Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kuba umuntu akomeye mu vy’impwemu bisobanura iki?

Kuba umuntu akomeye mu vy’impwemu bisobanura iki?

“Ya Mana . . . ibahe kugira hagati yanyu wa mutima nyene Kristu Yezu yari afise.”​—ROM. 15:5.

INDIRIMBO: 17, 13

1, 2. (a) Benshi babona gute ibijanye no gukomera mu vy’impwemu? (b) Ni ibibazo bihambaye ibihe tugiye kurimbura?

HARI mushiki wacu wo muri Kanada yavuze ati: “Kuba umuntu akomeye mu vy’impwemu vyaratumye ndushiriza kugira agahimbare, kandi vyaramfashije kuvyifatamwo neza mu ngorane zo mu buzima bwa misi yose.” Umuvukanyi wo muri Brezile na we yavuze ati: “Twe n’umukenyezi wanje turamaze imyaka 23 twubakanye kandi duhimbawe kubera ko twihatira kuba abantu bakomeye mu vy’impwemu.” Uwundi muvukanyi wo muri Filipine yavuze ati: “Kuba umuntu akomeye mu vy’impwemu vyaratumye ngira amahoro mu mutima, kandi vyaramfashije kwumvikana n’abavukanyi b’imico itandukanye.”

2 Ayo majambo arerekana ko kuba umuntu akomeye mu vy’impwemu ari vyiza. Twokwibaza rero duti: ‘Nokora iki ngo mbe umuntu akomeye mu vy’impwemu maze nkironkera ivyo vyiza vyavuzwe?’ Ariko rero, imbere y’uko turonka inyishu y’ico kibazo, turakwiye gutahura neza ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’abantu bakomeye mu vy’impwemu. Muri iki kiganiro, turishura ibibazo bitatu bihambaye. (1) Bisobanura iki kuba umuntu akomeye mu vy’impwemu? (2) Ni uburorero ubuhe bwodufasha kuba abantu bakomeye mu vy’impwemu? (3) Kwihatira kugira “umuzirikanyi wa Kristu” bidufasha gute kuba abantu bakomeye mu vy’impwemu?

UMUNTU AKOMEYE MU VY’IMPWEMU AMEZE GUTE?

3. Bibiliya yerekana gute itandukaniro riri hagati y’umuntu w’impwemu n’umuntu w’umubiri?

3 Intumwa Paulo aradufasha gutahura ico bisobanura kuba umuntu akomeye mu vy’impwemu, mu kutwereka itandukaniro riri hagati y’“umuntu w’impwemu” n’“umuntu w’umubiri.” (Soma 1 Abakorinto 2:14-16.) None batandukanye gute? “Umuntu w’umubiri” ntiyakira “ibintu vy’impwemu y’Imana, kuko ari ubupfu kuri we; kandi ntashobora kubimenya.” “Umuntu w’impwemu” wewe “arasuzuma koko ibintu vyose” kandi akagira “umuzirikanyi wa Kristu.” Paulo aturemesha kuba abantu bakomeye mu vy’impwemu. None ni mu bundi buryo ubuhe umuntu w’umubiri atandukanye n’umuntu w’impwemu?

4, 5. Ni ibiki biranga umuntu w’umubiri?

4 Reka tubanze turimbure ingene umuntu w’umubiri ameze. Umuntu w’umubiri arangwa n’agatima k’isi ko gushira imbere ibintu vy’umubiri. Paulo avuga ko ako gatima ari “ya mpwemu ubu ikorera mu bana b’ubugambarazi.” (Ef. 2:2) Iyo mpwemu ituma abantu benshi bagira agatima ko gukora ivyo benshi bakora. Bashira imbere ivy’umubiri. Ivyo bica bituma bakora ivyo biyumvira ko bibereye, ntibagire akigoro ko kubaho bisunga ingingo ngenderwako z’Imana. Umuntu w’umubiri akenshi arazwa ishinga no kuronka icubahiro, ibintu vy’umubiri canke guharanira ivyo abona ko afitiye uburenganzira.

5 Ni ibindi bintu ibihe biranga abantu b’umubiri? Usanga ari abantu bakurikirana “ibikorwa vy’umubiri.” (Gal. 5:19-21) Mw’ikete rya mbere Paulo yandikiye ishengero ry’i Korinto, aravuga ibindi bintu bitari bike biranga abantu b’umubiri. Aho harimwo: kuremesha amacakubiri, kwicamwo imice, kuvyura amahane, gushengezanya mu masentare, kudasonera ubukuru, no kurenza urugero mu kurya no mu kunywa. Umuntu w’umubiri ntiyigumya iyo ashikiwe n’inyosha mbi. (Imig. 7:21, 22) Yuda yaravuze ko abantu bamwebamwe bokwononekaye cane ku buryo “batagira impwemu.”​—Yuda 18, 19.

