Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ese twese twoba umwe nk’uko Yehova na Yezu bunze ubumwe

Ese twese twoba umwe nk’uko Yehova na Yezu bunze ubumwe

‘Nsaba ko bose baba umwe, nk’uko wewe, Data, wunze ubumwe nanje.’​—YOH. 17:20, 21.

INDIRIMBO: 24, 99

1, 2. (a) Yezu yasavye iki mw’isengesho rya nyuma yatuye ari kumwe n’intumwa ziwe? (b) Ni igiki gishobora kuba caratumye Yezu ashimika ku bumwe?

IGIHE Yezu yasangira n’intumwa ziwe imfungurwa zo ku mugoroba za nyuma, yaripfuza cane ko bogira ubumwe. Igihe yariko arasenga, yaraseruye icipfuzo yari afise c’uko abigishwa biwe boba umwe, nk’uko we na Se bunze ubumwe. (Soma Yohani 17:20, 21.) Ubwo bumwe bwoshinze intahe ikomeye, bukagaragaza ko Imana yarungitse Yezu kw’isi ngo akore ivyo igomba. Abigishwa b’ukuri ba Yezu boranzwe n’urukundo, rukaba rwotumye barushiriza kwunga ubumwe.​—Yoh. 13:34, 35.

2 Ntibitangaje kubona Yezu yarashimitse ku bumwe. Yari yabonye ko intumwa ziwe zitari zunze ubumwe, nk’akarorero igihe bari kumwe kuri izo mfungurwa za nyuma. Nk’uko vyari bimaze gushika, barahaririye bashaka kumenya “uwoba yasa na mukuru muri bo.” (Luka 22:24-27; Mrk. 9:33, 34) Ikindi gihe, Yakobo na Yohani barasavye Yezu ko yobaha ibibanza bihambaye hafi yiwe mu Bwami bwiwe.​—Mrk. 10:35-40.

3. Ni ibiki bishobora kuba vyarabangamira ubumwe bw’abigishwa ba Kristu, kandi ni ibibazo ibihe tugiye kurimbura?

3 Ariko rero, kwipfuza ubukuru si co conyene cabangamira ubumwe bw’abigishwa ba Kristu. Abantu bo mu gihe ca Yezu bari bariciyemwo imice kubera urwanko n’ukwinubana. Abigishwa ba Yezu bari bakeneye kurengera ivyo bintu. Muri iki kiganiro, turaza kurimbura ibibazo bikurikira: Yezu yavyifashemwo gute igihe yinubwa? Yafashije gute abayoboke biwe kutagira nkunzi no kwunga ubumwe vy’ukuri? Vyongeye, inyigisho ziwe zidufasha gute kuguma twunze ubumwe?

YEZU N’ABAYOBOKE BIWE BARABINUVYE

4. Tanga uburorero bw’ukuntu binuvye Yezu.

4 Yezu ubwiwe baramwinuvye. Igihe Filipo yabwira Natanayeli yuko yari yabonye Mesiya, Natanayeli yaciye yishura ati: “Hari ikintu ciza cova i Nazareti?” (Yoh. 1:46) Birashoboka ko Natanayeli yari azi ubuhanuzi bwo muri Mika 5:2, akaba yabona ko Nazareti ari agasagara ata co kavuze ku buryo kovamwo Mesiya. Abanyayudaya bakomakomeye na bo barakengera Yezu kubera yari Umunyagalilaya. (Yoh. 7:52) Abanyayudaya benshi babona ko baruta abantu b’i Galilaya. Abandi Bayuda baratutse Yezu ngo ni Umusamariya. (Yoh. 8:48) Abasamariya ntibari bahuje ubwoko n’Abayuda kandi ntibari basangiye idini. Abanyayudaya be n’Abanyagalilaya barakengera Abasamariya kandi bakabinuba.​—Yoh. 4:9.

