Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Wipfuza gushimwa na nde?

Wipfuza gushimwa na nde?

“Imana si iyitagororotse ngo yibagire igikorwa canyu n’urukundo mwerekanye ko mufitiye izina ryayo.”​—HEB. 6:10.

INDIRIMBO: 39, 30

1. Ni icipfuzo ikihe twese dufise?

WIYUMVA gute igihe umuntu uzi kandi wubaha yibagiye izina ryawe canke mbere ntakwibuke namba? Ico kintu kirababaza cane. Uti kubera iki? Kubera ko twese twaremanywe icipfuzo co kwemerwa n’abandi. Ivyo ntibigarukira gusa ku kumenya amazina yacu, ariko kandi turipfuza ko bamenya ico turi be n’ivyo twashitseko.​—Guh. 11:16; Yobu 31:6.

2, 3. Ni gute icipfuzo co kwemerwa gishobora gufata iyindi ntumbero? (Raba ishusho itangura.)

2 Ariko rero nka kurya kw’ibindi vyipfuzo mvukanwa, ico cipfuzo kirashobora gufata iyindi ntumbero kubera agasembwa twarazwe. Twoshobora kwipfuza cane kumenyekana mu buryo butari bwiza. Iyi si ya Shetani irakorereza icipfuzo co kuba rurangiranwa no kwubahwa, aho gutera iteka no gusenga uwubikwiye vy’ukuri, ni ukuvuga Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru Yehova Imana.​—Ivyah. 4:11.

3 Mu gihe ca Yezu, indongozi zimwezimwe z’idini zabona ukutari kwo ibijanye no kumenyekana. Yezu yagabishije abayoboke biwe ati: “Mwiyubare abanditsi bipfuza kugendagenda bari mu makanzu, bagakunda n’indamutso mu tuguriro n’ivyicaro vy’imbere mu masinagogi, n’ibibanza biboneka kuruta ibindi ku mfungurwa zo ku migoroba.” Yaciye yongerako ati: “Abo bazocirwa urubanza ruremereye kuruta.” (Luka 20:46, 47) Yamara, Yezu yarakeje umupfakazi w’umworo yaterereye uduhera dukeya naho abandi bashobora kuba batari babibonye. (Luka 21:1-4) Biragaragara ko Yezu atabona ibijanye no kumenyekana nk’uko abandi babibona. Iki kiganiro kiraza kudufasha kubona ibijanye no kumenyekana nk’uko Yehova Imana abibona.

UKUMENYEKANA KWIZA KURUTA UKUNDI KWOSE

4. Ukumenyekana kwiza kuruta ukundi kwose ni ukuhe, kandi kubera iki?

4 None ukumenyekana kwiza kuruta ukundi kwose dukwiye kurondera ni ukuhe? Si ukumenyekana abantu barondera muri iyi si mu bijanye n’amashure, mu vy’urudandaza, mu vyo kwisamaza no mu vy’inkino. Ahubwo, ni ukumenyekana Paulo avuga muri aya majambo ati: “Ubu ko mwamenye Imana, canke nako, ubu ko mwamenywe n’Imana, mwongera gute gusubira ku bintu vy’intango vya goyigoyi kandi biteye akagongwe mugashaka kwongera kubishumbira?” (Gal. 4:9) Ese ukuntu ari agateka ntangere ‘kumenywa n’Imana,’ Segaba w’ibiriho vyose! Yipfuza ko tuba abagenzi bayo somambike. Nk’uko umuhinga umwe yabivuze, “iratwitaho ibigiranye urukundo.” Igihe Yehova yemeye ko tumubera abagenzi, tuba dushikije intumbero y’ukubaho kwacu.​—Umus. 12:13, 14.

5. Twokora iki kugira ngo Imana itumenye?

5 Musa yaratewe ako gateka. Igihe yatakambira Yehova ngo amufashe gutahura neza inzira ziwe, yamwishuye ati: “Ico kintu nyene uvuze nzogikora, kuko wagize ubutoni mu maso yanje kandi nkaba ndakuzi mw’izina.” (Kuv. 33:12-17) Na twebwe turaronka imihezagiro myiza igitangaza igihe Yehova atuzi. None twokora iki kugira ngo Yehova atumenye? Dukwiye kumukunda no kumwiyegurira.​—Soma 1 Abakorinto 8:3.

