Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwigane ukwizera n’ukugamburuka kwa Nowa, Daniyeli na Yobu

Niwigane ukwizera n’ukugamburuka kwa Nowa, Daniyeli na Yobu

“Nowa, Daniyeli na Yobu . . . abo ubwabo bokijije ubuzima bwabo kubera ubugororotsi bwabo.”​—EZK. 14:14.

INDIRIMBO: 89, 119

1, 2. (a) Kubera iki dushobora kuremeshwa n’akarorero ka Nowa, Daniyeli na Yobu? (b) Igihe Ezekiyeli yandika amajambo yo muri Ezekiyeli 14:14, ibintu vyari vyifashe gute?

WOBA uhanganye n’ibigeragezo, nk’indwara, ubukene, canke uruhamo? Vyoba rimwe na rimwe bikugora kugumana umunezero mu gikorwa urangurira Yehova? Nimba ari ukwo biri, woshobora kuremeshwa n’akarorero ka Nowa, Daniyeli na Yobu. Bari abanyagasembwa, kandi barashikiwe n’ingorane nyinshi zidushikira. Zimwe muri zo zarageramira ubuzima bwabo. Naho ari ukwo, baragumanye ugutungana kwabo, ku buryo Imana yabona ko ari uburorero mu bijanye no kwizera be no kugamburuka.​—Soma Ezekiyeli 14:12-14.

2 Igihe Ezekiyeli yandika amajambo yo mu canditswe c’ishimikiro yari i Babiloni mu 612 imbere ya Kristu. * (Ezk. 1:1; 8:1) Hari hasigaye imyaka itanu ngo igisagara ca Yeruzalemu gitikizwe, ivyo bikaba vyabaye mu 607. Abantu bake gusa ni bo bari barashizweko ikimenyetso co kurokoka, kuko bagaragaje kamere nk’iza Nowa, Daniyeli na Yobu. (Ezk. 9:1-5) Muri abo harimwo Yeremiya, Baruki, Ebedi-meleki be n’Abarekabu.

3. Ni ibiki tuza kurimbura muri iki kiganiro?

3 No muri kino gihe, abantu Yehova abona ko batagirako umugayo nka Nowa, Daniyeli na Yobu, ni bo bonyene bazoshirwako ikimenyetso c’ukurokoka umuhero w’iyi si. (Ivyah. 7:9, 14) Reka turabe igituma Yehova yabona ko abo bagabo bari intangakarorero mu bijanye n’ukugororoka. Uko turimbura ivy’umwe wese muri bo, turaza kwibanda (1) ku ngorane zamushikiye (2) ku kuntu twokwigana ukwizera n’ukugamburuka kwiwe.

NOWA YAMAZE IBINJANA ICENDA AGARAGAZA UKWIZERA N’UKUGAMBURUKA

4, 5. Ni ingorane izihe zashikiye Nowa, kandi ni kubera iki ukwihangana kwiwe kudasanzwe?

4 Ingorane zashikiye Nowa. Mu gihe ca Henoki sekuruza wa Nowa, abantu ntiberekwa ivy’Imana. Mbere baravuga “ibintu . . . vy’akamaramaza” kuri Yehova. (Yuda 14, 15) Ububisha bwari bwiraye. Nkako, mu gihe ca Nowa ‘isi yari yuzuye ubukazi.’ Abamarayika babi bariyambitse umubiri w’abantu, barabira abagore b’abantu maze bavyara abana b’ababisha. (Ita. 6:2-4, 11, 12) Ariko Nowa we yari atandukanye n’abandi. Bibiliya ivuga iti: “Nowa agira ubutoni mu maso ya Yehova. . . . Yarerekana ko atagira amahinyu mu bo mu gihe ciwe. Nowa yagendana n’Imana y’ukuri.”​—Ita. 6:8, 9.