5. Abayoboke ba Yezu binubwe gute?

5 Indogozi z’idini ry’Abayuda na zo nyene zarakengera abayoboke ba Yezu. Abafarizayo babita “ibivume.” (Yoh. 7:47-49) Abatize amashure y’abarabi canke abatakurikiza imigenzo yabo babona ko ata co bamaze kandi ko basanzwe. (Ivyak. 4:13) Yezu n’abigishwa biwe barinubwa kubera ko abantu b’ico gihe wasanga bishimira idini barimwo, ikibanza bafise mu kibano n’ubwoko bwabo. Abigishwa na bo nyene barinuba abandi. Kugira ngo bunge ubumwe, bategerezwa guhindura uko babona ibintu.

6. Tanga uturorero twerekana ko bishobora kudushikira tukinuba abandi.

6 Muri iki gihe, benshi muri twebwe turibonera ingene abadukikuje binubana. Dushobora kuba tumaze kwinubwa, canke na ho ugasanga twebwe ubwacu hari ukuntu twinuba abandi. Umutsimvyi umwe wo muri Ostraliya avuga ati: “Igihe naguma nzirikana ku karenganyo kagiriwe abasangwabutaka kera n’ubu, naciye ndushiriza kwanka abazungu. Urwo rwanko rwarushiriza kwongerekana kubera na jewe nari narafashwe nabi.” Umuvukanyi umwe wo muri Kanada na we yaravuze ko yahora yinuba abo badasangiye ururimi. Yavuze ati: “Nabona ko abavuga igifaransa baruta abandi. Ivyo vyatumye ntiyumvamwo abavuga icongereza.”

7. Ni ibiki vyerekana ko Yezu atinuba abandi?

7 Nk’uko vyari mu gihe ca Yezu, muri iki gihe agatima ko kwinubana karashinze imizi mu bantu. None Yezu yavyifashemwo gute? Ubwa mbere, yaririnze ukwinubana, aguma atagira nkunzi namba. Yabwira ubutumwa abatunzi n’aboro, Abafarizayo n’Abasamariya, eka mbere n’abatozakori be n’abacumuzi. Ubwa kabiri, biciye ku nyigisho ziwe be n’akarorero yatanze, yareretse abigishwa biwe ko badakwiye na gato kwishiramwo nabi abandi canke kubinuba.

URUKUNDO NO KWICISHA BUGUFI BIRATSINDA UKWINUBANA

8. Ni ikintu gihambaye ikihe ubumwe bwa gikirisu bushingiyeko? Sigura.

8 Yezu yarigishije abayoboke biwe ikintu gihambaye ubumwe bwacu bushingiyeko. Yavuze ati: “Mwebwe mwese muri abavukana.” (Soma Matayo 23:8, 9.) Ubwa mbere turi “abavukana” kuko twese twakomotse kuri Adamu. (Ivyak. 17:26) Ariko rero hariho n’iyindi mpamvu. Yezu yavuze ko abigishwa biwe bari abavukana kubera bemera ko Yehova ari Umuvyeyi wabo wo mw’ijuru. (Mat. 12:50) Vyongeye, baracitse umuryango munini wo mu vy’impwemu, wunze ubumwe biciye ku rukundo n’ukwizera. Ni co gituma mu makete intumwa zandikiye abigishwa bagenzi babo zabita ngo “bene wacu” canke ngo “abavukanyi.”​—Rom. 1:13; 1 Pet. 2:17; 1 Yoh. 3:13. *

9, 10. (a) Kubera iki ata mvo Abayuda bari bafise yo kwishimira ubwoko? (b) Yezu yaduhaye icigwa gute mu bijanye no kwirinda ukwinubana gufatiye ku bwoko? (Raba ishusho itangura ya 1.)