6, 7. Ni ibiki vyoshobora gutuma dutakaza ubucuti dufitaniye na Yehova?

6 Yamara rero, turakeneye kuzigama ubucuti bw’agaciro dufitaniye n’Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru. Cokimwe na ba bakirisu b’i Galatiya Paulo yandikira, na twebwe turakwiye kwirinda gushumbira “ibintu vy’intango vya goyigoyi kandi biteye akagongwe” vyo muri iyi si, aho hakaba harimwo no kurondera gushimwa n’isi. (Gal. 4:9) Abo bakirisu bo mu kinjana ca mbere bari bamaze gutera imbere ku buryo bamenywa n’Imana. Ariko rero, Paulo yavuze ko abo bavukanyi nyene bariko ‘barasubira’ ku bintu ata co bimaze. Ni nk’aho Paulo yariko avuga ati: “Ko mumaze gutera imbere gutyo, kubera iki mwosubira ku bintu vy’ubupfu kandi ata co bimaze mwari mwarahevye?”

7 Twoba dushobora gushikirwa n’ikintu nk’ico muri iki gihe? Cane nyene. Igihe twamenya Yehova, dushobora kuba twarahevye ivyo kurondera kumenyekana muri iyi si nka kumwe kwa Paulo. (Soma Abafilipi 3:7, 8.) Kumbure twarahevye uturyo two kwiga amashure ahanitse, turanka kuduzwa igiti, canke turaheba akaryo ko kwirundaniriza amahera mu vy’urudandaza. Dushobora kuba twari dufise ubuhanga bwari gutuma tuba rurangiranwa mu vy’imiziki canke mu vy’inkino kandi tukaronka amahera, ariko ivyo vyose twarabihevye. (Heb. 11:24-27) Ese ukuntu vyoba bibabaje hamwe twotangura kubona ko hari ivyo twahomvye kubera izo ngingo nziza twafashe! Ivyo vyohava bituma dutangura kurondera ivyo twamaze kubona ko ari ibintu “vya goyigoyi kandi biteye akagongwe” vyo muri iyi si.

NUKOMEZE UMWIYEMEZO UFISE

8. Twokomeza gute umwiyemezo dufise wo kurondera kumenywa na Yehova?

8 Twokomeza gute umwiyemezo dufise wo kurondera kumenywa na Yehova aho kumenywa n’isi? Turakwiye kwibuka ibintu bibiri bihambaye. Ica mbere, Yehova ntiyigera yibagira abamukorera badahemuka. (Soma Abaheburayo 6:10; 11:6) Arashima cane umusavyi wiwe wese, kandi abona ko kwoba ari ‘ukutagororoka’ yirengagije abatamuhemukira. Yehova “arazi abiwe.” (2 Tim. 2:19) “A[ra]menya inzira y’abagororotsi” kandi arazi kubarokora mu kigeragezo.​—Zab. 1:6; 2 Pet. 2:9.

9. Tanga uturorero twerekana ingene Yehova yagaragaje ko yitaho abasavyi biwe.

9 Rimwe na rimwe, Yehova yarerekanye mu buryo budasanzwe ko yitaho abasavyi biwe. (2 Ngo. 20:20, 29) Ibuka nk’akarorero ingene yarokoye abasavyi biwe ku Kiyaga Gitukura igihe ingabo zikomeye za Farawo zariko ziboma inyuma. (Kuv. 14:21-30; Zab. 106:9-11) Ico kintu cari gitangaje cane ku buryo inyuma y’imyaka nka 40 abantu bo muri ako karere bari bakivuga ibicerekeye. (Yos. 2:9-11) Ese ukuntu turemeshwa no kwibuka ibintu nk’ivyo bishira ahabona urukundo n’ububasha Yehova afise, narirya twimirije gushikirwa n’igitero ca Gogi w’i Magogi! (Ezk. 38:8-12) Ico gihe ni ho canecane tuzohimbarwa no kuba twararondeye gushimwa n’Imana aho gushimwa n’isi.

