Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Igituma ‘tuguma twama ivyamwa vyinshi’

Igituma ‘tuguma twama ivyamwa vyinshi’

“Dawe araninahazwa muri ibi: ko muguma mwama ivyamwa vyinshi kandi mukerekana ko muri abigishwa banje.”​—YOH. 15:8.

INDIRIMBO: 53, 60

1, 2. (a) Buca Yezu apfa, ni ibiki yabwiye abigishwa biwe? (Raba ishusho itangura.) (b) Kubera iki bihambaye ko tuguma twibuka igituma twamamaza? (c) Tugiye kurimbura iki?

BUCA Yezu apfa, yaraganiriye cane n’intumwa ziwe arazikura amazinda ko azikunda cane. Vyongeye, yarazihaye ikigereranyo c’umuzabibu nk’uko twabibonye mu kiganiro giheruka. Yezu akoresheje ico kigereranyo, yararemesheje abigishwa biwe ‘kuguma bama ivyamwa,’ ni ukuvuga kudacika intege mu gikorwa co kwamamaza Ubwami.​—Yoh. 15:8.

2 Ariko rero, Yezu ntiyabwiye gusa abigishwa biwe ivyo bakwiye gukora, yarabwiye n’igituma bakwiye kubikora. Yarababwiye impamvu bakwiye kwamamaza. Kubera iki bihambaye ko turimbura izo mpamvu? Igihe tugumije mu bwenge igituma dukwiye kubandanya twamamaza, biratuma dushinga “intahe ku mahanga yose” tudacika intege. (Mat. 24:13, 14) Nimuze rero twihweze imvo zine zishingiye ku Vyanditswe zituma twamamaza. Turaza kandi kwihweza ibintu bine Yehova aturonsa kugira adufashe kuguma twama ivyamwa twihanganye.

TURANINAHAZA YEHOVA

3. (a) Imvo yo kwamamaza dusanga muri Yohani 15:8 ni iyihe? (b) Inzabibu zo muri ca kigereranyo ca Yezu zigereranya iki, kandi ni kubera iki ivyo vyumvikana?

3 Imvo nyamukuru ituma twamamaza ni ukugira tuninahaze Yehova twongere tweze izina ryiwe. (Soma Yohani 15:1, 8.) Urabona ko Yezu yagereranije Se wiwe Yehova n’umurimyi w’inzabibu. Yezu yigereranije n’umuzabibu, abayoboke biwe na bo abagereranya n’amashami. (Yoh. 15:5) Birumvikana rero ko izo nzabibu zigereranya ivyamwa abayoboke ba Kristu bama, ni ukuvuga igikorwa barangura co kwamamaza. Yezu yabwiye intumwa ziwe ati: “Dawe araninahazwa muri ibi: ko muguma mwama ivyamwa vyinshi.” Nka kurya nyene umuzabibu wama inzabibu nziza utera iteka nyenewo, na twebwe turatera iteka canke tukaninahaza Yehova igihe twamamaza Ubwami uko dushoye kwose.​—Mat. 25:20-23.

4. (a) Ni mu buryo ubuhe tweza izina ry’Imana? (b) Ubona gute agateka ufise ko kweza izina ry’Imana?

4 None ni mu buryo ki igikorwa turangura co kwamamaza ceza izina ry’Imana? Ntidushobora gutuma izina ry’Imana rirushiriza kuba ryeranda. Risanzwe ari ryeranda ijana kw’ijana. Naho ari ukwo, umuhanuzi Yesaya yavuze ati: “Yehova nyen’ingabo​—uyo ni we mukwiye kubona ko ari mweranda.” (Yes. 8:13) Uburyo bumwe bwo kweza izina ry’Imana ni mu kubona ko riruta ayandi mazina yose no mu gufasha abandi kubona ko ari ryeranda. (Mat. 6:9) Nk’akarorero, iyo turiko turamamaza ivyerekeye kamere nziza za Yehova be n’umugambi udahinduka afitiye abantu, tuba turiko turabeshuza ibinyoma Shetani yavuze ku bijanye n’izina ry’Imana. (Ita. 3:1-5) Vyongeye, iyo dukoze uko dushoboye kwose ngo twereke abantu bo mu cibare cacu ko Yehova abereye “kuronka ubuninahazwa n’iteka n’ububasha,” tuba turiko tureza izina ry’Imana. (Ivyah. 4:11) Uwitwa Rune, akaba amaze imyaka 16 ari umutsimvyi, avuga ati: “Kumenya ko natewe agateka ko kuba Icabona c’Umuremyi w’ibiriho vyose, biratuma nkenguruka. Bituma nipfuza kuguma namamaza.”

TURAKUNDA YEHOVA N’UMWANA WIWE

5. (a) Imvo ituma twamamaza dusanga muri Yohani 15:9, 10 ni iyihe? (b) Yezu yerekanye gute ko dukeneye kwihangana?