9 Yezu amaze kwerekana neza ko dukwiye kubona ko abo dusangiye ukwemera tuvukana, yaciye avuga ko dukeneye kwicisha bugufi. (Soma Matayo 23:11, 12.) Nk’uko twabibonye, vyarashitse ubwibone buratuma intumwa ziwe zihazuka. Kwishimira ubwoko na vyo nyene vyarateza ingorane. None Abayuda boba bari bafise imvo yo kwiyemera ngo ni uko bakomoka kuri Aburahamu? Benshi ni ko babibona. Ariko Yohani Umubatizi yababwiye ati: “Imana i[ra]fise ububasha bwo guhagurukiriza Aburahamu abana ibakuye muri aya mabuye.”​—Luka 3:8.

10 Yezu yariyamirije ivyo kwishimira ubwoko. Ivyo yarabigize igihe umwanditsi umwe yamubaza ati: “None mugenzanje ni nde?” Mu kumwishura, Yezu yamuhaye akarorero k’Umusamariya yitwararitse ingenzi y’Umuyuda yari yakubiswe n’abambuzi. Abandi Bayuda baramuciyeko bararengana, mugabo uwo Musamariya yaramwumviye akagongwe. Yezu yasozereye iyo nkuru abwira uwo mwanditsi kwigana nya Musamariya. (Luka 10:25-37) Yezu yarerekanye ko Umusamariya ashobora kwigisha Abayuda ico ari co gukunda mugenzawe.

11. Kubera iki abigishwa ba Yezu bari bakeneye kutagira nkunzi, kandi Yezu yabafashije gute kubitahura?

11 Kugira abigishwa ba Yezu barangure igikorwa yabashinze, bari bakeneye kurwanya ubwibone n’ukwinubana vyari muri bo. Imbere yo kuduga mw’ijuru, yabategetse gushinga intahe “i Yudaya hose n’i Samariya, no gushika mu karere ka kure rwose k’isi.” (Ivyak. 1:8) Imbere y’aho, yari yabateguye ku bw’ico gikorwa amahero, arabafasha kubona kamere nziza mu banyamahanga. Nk’akarorero, yaravuze neza intwazangabo imwe kubera ukwizera kwayo kudasanzwe. (Mat. 8:5-10) Mu gisagara yakuriyemwo ari co Nazareti, yaravuze ingene Yehova yagiriye ubuntu abanyamahanga, nka wa mupfakazi w’i Zarefati be na wa munyamibembe Namani w’Umusiriya. (Luka 4:25-27) Vyongeye, Yezu yarabwiye inkuru nziza Umusamariyakazi yongera aramara imisi ibiri mu gisagara c’i Samariya kubera abaho bari bashimishijwe n’ubutumwa yashikiriza.​—Yoh. 4:21-24, 40.

ABAKIRISU BO MU NTANGO BARARWANIJE UKWINUBANA

12, 13. (a) Intumwa zavyakiriye gute igihe Yezu yigisha Umusamariyakazi? (Raba ishusho itangura ya 2.) (b) Ni igiki cerekana ko Yakobo na Yohani batari bwatahure neza icigwa yabahaye?

12 Ariko rero, intumwa ntivyazoroheye kuvavanura n’agatima ko kwinubana. Baratangaye basanze Yezu ariko arigisha Umusamariyakazi. (Yoh. 4:9, 27) Indongozi z’idini ry’Abayuda carazira ko zivugisha umugore ku mugaragaro, ikitavuzwe coco ni Umusamariyakazi azwi nabi. Izo ntumwa zasavye Yezu ngo afungure. Mugabo uravye ukuntu yabishuye, yari yatwawe n’ico kiyago c’ivy’impwemu ku buryo yibagira ko yari ashonje. Kuvuga inkuru nziza naho nyene yoba ariko ayibwira Umusamariyakazi, ni vyo Se yagomba kandi yabona ko ari cokimwe no gufungura.​—Yoh. 4:31-34.