10. Ni ikindi kintu gihambaye ikihe dukwiye kwibuka?

10 Hari ikindi kintu gihambaye dukwiye kwibuka: Yehova yoshobora kutwereka ko atuzi mu buryo tutari twiteze. Abakora ivyiza kugira gusa abandi bababone, Yehova ababwira ko ata mpembo azobaha namba. Uti kubera iki? Baramaze kuronka impembo yabo yose kuko bashimwe n’abantu. (Soma Matayo 6:1-5.) Ariko rero Yezu yavuze ko Se wiwe “araba mu mpisho” akabona abakorera ivyiza abandi mugabo ntibashimwe n’abantu. Arabona ivyo bakora kandi arabihembera umwumwe wese muri bo. Yamara rero, rimwe na rimwe Yehova araduha impembo mu buryo tutari twiteze. Reka turabe uburorero bukeya.

UMWIGEME ACIYE BUGUFI YARATEWE ITEKA ATARI YITEZE

11. Yehova yagaragaje gute ko yari azi wa mwigeme Mariya?

11 Igihe hagera ko Umwana w’Imana avuka ari umuntu, Yehova yahisemwo umwigeme w’isugi aciye bugufi ari we Mariya, kugira ngo abe nyina w’uyo mwana adasanzwe. Mariya yaba mu gasagara ka Nazareti, kure y’i Yeruzalemu n’urusengero rwaho rw’akaroruhore. (Soma Luka 1:26-33.) None ni kubera iki Imana yatoye Mariya? Umumarayika Gaburiyeli yamubwiye ko “[y]agize ubutoni ku Mana.” Mariya yaragaragaje ko yakunda cane ivy’impwemu igihe mu nyuma yaganira n’incuti yiwe Elizabeti. (Luka 1:46-55) Ego cane, Yehova yarabonye Mariya maze aramutera ako gateka atari yiteze kubera ko yari umwizigirwa.

12, 13. Yezu yatewe iteka gute igihe yavuka be n’igihe yajanwa ku rusengero haciye imisi 40?

12 Igihe hagera ko Mariya avyara Yezu, Yehova ntiyateye iteka abategetsi bakomakomeye b’i Yeruzalemu n’i Betelehemu mu kubamenyesha ivyabaye. Ahubwo abamarayika babonekeye abungere baciye bugufi bari baragiye intama i Betelehemu. (Luka 2:8-14) Abo bungere baciye baja kuraba urwo ruyoya. (Luka 2:15-17) Ese ukuntu Mariya na Yozefu bategerezwa kuba bararyohewe no kubona Yezu aterwa iteka muri ubwo buryo! Raba ingene Yehova akora ibintu mu buryo butandukanye na Shetani. Igihe Shetani yarungika bamwe baragurira ku nyenyeri kuja kuraba Yezu n’abavyeyi biwe, i Yeruzalemu harabaye uruhagarara bumvise ko Yezu yavutse. (Mat. 2:3) Ivyo vyatumye abana benshi bicwa ata co bazira.​—Mat. 2:16.

13 Haciye imisi 40 Yezu avutse, Mariya yaragiye gutanga ishikanwa ku rusengero i Yeruzalemu, nko ku bilometero 9 uvuye i Betelehemu. (Luka 2:22-24) Igihe Mariya yariko arajayo ari kumwe na Yozefu na Yezu, ashobora kuba yaribaza nimba umuherezi aza gutera iteka Yezu mu buryo budasanzwe. Ego Yezu yaratewe iteka, ariko atari mu buryo Mariya ashobora kuba yari avyiteze. Mu kumenyesha ko uwo mwana yobaye Mesiya yari yarasezeranywe ari we Kristu, Yehova yakoresheje umugabo w’“umugororotsi atinya Imana” yitwa Simeyoni be n’umuhanuzikazi w’umupfakazi yari afise imyaka 84 yitwa Ana.​—Luka 2:25-38.

14. Ni imihezagiro iyihe Yehova yahaye Mariya?

14 Tuvuge iki ku bijanye na Mariya? Yehova yoba yagumye amutera iteka kubera yitwararitse yongera ararera Umwana wiwe adahemuka? Ego cane. Imana yarandikishije muri Bibiliya ivyo Mariya yakoze n’ivyo yavuze. Biboneka ko Mariya atashobora guherekeza Yezu mu ngendo yagize mu kiringo c’imyaka itatu n’igice ubusuku bwiwe bwamaze. Kumbure yabwirizwa kuguma i Nazareti kubera ko yari yarapfakaye. Naho yahomvye uduteka tutari duke, yari kumwe na Yezu igihe yapfa. (Yoh. 19:26) Ariko rero mu nyuma, Mariya yari kumwe n’abigishwa ba Yezu i Yeruzalemu imbere yuko baronka impwemu nyeranda kuri Pentekoti. (Ivyak. 1:13, 14) Birashoboka ko na we nyene yarobanujwe impwemu nyeranda. Nimba ari ukwo vyagenze, bisobanura ko yatewe agateka ko kuzoba ari kumwe na Yezu mw’ijuru ibihe bidahera. Mbega impera azoronka kubera ko yakoreye Imana adahemuka!

