Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba uzi Yehova nk’uko Nowa, Daniyeli na Yobu bari bamuzi?

Woba uzi Yehova nk’uko Nowa, Daniyeli na Yobu bari bamuzi?

“Abihaye ububi ntibashobora gutahura urubanza, mugabo abarondera Yehova barashobora gutahura vyose.”​—IMIG. 28:5.

INDIRIMBO: 126, 150

1-3. (a) Ni igiki codufasha kuguma turi abizigirwa ku Mana muri iyi misi ya nyuma? (b) Tuza kurimbura iki muri iki kiganiro?

UKO iherezo ryegereza, abantu babi babandanya ‘kunaga nk’ivyatsi.’ (Zab. 92:7) Ntibitangaje rero kubona abantu babandanya guhonyanga ingingo ngenderwako zigenga inyifato runtu. None ko ibintu vyifashe gutyo, dushobora gute “[kuba] inzoya ku bijanye n’ububi” mugabo tukaba “abakuze mu bubasha bwo gutegera”?​—1 Kor. 14:20.

2 Inyishu tuyisanga mu canditswe cacu c’ishimikiro, ikivuga giti: “Abarondera Yehova barashobora gutahura vyose,” ni ukuvuga ibintu vyose bakeneye kugira bamuhimbare. (Imig. 28:5) Iciyumviro nk’ico turagisanga mu Migani 2:7, 9, ahavuga ko abagororotse Yehova “azobabikira muri ntibate ubukerebutsi ngirakamaro.” Gutyo baca bashobora “[gu]tahura ubugororotsi n’urubanza n’ukugororoka, inzira yose y’iciza.”

3 Nowa, Daniyeli na Yobu bari bafise ubwo bukerebutsi. (Ezk. 14:14) Ukwo ni ko biri no mu basavyi b’Imana muri iki gihe. Weho bite? Woba ‘utahura ibintu vyose’ bikenewe kugira uhimbare Yehova? Kugira ubishikeko, urakwiye kumumenya neza. Ivyo tubifise mu muzirikanyi, nimuze turimbure (1) ukuntu Nowa, Daniyeli na Yobu bamenye Imana, (2) ukuntu bungukiye kuri ubwo bumenyi, (3) ukuntu natwe twotsimbataza ukwizera nk’uko bari bafise.

NOWA YAGENDANA N’IMANA MW’ISI MBI

4. Nowa yamenye Yehova gute, kandi ubwo bumenyi bwamufashije gute?

4 Ukuntu Nowa yamenye Yehova. Kuva kera na rindi, abagabo n’abagore bafise ukwizera bamye biga ivyerekeye Imana mu buryo nyamukuru butatu: biciye ku kwihweza ivyaremwe, biciye ku bandi bantu batinya Imana, no mu kwibonera imihezagiro iva ku kwisunga amategeko be n’ingingo ngenderwako zigororotse z’Imana. (Yes. 48:18) Nowa yihweje ivyaremwe, ntiyabona gusa ibimenyamenya umuyoro vy’uko Imana ibaho. Yarabona kandi kamere zayo nyinshi zitaboneka, nk’“ububasha bwayo bw’ibihe bidahera n’Ubumana bwayo.” (Rom. 1:20) Nowa rero ntiyemera gusa ko Imana ibaho, yarayizera cane.

5. Nowa yamenye gute umugambi Imana yari ifitiye abantu?

5 Ukwizera “kuva ku co umuntu yumvise.” (Rom. 10:17) None Nowa yumvise gute ivyerekeye Yehova? Nta nkeka ko yabibwiwe n’incuti ziwe. Muri bo twovuga nka se wiwe Lameki, uwari afise ukwizera akaba yabayeho Adamu akiriho. (Raba ishusho itangura.) Twovuga kandi sekuru Metusela be na sekuruza Yaredi, uwapfuye Nowa afise imyaka 366. * (Luka 3:36, 37) Bishoboka ko abo bagabo n’abakenyezi babo ari bo babwiye Nowa ibijanye n’ukuntu abantu batanguye kubaho, umugambi Imana yari ifise w’uko isi yuzurako abantu b’abagororotsi, be n’ubugarariji bwabaye muri Edeni, Nowa akaba yarashobora kwibonera ingaruka zabwo. (Ita. 1:28; 3:16-19, 24) Uko yabimenye kwaba ukuhe, Nowa yarakozwe ku mutima n’ivyo yize, maze arakorera Imana.​—Ita. 6:9.