13 Yakobo na Yohani ntibari bwatahure ico cigwa. Igihe abigishwa bariko baca i Samariya bari kumwe na Yezu, bararondeye aho borara mu kigwati kimwe. Abasamariya barabimye indaro, maze Yakobo na Yohani baca barashavura cane ku buryo basavye Yezu ngo babwire umuriro umanuke uvuye mw’ijuru kugira urigate ico kigwati cose. Yezu yaciye abahambarira. (Luka 9:51-56) Iyo none Yakobo na Yohani baza kuba bari mu gisagara cabo ari co Galilaya, boba bari gusaba ico kintu? Birashoboka cane ko Yakobo na Yohani bagize ishavu ryinshi kubera ukwinuba Abasamariya. Igihe mu nyuma intumwa Yohani yaja kwamamaza i Samariya maze abantu bakamwumviriza, ashobora kuba yaricujije kubera rya shavu yagize.​—Ivyak. 8:14, 25.

14. Ikibazo c’ukwinubana kumbure kwari gushingiye ku rurimi catorewe umuti gute?

14 Hataraca igihe kinini inyuma ya Pentekoti yo mu 33, haradutse ikibazo mw’ishengero. Igihe bariko baraha ibifungurwa abapfakazi bakenye, abavuga ikigiriki barirengagijwe. (Ivyak. 6:1) Bishobora kuba vyatumwe n’ukwinubana gushingiye ku rurimi. Intumwa zaciye zihutira gutorera umuti ico kibazo, ziragena abagabo babishoboye kugira bagabure ivyo bifungurwa. Abo bagabo bose bari bafise amazina y’ikigiriki. Ivyo bishobora kuba vyarahumurije abo bapfakazi bari birengagijwe.

15. Ni gute Petero yagiye ariga kutagira nkunzi? (Raba ishusho itangura ya 3.)

15 Mu 36 inyuma ya Kristu, igikorwa co guhindura abantu abigishwa carashitse no mu yandi mahanga. Intumwa Petero yari amenyereye kwifatanya n’Abayuda gusa. Ariko rero Imana imaze kwerekana neza ko abakirisu badakwiye kugira nkunzi, Petero yarabwiye ubutumwa umusoda w’Umuroma yitwa Koruneliyo. (Soma Ivyakozwe 10:28, 34, 35.) Mu nyuma, Petero yarifatanya n’Abanyamahanga bari bacitse abemera kandi agasangira na bo ibifungurwa. Ariko rero haciye imyaka, igihe kimwe Petero yararetse gusangira n’abakirisu batari Abayuda mu gisagara ca Antiyokiya. (Gal. 2:11-14) Ico gihe, Paulo yarakangiriye Petero, na we aremera gukosorwa. Mw’ikete rya mbere Petero yandikiye Abayuda n’abakirisu b’Abanyamahanga bo muri Aziya Ntoyi, yaravuganye igishika ibijanye n’umuryango wose w’abavukanyi.​—1 Pet. 1:1; 2:17.

16. Abakirisu bo mu ntango bari bazwi gute?

16 Vy’ukuri, intumwa zarigiye kuri Yezu ibijanye no gukunda “abantu b’uburyo bwose.” (Yoh. 12:32; 1 Tim. 4:10) Naho vyafashe igihe, barahinduye ivyiyumviro vyabo. Abakirisu bo mu ntango bari bazwi ko bakundana. Umwanditsi wo mu kinjana ca kabiri yitwa Terituliyano, yarasubiyemwo amajambo abandi bantu bavuze ku bakirisu, ati: “Barakundana . . . Umwe wese yiteguriye gupfira mugenziwe.” Kubera ko abo bakirisu bari barambaye “wa muntu mushasha,” bahavuye babona ko abantu bose bangana imbere y’Imana.​—Kol. 3:10, 11.