INGENE YEHOVA YATEYE ITEKA UMWANA WIWE

15. Yehova yerekanye gute ko ashima Umwana wiwe igihe yari kw’isi?

15 Yezu ntiyahahamira guterwa iteka n’indongozi z’idini canke za politike zo mu gihe ciwe. Ariko Yehova yaravuze incuro zitatu ari mw’ijuru ko ashima Umwana wiwe. Ivyo bitegerezwa kuba vyaramuremesheje cane. Yezu akimara kubatizwa mu Ruzi Yorodani, Yehova yavuze ati: “Uyu ni Umwana wanje, umukundwa, uwo nashimye.” (Mat. 3:17) Biboneka ko ata wundi muntu yumvise ayo majambo atari Yohani Umubatizi. Mu nyuma na ho, hasigaye nk’umwaka ngo Yezu apfe, zitatu mu ntumwa ziwe zarumvise Yehova avuga ku bijanye Yezu ati: “Uyu ni Umwana wanje, umukundwa, uwo nashimye, nimumwumvirize.” (Mat. 17:5) Ubwa nyuma, hasigaye imisi mikeya gusa ngo Yezu apfe, Yehova ari mw’ijuru yarasubiriye kuvugana n’Umwana wiwe.​—Yoh. 12:28.

Ni ibiki wigira ku kuntu Yehova yateye iteka Umwana wiwe? (Raba ingingo ya 15-17)

16, 17. Yehova yateye gute Yezu iteka mu buryo atari avyiteze?

16 Naho Yezu yari azi ko azokwicwa urupfu ruteye isoni yagirizwa ko yarogose ku Mana, yasenze asaba ko hokorwa ivyo Yehova agomba, atari ivyo we agomba. (Mat. 26:39, 42) “Yarihanganiye igiti co kubabarizwako, asuzugura ibimaramare.” Ntiyarondeye gushimwa n’isi, ahubwo yarondeye gushimwa na Se gusa. (Heb. 12:2) None Yehova yerekanye gute ko amushima?

17 Igihe Yezu yari kw’isi, yaraseruye icipfuzo co gusubira kuronka ubuninahazwa yari afise mw’ijuru ari kumwe na Se. (Yoh. 17:5) Nta kintu na kimwe cerekana ko Yezu yari yiteze kuronka ibisumba ivyo. Ntiyari yiteze kuduzwa igiti mw’ijuru. Ariko none Yehova yakoze iki? Yarateye iteka Yezu mu buryo atari avyiteze mu kumuzura akamushira “mu kibanza co hejuru” kandi akamuha ikintu ata wundi n’umwe yari bwigere aronka, ni ukuvuga ubuzima bw’impwemu budapfa! * (Flp. 2:9; 1 Tim. 6:16) Mbega ukuntu Yezu yatewe iteka kubera yabaye umwizigirwa!

18. Ni igiki kizodufasha kwirinda kurondera gushimwa n’isi?

18 Ni igiki kizodufasha kwirinda kurondera gushimwa n’isi? Nugume wibuka ko Yehova yama yerekana ko yitaho abasavyi biwe b’abizigirwa, akenshi akabigira mu buryo batari bavyiteze. Ntidushobora kumenya imihezagiro atubikiye muri kazoza. Mu gihe tucihanganiye ingorane n’ibigeragezo vyo muri iyi si mbi, nimuze twame twibuka ko iyi si be n’ugushimwa na yo kwose biriko birahita. (1 Yoh. 2:17) Umuvyeyi wacu adukunda Yehova ‘si uwutagororotse ngo yibagire igikorwa cacu n’urukundo twerekanye ko dufitiye izina ryiwe.’ (Heb. 6:10) Emwe, azotugirira ubutoni, kumbure mbere mu buryo tutazi ubu!

^ ing. 17 Iyo mpera ishobora kuba itari yitezwe, kubera yuko ukudapfa kutavugwa mu Vyanditswe vy’igiheburayo.