6, 7. Icizigiro cakomeje gute ukwizera kwa Nowa?

6 Icizigiro kiratuma ukwizera gukomera. Ibaze rero ukuntu Nowa yiyumvise igihe yamenya ko izina ryiwe, irishobora kuba risobanura ngo “Akaruhuko” canke “Uruhoza,” ryatanga icizigiro! (Ita. 5:29) Lameki ahumekewe yavuze ati: “Uyu [ni ukuvuga Nowa] azotuzanira uruhoza mu . . . bubabare bw’amaboko yacu buterwa n’ubutaka Yehova yavumye.” Nowa yarizigira Imana. Cokimwe na Abeli be na Henoki babayeho imbere yiwe, yarizera rwa “ruvyaro” rwofyonyoye umutwe wa ya nzoka.​—Ita. 3:15.

7 Naho Nowa atari afise amakuru yose ku bijanye n’ubwo buhanuzi buri mw’⁠Itanguriro 3:15, nta gukeka ko yabona ko bwatanga icizigiro c’ubukiriro. N’ikindi kandi, uwo muhango wo muri Edeni warashigikira ubutumwa Henoki yashikirije, ubwavuga ko Imana izocira urubanza ababisha. (Yuda 14, 15) Ubwo butumwa bwarakomeje vy’ukuri ukwizera be n’icizigiro Nowa yari afise! Buzoranguka bimwe bishitse kuri Harumagedoni.

8. Ubumenyi bwerekeye Imana bwakingiye gute Nowa?

8 Ukuntu Nowa yungukiye ku kumenya neza Imana. Ubwo bumenyi bwaratumye Nowa agira ukwizera n’ubukerebutsi buva ku Mana, ivyo bikaba vyaramukingiye, canecane mu vy’impwemu. Nk’akarorero, kubera ko Nowa “yagendana n’Imana y’ukuri,” ntiyagendana canke ngo yifatanye n’abanka Imana. Ntiyahenzwe na ba bamarayika biyambitse umubiri w’abantu. Abantu b’ico gihe bapfa ivyo bemeye kandi batagira ukwizera, baratangazwa n’ubushobozi budasanzwe bw’abo bamarayika ku buryo kumbure batangura no kubasenga. (Ita. 6:1-4, 9) Vyongeye, Nowa yari azi ko abantu ari bo babwiwe kurondoka bakuzura isi. (Ita. 1:27, 28) Ategerezwa rero kuba yari azi ko kwabirana hagati y’abamarayika n’abagore b’abantu vyari ibidakorwa kandi ko vyari bibi. Ivyo vyaribonekeje igihe ukwo kwabirana kwatuma havuka abana batameze nk’abandi. Mu nyuma, Imana yarabwiye Nowa ko igiye kuzana Umwuzure kw’isi. Nowa yarizeye ivyo Imana imubwiye maze arubaka ubwato bworokoye umuryango wiwe.​—Heb. 11:7.

9, 10. Twokwigana gute ukwizera kwa Nowa?