5 Rimbura ico ayo majambo asobanura ku vyerekeye uwo mugabo w’umugororotsi. Kimwe coco, Nowa ntiyamaze imyaka 70 canke 80 gusa agendana n’Imana, iyo akaba ari yo myaka abantu benshi bamara muri iki gihe. Yamaze imyaka hafi 600 ari muri iyo si itibanga Imana! (Ita. 7:11) Vyongeye, tweho turashobora kwitura abo dusangiye ukwemera bo mw’ishengero canke abo tuvukana kugira badushigikire mu vy’impwemu. Nowa wewe si ko vyari. *

6. Ni mu buryo ki Nowa yagaragaje umutima rugabo udasanzwe?

6 Nowa ntiyigenza neza gusa. Yari n’“umwamamaji w’ubugororotsi” adatinya, akatura icese ko yizera Yehova. (2 Pet. 2:5) Intumwa Paulo yanditse ati: “Biciye kuri ukwo kwizera yaratsindishije isi.” (Heb. 11:7) Ntitwoba twihenze rero tuvuze ko hari abatyekeje Nowa bakongera bakamurwanya, canke mbere bagashaka kumugirira nabi. Naho vyari ukwo, “[ntiyajugumiye] imbere y’abantu.” (Imig. 29:25) Ahubwo riho, yaragize umutima rugabo Yehova aronsa abasavyi biwe b’abizigirwa.

7. Nowa yashikiwe n’ingorane izihe igihe yubaka ubwato?

7 Nowa amaze kugendana n’Imana ibinjana birenga bitanu, Yehova yaciye amubwira kwubaka ubwato bwo kurokora abantu n’ibikoko. (Ita. 5:32; 6:14) Uretse ukwubaka ubwato ubwavyo, hari ibindi vyatuma ico gikorwa kiba ikigoye! Nta nkeka ko Nowa yari azi ko vyotumye bamutyekeza cane kandi bakamurwanya. Naho ari ukwo, yaragamburutse arakora ico gikorwa abigiranye ukwizera. Bibiliya ivuga iti: “Akora kuno nyene.”​—Ita. 6:22.

8. Ni gute Nowa yagaragaje ko yizigira yuko Yehova azomuronsa ivyo akenera?

8 Nowa yategerezwa no kuronsa umuryango wiwe ivyo ukeneye kandi ivyo ntivyari vyoroshe. Imbere y’Umwuzure abantu bose, na Nowa arimwo, bategerezwa gukora bagatama mu kurima. (Ita. 5:28, 29) Naho ari ukwo, ntiyashira imbere ivy’umubiri, ahubwo yashira imbere Imana. N’igihe yariko arubaka ubwato, ubushobora kuba bwatwaye imyaka 40 canke 50, yagumye ashira imbere ivy’impwemu. Ivyo yarabigize no mu myaka 350 inyuma y’Umwuzure. (Ita. 9:28) Mbega akarorero keza k’ukwizera n’ukugamburuka!

9, 10. (a) Twokwigana gute ukwizera n’ukugamburuka kwa Nowa? (b) Imana ibona gute abumira ku ngingo ngenderwako zayo?

9 Ukuntu twokwigana ukwizera n’ukugamburuka kwa Nowa. Ivyo tubigira mu kubaho twisunga ubugororotsi bw’Imana, mu kutaba ab’iyi si ya Shetani, no mu kuguma dushira ivyungura Ubwami mu kibanza ca mbere. (Mat. 6:33; Yoh. 15:19) Ego ni ko, ukuntu tubayeho ntibica bituma iyi si idukunda. Nkako, kuba twumira ku mategeko y’Imana, nk’akarorero ayajanye n’umubano w’ababiranye n’inyifato runtu, biratuma no muri kino gihe tuvugwa nabi mu bihugu bimwebimwe. (Soma Malaki 3:17, 18.) Ariko rero nka kumwe kwa Nowa, ntidutinya abantu ahubwo dutinya Yehova. Turazi ko ari we wenyene atanga ubuzima budahera.​—Luka 12:4, 5.

10 Weho bite? Woba uzoguma ‘ugendana n’Imana’ naho abandi bogutwenga, bakagutyekeza canke igihe uhanganye n’ingorane z’ivy’ubutunzi? Niwigana ukwizera n’ukugamburuka kwa Nowa, urashobora kwemera udakeka ko Yehova azokuronsa ivyo ukeneye.​—Flp. 4:6, 7.

