Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IVYO MU BUSHINGURO BWACU

Insiguro zakwiragije inkuru nziza muri Irlande

Insiguro zakwiragije inkuru nziza muri Irlande

IGIHE ubwato bwari bushitse aho ikiyaga gita ururimi mu gisagara ca Belfast, umugwi mutoyi w’ingenzi warahagaze ku bwato, utereza akajisho ku mirambi itotahaye kandi iteye igomwe kubera umuco w’agatondo. Aho hari muri Rusama 1910. Umwe muri bo yari Charles T. Russell, rukaba rwari urugendo rugira gatanu yari agize muri Irlande. Imbere y’umuvukanyi Russell hari ubwato amahero bubiri bwariko burubakwa, ubwitwa Titanic n’ubundi bugenzi bwabwo bwitwa Olympic. * Hirya y’aho bakorera ubwo bwato, Abatohoji ba Bibiliya batari bake bari bahagaze ku kivuko barindiriye ko ashika.

Imyaka nka 20 imbere y’aho, igihe umuvukanyi Russel yariko ararondera uburyo bwiza bwo gukwiragiza inkuru nziza kw’isi yose, yarafashe ingingo yo kugira ingendo mu bindi bihugu, hanze ya Amerika. Urugendo rwa mbere yarugize muri Irlande muri Mukakaro 1891. Igihe yari mu bwato bwitwa City of Chicago yaritegereje ikirengazuba agira ashike ku nkengera y’igisagara ca Queenstown. Birashoboka ko yaciye yibuka ivyo abavyeyi biwe bamwiganiye ku bijanye n’ico gisagara bavukiyemwo. Igihe umuvukanyi Russel n’abo bari kumwe bariko baraca mu bisagara no mu turere duteye igomwe, barabona ko aho hantu imirima “[y]eze igeze kwimbura.”

Umuvukanyi Russell yagize ingendo muri Irlande incuro indwi. Nta gukeka ko abari bashimishijwe igihe yajayo ubwa mbere, batumye abantu amajana, rimwe na rimwe ibihumbi, bipfuza kumwumviriza mu bihe vyakurikiye. Ku rugendo rugira kabiri yagize i Belfast n’i Dublin muri Rusama 1903, amakoraniro yaratangajwe mu binyamakuru vy’aho. Russell yavuze ko abari ng’aho bakurikiye neza insiguro yerekeye ukwizera kwa Aburahamu be n’imihezagiro yo muri kazoza abantu bazokwironkera, ikaba yavuga ngo “Isezerano ririmwo indahiro.”

Kubera ko abantu bari bashimishijwe cane, Russell yarasubiye muri Irlande ku rugendo rwa gatatu yagize i Buraya. Igihe yashika ku kivuko c’i Belfast mu gitondo kimwe co muri Ndamukiza 1908, hari abavukanyi batanu bamuramukije. Insiguro ya bose yari yatangajwe mu binyamakuru ikaba yavuga ngo “Ugutemba kw’inganji ya Shetani,” ku mugoroba w’uwo musi yarumvirijwe n’abantu bashika 300 bashimishijwe. Umugabo umwe yariko arahaririza Russel yarabuze ico asubizayo abonye ingene yakoresha Ivyanditswe abigiranye ubuhanga. I Dublin hari uwundi yari yiyemeje kumurwanya yitwa O’Connor, akaba yari umunyamabanga w’ishirahamwe ry’ivy’idini. Yaragerageje kugumura abantu barenga 1.000 bari ng’aho ngo barwanye Abatohoji ba Bibiliya. None vyahavuye bigenda gute?

