Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nugume utera imbere mu vy’impwemu!

Nugume utera imbere mu vy’impwemu!

“Gume mugenda mwisunga impwemu.”​—GAL. 5:16.

INDIRIMBO: 22, 75

1, 2. Umuvukanyi umwe yari ahajije iki mu vy’impwemu, kandi yahavuye akora iki?

ROBERT yabatijwe akiri umuyabaga, ariko mu vy’ukuri ntiyafatana uburemere ukuri. Avuga ati: “Sinigera nkora ikibi, ariko ivyo nakora kwari nko guheza umwuga gusa. Nasa n’uwukomeye mu vy’impwemu, nkama nja ku makoraniro yose, mu bihe bimwebimwe mu mwaka ngakora ubutsimvyi bwo gufasha. Ariko hari ico nari mpajije.”

2 Robert amaze kwubaka urwiwe ni ho yatahuye ico yari ahajije. We n’umukenyezi wiwe baza baragira udukino two kubazanya ibibazo bishingiye kuri Bibiliya. Umukenyezi wiwe ntivyamugora kwishura kubera ko yari akomeye mu vy’impwemu, mugabo Robert vyaguma bimuta ku w’amazi. Avuga ati: “Ni nk’aho ata na kimwe nari nzi. Naciye niyumvira nti ‘Nimba nkwiye kuyobora umukenyezi wanje mu vy’impwemu, ntegerezwa kugira ico nkoze.’” Kandi Robert yaragikoze. Avuga ati: “Nariyigishije Bibiliya, ndayiga nongera ndasubira, maze ndatangura gutahura. Nahavuye ndabitahura. N’igihambaye kuruta naragiraniye ubugenzi somambike na Yehova.”

3. (a) Ivyashikiye Robert bitwigisha iki? (b) Tugiye kurimbura ibintu ibihe bihambaye?

3 Ivyashikiye Robert turashobora kubikuramwo ivyigwa bihambaye. Twoshobora kuba tuzi ivyerekeye Bibiliya ku rugero kanaka kandi tukama twifatanya n’ishengero rya gikirisu, mugabo ivyo vyonyene ntibituma tuba abantu bakomeye mu vy’impwemu. Canke na ho twoshobora kuba twarateye imbere mu vy’impwemu, ariko dusubiye kwisuzuma tugasanga turacakeneye kugira ivyo turyohoye. (Flp. 3:16) Muri iki kiganiro tugiye kurimbura ibibazo bitatu bihambaye vyodufasha kubandanya dutera imbere mu vy’impwemu: (1) Ni igiki codufasha gusuzuma ukuntu duhagaze mu vy’impwemu? (2) Ni ibiki vyodufasha kuba abantu bakomeye mu vy’impwemu kandi tukabandanya dutera imbere? (3) Kuba abantu bakomeye mu vy’impwemu bishobora gute kudufasha mu buzima bwacu bwa misi yose?

TWISUZUME

4. Impanuro dusanga mu Banyefeso 4:23, 24 yerekeye bande?

4 Igihe twaba abasavyi b’Imana twaragize ivyo duhinduye mu mice yose y’ubuzima bwacu. Kandi ivyo ntivyahagaze igihe twabatizwa. Bibiliya itubwira iti: “Mukwiye guhindurwa bashasha mu nguvu zikoresha umuzirikanyi wanyu.” (Ef. 4:23, 24) Kubera ko twese tudatunganye, turakeneye kubandanya tugira amahinduka. N’abamaze igihe kirekire ari abasavyi ba Yehova barakeneye kuguma bakomeye mu vy’impwemu.​—Flp. 3:12, 13.

5. Ni ibibazo ibihe vyodufasha kwisuzuma?

5 Kugira dutere imbere kandi tugume dukomeye mu vy’impwemu, turakeneye kwisuzuma ata buryarya. Twaba tukiri bato canke dukuze, twoshobora kwibaza ibibazo bikurikira: ‘Hoba hari ivyo ndiko ndahindura vyerekana ko ndiko ndarushiriza kuba umuntu ahumuye mu vy’impwemu? Noba ndiko ndarushiriza kwigana Kristu? Ukuntu nigenza ku makoraniro bihishura iki ku rugero nshikanako mu vy’impwemu? Ibiyago vyanje bihishura ko mfise ivyipfuzo nyabaki? Utumenyero twanje two kwiyigisha, kwambara no kwitunganya canke ukuntu ndavyifatamwo iyo mpawe impanuro bihishura iki ku binyerekeye? Ndavyifatamwo gute iyo nohejwe gukora ikintu kibi? Noba narateye imbere nkaba umukirisu ahumuye?’ (Ef. 4:13) Kuzirikana ku nyishu z’ivyo bibazo, birashobora kudufasha kumenya aho iterambere ryacu ryo mu vy’impwemu rigeze.