6. Ni ibiki biranga umuntu akomeye mu vy’impwemu?

6 None kuba “umuntu w’impwemu” vyovyo bisobanura iki? Umuntu w’impwemu aratandukanye n’umuntu w’umubiri kuko wewe yitwararika ivy’Imana. Abantu bakomeye mu vy’impwemu barihatira ‘kwigana Imana.’ (Ef. 5:1) Ivyo bisobanura ko bihatira kubona ibintu nk’uko Yehova abibona. Kuri bo Imana si umugani. Baratandukanye n’abantu b’umubiri, kubera ko bagerageza kwisunga ingingo ngenderwako za Yehova mu vyo bakora vyose. (Zab. 119:33; 143:10) Aho gushira imbere ibikorwa vy’umubiri, bihatira kugaragaza “icamwa c’impwemu.”​—Gal. 5:22, 23.

7. Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’abantu bakomeye mu vy’impwemu?

7 Bibiliya irashimagiza abantu bakomeye mu vy’impwemu. Muri Matayo 5:3 havuga hati: “Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’impwemu, kuko ubwami bwo mw’ijuru ari ubwabo.” Mu Baroma 8:6 na ho harerekana ivyiza vyo kuba umuntu akomeye mu vy’impwemu, hati: “Kugumiza umuzirikanyi ku vy’umubiri bivamwo urupfu, mugabo kugumiza umuzirikanyi ku vy’impwemu bivamwo ubuzima n’amahoro.” Twitwararitse ivy’impwemu, turagira amahoro kandi tukayagiranira n’Imana muri iki gihe, muri kazoza na ho tukitega kuronka ubuzima budahera.

8. Kubera iki bisaba akigoro kugira tube abantu bakomeye mu vy’impwemu kandi ntidusubire inyuma?

8 Ariko rero, tuba mw’isi iteye akaga. Kubera ko dukikujwe n’abantu bakunda ibintu vy’umubiri, bisaba kwihata kugira tube abantu bakomeye mu vy’impwemu kandi ntidusubire inyuma. Iyo tutinjije ivyiyumviro vya Yehova mu mizirikanyi yacu, tuba duhaye ikibanza agatima k’isi n’ivyiyumviro vyayo. None ivyo twovyirinda gute? Ni igiki codufasha gukomera mu vy’impwemu?

UBURORERO TWOKWIGANA

9. (a) Ni igiki codufasha kuba abantu bakomeye mu vy’impwemu? (b) Tugiye kurimbura uburorero ubuhe?

9 Umwana arashobora kuba uwuhumuye iyo yitegereza abavyeyi maze akigana akarorero kabo. Muri ubwo buryo nyene, turashobora kuba abakomeye mu vy’impwemu igihe twitegereza tukongera tukigana abantu bakomeye mu vy’impwemu. Igihushanye n’ivyo, abantu b’umubiri baratubera uburorero bwo kutuburira. (1 Kor. 3:1-4) Bibiliya irimwo uburorero bwiza na bubi. Ariko rero, kubera ko twipfuza gukomera mu vy’impwemu, nimuze twihweze uburorero bwiza bw’abantu twokwigana. Turaza kwihweza akarorero ka Yakobo, Mariya na Yezu.

Ni ibiki twigira ku karorero ka Yakobo? (Raba ingingo ya 10)

10. Yakobo yagaragaje gute ko ari umuntu akomeye mu vy’impwemu?

10 Reka duhere ku karorero ka Yakobo. Nk’uko biri kuri benshi muri twebwe, Yakobo ntiyari yorohewe mu buzima. Mwenewabo Esawu yarashatse kumwica. Sebukwe na we yaragerageje kenshi kumurya imitsi. Ariko naho yari akikujwe n’abantu b’“umubiri,” yari umuntu akomeye mu vy’impwemu. Yarizera umuhango Aburahamu yari yarasezeraniwe, maze arakora uko ashoboye kwose kugira abungabunge umuryango wogize uruhara ruhambaye mw’iranguka ry’umugambi wa Yehova. (Ita. 28:10-15) Ivyo Yakobo yavuga n’ivyo yakora birerekana ko yari afise ku mutima ingingo ngenderwako z’Imana be n’ivyo igomba. Nk’akarorero, igihe Esawu yashaka kumugirira nabi, yabwiye Imana ati: “Ndagusavye undokore . . . Wewe, waravuze uti: ‘Nta gukeka nzokugirira neza, kandi uruvyaro rwawe nzorugira nk’udutete tw’umusenyi wo ku kiyaga.’” (Ita. 32:6-12) Biragaragara ko yizigira ivyo Yehova yamusezeraniye be n’ivyo yasezeraniye ba sekuruza, akaba rero yipfuza gukora ahuza n’ivyo Imana igomba be n’umugambi wayo.