DANIYELI YAGUMYE AFISE UKWIZERA KANDI AGAMBURUKA

11. Ni ingorane zikomeye izihe zashikiye Daniyeli na bagenziwe batatu i Babiloni? (Raba ishusho itangura.)

11 Ingorane zashikiye Daniyeli. Daniyeli yarabaye inyagano i Babiloni, igisagara cari cuzuye ugusenga ibigirwamana n’ubupfumu. Vyongeye, Abanyababiloni barasuzugura Abayuda. Barabatwenga, bagatyoza n’Imana yabo Yehova. (Zab. 137:1, 3) Ese ukuntu ivyo bitegerezwa kuba vyarababaza Abayuda b’abizigirwa nka Daniyeli! N’ikindi kandi, we hamwe na bagenziwe batatu ari bo Hananiya, Mishaheli na Azariya bari baracaguwe ngo bamenyerezwe mu gikorwa c’i bwami. Mbere babategurira ibifungurwa bidasanzwe. Nkako, mu nyuma ivyo bifungurwa n’ibinyobwa vyarababereye ikigeragezo kuko Daniyeli atashaka “[kwi]yandurisha ibinovereye vy’umwami.”​—Dan. 1:5-8, 14-17.

12. (a) Ni kamere nziza izihe Daniyeli yagaragaje? (b) Yehova yabona gute Daniyeli?

12 Daniyeli kandi yarashikiwe n’ikigeragezo kidashoka cibonekeza. Kubera ko yari afise ububangukirwe budasanzwe vyatumye aterwa uduteka tudasanzwe. (Dan. 1:19, 20) Mugabo ntiyaciye yishira hejuru canke ngo yumire ku vyiyumviro vyiwe. Ahubwo, yagumye yicisha bugufi kandi yifata ruto, akama yerekeza ubuninahazwa kuri Yehova. (Dan. 2:30) Mbere igihe Daniyeli yari akiri muto, ni ho Yehova yamushize mu bantu b’intangakarorero mu bijanye n’ukugororoka cokimwe na Nowa na Yobu. None Imana yoba yarihenze mu kwizigira Daniyeli? Habe namba! Daniyeli yagumye ari umwizigirwa kandi agamburuka ubuzima bwiwe bwose. Kukaba nkako, ashobora kuba yari mu gukwiza imyaka 100 igihe umumarayika w’Imana yamubwira ati: “Ewe Daniyeli, muntu uhimbaye cane.”​—Dan. 10:11.

13. Daniyeli ashobora gute kuba yarabaye umuhezagiro ku Bayuda bagenziwe?

13 Kubera ko Daniyeli yashimwa n’Imana, yaragizwe umukuru mu ntwaro ya Babiloni be n’iy’Ubumedi n’Ubuperesi. (Dan. 1:21; 6:1, 2) Birashoboka ko ari Yehova yayoboye ibintu muri ubwo buryo kugira ngo Daniyeli afashe abo mu bwoko bwiwe, nk’uko vyagenze kuri Yozefu igihe yari mu Misiri no kuri Esiteri na Morudekayi igihe bari mu Buperesi. * (Dan. 2:48) Ibaze ingene ivyo bitegerezwa kuba vyarahumurije Abayuda bari baragizwe inyagano, harimwo na Ezekiyeli, kubona Yehova yarayoboye ibintu muri ubwo buryo!

Yehova abona ko abagumana ugutungana kwabo ari abantu bahimbaye (Raba ingingo ya 14, 15)

14, 15. (a) Ni gute ivyacu vyifashe nk’ivya Daniyeli? (b) Muri iki gihe abavyeyi bokwigira iki ku bavyeyi ba Daniyeli?

14 Ukuntu twokwigana ukwizera n’ukugamburuka kwa Daniyeli. Muri iki gihe, na twebwe tubayeho nka ba kavamahanga mw’isi yononekaye mu vy’inyifato runtu no mu vy’Imana kubera Babiloni Akomeye, ya nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma, “uburaro bw’amadayimoni.” (Ivyah. 18:2) Ku bw’ivyo, tubonwa nk’abatandukanye n’abandi mbere tukanatyekezwa. (Mrk. 13:13) Naho ari ukwo, nimuze twiyegereze Yehova Imana yacu, nk’ukwo kwa Daniyeli. Na twebwe nitwamwizigira twicishije bugufi kandi tukamugamburukira, azobona ko duhimbaye cane.​—Hag. 2:7.