9 Ukuntu twotsimbataza ukwizera nka Nowa. Ivyo twobishikako mu kwiga twitonze Ijambo ry’Imana, mu gufata nkama ivyo twiga no mu kureka ubwo bumenyi bukatubumbabumba kandi bukatuyobora. (1 Pet. 1:13-15) Ukwizera n’ubukerebutsi buva ku Mana bizoheza bidukingire amayeri ya Shetani be n’impwemu mbi y’isi. (2 Kor. 2:11) Iyo mpwemu y’isi iremesha ububisha be n’ubuhumbu. Vyongeye, ituma abantu bisunga ivyipfuzo vy’umubiri. (1 Yoh. 2:15, 16) Irashobora mbere gutuma abagoyagoya mu vy’impwemu birengagiza ibimenyamenya vy’uko wa musi uhambaye w’Imana uri hafi. Niwibuke ko igihe Yezu yagereranya igihe cacu n’imisi ya Nowa atashimitse ku bubisha canke ku buhumbu, ariko ko yashimitse ku ngeramizi yo kutitaho ivy’impwemu.​—Soma Matayo 24:36-39.

10 Niwibaze uti: ‘Noba mbayeho mu buryo bwerekana ko nzi Yehova vy’ukuri? Ukwizera kwanje kwoba gutuma mbaho nisunga ingingo ngenderwako zigororotse z’Imana kandi nkazigisha abandi?’ Ese inyishu utanga zokwerekana ko na wewe ‘ugendana n’Imana y’ukuri.’

DANIYELI YARAGARAGAJE UBUKEREBUTSI BUVA KU MANA ARI I BABILONI

11. (a) Kuba Daniyeli yakunze Imana kuva akiri muto bihishura iki ku bijanye n’abavyeyi biwe? (b) Ni kamere izihe za Daniyeli woshima kwigana?

11 Ukuntu Daniyeli yamenye Yehova. Biboneka ko abavyeyi ba Daniyeli bamwigishije gukunda Imana be n’Ijambo ryayo ryanditse. Kandi urwo rukundo yararugumanye ubuzima bwiwe bwose. N’igihe yari ashaje yaguma asesangura Ivyanditswe. (Dan. 9:1, 2) Ubumenyi bwimbitse bwerekeye Imana Daniyeli yari afise, ushizemwo n’ivyo Imana yagiriye Abisirayeli, buragaragarira neza mw’isengesho rivuye ku mutima yatuye dusanga muri Daniyeli 9:3-19. Ubona gute ufashe akanya ugasoma iryo sengesho ukongera ukarizirikanako maze ukaraba ico riguhishurira ku vyerekeye Daniyeli?

12-14. (a) Daniyeli yagaragaje gute ubukerebutsi buva ku Mana? (b) Daniyeli yahezagiwe gute kubera ingingo iranga umutima rugabo yafashe?

12 Ukuntu Daniyeli yungukiye ku kumenya neza Imana. Kuba i Babiloni mu gihugu c’abapagani, ntivyari vyoroshe ku Muyuda w’umwizigirwa. Nk’akarorero, Yehova yabwiye Abayuda ati: “Murondere amahoro y’igisagara mujamwo muri inyagano.” (Yer. 29:7) Ariko kandi yabasaba kumwihebera we musa. (Kuv. 34:14) None ni igiki cafashije Daniyeli kugira uburimbane muri ivyo? Ubukerebutsi buva ku Mana bwaramufashije gutahura ko yategerezwa kubanza kugamburukira Yehova imbere yo kugamburukira abategetsi. Haciye imyaka amajana, Yezu yarigishije ico kintu nyene.​—Luka 20:25.

13 Rimbura ivyo Daniyeli yakoze igihe hasohoka itegeko rivuga ko mu misi 30 ata yindi mana canke uwundi muntu bikwiye gusengwa kiretse umwami. (Soma Daniyeli 6:7-10.) Daniyeli yari gushobora kugira ivyitwazo akavuga ati: ‘Imisi 30 si myinshi!’ Ariko rero ntiyaretse ngo itegeko ry’umwami ritume arenga kw’itegeko ry’Imana. Daniyeli yari gushobora gusenga yinyegeje. Ariko yari azi yuko abantu bama bamubona ariko arasenga. Naho rero yari gushobora kuhasiga ubuzima, yabandanije asenga ku mugaragaro kugira ntibahave bibaza ko yoba yadohotse ku Mana yiwe.