Ni ibiki twigira ku karorero ka Mariya? (Raba ingingo ya 11)

11. Ni ibiki vyerekana ko Mariya yari umuntu akomeye mu vy’impwemu?

11 Ubu na ho, reka turabe akarorero ka Mariya. Kubera iki Yehova yahisemwo Mariya ngo abe nyina wa Yezu? Ni kubera ko yari umuntu akomeye mu vy’impwemu. Tubibwirwa n’iki? Amajambo yavuze yo gushemeza Yehova igihe yagendera incuti ziwe Zekariya na Elizabeti arabigaragaza neza. (Soma Luka 1:46-55.) Ayo majambo arerekana ko yakunda cane Ijambo ry’Imana kandi ko yari azi neza Ivyanditswe vy’igiheburayo. (Ita. 30:13; 1 Sam. 2:1-10; Mal. 3:12) Uribuka kandi ko Mariya na Yozefu bamaze kwubakana birinze kurangura amabanga y’abubatse gushika Yezu avutse. None ivyo vyerekana iki? Vyerekana ko bompi bitwararika cane ivyo Yehova agomba kuruta guhaza ivyipfuzo vyabo. (Mat. 1:25) Mu nyuma, Mariya yarakurikiranira hafi ivyagenda birashikira Yezu mu buzima bwiwe kandi akumviriza yitonze amajambo aranga ubukerebutsi yavuga. Vyongeye, “[yarabika] neza ayo majambo yose mu mutima wiwe.” (Luka 2:51) Mu vy’ukuri, yaritaho umugambi w’Imana ku bijanye na Mesiya. None akarorero ka Mariya ntikadufasha kuzirikana ingene twoshira ivyo Imana igomba mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu?

12. (a) Ni gute Yezu yari ameze nka Se? (b) Twomwigana gute? (Raba ishusho itangura.)

12 Ariko none mu bantu bose babayeho, ni nde yabaye akarorero ruheta k’umuntu akomeye mu vy’impwemu? Emwe, nta wundi atari Yezu. Mu buzima bwiwe no mu busuku yaranguye, yaragaragaje ko yipfuza kwigana Se wiwe Yehova. Yiyumvira nka Se, akabona ibintu nka we kandi agakora nka we. Vyongeye, yabaho yisunga ivyo Imana igomba n’ingingo ngenderwako zayo. (Yoh. 8:29; 14:9; 15:10) Nk’akarorero, raba ingene umuhanuzi Yesaya adondora impuhwe za Yehova, maze ubigereranye n’ingene Injili ya Mariko idondora impuhwe za Yezu. (Soma Yesaya 63:9; Mariko 6:34.) Twoba tumeze nka Yezu, tukaba twiteguriye kugaragariza impuhwe abantu bakeneye gufashwa? Yezu kandi yarihebeye igikorwa co kwamamaza no kwigisha inkuru nziza. (Luka 4:43) Ivyo vyose birerekana ko yari umuntu akomeye mu vy’impwemu.

13, 14. (a) Ni ibiki twigira ku burorero bw’abantu bo muri iki gihe bakomeye mu vy’impwemu? (b) Tanga akarorero.

13 Uretse uburorero bwo muri Bibiliya, no muri kino gihe hariho uburorero bwinshi bw’abantu bakomeye mu vy’impwemu bihata cane kugira bamere nka Kristu. Ushobora kuba umaze kubona umwete bagaragaza mu busuku, ubwakiranyi bwabo budasanzwe, impuhwe zabo canke izindi kamere nziza bafise. Cokimwe natwe, bararwanye n’ubugoyagoye be n’udusembwa twabo kugira batsimbataze izo kamere zishimwa n’Imana. Mushiki wacu wo muri Brezile yitwa Rachel avuga ati: “Narakunda kujana n’imideri y’isi. Ku bw’ivyo, sinambara ngo nikwize. Mugabo maze kumenya ukuri naragize akigoro kugira mbe umuntu akomeye mu vy’impwemu. Naho bitanyoroheye kugira amahinduka, nararushirije kugira agahimbare kandi ubuzima bwanje buragira intumbero.”