15 Abavyeyi barashobora gukura icigwa ku bavyeyi ba Daniyeli. Uti gute? Naho ububisha bwari bwiraye muri Yuda igihe Daniyeli yari akiri umwana, ako gahungu kakuze gakunda Imana. Mugabo rero ivyo ntivyizanye. Vyavuye ku ndero nziza abavyeyi biwe bamuhaye. (Imig. 22:6) Mbere n’izina ryiwe, irisobanura ngo “Umucamanza wanje ni Imana,” ryerekana ko abavyeyi biwe batinya Imana. Rero mwebwe bavyeyi, aho kurekerana abana banyu, nimubigishe mwihanganye. (Ef. 6:4) Vyongeye, nimusenge muri hamwe kandi mubashire mw’isengesho. Nimwihatira kwinjiza ukuri kwo muri Bibiliya mu mitima yabo, Yehova azobahezagira.​—Zab. 37:5.

YOBU YAGUMANYE UKWIZERA N’UKUGAMBURUKA HABA MU BUTUNZI CANKE MU BUKENE

16, 17. Yobu yahanganye n’ibigeragezo ibihe igihe yari atunze be n’igihe yashikirwa n’ivyago?

16 Ingorane zashikiye Yobu. Ubuzima bwa Yobu bwarahindutse cane. Atarashikirwa n’ivyago yari “uwuhambaye kuruta Abanyabuseruko bose.” (Yobu 1:3) Yari atunze, azwi kandi yarubahwa cane. (Yobu 29:7-16) Ivyo vyari gushobora gutuma yishira hejuru canke abona ko adakeneye Imana, ariko si ko yabigize. Nkako Yehova yamwise ngo “umusavyi wanje,” avuga kandi ko “ari umuntu atagirako umugayo kandi agororotse, atinya Imana kandi agaca kure ikibi.”​—Yobu 1:8.

17 Mu kanya gato, ubuzima bwa Yobu bwarahindutse bimwe bikomeye. Yarashikiwe n’ubukene butagira izina be n’ukwihebura. Turazi ko ivyo vyavuye kuri Shetani, uwagirije Yobu ko asenga Imana kubera ubwikunzi. (Soma Yobu 1:9, 10.) Yehova ntiyirengagije ico kirego. Ahubwo yarahaye Yobu akaryo ko kugaragaza ugutungana kwiwe, kugira yerekane ko adasenga Imana abitumwe n’ubwikunzi.

18. (a) Ni igiki kigukora ku mutima ku bijanye n’ugutungana kwa Yobu? (b) Uko Imana yavyifashemwo ku bijanye na Yobu bihishura iki ku biyerekeye?

18 Shetani yarateje Yobu ivyago vy’urukurikirane, kugira ngo yibaze ko vyava ku Mana. (Yobu 1:13-21) Mu nyuma, abahanuzi batatu b’ibinyoma barashitse batangura kubwira Yobu amajambo ababaza. Ni nk’aho bavuga ko Imana iriko imuhanira ivyo yakoze. (Yobu 2:11; 22:1, 5-10) Ariko Yobu yagumanye ugutungana kwiwe. Ego ni ko vyarashitse arahoromboka, mugabo Yehova yaratahuye umubabaro Yobu yarimwo. (Yobu 6:1-3) Imana yabona ko Yobu ari umugabo yishwe n’agahinda ariko atigera ayihemukira naho Shetani yari yamukoreye amarorerwa, agaca aguma amusonga mu kumwagiriza. Ivyo vyago bimaze kurangira, Yehova yarahaye Yobu ivyo yari afise ubigwije kabiri, aca amwongera n’imyaka 140. (Yak. 5:11) Muri ico gihe, Yobu yagumye asenga Yehova wenyene. None ivyo tubimenyeshwa n’iki? Yobu yari amaze ibinjana vyinshi yarapfuye igihe Ezekiyeli yandika ya majambo yo mu canditswe c’ishimikiro.