14 Yehova yarahezagiye Daniyeli mu kumukura mu vyara vy’intambwe, kubera ingingo iranga ubukerebutsi n’umutima rugabo yafashe. Ivyo vyaratumye Yehova amenyekana mu nganji yose y’Ubumedi n’Ubuperesi!​—Dan. 6:25-27.

15. Twotsimbataza gute ukwizera nk’ukwa Daniyeli?

15 Ukuntu twotsimbataza ukwizera nka Daniyeli. Kugira ukwizera gukomeye ntibiva ku gusoma gusa Ijambo ry’Imana. Bisaba “[gu]tegera ico risobanura.” (Mat. 13:23) Twipfuza gutahura uko Yehova abona ibintu, aho hakaba harimwo gutahura neza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Turakwiye rero kuzirikana ku vyo dusoma. Birahambaye kandi ko twama dutura amasengesho avuye ku mutima, canecane igihe turi mu bigeragezo. Nitwasaba Yehova ubukerebutsi n’inkomezi tumwizeye, azobituronsa.​—Yak. 1:5.

YOBU YARISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA MU GIHE CIZA NO MU GIHE KIBI

16, 17. Yobu yamenye Imana gute?

16 Ukuntu Yobu yamenye Yehova. Yobu ntiyari Umwisirayeli. Ariko rero, yari incuti ya kure ya Aburahamu, Izahaki na Yakobo, abo Yehova yari yarihishuriye, akabahishurira n’umugambi yari afitiye abantu. Mu buryo tutazi, Yobu yaramenye vyinshi ku bijanye n’ukwo kuri kw’agaciro. (Yobu 23:12) Yavuze ati: “Numvise ivyawe ku matwi.” (Yobu 42:5) Vyongeye, Yehova ubwiwe yaremeje ko Yobu yamuvuzeko ivy’ukuri.​—Yobu 42:7, 8.

Ukwizera kwacu kurakomera igihe twihweje kamere zitaboneka z’Imana biciye ku vyaremwe (Raba ingingo ya 17)

17 Yobu kandi yariboneye nyinshi muri kamere zitaboneka z’Imana biciye ku vyaremwe. (Yobu 12:7-9, 13) Mu nyuma, Elihu na Yehova barakoresheje ivyaremwe kugira bibutse Yobu ko umuntu ari muto cane umugereranije n’Imana. (Yobu 37:14; 38:1-4) Yobu yarakozwe ku mutima n’ivyo Yehova amubwiye kuko yishuye yicishije bugufi ati: “Ndamenye ko ushobora gukora vyose kandi nta ciyumviro utoshobora gushikako. . . . [Ndigaye] koko ndi mu mukungugu no mu minyota.”​—Yobu 42:2, 6.

18, 19. Yobu yerekanye gute ko azi Yehova vy’ukuri?

18 Ukuntu Yobu yungukiye ku kumenya neza Imana. Yobu yaratahura neza ingingo ngenderwako z’Imana. Yari azi Yehova vy’ukuri kandi yakora yisunze ubwo bumenyi. Nk’akarorero, Yobu yari azi ko atovuga ko akunda Imana mu gihe atiyumvamwo abandi. (Yobu 6:14) Ntiyishira hejuru, ahubwo yaritwararika bose, umutunzi n’umukene. Yavuze ati: “Mbega Uwambumbiye mu nda si we yamubumvye na we?” (Yobu 31:13-22) Biragaragara ko Yobu ataretse icubahiro be n’ubutunzi yari afise ngo bitume yibona. Ese ukuntu yari atandukanye n’abategetsi be n’abatunzi benshi bo mw’isi!

