Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ihwaniro ry’intara ryabereye i Nyzhnya Apsha muri Ukraine, mu 2012

Harabonetse ivyimburwa vyinshi!

Harabonetse ivyimburwa vyinshi!

YEZU yari yaravuze ko abayoboke biwe boronse ivyimburwa vyinshi muri iki gihe c’iherezo. (Mat. 9:37; 24:14) Rimbura ukuntu ivyo yavuze vyarangutse bimwe bidasanzwe mu karere kamwe ka Transcarpathia, mu gihugu ca Ukraine. Mu bisagara bitatu gusa vyo muri ako karere, hari amashengero 50 n’abamamaji barenga 5.400. * Nkako, umuntu 1 kuri 4 muri ivyo bisagara ni Icabona ca Yehova!

None akarere bamamazamwo kameze gute? Umuvukanyi umwe waho yitwa Vasile avuga ati: “Abantu bo ng’aha barubaha Bibiliya, bagakunda ubutungane, bakiyumvamwo cane incuti zabo kandi bagafashanya ata buryarya.” Yongerako ati: “Naho batama bemera ivyo tubabwiye, iyo uberetse ikintu muri Bibiliya baca bumviriza bitonze.”

Ariko ntiwumve, abavukanyi na bashiki bacu barahura n’ingorane zidasanzwe igihe bamamaza muri ako karere karimwo Ivyabona benshi ukuraho. Nk’akarorero, hari ishengero rifise abamamaji 134 ariko rikagira icibare kigizwe n’imihana 50 gusa! None abo bamamaji baca bavyifatamwo gute?

Benshi muri bo baca bitanga kugira bamamaze mu turere dukeneye cane abamamaji. Umuvukanyi afise imyaka 90 yitwa Ionash avuga ati: “Mu cibare c’ishengero ryacu, umwamamaji umwe usanga afise imihana ibiri. Naho ubu namamaza mu kigwati iwacu, amagara ataratangura kunkika, nahora nja no kwamamaza mu gihongiriya, mu cibare kidakunze gukorerwamwo kiri nko bilometero 160.” Abamamaji rero bategerezwa kwitanga bakaja gufasha mu bindi vyibare. Ionash avuga ati: “Kugira igariyamoshi ntisige, navyuka isaha cumi z’igitondo maze nkamamaza gushika isaha cumi na zibiri z’umugoroba, ari na ho ya gariyamoshi yasubira inyuma. Ivyo narabigira kabiri canke gatatu mu ndwi.” Yoba none yarabonye ko utwigoro twiwe ari ngirakamaro? Avuga ati: “Uwo muce w’ubusuku waratumye ngira umunezero udasanzwe. Narahimbawe no kwigisha ukuri umuryango waba iyo catawe.”

Ego ni ko si bose bo mu mashengero yo muri ako karere bashobora gufata ingendo ndende. Ariko bose, ushizemwo n’abamamaji bitereye mu myaka, barihatira guhetura icibare c’ishengero ryabo. Ivyo vyatumye mu 2017 muri ivyo bisagara uko ari bitatu, abantu bangana n’abamamaji baho ubagwije na kabiri bitaba Icibutso, ni ukuvuga ica kabiri c’abahaba bose. Si ivy’imbeshere, aho twoba dukorera hose, haracariho “vyinshi [vyo gu]kora mu gikorwa c’Umukama.”​—1 Kor. 15:58.

^ ing. 2 Ivyo bisagara ni Hlybokyy Potik, Serednye Vodyane na Nyzhnya Apsha.