aragwiza ibifungurwa. Bibiliya ivuga ko incuro zibiri zose mu kiringo c’ubusuku bwiwe, yagaburiye abantu ibihumbi.​—Matayo 14:14-21; 15:32-38.

Urupfu: Kuba Yezu yarazuye abantu incuro zitatu, birerekana neza ko Yehova afise ububasha bwo gukuraho urupfu. Umwe mu bo yazuye yari amaze imisi ine yose apfuye.​—Mariko 5:35-42; Luka 7:11-16; Yohani 11:3-44.

^ ing. 5 Ushaka ayandi makuru ku bijanye n’imisi ya nyuma, raba icigwa ca 32 c’igitabu Urashobora kwiberaho ibihe bidahera casohowe n’Ivyabona vya Yehova. Urashobora kukivoma ku buntu kuri www.pr418.com.