6. Ni ikindi kintu ikihe twogira kugira ngo dusuzume urugero tugezeko mu vy’impwemu?

6 Kugira dusuzume urugero tugezeko mu vy’impwemu, twoshobora rimwe na rimwe gukenera ko abandi badufasha. Intumwa Paulo yarerekanye ko umuntu w’umubiri atamenya ko ivyo akora bidahimbara Imana. Umuntu w’impwemu wewe aratahura ukuntu Imana ibona ibintu be n’amakosa umuntu w’umubiri akora. (1 Kor. 2:14-16; 3:1-3) Kubera ko abakurambere bafise umuzirikanyi wa Kristu, akenshi barabona imbere y’igihe ibimenyetso bigaragaza ko umuntu afise ivyiyumviro vy’umubiri. None iyo baduhaye impanuro, twoba tuyemera kandi tukayishira mu ngiro? Tubigenjeje gutyo, tuba twerekanye ko twipfuza gutera imbere mu vy’impwemu.​—Umus. 7:5, 9.

KUBA UMUNTU AKOMEYE MU VY’IMPWEMU

7. Kubera iki kugira ubumenyi bwo muri Bibiliya bidahagije kugira tube abakomeye mu vy’impwemu?

7 Niwibuke ko kugira ubumenyi bwo muri Bibiliya bidahagije kugira umuntu abe uwukomeye mu vy’impwemu. Nk’akarorero, Umwami Salomo yari afise ubumenyi bwinshi ku vyerekeye inzira za Yehova. Ivyo yavuze vyahavuye vyandikwa muri Bibiliya. Ariko amaherezo vyaramunaniye kuguma ari intahemuka kuri Yehova. (1 Abm. 4:29, 30; 11:4-6) None uretse ubumenyi bwo muri Bibiliya, ni ikindi kintu ikihe gikenewe? Turakwiye kubandanya gutera imbere mu vy’impwemu. (Kol. 2:6, 7) None twobishikako gute?

8, 9. (a) Ni ibiki vyodufasha kuguma dushikamye mu kwizera? (b) Igihe twiyigisha twongera tuzirikana tuba dufise intumbero iyihe? (Raba ishusho itangura.)

8 Paulo yarahimirije abakirisu bo mu kinjana ca mbere ‘gutera baja imbere bagana ku buhumure.’ (Heb. 6:1) None ni ibiki vyodufasha gushira mu ngiro iyo mpanuro muri iki gihe? Ikintu gihambaye wogira ni ukwiga igitabu Mwigumize mu rukundo rw’Imana.” Niwaheza kuciga, bizogufasha kubona ukuntu woshira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya mu buzima bwawe. Nimba na ho waramaze kugiheza, ubona gute wize ayandi mayagwa ashobora kugufasha kuguma ushikamye mu kwizera? (Kol. 1:23) Woba uzirikana ubijanishije n’isengesho ukuntu woshira mu ngiro ivyo uriko uriga?

9 Igihe twiyigisha twongera tuzirikana, dukwiye kuba dufise intumbero yo gutsimbataza icipfuzo co guhimbara Yehova no kugamburuka amategeko yiwe. (Zab. 40:8; 119:97) Muri ico gihe nyene, turirinda ibintu vyotubuza gutera imbere mu vy’impwemu.​—Tito 2:11, 12.

10. Abakiri bato bokora iki kugira bakomere mu vy’impwemu?

10 Nimba ukiri muto, woba warishingiye imigambi yo mu vy’impwemu itomoye? Hari umuvukanyi akorera kuri Beteli akunda kuyaga n’abahava babatizwa igihe yitavye amateraniro y’umuzunguruko. Benshi baba ari abakiri bato. Uwo muvukanyi arababaza imigambi yo mu vy’impwemu bishingiye. Benshi batanga inyishu zerekana ko bafise umugambi utomoye wo gukorera Yehova, haba gukora umuce kanaka w’’umurimo w’igihe cose canke gukorera ahakenewe cane abamamaji b’inkuru nziza y’Ubwami. Ariko rero rimwe na rimwe, hari abakiri bato biboneka ko ata nyishu baba bafise. None ivyo vyoba vyerekana ko baba bataramenya yuko bakwiye kwishingira imigambi itomoye mu vy’impwemu? Nimba ukiri muto wokwibaza uti: ‘Noba ngira uruhara mu bikorwa vyo mu vy’impwemu kugira gusa nezereze abavyeyi banje? Noba ndiko ndiyegereza Imana mu kugiranira na yo ubucuti somambike?’ Ariko ntiwumve, impanuro yo kwishingira imigambi yo mu vy’impwemu ntiraba abakiri bato gusa. Twese abasavyi ba Yehova tubigize bizodufasha gukomera mu vy’impwemu.​—Umus. 12:1, 13.