17. Dushobora gute kurandurana n’imizi ukwinubana kwoba kuri mu mitima yacu? Tanga uburorero.

17 Muri iki gihe, vyoshoboka ko na twebwe vyodusaba umwanya kugira turandurane n’imizi ukwinubana kwoba kuri mu mutima wacu. Mushiki wacu umwe wo mu Bufaransa arigana urugamba arwana, ati: “Yehova yaranyigishije ico bisobanura gusangira n’abandi no gukunda abantu b’uburyo bwose. Ariko n’ubu ndaciga kwikuramwo ivyo kwinuba abandi, kandi ntivyama binyorohera. Ni co gituma nguma nsenga ku bw’ico kintu.” Mushiki wacu wo muri Espanye na we nyene ararwana urugamba nk’urwo. Agira ati: “Ndagerageza kwikuramwo urwanko mfitiye abantu bo mu bwoko bumwe, kandi kenshi birakunda. Ariko ndazi ko nkeneye kuguma ndwana urwo rugamba. Ndakengurukira Yehova kubona ndi mu muryango wunze ubumwe.” Twese turakwiye kwisuzuma ata buryarya. Twoba na twebwe dukeneye kurwana urugamba rwo kwikuramwo ukwinuba abandi, nk’uko abo bashiki bacu babiri babigira?

URUKUNDO RURATSINDA UKWINUBANA

18, 19. (a) Ni imvo izihe zikwiye gutuma duha ikaze abantu bose? (b) Ivyo twobigira gute?

18 Vyoba vyiza twibutse ko twese twigeze kuba turi “ba kavantara,” canke abanyamahanga, ni ukuvuga turi kure y’Imana. (Ef. 2:12) Ariko Yehova yaradukwegereye kuri we akoresheje “imigozi y’urukundo.” (Hos. 11:4; Yoh. 6:44) Kristu na we yaraduhaye ikaze. Ni nk’aho yatwugururiye umuryango kugira dushobore kwinjira mu muryango w’Imana. (Soma Abaroma 15:7.) Kubera ko Yezu yaduhaye ikaze abigiranye umutima mwiza kandi turi abanyagasembwa, ntidukwiye kwigera twinuba umuntu n’umwe.

Abasavyi ba Yehova barondera ubukerebutsi buva hejuru kandi barunze ubumwe mu rukundo (Raba ingingo ya 19)

19 Uko twegereza iherezo ry’iyi si mbi, ukwicamwo imice, kwinubana be n’urwanko bizoguma vyongerekana. (Gal. 5:19-21; 2 Tim. 3:13) Ariko rero twebwe abasavyi ba Yehova turondera ubukerebutsi buva hejuru, ubudufasha kutagira nkunzi no kuremesha amahoro. (Yak. 3:17, 18) Turahimbarwa no kugiranira ubugenzi n’abantu bo mu bindi bihugu, tukemera imico itandukanye, mbere tubishoboye tukiga indimi abandi bavuga. Tubigenjeje gutyo, amahoro aratemba nk’uruzi, ubugororotsi na bwo bukamera nk’imipfunda y’ikiyaga.​—Yes. 48:17, 18.

20. Bigenda gute iyo urukundo rutumye duhindura uko tubona ibintu?

20 Umwe mushiki wacu wo muri Ostraliya amaze kwiga Bibiliya, urwanko n’ukwinubana yari afise vyagiye birahera buhorobuhoro. Urukundo rwaratumye ahindura uko yabona ibintu. Wa muvukanyi wo muri Kanada na we avuga ko ubu atahura yuko “kenshi amacakubiri ava ku kutamenya kandi ko kamere z’abantu zitavana n’aho bavukiye.” Uzi n’inkuru, yahavuye yubakana na mushiki wacu avuga icongereza! Ayo mahinduka ni icemeza ko urukundo rwa gikirisu rushobora gutsinda ukwinubana. Ruratuma twunga ubumwe bw’intamenwa.​—Kol. 3:14.

^ ing. 8 Ijambo “abavukanyi” ryerekeza ku bagize ishengero bose ushizemwo n’ab’igitsina-gore. Paulo yandikiye ikete ryiwe “abavukanyi” b’i Roma. Aho harimwo abagore, abatari bake akaba yarabavuze amazina. (Rom. 16:3, 6, 12) Umunara w’Inderetsi uramaze igihe kinini werekana ko abo dusangiye ukwemera ari ‘abavukanyi na bashiki bacu.’