5 Soma Yohani 15:9, 10. Urukundo dukunda Yehova na Yezu ni iyindi mvo ihambaye ituma twamamaza Ubwami. (Mrk. 12:30; Yoh. 14:15) Yezu yabwiye abigishwa biwe ko bakwiye ‘kuguma mu rukundo rwiwe.’ Uti kubera iki? Kubera ko kubandanya uri umwigishwa wa Kristu bisaba kwihangana. Muri Yohani 15:4-10, Yezu yarakoresheje kenshi ijambo ‘kuguma’ kugira yereke abigishwa biwe ko bakeneye kwihangana.

6. Twerekana gute ko twipfuza kuguma mu rukundo rwa Kristu?

6 None twerekana gute ko twipfuza kuguma mu rukundo rwa Kristu no kuguma dushimwa na we? Ni mu kwubahiriza amabwirizwa yiwe. Ni nk’aho Yezu atubwira ati: ‘Nimungamburukire.’ Yezu yadusavye gukora ikintu na we ubwiwe yakoze kuko yaciye yongerako ati: “Nk’uko nanje nubahirije amabwirizwa ya Data, nkaguma mu rukundo rwiwe.” Yezu yaraduhaye akarorero twokurikiza.​—Yoh. 13:15.

7. Ukugamburuka be n’urukundo bifitaniye isano gute?

7 Ku bijanye n’isano riri hagati yo kugamburuka be n’urukundo, Yezu yari yabwiye intumwa ziwe imbere y’aho ati: “Uwufise amabwirizwa yanje kandi akayubahiriza, uwo ni we ankunda.” (Yoh. 14:21) Vyongeye, iyo tugamburutse itegeko rya Yezu ridusaba kwamamaza, tuba twerekanye ko dukunda Imana kubera ko amabwirizwa ya Yezu aturuka kuri Se. (Mat. 17:5; Yoh. 8:28) Igihe tugaragarije urukundo Yehova na Yezu, na bo baca batugumiza mu rukundo rwabo.

TURABURIRA ABANTU

8, 9. (a) Ni iyindi mvo iyihe ituma twamamaza? (b) Kubera iki ivyo Yehova avuga muri Ezekiyeli 3:18, 19 na 18:23 bituma tubandanya kwamamaza?

8 Turafise iyindi mvo yo kubandanya twamamaza: Twamamaza kugira tuburire abantu. Bibiliya ivuga ko Nowa yari “umwamamaji.” (Soma 2 Petero 2:5.) Biragaragara ko igikorwa co kwamamaza yaranguye imbere ya rya Segenya carimwo no kuburira abantu. Kubera iki twovuga gutyo? Raba ivyo Yezu yavuze: “Kuko nk’uko bari bameze muri iyo misi y’imbere ya rya segenya, barya bakanywa, abagabo bakarongora n’abagore bagashingirwa, gushika umusi Nowa yinjiriye mu bwato, ntihagire ico bitaho gushika aho isegenya riziye rikabakukumura bose, ni ko n’ukuhaba kw’Umwana w’umuntu kuzomera.” (Mat. 24:38, 39) Naho abantu batamwumviriza, Nowa yaguma ababurira adahemuka.

9 Muri kino gihe, twamamaza ubutumwa bw’Ubwami kugira duhe abantu akaryo ko kumenya umugambi Imana idufitiye. Cokimwe na Yehova, turipfuza cane ko abantu bokwumviriza ubwo butumwa maze “[b]akabandanya kubaho.” (Ezk. 18:23) Muri ico gihe nyene, igihe twamamaza inzu ku nzu no mu bibanza vya bose, turaburira abantu benshi bashoboka, tukababwira ko Ubwami bw’Imana bugiye kuza maze bukureho iyi si itibanga Imana.​—Ezk. 3:18, 19; Dan. 2:44; Ivyah. 14:6, 7.

TURAKUNDA ABANDI BANTU

10. (a) Imvo yo kwamamaza dusanga muri Matayo 22:39 ni iyihe? (b) Niwigane ingene Paulo na Silasi bafashije umurinzi w’ibohero i Filipi.

10 Raba iyindi mvo ihambaye ituma tubandanya kwamamaza: Turakunda abandi bantu. (Mat. 22:39) Urwo rukundo ni rwo rutuma tudacika intege muri ico gikorwa, kuko tuzi yuko abantu bashobora guhinduka igihe ivyabo bihindutse. Rimbura ivyashikiye intumwa Paulo na mugenziwe Silasi. Igihe bari i Filipi, ababarwanya barabataye mw’ibohero. Mu gicugu, bukwi na bukwi harabaye nyamugigima, imiryango y’iryo bohero ica iruguruka. Umurinzi w’ibohero yagira yiyice kubera yibaza ko abanyororo batorotse. Mugabo Paulo yaciye asemerera ati: “Ntiwigirire nabi!” Uwo murinzi yaciye abaza ati: “Nkore iki ngo nkizwe?” Bamwishuye bati: “Emera Umukama Yezu urakizwa.”​—Ivyak. 16:25-34.