11. (a) Ni ibiki dukeneye gukora kugira tugire iterambere riboneka mu vy’impwemu? (b) Ni akarorero akahe ko muri Bibiliya twokwigana?

11 Tumaze kubona ivyo tworyohora, turakwiye guca tugira ibintu vyiza dukoze vyodufasha gutera imbere. Kuba umuntu akomeye mu vy’impwemu ni ikintu gihambaye. Nkako, ni ikibazo cotuma tubaho canke dupfa. (Rom. 8:6-8) Ariko ntiwumve, ntiduca tuba abatunganye ngo n’uko duhumuye mu vy’impwemu. Impwemu ya Yehova irashobora kudufasha gutera imbere. Naho ari ukwo, dutegerezwa kugira akigoro. John Barr akaba yarabaye uwo mu bagize Inama Nyobozi, yaragize ico avuze ku canditswe co muri Luka 13:24, ati: “Benshi barananirwa guca mu muryango waga kubera ko batihata kugira ngo bakomere.” Turakwiye kumera nka Yakobo, uwagumye anyinyana n’umumarayika gushika aronse umuhezagiro. (Ita. 32:26-28) Naho gusoma Bibiliya vyoshobora kuturyohera, ntidukwiye kuyisoma nk’igitabu gisanzwe. Turakeneye kwihatira kurondera ubutunzi bwo mu vy’impwemu buzotugirira akamaro.

12, 13. (a) Ni ibiki vyodufasha gushira mu ngiro ibivugwa mu Baroma 15:5? (b) Akarorero k’intumwa Petero be n’impanuro yatanze vyodufasha gute? (c) Wokora iki ngo ukomere mu vy’impwemu? (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Ivyo wokora kugira utere imbere mu vy’impwemu.”)

12 Iyo tugize akigoro ko gutera imbere mu vy’impwemu, impwemu nyeranda iradufasha guhindura uburyo twiyumvira maze tukarushiriza kwiyumvira nka Kristu. (Rom. 15:5) N’ikindi kandi, izodufasha kwikuramwo ivyipfuzo vy’umubiri yongere idufashe gutsimbataza kamere zishimwa n’Imana. (Gal. 5:16, 22, 23) Igihe tubonye ko umutima wacu uhengamiye ku bintu vy’umubiri, ntidukwiye gucika intege. Turakwiye kuguma dusaba Yehova impwemu nyeranda kugira idufashe kugumiza umutima wacu ku bintu bibereye. (Luka 11:13) Niwibuke intumwa Petero. Vyarashika ntagaragaze ko ari umuntu akomeye mu vy’impwemu. (Mat. 16:22, 23; Luka 22:34, 54-62; Gal. 2:11-14) Ariko ntiyatanye n’akabando. Abifashijwemwo na Yehova yagiye ariyumvira nka Kristu. Na twebwe twobigenza gutyo.

13 Nkako Petero yahavuye yerekana kamere zimwezimwe zoshobora kudufasha. (Soma 2 Petero 1:5-8.) ‘Nitwihata twivuye inyuma’ kugira dutsimbataze izo kamere, nk’ukwigumya, ukwihangana be n’ukwiyumvamwo abavukanyi, bizodufasha kubandanya dutera imbere mu vy’impwemu. Ubona gute buri musi wibajije uti: ‘Ni kamere iyihe nogaragaza uyu musi kugira ntere imbere mu vy’impwemu?’

GUSHIRA MU NGIRO INGINGO NGENDERWAKO ZO MURI BIBILIYA MU BUZIMA BWA MISI YOSE

14. Kuba abantu bakomeye mu vy’impwemu bigira ico bikoze gute mu buzima bwacu?

14 Kwiyumvira nka Kristu bizogira ico bikoze ku vyo tuvuga, ku kuntu twigenza ku kazi canke kw’ishure be no ku ngingo dufata buri musi. Izo ngingo zizokwerekana nimba turiko turihatira kuba abayoboke ba Kristu. Kubera ko turi abantu bakomeye mu vy’impwemu, ntitwipfuza ko hogira ikintu na kimwe cobangamira ubucuti somambike dufitaniye n’Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru. Igihe twohejwe gukora ikintu kitabereye, duca tucamirira kure kubera ko twigana Kristu. Imbere yo gufata ingingo, tuzobanza kuzirikana kuri ibi bibazo: ‘Ni ingingo ngenderwako izihe zo muri Bibiliya nokwisunga? Iyaba ari Kristu, yokora iki? Ni ingingo iyihe yohimbara Yehova?’ Kugira ngo twimenyereze kwiyumvira muri ubwo buryo, nimuze twihweze ibintu bimwebimwe bishobora gushika. Mu karorero kose, turaza kurimbura ingingo ngenderwako yo muri Bibiliya ishobora kudufasha gufata ingingo iranga ubukerebutsi.

