Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Kubera iki bitemewe ko umuntu ashira ku rubuga rwiwe bwite canke ku buhinga ngurukanabumenyi ivyasohowe n’Ivyabona vya Yehova?

Hari abiyumvira ko ata kibi kirimwo bakuye ivyasohowe ku rubuga rwacu bakabishira ku yindi mihora canke ku buhinga ngurukanabumenyi, kubera ko tubitangira ubuntu. Yamara ukwo kwoba ari ukurenga Amategeko agenga ikoreshwa * ry’urubuga rwacu, kandi biramaze guteza ingorane zikomeye. Nk’uko vyerekanwa neza muri ayo mategeko, nta n’umwe arekuriwe “gushira ku rubuga rwiwe bwite amashusho, ivyasohowe mu buhinga bwa elegitoronike, ibimenyetso biranga ishirahamwe ryacu, indirimbo, amafoto, amavidewo canke ibiganiro vyo kuri urwo rubuga.” Kubera iki none bibujijwe?

Nta muntu n’umwe yemerewe gushira ku zindi mbuga ivyo dusohora

Ibiri ku mbuga zacu vyose vyanditseko yuko ‘Uburenganzira bwose ari ubw’ababisohoye.’ Abahuni be n’abandi baturwanya barakoresha ku mbuga zabo ivyo dusohora, kugira bayovye Ivyabona be n’abandi. Izo mbuga usanga zuzuyeko amayagwa avyura inkeka mu bayasoma. (Zab. 26:4; Imig. 22:5) Hari n’abandi bakoresheje amayagwa dusohora canke ikimenyetso kiranga urubuga rwacu jw.org, mu guhaya ivyo badandaza canke mu maporogarama yabo yo mu twuma ngendanwa. Kugira dukingire uburenganzira bwacu be n’ikimenyetso kituranga, amategeko araturekurira kwitwarira abakoresha nabi ivyo dusohora. (Imig. 27:12) Mugabo hamwe twopfa kureka abantu, naho boba abavukanyi, bagashira ku zindi mbuga ivyo dusohora canke bagakoresha ikimenyetso ca jw.org kugira bidandarize ivyabo, sentare zoshobora kutadushigikira mu guhasha abo baturwanya be n’ayo mashirahamwe y’ivy’urudandaza.

Kuvoma ahandi ivyo dusohora atari kuri jw.org, birashobora guteza akaga. Ibanga ryo gutanga imfungurwa z’impwemu, Yehova yarijeje wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” gusa. (Mat. 24:45) Mu gusohora nya mfungurwa, uwo “mushumba” akoresha gusa imbuga zacu zemewe n’amategeko. Izo na zo ni www.pr418.com, tv.pr418.com na wol.pr418.com. Vyongeye, dufise amaporogarama yemewe atatu gusa yo mu twuma ngendanwa, ari yo JW Language®, JW Library® na JW Library Sign Language®. Turazi neza ko ivyo bikoresho bitajamwo ivyo guhaya ibidandazwa canke ngo vyanduzwe n’isi ya Shetani. Iyo ibifungurwa vy’impwemu biciye ku yindi mihora, nta cemeza ko bitaba vyagoretswe canke vyandujwe.​—Zab. 18:26; 19:8.

Ikindi na co, igihe ivyo dusohora bishizwe ku mbuga ziha ikibanza abantu ngo bagire ico babivuzeko, abahuni n’abandi bihaye kudutora amahinyu baba baronse akaryo ko gutyoza ishirahamwe rya Yehova. Hari abavukanyi bagiye mu vyo guharira kuri internet n’abo baturwanya, baba basongereye isibe mu gusiga iceyi izina rya Yehova. Urubuga rwo kuri internet si uburyo bwiza bwo “[kwi]gisha mu bwitonzi abafise agatima katabereye.” (2 Tim. 2:23-25; 1 Tim. 6:3-5) Vyaranagaragaye ko hari inkuru n’imihora vyatunganijwe ku mbuga ngurukanabumenyi, bikitirirwa ishirahamwe ryacu, Inama Nyobozi canke umwe mu bayigize. Ariko rero, nta n’umwe mu bagize Inama Nyobozi afise urubuga yitirirwa canke ngo atange amakuru abicishije ku rubuga ngurukanabumenyi rusangi na rumwe.

Kwerekeza abantu kuri jw.org bituma “inkuru nziza” yamamara. (Mat. 24:14) Ibikoresho vyo mu buhinga bwa none turonswa kugira tubikoreshe mu busuku biguma biryohorwa. Twipfuza ko uwo ari we wese avyungukirako. Nk’uko rero ya Mategeko agenga ikoreshwa avyerekana, woshobora kurungikira umuntu ivyasohowe ukoresheje ubuhinga bwa none, canke ukamurangira ukuntu yobishikira kuri jw.org. Nitwerekeza abantu ku mbuga zacu zemewe, tuzoba tubarangiye isôko rimwe rudende ry’ukuri ritanga ibifungurwa vy’impwemu, ni ukuvuga wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.”

^ ing. 1 Ushaka kumenya ayo Mategeko agenga ikoreshwa, nurabe mu ntango amaja hepfo kuri urwo rubuga rwacu, kandi ivyo birerekeye n’ibindi bintu vyose biri ku mbuga zacu. Ubu ayo mategeko ntarashirwa mu kirundi.