Urukundo dukunda Yehova, Yezu be n’abandi bantu ruratuma twamamaza (Raba ingingo ya 5, 10)

11, 12. (a) Inkuru ya wa murinzi w’ibohero ifitaniye isano gute n’ubusuku bwacu? (b) Kubera iki twipfuza kubandanya twamamaza?

11 None iyo nkuru ifitaniye isano gute n’igikorwa turangura co kwamamaza? Niwibuke iki kintu: Wa murinzi w’ibohero yasavye gufashwa inyuma y’aho ya nyamugigima ibereye. Muri ubwo buryo nyene, abantu bamwebamwe bari baranse kwakira ubutumwa bwo muri Bibiliya, igihe bashikiwe n’ikintu gikomeye boshobora guhinduka bagasaba gufashwa. Nk’akarorero, abantu bamwebamwe bo mu cibare cacu boshobora gukurwa mu kazi batari bavyiteze bigatuma bata umutwe. Abandi boshobora kuba batuntujwe n’uko umubano wabo uheruka gusambuka. Abandi na bo boshobora kuba bihebuye kubera babatoye indwara ikomeye canke kubera babuze uwabo. Iyo ivyo bishitse, abantu bamwebamwe boshobora kwipfuza kumenya intumbero y’ubuzima kandi batahora bavyitaho. Hari n’aho bibaza bati: ‘Nkore iki kugira nkizwe?’ Igihe duhuye na bo, boshobora kutwumviriza ari bwo bwa mbere mu buzima bwabo.

12 Iyo rero tubandanije kwamamaza tudahemuka, bituma turonka akaryo ko guhumuriza abantu igihe baba biteguriye kutwumviriza. (Yes. 61:1) Uwitwa Charlotte, akaba amaze imyaka 38 mu gikorwa c’igihe cose, avuga ati: “Abantu b’ubu barihebuye. Barakeneye kwumva inkuru nziza.” Uwitwa Ejvor na we, akaba amaze imyaka 34 ari umutsimvyi, avuga ati: “Ubu kuruta ikindi gihe cose, abantu benshi bari mu mwiheburo. Ndipfuza cane kubafasha. Ivyo biratuma namamaza.” Ego cane, urukundo dukunda abandi bantu, ni imvo yumvikana ituma tubandanya kwamamaza!

IBINTU BIDUFASHA KWIHANGANA

13, 14. (a) Ni ikintu ikihe kidufasha kivugwa muri Yohani 15:11? (b) Ni mu buryo ubuhe akanyamuneza ka Yezu kaba muri twebwe? (c) Umunezero udufasha gute mu busuku?

13 Muri ca kiyago Yezu yagirana n’intumwa ziwe, yaranababwiye ibintu bitari bike vyobafashije kwama ivyamwa bihanganye. Ivyo bintu ni ibihe, kandi tuvyungukirako gute?

14 Umunezero. Kugamburuka itegeko rya Yezu ryo kwamamaza vyoba ari umuzigo? Habe namba. Yezu ahejeje gutanga ca kigereranyo c’umuzabibu, yavuze ko tuzogira akanyamuneza kubera ko turi abamamaji b’Ubwami. (Soma Yohani 15:11.) Mbere yadusezeraniye ko akanyamuneza kiwe kazoba muri twebwe. Uti gute? Nk’uko twabibonye, Yezu yigereranije n’umuzabibu, abigishwa biwe na bo abagereranya n’amashami. Umuzabibu uraronsa amashami ivyo akeneye. Igihe cose ayo mashami aba ari kuri uwo muzabibu, araronka amazi be n’ibindi vyunyunyu. Muri ubwo buryo nyene, igihe cose tugumye twunze ubumwe na Kristu mu gukurikira neza intambuko ziwe, turagira umunezero nk’uwo akura mu gukora ivyo Se agomba. (Yoh. 4:34; 17:13; 1 Pet. 2:21) Uwitwa Hanne, akaba amaze imyaka irenga 40 ari umutsimvyi, avuga ati: “Umunezero ngira igihe cose mvuye mu ndimiro, uratuma nipfuza kubandanya umurimo wa Yehova.” Ego cane, umunezero uraturonsa ingoga zo kubandanya twamamaza mbere no mu vyibare bigoye.​—Mat. 5:10-12.

15. (a) Ni ikintu ikihe kidufasha kivugwa muri Yohani 14:27? (b) Amahoro adufasha gute kubandanya twama ivyamwa?