14 Reylene wo muri Filipine, yari afise ingorane itandukanye n’iyo. Wewe yashira imbere ivyo kwiga amashure ahanitse no kuronka akazi keza kugira ngo yiteze imbere mu buzima. Avuga ati: “Naratanguye gufata minenegwe imigambi yanje y’ivy’impwemu. Nahavuye mbona ko hari ikintu nari mbuze mu buzima, ikintu gihambaye kuruta akazi nakora. Naciye nsubira gushira imbere igikorwa ca Yehova.” Kuva ico gihe, Reylene yarabaye akarorero mu kubaho yizera umuhango Yehova atanga muri Matayo 6:33, 34. Avuga ati: “Ndazi neza ko Yehova azonyitwararika!” Birashoboka ko uzi utundi turorero nk’utwo mw’ishengero urimwo. None ntitwipfuza kwigana abantu b’abizigirwa nk’abo bakurikira Kristu?​—1 Kor. 11:1; 2 Tes. 3:7.

NUGIRE “UMUZIRIKANYI WA KRISTU”

15, 16. (a) Twokora iki kugira tumere nka Kristu? (b) Ni igiki codufasha kugira “umuzirikanyi wa Kristu”?

15 Twokwigana gute Kristu? Mu 1 Abakorinto 2:16, Bibiliya iduhimiriza kugira “umuzirikanyi wa Kristu.” Mu Baroma 15:5 na ho haturemesha kugira “wa mutima nyene Kristu Yezu yari afise.” Kugira tumere nka Kristu rero, turakeneye kumenya ukuntu yiyumvira na kamere ziwe zose. Dukwiye guca tumwigana. Yezu yashira imbere ubucuti yari afitaniye n’Imana. Ku bw’ivyo, twiganye Yezu duca turushiriza kumera nka Yehova. Ivyo birerekana igituma bihambaye ko twiga kwiyumvira nka Yezu.

16 None twobishikako gute? Abigishwa ba Yezu barabonye ibitangaro yakoze, barumva inyigisho ziwe, baribonera ingene yagirira neza abantu bose n’ingene yashira mu ngiro ingingo ngenderwako z’Imana. Bavuze bati: “Twebwe turi ivyabona vy’ibintu vyose yakoze.” (Ivyak. 10:39) Mugabo rero, twebwe ntidushobora kubona Yezu imbonankubone. Ariko Yehova abigiranye urukundo yaraturonkeje inkuru zo mu Njili zishobora kudufasha kumenya neza kamere za Yezu. Dusomye kandi tukazirikana ibiri mu gitabu ca Matayo, Mariko, Luka na Yohani, biradufasha kugira umuzirikanyi wa Kristu. Gutyo, turashobora ‘gukurikira neza intambuko ziwe’ kandi ‘tukambara nya gatima nyene’ Kristu yari afise.​—1 Pet. 2:21; 4:1.

17. Kwiyumvira nka Kristu bidufasha gute?

17 Kwiga kwiyumvira nka Kristu bidufasha gute? Nka kurya nyene gufungura neza bikomeza umubiri, kugaburira umuzirikanyi wacu ivyiyumviro vya Kristu biradukomeza mu vy’impwemu. Buhorobuhoro, turaheza tukamenya ico Yezu yokora mu gihe ico ari co cose. Ivyo bica bidufasha gufata ingingo zituma tugira ijwi ryiza ryo mu mutima kandi tugashimwa n’Imana. Ntiwemera none ko ivyo vyiza bikwiye gutuma “[twambara] Umukama Yezu Kristu”?​—Rom. 13:14.

18. Iki kiganiro cakwigishije iki?

18 Duhejeje kurimbura ico bisobanura kuba umuntu akomeye mu vy’impwemu. Twabonye kandi ko dushobora kwigira ku burorero bwiza bw’abantu bakomeye mu vy’impwemu. Mu kurangiza, twize ingene kugira “umuzirikanyi wa Kristu” bidufasha gukomera mu vy’impwemu. Yamara rero, hari iyindi mice yo mu vy’impwemu dukwiye kurimbura. Nk’akarorero, dushobora gute kumenya urugero tugezako mu gukomera mu vy’impwemu? Ni ibindi bintu ibihe twogira kugira turushirize gukomera mu vy’impwemu? Vyongeye, twokwerekana gute mu buzima bwa misi yose ko dukomeye mu vy’impwemu? Ikiganiro gikurikira kizokwishura ivyo bibazo.