Reka dusubire inyuma maze twihe ishusho y’ibishobora kuba vyarashitse ico gihe. Umugabo umwe yipfuje kumenya ukuri maze afashe ingingo yo kuja kwumviriza insiguro yatangajwe mu kinyamakuru kimwe (The Irish Times). Asanze abantu buzuye no ku munwa agaca agerageza kumenera ngo aronke aho yokwicara. Aciye akurikira yitonze umushikirizansiguro w’imishatsi yera n’ubwanwa, kandi yambaye ikoti ndende yirabura. Uko umushikirizansiguro atanga insiguro yiwe, aguma agendagenda ku mukiruruko agira ibimenyetso, asigura icanditswe ku kindi gutyo agafasha wa mugabo gutahura ukuri kwo muri Bibiliya. Naho umushikirizansiguro adakoresha ivyuma biduza amajwi, ijwi ryiwe rirumvikana hose muri iyo nyubakwa, maze abari aho bose bagakurikira neza mu kiringo c’isaha n’igice. Mu nyuma, hageze ikiringo c’ibibazo n’inyishu, O’Connor be n’abagenzi biwe baramurwanya mugabo agashobora kuburanira ukuri abigiranye ubuhanga. Abari ng’aho baca bakoma amashi mu kwerekana ko bashigikiye ivyo Russel avuze. Ukuri kumaze kuja ahabona, uwo mugabo yashimishijwe aca yegera abavukanyi kugira amenye n’ibindi. Abavyiboneye bavuga ko benshi bamenye ukuri muri ubwo buryo.

Igihe Russel yava i New York ku rugendo rwa kane yagize muri Rusama 1909 mu bwato Mauretania, yagiye ajanye n’umunyamabanga wiwe, umuvukanyi Huntsinger, kugira ngo igihe bazoba bari ku rugendo mw’ibahari, amufashe kwandika ibiganiro vyo mu Munara w’Inderetsi. Insiguro umuvukanyi Russell yatanze ari i Belfast yumvirijwe n’abantu 450 b’imvukira zaho, abashika 100 muri bo bakaba bayikurikiye bahagaze kuko bataronse aho bakwirwa.

Umuvukanyi Russell afashe urugendo mu bwato Lusitania

No ku rugendo rwa gatanu twavuze mu ntango yarakoresheje Bibiliya mu kwishura abamuhaririza. Inyuma y’aho atangiye insiguro i Dublin, hari umunyatewolojiya umwe yari yazanywe na O’Connor yanyuzwe n’inyishu Bibiliya yatanze ku bibazo vyiwe, ivyo bikaba vyarahimbaye cane abari ng’aho bose. Bukeye, izo ngenzi zaciye zifata ubwato bunyaruka zija i Liverpool maze zifata ubwato bwari buzwi cane bwitwa Lusitania kugira zije i New York. *

Insiguro yatangajwe mu kinyamakuru The Irish Times, ku wa 20 Rusama 1910

Insiguro za Russel zaratangajwe kandi mu binyamakuru, ku rugendo rwa gatandatu n’urw’indwi yagize mu 1911. Muri Ndamukiza, Abatohoji ba Bibiliya 20 barakiriye abantu 2.000 baje kwumviriza insiguro yavuga ngo “Inyuma yo gupfa.” O’Connor yaraje i Dublin azananye n’uwundi mumenyeshamana yabajije ibibazo, mugabo abari aho barashimye inyishu Bibiliya itanga. Muri uwo mwaka nyene, harashikirijwe insiguro no mu bindi bisagara, kandi zarumvirijwe n’abantu batari bake. O’Connor, afatanije n’abandi bagabo 100, yarasubiye gutera akaguma i Dublin, ashaka kuburizamwo ikoraniro, mugabo abari baryitavye bashigikiye bivuye inyuma Russel.

Naho ico gihe umuvukanyi Russell ari we ahanini yashikiriza insiguro, yari azi ko “ata muntu aba mudasubirizwa,” kubera ko ‘ico gikorwa atari ic’umuntu; ari ic’Imana.’ Insiguro zatangazwa mu binyamakuru, izahavuye zisubirirwa n’Ikoraniro rya bose, zaratanze uturyo twiza two gushikiriza ukuri kwo mu Vyanditswe. Uti none havuyemwo iki? Izo nsiguro zaratumye inkuru nziza ikwiragira kandi amashengero arashingwa mu bisagara bitari bike muri Irlande.​—Vyakuwe mu bushinguro bwacu bwo mu Bwongereza.

^ ing. 3 Haciye imyaka ibiri, ubwato Titanic bwarasavye.

^ ing. 9 Ubwato Lusitania bwarasambuwe n’ibibombe ku nkengera yo mu bumanuko bwa Irlande muri Rusama 1915.