19, 20. (a) Twokwigana gute ukwizera n’ukugamburuka kwa Yobu? (b) Twogaragaza gute impuhwe z’Imana mu kuntu dufata abandi?

19 Ukuntu twokwigana ukwizera n’ukugamburuka kwa Yobu. Naho ivyacu vyoba vyifashe gute, nimuze tugumize Yehova mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu, tumwizigire duherejeko kandi tumugamburukire n’umutima wacu wose. Mbere twebwe turafise imvo nyinshi zo kubigira kuruta izo Yobu yari afise! Zirikana iki kintu: Turazi neza Shetani n’imigambi yiwe. (2 Kor. 2:11) Igitabu ca Yobu kiri mu bidufasha gutahura igituma Imana ireka tugashikirwa n’imibabaro. Ubuhanuzi bwa Daniyeli buradufasha gutahura ko Ubwami bw’Imana ari intwaro iyobowe na Kristu Yezu izoganza isi yose. (Dan. 7:13, 14) Turazi kandi ko ubwo Bwami bugiye gukuraho imibabaro yose.

20 Ivyashikiye Yobu biratwereka kandi ko dukwiye kugaragariza impuhwe abakirisu bagenzi bacu bari mu ngorane. Nka kumwe kwa Yobu, birashobora gushika bamwebamwe bagahoromboka. (Umus. 7:7) Aho kubacira urubanza, nimuze tugerageze kubatahura no kubagirira impuhwe. Tubigenjeje gutyo, tuba twiganye Yehova Umuvyeyi wacu w’urukundo n’imbabazi.​—Zab. 103:8.

YEHOVA ‘AZOGUKOMEZA’

21. Amajambo ari muri 1 Petero 5:10 ahuye gute n’ivyashikiye Nowa, Daniyeli na Yobu?

21 Naho Nowa, Daniyeli na Yobu babayeho mu bihe bitandukanye kandi bashikirwa n’ingorane zitandukanye cane, barazitsinze. Ubuzima bwabo buratwibutsa amajambo intumwa Petero yanditse, ati: “Mumaze kubabazwa akanya gatoya, ya Mana y’ubuntu ata wari abukwiriye bwose . . . ubwayo izorangiza ukumenyerezwa kwanyu, ibashikamishe, ibakomeze.”​—1 Pet. 5:10.

22. Tuzorimbura iki mu kiganiro gikurikira?

22 Biciye kuri ayo majambo Petero yanditse ahumekewe, Yehova aradukura amazinda ko azotuma abasavyi biwe bashikama kandi bagakomera. Ayo majambo aratwerekeye na twebwe. Twese turipfuza ko Yehova adukomeza kandi tugashikama mu gusenga kwacu. Ni co gituma twipfuza kwigana ukwizera n’ukugamburuka kwa Nowa, Daniyeli na Yobu! Nk’uko tuzobibona mu kiganiro gikurikira, icabafashije kugumana ugutungana kwabo, ni uko bari bazi neza Yehova. Nkako, ‘baratahura ibintu vyose’ yari abitezeko. (Imig. 28:5) Natwe turashobora kubitahura.

^ ing. 2 Ezekiyeli yajanywe mu bunyagano mu 617 imbere ya Kristu. Ibivugwa muri Ezekiyeli 8:1–19:14 vyabaye “mu mwaka ugira gatandatu” w’ubwo bunyagano, ni ukuvuga mu 612.

^ ing. 5 Lameki se wa Nowa yaratinya Imana ariko yapfuye hasigaye nk’imyaka itanu ngo Umwuzure utere. Nimba nyina wa Nowa n’abo bavukana bari bakiri bazima igihe Umwuzure watera, ntibarokotse.

^ ing. 13 Ukwo nyene ni ko bishobora kuba vyaragenze kuri ba bagenzi batatu ba Daniyeli, na bo nyene bakaba barahawe ubukuru.​—Dan. 2:49.