15 Amahoro. (Soma Yohani 14:27.) Hakiri kare kuri uwo mugoroba buca Yezu apfa, yari yabwiye intumwa ziwe ati: “Ndabahaye amahoro yanje.” None amahoro yiwe adufasha gute kwama ivyamwa? Iyo tubandanije kwamamaza, turumva amahoro mu mutima wacu kuko tuzi yuko Yehova na Yezu badushima. (Zab. 149:4; Rom. 5:3, 4; Kol. 3:15) Uwitwa Ulf, akaba amaze imyaka 45 mu murimo w’igihe cose, avuga ati: “Naho igikorwa co kwamamaza kinduhisha, kiratuma mpimbarwa vy’ukuri kandi ubuzima bwanje bukagira intumbero.” Ese ukuntu dukenguruka kubona twifitiye amahoro yo mu mutima!

16. (a) Ni ikintu ikihe kidufasha kivugwa muri Yohani 15:15? (b) Intumwa zari gushobora gute kuguma ari abagenzi ba Yezu?

16 Ubugenzi. Yezu amaze kuvuga ko yipfuza yuko akanyamuneza k’intumwa ziwe “kab[a] akuzuye,” yarabasiguriye igituma bihambaye ko bagaragaza urukundo rwo kwitanga. (Yoh. 15:11-13) Yaciye avuga ati: “Nabise abagenzi.” Ese ukuntu kuba abagenzi ba Yezu ari ikintu c’agaciro! None intumwa zategerezwa gukora iki kugira bagume ari abagenzi ba Yezu? Bategerezwa ‘kuguma bama ivyamwa.’ (Soma Yohani 15:14-16.) Nk’imyaka ibiri imbere y’aho, Yezu yari yabwiye intumwa ziwe ati: “Uko mugenda, mwamamaze, muti: ‘Ubwami bwo mw’ijuru buregereje.’” (Mat. 10:7) Muri iryo joro rya nyuma rero, yabaremesheje kuguma bakora ico gikorwa bari batanguye. (Mat. 24:13; Mrk. 3:14) Kugamburuka iryo tegeko rya Yezu ntivyari vyoroshe ariko bari gushobora kubigira, gutyo bakaguma ari abagenzi biwe. Uti gute? Hari ikindi kintu cobafashije.

17, 18. (a) Ni ikintu ikihe kidufasha kivugwa muri Yohani 15:16? (b) Ico kintu cofashije gute abigishwa ba Yezu? (c) Ni ibintu ibihe bidufasha muri iki gihe?

17 Kwishurwa amasengesho. Yezu yavuze ati: “Ico musaba Data cose mw’izina ryanje [azokibaha].” (Yoh. 15:16) Ese ukuntu ayo majambo ategerezwa kuba yarakomeje izo ntumwa! * Naho batabitahura neza, Indongozi yabo yari igiye kwicwa, ariko ntibobuze ikibashigikira. Yehova yari yiteguriye kwishura amasengesho yabo kugira abafashe kugamburuka rya tegeko ryo kwamamaza Ubwami. Kandi vy’ukuri ntibatevye kwibonera ingene Yehova yishura amasengesho yabo.​—Ivyak. 4:29, 31.

Turashobora kwemera tudakeka ko Yehova yishura amasengesho yacu (Raba ingingo ya 18)

18 N’ubu ni ko biri. Igihe twama ivyamwa twihanganye, duca tuba abagenzi ba Yezu. Vyongeye, turashobora kwemera tudakeka ko Yehova yiteguriye kwishura amasengesho yacu kugira adufashe gutsinda intambamyi zodushikira igihe twamamaza inkuru nziza y’Ubwami. (Flp. 4:13) Emwe turakenguruka kubona twishurwa amasengesho kandi tukaba abagenzi ba Yezu! Ivyo bintu biradufasha kuguma twama ivyamwa.​—Yak. 1:17.

19. (a) Kubera iki tuguma twamamaza? (b) Ni ibiki bizodufasha kurangiza igikorwa c’Imana?

19 Nk’uko twabibonye muri iki kiganiro, tubandanya kwamamaza kugira tuninahaze Yehova kandi tweze izina ryiwe, twerekane ko dukunda Yehova na Yezu, tuburire abantu benshi bashoboka no kugira twerekane ko dukunda abandi. Vyongeye, umunezero, amahoro, ubugenzi be no kwishurwa amasengesho biradukomeza kugira turangize igikorwa c’Imana. Ese ukuntu Yehova azoryoherwa niyabona twihatira ‘kuguma twama ivyamwa vyinshi’!

^ ing. 17 Muri ico kiganiro Yezu yagiranye n’intumwa ziwe, yarabakuye amazinda kenshi ko amasengesho yabo azokwishurwa.​—Yoh. 14:13; 15:7, 16; 16:23.