19 Yobu yaramirira kure ubwoko bwose bw’ugusenga ibigirwamana, mbere no mutima wiwe. Yari azi ko gusenga ibigirwamana, ushizemwo no guhahamira ubutunzi, kwoba ari ukwihakana “Imana y’ukuri yo hejuru.” (Soma Yobu 31:24-28.) Yabona ko indagano umugabo n’umugore bagiranira ari ikintu ceranda. Mbere yari yaragiranye isezerano n’amaso yiwe ryo kutaraba umwigeme w’isugi ku buryo amwipfuza. (Yobu 31:1) Niwibuke ko ico gihe Imana yareka abagabo bakabira abagore benshi. Yobu rero iyo ashaka yari kwabira umugore agira kabiri. * Ariko rero, biboneka ko yari yiyemeje gukurikiza akarorero k’umubano Imana yashinze muri Edeni. (Ita. 2:18, 24) Haciye imyaka nka 1.600, Yezu Kristu yabwiye abariko baramwumviriza ko bokurikiza izo ngingo ngenderwako nyene ku bijanye n’umubano be no mu kwigenza runtu.​—Mat. 5:28; 19:4, 5.

20. Kumenya neza Yehova be n’ingingo ngenderwako ziwe bidufasha gute guhitamwo neza abagenzi be n’uburyo bwo kwiruhura?

20 Ukuntu twotsimbataza ukwizera nka Yobu. No ng’aho nyene, dutegerezwa kumenya neza Yehova kandi ubwo bumenyi bukatuyobora mu mice yose y’ubuzima. Nk’akarorero, ku bijanye na Yehova umwanditsi w’amazaburi Dawidi yavuze ati: “Uwo wese akunda ubukazi umutima wiwe uramwanka koko.” Dawidi kandi aratugabisha ku bijanye no kwifatanya n’“abantu b’ababeshi.” (Soma Zaburi 11:5; 26:4.) Ivyo vyanditswe bikwigishije iki ku bijanye n’ukuntu Yehova abona ibintu? Ubwo bumenyi bwogira ico bukoze gute ku vyo ushira imbere, ukuntu ukoresha internet, be n’ukuntu uhitamwo abagenzi n’uburyo bwo kwiruhura? Inyishu utanga kuri ivyo bibazo zogufasha kubona urugero ugezako mu kumenya Yehova. Kugira tugume tutagirako umugayo muri iyi si mbi igoye, dutegerezwa kumenyereza “ububasha bwa[cu] bwo gutegera” kugira dushobore gutandukanya iciza n’ikibi. Ariko kandi dutegerezwa gutandukanya ikiranga ubukerebutsi n’ikitaranga ubukerebutsi.​—Heb. 5:14; Ef. 5:15.

21. Ni ibiki bizodufasha ‘gutahura ibintu vyose’ dukeneye kugira duhimbare Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru?

21 Kubera ko Nowa, Daniyeli na Yobu barondeye Yehova n’umutima wabo wose, baramumenye. Yarabafashije ‘gutahura ibintu vyose’ bari bakeneye kugira bamuhimbare. Barabaye rero intangakarorero mu bijanye n’ubugororotsi kandi mu vy’ukuri bararoraniwe mu buzima bwabo. (Zab. 1:1-3) Niwibaze rero uti: ‘Noba nzi neza Yehova nk’uko Nowa, Daniyeli na Yobu bari bamuzi?’ Weho urashobora kumumenya neza kuruta kubera ko turushiriza kuronka umuco mu vy’impwemu. (Imig. 4:18) Niwinjire rwose mw’Ijambo ry’Imana. Nurizirikaneko. Vyongeye, nusenge usaba impwemu nyeranda. Niwabigira uzorushiriza kwiyegereza Umuvyeyi wawe wo mw’ijuru. N’ikindi kandi, uzokorana ubumenyi n’ubukerebutsi muri ino si itibanga Imana.​—Imig. 2:4-7.

^ ing. 5 Henoki sekuruza wa Nowa, na we nyene “yaguma agendana n’Imana y’ukuri.” Yamara “Imana yamutwaye” hasigaye imyaka nka 69 ngo Nowa avuke.​—Ita. 5:23, 24.

^ ing. 19 Na Nowa yari afise umugore umwe gusa naho kwabira abagore benshi vyatanguye haciye igihe gito ubugarariji bwo muri Edeni bubaye.​—Ita. 4:19.