15, 16. Tanga uturorero twerekana ukuntu kwiyumvira nka Kristu bidufasha gufata ingingo igihe duhitamwo (a) uwo tuzokwubakana. (b) abo twifatanya.

15 Guhitamwo uwo twubakana. Ingingo ngenderwako tuyisanga mu 2 Abakorinto 6:14, 15. (Soma.) Ng’aho Paulo arerekana neza ko umuntu w’impwemu ata co ahuriyeko n’umuntu w’umubiri. None uwuriko ararondera uwo bazokwubakana yoshira mu ngiro gute ico canditswe?

16 Abo twifatanya. Zirikana ku ngingo ngenderwako iri mu 1 Abakorinto 15:33. (Soma.) Umuntu atinya Imana ntiyifatanya n’abashobora gutuma agira ingorane mu vy’impwemu. Ni ibibazo ibihe vyogufasha gushira mu ngiro iyo mpanuro? Nk’akarorero, woyisunga gute igihe ukoresha ubuhinga bwo guhanahana amakuru n’abandi kuri internet? Canke na ho wokora iki igihe abantu utazi bagusavye ngo mukine twa dukino two kuri internet?

Ingingo mfata zoba zituma ntera imbere mu vy’impwemu? (Raba ingingo ya 17)

17-19. Kubona ibintu mu buryo bw’impwemu bidufasha gute (a) kwirinda ibikorwa ata co bimaze? (b) kwishingira imigambi mu buzima? (c) gutorera umuti amatati?

17 Ibikorwa bituma tudatera imbere mu vy’impwemu. Amajambo Paulo yabwiye abakirisu bagenziwe turayasangamwo impanuro. (Soma Abaheburayo 6:1.) None “ibikorwa bipfuye” twokwirinda ni ibihe? Ni ibikorwa vyose bitubuza kuba abakomeye mu vy’impwemu kandi ata co bimaze. Iyo ngingo ngenderwako irashobora kudufasha gutorera umuti ibibazo bivyuka mu buzima bwacu. Nk’akarorero twokwibaza duti: ‘Iki gikorwa coba kiri mu bikorwa ata co bimaze? Noba nkwiye kwinjira muri uru rudandaza? Kubera iki ntokwifatanya n’abaharanira amahinduka yo muri ino si?’

Ingingo mfata zoba zituma nishingira imigambi yo mu vy’impwemu? (Raba ingingo ya 18)

18 Imigambi y’ivy’impwemu. Ivyo Yezu yavuze muri ya Nsiguro yo ku Musozi biraduha ubuyobozi butomoye mu bijanye no kwishingira imigambi y’ivy’impwemu. (Mat. 6:33) Umuntu w’impwemu ashira imbere imigambi y’ivy’impwemu. Kugumiza ku muzirikanyi iyo ngingo ngenderwako biradufasha kwishura ibibazo nk’ibi: ‘Noba nkwiye kwiga amashure maremare? Noba nkwiye kwemera akazi akari ko kose?’

Ingingo mfata zoba zituma ‘mbana amahoro’ n’abandi? (Raba ingingo ya 19)

19 Amatati. Impanuro Paulo yahaye ishengero ry’i Roma idufasha gute igihe habaye ukutumvikana? (Rom. 12:18) Kubera ko turi abayoboke ba Kristu, turihata kugira “[tu]bane amahoro n’abantu bose.” Igihe hadutse amatati tuvyifatamwo gute? Vyoba bitugora kwihanganira abandi canke tuzwi ko turi abantu “baremesha amahoro”?​—Yak. 3:18.

20. Kubera iki wipfuza gutera imbere mu vy’impwemu?

20 Ubwo ni uburorero bukeyi gusa bwerekana ukuntu kuzirikana ku ngingo ngenderwako z’Imana vyodufasha gufata ingingo zigaragaza ko turi abantu b’impwemu. Kuba abantu b’impwemu birashobora gutuma turushiriza kugira ubuzima bwiza kandi burimwo agahimbare. Robert, umwe twavuga mu ntango z’iki kiganiro, avuga ati: “Aho mariye kugiranira na Yehova ubucuti somambike, narabaye umunega na sebibondo mwiza. Narahimbawe cane.” Na twebwe nitwakora uko dushoboye kwose ngo dutere imbere mu vy’impwemu, tuzoshobora kwironkera ivyiza. Tuzorushiriza kugira ubuzima buhimbaye muri iki gihe, muri kazoza na ho turonke “ubuzima nyakuri.”​—1 Tim. 6:19.